Accueil » Posts tagged 'Samueli'
Archives de Tag: Samueli
UMUSI MUKURU W’UMURYANGO MWERANDA (Umwâka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (1, 20-22. 24-28)
Samuweli azoba uw’Umukama ubuzima bwiwe bwose
Igihe kigeze, Ana arasama inda, araheza avyara umwana w’umuhungu, amwita Samuweli, ati :« Ni uko namusavye Umukama. » Maze, umugabo wiwe Elikana araduga ari kumwe n’abo mu rugo rwiwe bose ngo ashikanire Umukama imbagwa y’uwo mwaka be n’ivyo yari yaramuraganiye. Ariko, Ana we ntiyadugayo, abarira umugabo wiwe ati : « Umwana niyamara gucuka niho nzoduga, ndamujane, yishikirize Umukama, aheze agumeyo imisi yose. »
Amaze kumucutsa na ho, aramudugana, ajana n’ikimasa kimaze imyaka itatu, n’ingero imwe yitwa yefa y’ifu, be n’umubindi w’umuvinyu ; araheza amwinjiza mu Ngoro y’Umukama i Silo, umwana na we akaba umukorezi waho. Barabaga nya kimasa kandi bazanira Heli uwo mwana. Maze, Ana aravuga ati : « N’uzirikane, Mukama ! Uko uri muzima, Muhanyi, jewe ndi wa mugore yari ahagaze iruhande yawe kandi yariko arasaba Umukama. Uyu mwana (suite…)







