Accueil » Posts tagged 'Ubwami bw’ijuru' (Page 2)
Archives de Tag: Ubwami bw’ijuru
IDOMINIKA YA 24 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Ubwitonzi (27, 33-28, 9)
Banza urekurire mugenzawe yakugiriye nabi, ni ho uzorekurirwa ibicumuro vyawe
Ayandi mashano abacumuzi bakora, ni inzigo n’ishavu. Uwihora, Umukama na We azomwihora, amubaze ku bicumuro vyose yakoze. Rekurira mugenzawe akabi yakugiriye, kugira ngo nawe niwasaba, uze uronke ikigongwe c’ibicumuro vyawe. Umuntu yama afitiye inzigo mugenziwe, mbe yosaba ate Umukama ngo amukize ? Ku muntu nka we, nta kigongwe agira, none yosaba ate ngo arekurirwe ibicumuro vyiwe ? Ko atibuka ko ari ikiremwa gusa akagira inzigo, ni nde yomugirira imbabazi ku bicumuro vyiwe ?
Urame wibuka amaherezo yawe, uheze wirinde urwanko, uribuka ko uzopfa ukabora, uheze witwararike amategeko y’Imana. Uribuka amabwirizwa y’Umukama, ureke kugirira akajirya mugenzawe. Uribuka isezerano ry’Umushoboravyose, uheze wirengagize igitutsi.
IZABURI 102 (103), 1-2. 3-4. 9-10. 11-12
Icit : Umukama ni We Nyenimbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akaza urukundo.
Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.
Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
Ni We agukiza indwara zose ;
Ni We akugarurira ku cobo,
Ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.
Ishavu ryiwe riririrwa ntirirara,
Umwikomo wiwe umara umwanya urume rumara ;
Uko ducumura, si ko aduhana,
uko tumutuka, si ko adusubiza.
Nk’uko isi ataho ihwaniye n’ijuru,
ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha ;
nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (14, 7-9)
Tubaho canke dupfa, turi ab’Umukama
Ncuti zanje,
Nta n’umwe muri twebwe abaho ngo yigungane ubuzima, kandi nta n’umwe apfa urupfu rwa wenyene. Iyo turiho, ubuzima bwacu ni ubw’Umukama ; nitwapfa na ho, dupfira Umukama. Igituma, ni uko Kristu yapfuye akisubiza muzima, kugira ngo abe Umukama w’abapfuye n’uw’abazima.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Ndabahaye itegeko rishasha :
nimukundane nk’uko nabakunze. »
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (18, 21-35)
Sinkubwiye kumurekurira gushika indwi,
ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi
Muri irya misi,
Petero yegereye Yezu amubaza ati : « Mukama, mugenzanje ancumuyeko, nzomurekurira kangahe : gushika ku ndwi ? » Yezu na we ati : « Sinkubwiye gushika indwi, ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi. Ni co gituma Ubwami bw’ijuru busa n’umwami yagomba kwishuza abasuku biwe. Ngo abe agitangura, bamuzanira uwari amuheraniye amatarenta ibihumbi cumi. Nya musuku ngo abure ico yishura, shebuja ategeka ko bamucuruza, we n’umugore n’abana, be n’utwo atunze twose, abe yishuye rero ivyo aheranye. Nya musuku yikubita imbere yiwe, aramutakambira ati : ‘Mukama, ntenyenyera, nzokwishura ivyawe vyose.’ Shebuja rero bimutera ikigongwe, aramurekurira, amuhebera n’umwenda yari amufitiye.
Uno musuku ngo ave hano, ahura n’umwe mu bagenzibe amufitiye amadenariyo ijana. Aca amugwa mu kanigo, aramukamvya ati : ‘Ishura ivyo umperaniye !’ Uno na we aca aramupfukamira, aramutakambira ati : ‘Ntenyenyera, nzokwishura.’ Uwundi na we aranka, mbere aca aja kumushirisha mu ngoyi, umwanya atarishura umwenda yariye.
Bagenzibe ngo babibone, birabababaza cane, baca baja kwiganira shebuja ivyabaye. Na we aca aramuhamagaza, amubwira ati : ‘Wa musuku w’inkozi y’ikibi, umwenda wose wari umfitiye nawukurekuriye kuko wantakambiye : none weho, ntube wagirira imbabazi mugenzawe nk’uko nanje nazikugiriye ?’
N’ishavu n’akantu, shebuja amurekurirako abantu biwe, baramuhuragura, umwanya atarishura umwenda wiwe wose. Uko ni ko na Data ahangamye mw’ijuru azobagira, nimutarekurira abandi bimwe bishemeye.»
