Accueil » Posts tagged 'Simoni Petero'
Archives de Tag: Simoni Petero
No mu bihe vy’ukwihebura kuko ivyo twari twizeye vyose vyāfyōndôtse, Yezu yama hafi yacu ngo dusangire urugendo. Atubere akarorero rero natwe.

- Yezu atwama hafi n’iyo turi mu ngorane.
Iri jambo Luka Mweranda yanditse mu myaka ya 80, haheze nk’imyaka 50 Kristu Yezu apfuye hanyuma akazuka riratwerekeye cane, hano iwacu. Yaryanditse afise ku mutima cane cane abakristu batari imvukira z’igihugu c’Abayuda. Imyaka ya 60 ishira 70 yari yabayemwo ingorane nyinshi ku bakristu, kubera uruhamo rw’Umwami Neron. Mu mwaka wa 70, Yeruzalemu yarasambuwe n’ingabo z’abanyaroma bariko bagwana intambara ngo bigarurire vyose. Muri 72 muri ico kinjana ca mbere nyene, mu bugaragwa bw’i Masada, ni ho hiciwe Abayuda ba nyuma bariko bagerageza kugwanira iteka ryabo. Ico gihe nyene, abatumwa bariko barapfa (kubera imyaka) kandi ari bo bari kiremesha mu mibano y’abakristu. Vyari bigoye. None babifate gute? Tweho bite, ko twaciye mu bisa n’ivyo.
Ku bakunzi ba Yezu, aho yiciwe, vyose vyari birangiye. Ahari umwizero ko ibintu vyagira bigende neza, na cane cane ko hari abari biteze ko Yezu abakurako agasuzuguro n’umukandamizo w’abanya-Roma, vyose vyari biguye mu mazi. Nta kindi kigisigaye kiretse ukwisubirira muhira: « ariko tweho twari twizigiye ko ari We yari gucungura Israyeli! None bukeye gatatu ivyo bintu vyabaye! «
Muze twishire mu kibanza c’abo bigishwa. Muze tujane na bo akanya gato. Muze tubumvirize. Muze twibaze igihe nk’ivyo bitubayeko ingene twokwifata. Kandi vyama vyabaye. Kandi n’ubu ni vyo bidukoranije kuko hari muri twebwe abigeze kuba bafise umwizero mu babo ariko ugafyondoka, bagasigara bipfumbereje.






