Accueil » Posts tagged 'Pasika' (Page 4)
Archives de Tag: Pasika
IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA :Yezu, Umwungere mwiza. (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (4, 8-12)
Nta wundi muntu n’umwe ashobora kudukiza
Muri irya misi, Petero yuzuye Mutima Mweranda avuga ati : « Batware b’igihugu namwe bakurambere, ko uyu musi mutubazagiza kubera iciza twagiriye umuntu w’ikimuga, mukatubaza ico twamukirishije, nimuze mwabimenya mwese n’igihugu c’Israyeli cumve koi co kimuga cakijijwe n’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu Umunyanazareti, umwe mwebwe nyene mwabamba, Imana ikamuzura akava mu bapfuye. Iryo Zina, ni ryo ryakijije uwo muntu ahagaze imbere yanyu. Yezu ni we rya buye, mwebwe abubatsi mwataye, ryabaye ishimikiro ry’imfuruka. Nta handi hari ubukiriro atari muri we, nkako, munsi y’ijuru, nta rindi zina abantu bahawe ryagenewe kudukiza. »
IZABURI 117 (118), 1. 8-9. 21-23. 26. 28cd. 29
Icit. : Ibuye abubatsi bari bataye
Imana yarigize iry’ishimikiro.
Canke : Alleluya.
Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
Kuko Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Hako wishimira abantu,
Worondera amahungiro ku Mukama ;
Hako wishimira beningoma,
Worondera amahungiro ku Mana.
Ndagushemeza kuko wanyumviye,
ukambera Umukiza.
Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo :
ivyo bitangaza twabonye
vyabonetse ku bw’Umukama.
Aragahezagirwa
Uwuje kw’izina ry’Umukama !
Ni Wewe Mana yanje, nzogushemeza :
ngushimagize, Mana yanje !
Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
kuko ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-2)
Tuzomubona nk’uko ari
Bakunzi banje,
Nimurabe urukundo Data yadukunze uko rungana tukitwa abana b’Imana, kandi turi bo. Igituma isi itatuzi, ni uko na we itamumenye. Bakunzi banje, n’ubu turi abana b’Imana, ariko ico tuzoba ntikiraboneka. Ico tuzi, ni uko aho kizobonekera, tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi wa Mwungere mwiza :
ndazi intama zanje, na zo ziranzi. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 11-18)
Umwungere mwiza yigura intama ziwe
Muri irya misi, Yezu yavuze ati : « Jewe ndi wa Mwungere mwiza. Umwungere mwiza yigura intama ziwe. Umucangero atari umwungere kandi atari we nyenintama, abona imfyisi ije, akazita aho, agahunga, nya mfyisi na yo ikazitwara kandi ikazishwiragiza. Ubwo rero, ahunga kuko ari umucangero atababaye izo ntama. Jewe ndi wa Mwungere mwiza, ndazi intama zanje na zo nya ntama zikamenya, nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Kandi ndigura intama zanje. Ndafise n’izindi ntama zitari muri uru rugo, na zo nyene mbwirizwa kuzizana zizokwumve ijwi ryanje kandi hazobe ubusho bumwe n’umwungere umwe. Ico Data ankundira ni uko ntanga ubuzima bwanje kugira ngo nze ndabusubireko. Nta wubunyaka, ni jewe nyene ubwanje ndabutanga. Ndi n’ububasha bwo kubutanga n’ubwo kubusubirako. Ni ryo bwirizwa nahawe na Data. »
IDOMINIKA YA 3 YA PASIKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (3, 13-15. 17-19)
Nyenubuzima mwari mwishe, Imana yaramusubije muzima
Muri irya misi,
Petero abarira ishengero ati : « Imana ya Aburahamu, Izahaki na Yakobo, Imana ya ba sokuru, ni yo yaninahaje umusuku wayo Yezu, umwe mwahereza Pilato, mukamwihakana imbere yiwe, mukagirako mukamugobera ngo amwice, yagomba kumurekura. Mweho, mwarihakanye Intungane, Umweranda, musabira ikigongwe umwicanyi. Mwari mwishe Soko ry’ubuzima, ariko Imana yaramusubije muzima, natwe tukabibera ivyabona. None rero, benewacu, ndazi yuko mwagize ivyo mwe n’abakuru banyu, ku kuyoberwa. Ariko, uko ni ko Imana yaranguye ivyavuzwe n’abahanuzi bose, ko Kristu azobabara. Nimwigaye rero muhinduke, ngo mukire ibicumuro vyanyu. »
IZABURI 4, 2. 4. 7. 9
Icit. : Inyonga zawe, Mukama, nizitumurikire !