IDOMINIKA YA 17 YO MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (3, 5. 7-12)
Warisabiye umutima w’ubwitonzi
Umusi umwe, Salomo yari i Gabaoni, Umukama araheza aramubonekera mu ndoto, ati : « Nsaba ico noguha. » Salomo aramwishura ati : « Mukama, Mana yanje, jewe umusavyi wawe, ni Wewe wanyyimitse, nsubira ku ngoma ya Dawidi, umuvyeyi wanje ; none numva nkiri muto cane, sinzi gutegeka. Raba, umusavyi wawe ari hagati y’igihugu witoreye, igihugu amahanga ata n’umwe yoshobora n’uguharura ngo amenye abantu bari muri co uko bangana. None rero, tabaza umusavyi wawe umutima w’ubwitonzi, kugira ngo ashobore gutandukanya neza akabi n’akeza ; ahandi ho iki gihugu cawe kingana gutyo, ni nde yoshobora kugitwara ? »
Umukama aranezerwa n’ico gisabisho ca Salomo, amwishura ati : « Kubera ko wansavye ivyo, utansavye kuramba canke itunga ryinshi canke kumara abansi bawe, ariko wisabiye ubwenge n’ubwitonzi, jewe ndakugabiye ico wansavye : ndaguhaye umutima w’ubwitonzi ata n’umwe arigera aronka, kandi ata n’umwe azosubira kuronka. »
IZABURI 118 (119), 57. 72. 76-77. 127-128. 129-130
Icit : Ukuntu nkunda amabwirizwa yawe, Mukama !
Uruhara natoye, Mukama,
ni urw’ukugumya amategeko yawe.
Ijambo riva mu kanwa kawe rindutira
Amafeza n’inzahabu ibihumbi.
Ntabara, umpoze n’urukundo rwawe,
nk’uko wabiraganiye umusavyi wawe.
Ngirira imbabazi umpangaze,
kuko amabwirizwa yawe ampimbara.
Nico gituma nkunda amabwirizwa yawe
Kurusha n’inzahabu ityoroye.
Nico gituma ngendera ku mabwirizwa yawe,
nkanka ikinyoma cose.
Amategeko yawe ni akaroruhore,
Nico gituma umutima wanje uyazigama.
Ijambo ryawe riraboneshereza abatobato,
rikabaha ubwenge.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 28-30)
Imana yatugeneye kugira agashusho k’Umwana wayo
Ncuti zanje,
Turazi neza ko Imana ifasha abayikunda, abo yitoreye nk’uko yabitegekanije, ikabagirira ivyiza. Abo yashimye kuva na kera, yarabageneye kuzofata agashusho k’Umwana wayo, kugira ngo uno Mwana abe imfura y’abavukanyi benshi cane. Abo yigeneye, ni bo kandi yatoye ; abo yatoye, ni bo kandi yagize intungane ; abo yagize intungane, ni bo kandi yaninahaje.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (13, 44-52)
igisomwa kigufi : 13, 44-46
Ashora ivyo atunze vyose, ngo yigurire nya murima
Muri irya misi,
Yezu yaciriye iyi migani ishengero ry’abantu, ati : « Ubwami bw’ijuru busa n’itunga ryari rinyegeje mu murima ; hanyuma umugabo araryitorera, ararinyegeza. Aca ajana akanyamuneza kenshi, aja gushora ivyo atunze vyose ngo yigurire nya murima. Kandi Ubwami bw’ijuru busa n’umucuruzi yironderera intabonwa. Asanga intabonwa itari bwaboneke, aja gushora ivyo atunze vyose ngo ayigurire.
Igisomwa kigufi giherera aha
Kandi Ubwami bw’ijuru busa n’urusenga baterera mu kiyaga, hanyuma rugafata ifi z’ubwoko bwinshi. Rumaze kwuzura, abarovyi bakarukwegera ku nkombe, bakicara bagasobanura ifi nzizanziza bakabika, imbimbi na zo bakazita.
Ni uko bizomera ku muhero w’isi ; abamarayika bazoza basobanure ababi n’abeza, ababi batabwe mu nyenga y’umuririro, baharirire kandi baharyanishirize insya z’amenyo. Murumvise ivyo vyose ? » Baramwishura bati : « Turavyumvise. » Asubizayo ati : « Nico gituma umwigisha wese yigishijwe ibiraba Ubwami bw’ijuru ameze nka senaka mu rugo asobanura mw’itunga ryiwe ibintu bishasha n’ivya kera. »






