Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Ukaristiya' (Page 2)

Archives de Tag: Ukaristiya

Ku wa 4 Mweranda. Mu gitondo.

IMISA BAHEZAGIRIRAMWO AMAVUTA MERANDA.
Mu Burundi, iyi misa ihora iherezwa ku wa gatatu Mweranda,mu masengero Mvyeyi (Ctahédrales) kugira ngo vyorohere abasaserdoti gutunganya neza imigirwa itangura ku wa 4 Mweranda ku mugoroba.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (61, 1-3a. 6a. 8b-9)

Umukama yansize amavuta, kandi yantumye kuburira Inkuru nziza aboro n’ukuremesha imitima y’abashegeshwe.

Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko Umukama yansize amavuta;
yantumye kuburira Inkuru nziza aboro,
kwunga imitima yavunitse,
kumenyesha ababoshwe ko babohowe
n’imbohe ko zugururiwe,
no kumenyesha abantu umwaka mwiza w’Umukama
n’umusi wo kwihora kw’Imana yacu. (suite…)