Canke : Alleluia.
Iyo ndagutakambiye uranyumviriza,
Mana Wewe butungane bwanje !
Mu marushwa uranduhura,
ngirira imbabazi, wumvirize igisabisho canje !
Nimubimenye :
Umukama yitoreye umutoni wiwe ;
Umukama aranyumvira
Iyo ndamutakambiye.
Tweho, Mukama,
inyonga zawe nizitumurikire !
ni Wewe wujuje akanyamuneza umutima wacu.
Ko ndi mu mahoro,
ndaryama ngasinzira ;
kuko ari Wewe, Mukama,
untungira mu mutekano.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (2, 1-5a)
Ni We Ciru c’ibicumuro vyacu, si ic’ivyacu gusa, ni ic’ivy’isi yose
Bane banje, ndabandikiye ivyo kugira ngo ntimucumure. Kandi nihagira uwucumura, dufise Umuburanyi kwa Data, ni Yezu Kristu, we ntungane. Kandi ni We Ciru c’ibicumuro vyacu, mugabo si ic’ivyacu gusa, ariko ni ic’isi yose. Kandi ng’iki ikizomenyesha ko tumuzi : ni uko twozigama amabwirizwa yiwe. Uwuvuga ati : « Ndamuzi », hanyuma ntazigame amabwirizwa yiwe, ni umubeshi kandi ukuri ntikuri muri we. Ariko uwuzigama ijambo ryiwe, ni ivy’ukuri, muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba urukundo rubushitse.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Mukama Yezu,
nutwumvishe ivyanditswe mu bitabu vyeranda,
umutima wacu wuzure urukundo, niwatuganiriza.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (24, 35-48)
Vyari vyanditswe ngo Kristu azobabara, aheze yizure mu bapfuye ku musi ugira gatatu
Kuri uyo musi, abigishwa bavuye i Emawusi bariko baraganirira bamwe cumi n’umwe ivyo babonye mu nzira n’ukuntu bamumenye aho yamanyura umukate. Bakiriko baravugana batyo, Yezu araza ahagarara hagati yabo, ababwira ati : « Nimugire amahoro ! » Ubwoba burabatekera, bagira ngo babona icijiji. Arababaza ati : « Ni igiki mutinya ? Kandi mwibaza iki mu mitima yanyu ? Nimurabe ibiganza n’ibirenge vyanje, ntimukekereze, ni jewe ! Nimunkorakore mwitegereze kuko icijiji ntikigira umubiri, ntikigira amagufa nk’uko mubona ndabifise. » Akivuga ivyo, abereka ibiganza n’ibirenge vyiwe. Ntibari bwemere kuko bari banezerewe, kandi bari batamariwe. Arababaza ati : « Nta twokurya mufise ? » Bamuhereza akamanyu k’ifi yokeje. Aragafata arya bose babona. Ababwira rero ati : « Ivyo ni vyo nahora ndababwira tukiri kumwe, hamwe nababwira ivyari vyanditse vyose kuri jewe mw’Itegeko rya Musa, mu Bahanuzi no mu Mazaburi, ko bizoranguka. » Hanyuma abaha ubwenge ngo bashobore gutegera Ivyanditse, ababwira ati : « Vyari vyanditse ko Kristu yari kubabara, agaheza akizura akava mu bapfuye amaze gatatu mu kuzimu, kandi ngo kw’izina ryiwe ukwisubirako n’ikigongwe c’ibicumuro bizokwigishwe mu makungu yose, mbere bitangurire i Yeruzalemu. Kandi ni mwebwe muri ivyabona. »
IDOMINIKA YA 2 YA PASIKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (4, 32-35)
Abakristu ba mbere bari bahuje umutima n’umushaha
Abari bamaze kwemera bose bari bahuje umutima n’umushaha kandi muri bo nta wagira ngo ivyo atunze ni rwiwe, yamara vyari ivya bose. Ni uko rero abatumwa bari bafise ubukuru bwinshi mu gushingira intahe izuka ry’Umukama Yezu, kandi bagaterwa iteka ryinshi na bose. Vyongeye, muri bo nta n’umwe yari n’ico akenye. Harimwo abatunzi bafise imirima canke inzu, bakabigurisha hanyuma bakazana ivyavuye mu vyo baba bagurishije. Ivyo biguzi babishikiriza abatumwa, na bo bakabigaburira abari aho bose, umwumwe ivyo akaneye.
