Accueil » Posts tagged 'Tiberiyadi'
Archives de Tag: Tiberiyadi
IDOMINIKA YA 3 YA PASIKA (Umwâka C)
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (5, 27b-32. 40b-41)
Abatumwa bahamwa i Yeruzalemu
Muri irya misi, abatumwa bajanywe imbere y’inama nkuru, hanyuma umuherezankuka mukuru arababaza ati : « Twari twababujije rwose kwigisha kuri iryo zina rya Yezu, none ubu Yeruzalemu yose mwayikwiragijemwo inyigisho yanyu ; aho nyene mugomba kuturemekako amaraso y’uwo muntu ? »
Petero n’abandi batumwa barishura bati : « Tubwirizwa kugamburukira Imana kuruta abantu. Umukama Imana ya ba sokuru bacu yarazuye Yezu mwari mwishe mumubamvye ku giti. Imana yamushize iburyo bwayo nk’Umukuru n’Umukiza, kugira ngo amanurire kuri Israyeli ukwigaya n’ikigongwe c’ibicumuro. Nayo twebwe, turi ivyabona vy’ivyo bintu kandi Mutima Mweranda Imana irungikira abayigamburukira bose, ari kumwe natwe. »
Baraheza rero barakubita abatumwa, bongera bababwira ngo ntibabe bacigisha kw’izina rya Yezu, hanyuma barabarekura. Na bo bajana urweze kuko bari batewe iteka ry’uguhorwa iryo zina.
IZABURI 29 (30) 2-4, 5-6, 11.12a.13b
Icit. : Ndaguhaya, Mukama,
kuko wambogoye.
Canke : Aleluya.
Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye, (suite…)






