Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Pasika' (Page 2)

Archives de Tag: Pasika

Indwi ya 3 ya Pasika, Umwaka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 2, 14. 22-33

(Ntivyari gushoboka yuko urupfu rumutsinda)

Ku musi wa Pentekoti, Petero arahaguruka ahagatiwe na bamwe Cumi n’umwe, atereza ijwi ati : « Yemwe Bayahudi namwe mwese muba ngaha i Yeruzalemu, tege amatwi aya majambo kandi muyategere. Yezu w’i Nazareti yaratewe iteka n’Imana imbere yanyu, mu kumuha ububasha bw’ugukora ibitangaro izuba ryaka, nk’uko namwe nyene mwavyiboneye. Mwaramufashe muramwicisha, mumubamba ku musaraba, mumuta mu minwe y’abansi, nk’uko Imana yari yabitegekanije. Noneho Imana (suite…)

Igiteramo ca Pasika: ku wa gatandatu mweranda.

IGITERAMO CA PASIKA MW’IJORO RYERANDA

Ibisomwa vyagenywe ni icenda : indwi vyo mu Bwuzure bwa kera na bibiri vyo mu Bwuzure bushasha.
Babonye bikenewe, bashobora kubigabanya. Ariko ntibafate ibiri munsi ya bitatu vyo mu Bwuzure bwa kera; mugabo, bidashobotse, batora bibiri, dukuyemwo Ibaruwa n’Inkuru Nziza.
Ariko, ntibigere bakuramwo igisomwa ca gatatu mu rutonde rwavyo cerekeye Ijabuka ry’Ikiyaga gitukura (Ihunguka 14, 15-15, 1).

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (1, 1-2, 2)

Igisomwa kigufi : 1, 1. 26-31a.

Imana yitegereje ivyo yagize vyose, vyari vyiza cane

Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi.

Igisomwa kigufi kiba kirahagarariye aha

Na yo isi yari ikidengeri ata kiriho, umwijima wari upfutse inyenga, umutima w’Imana na wo wareremba ku mazi.
Imana iraheza ivuga iti: «Umuco n’ubeho.» Umuco uca urahaba. Imana ibona ko umuco ari mwiza, iraheza itandukanya umuco n’umwijima. Nya muco Imana iwita umutaga, umwijima na wo ijoro. Haba umugoroba,  haba n’igitondo; uba umusi wa mbere.
Imana ivuga iti: «Nihabe ikirêré hagati y’amazi, gitandukanya amazi n’ayandi.» Imana irema ijuru ritandukanya amazi ari munsi y’ijuru n’amazi ari hejuru y’ijuru. Bica biba gutyo. Imana iraheza yita ikirêré ijuru. Haba umugoroba, haba n’igitondo: uba umusi wa kabiri (suite…)

Idominika ya 21 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 66, 18-21
Imana ni Umukama w’ibihugu vyose

chemin-croixNg’iri iriyazwe n’Umukama :
« Nzokoranya abantu bava mu ntara zose bakavuga indimi zose ; bazoheza babone ubuninahazwa bwanje. Nzoshira ikimenyetso muri bo, kandi bamwe bamwe bo mu bavuye muri bo nzobarungika mu ntara za kure no mu mazinga ya kure nyene, aho batarumva ivyo bayaga kuri jewe kandi aho batarabona ubuninahazwa bwanje. Izo ntumwa z’igihugu canje zizomenyesha ubuninahazwa banje muri ivyo bihugu. Maze muri za ntara za kure bazogarukana benewanyu bose, babere Umukama ishikanwa rizima, bazoza bagendera ku mafarasi, ku bitwazi, ku nderuzo no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje mweranda, i Yeruzalemu, bamere nk’abana b’Israeli bahora bahereza amashikanwa mu nzavya nyeranda (suite…)