IZABURI 117 (118), 2-4. 16ab-18. 22-24
Icit. : Shemeza Umukama kuko ari mwiza,
Kuko Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Canke : Alleluya.
Umuryango w’Israyeli n’uvuge uti :
ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Umuryango wa Aroni n’uvuge uti :
ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Abubaha Umukama bose nibavuge bati :
ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Ukuboko kw’Umukama kwarakoze ibitangaza,
ukuboko kwiwe kwaratsinze.
Sinzopfa, nzohoraho,
kandi nzohayagiza ibikorwa vy’Umukama.
Umukama yarampanye bimwe bishemeye,
mugabo kizima atampereje urupfu.
Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo.
Ivyo bitangaza twabonye
vyabonetse ku bw’Umukama.
Ng’uyu umusi Umukama yagize,
turanezerewe, turahimbawe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (5, 1-6)
Uwemera yavutse ukundi ku bw’Imana
Bakunzi banje,
Uwemera wese yuko Yezu ari Kristu ni we yavyawe n’Imana ; kandi uwukunda wese Imana yo muvyeyi aba akunda kandi uwavyawe na Yo. Ng’iki ikitumenyesha yuko dukunda abana b’Imana : nitwakunda Imana tugakora amabwirizwa yayo. Nka ko nyene, ng’uru urukundo rw’Imana : ni uko twozigama amabwirizwa yayo. Na yo amabwirizwa yayo ntaremereye, kuko icavyawe n’Imana cose gitsinda isi. Kandi iyo ntsinzi yatsinze isi ni ukwemera kwacu.
None uwutsinda isi ni nde, atari uwemera yuko Yezu ari Umwana w’Imana ? Uwo Yezu Kristu ni we yaje mu mazi no mu maraso. Si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso. Kandi Mutima ni we ashinga intahe kuko Mutima ari we Kuri.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ataco barinze kubona. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere mu ndwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati : «Nimugire amahoro ! » Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abigishwa babonye Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati : « Nimugire amahoro ! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye. » Ababwiye atyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako. »
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri ba bandi Icumi na babiri, ari we bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa baguma bamubwira bati : « Twabonye Umukama », na we akabishura ati : « Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro za ya misumari n’ikiganza mu rubavu rwiwe, sinzokwigera nemera. »
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteramira muri nya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu aza inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati : « Nimugire amahoro ! » Hanyuma abwira Toma ati : « Shira urutoke rwawe ngaha. Ng’ibi ibiganza vyanje, zana ikiganza cawe ugishire mu rubavu rwanje, ureke rero kuba umuhakanyi, ariko uwemera. »
Toma amwishura ati : « Mukama wanje, Mana yanje ! » Yezu na We amusubiza ati : « Kubera ko wambonye wemeye. Hahiriwe abazokwemera batarinze kubona. »
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ibi rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.






