Accueil » Posts tagged 'ukwemera' (Page 2)
Archives de Tag: ukwemera
IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Umuhanuzi Izaya (5, 1-7)
(Umurima w’Umukama Nyeningabo ni wa muryango w’Israeli)
Hinge ndongorore agahogo ndirimbire umukunzi wanje
Akaririmbo k’urukundo afitiye umuzabibu wiwe.
Umukunzi wanje yari afise umurima w’imizabibu
Mu kabande kamera cane.
Nya murima arawurima, awukuramwo amabuye,
awuteramwo umivyaro y’ibiti vyizavyiza vy’imizabibu.
Hagati yawo, ahubaka umunara,
iruhande ahimba urugarama.
Yari yiteze gusoroma imiabibu nyayo,
ariko uwo muzabibu wamye ibiturumbwe.
None bantu b’i Yeruzalemu n’abo muri Yuda,
ducire urubanza twe n’uwo murima wanje !
hari ico nari kugirira umurima wanje,
ntawugiriye ?
Nari niteze ivyamwa vyiza,
none raba haje ibiturumbwe !
Umve rero, murazi
Uko nzogira uwo murima wanje :
nzosambura uruzitiro,
intungwa zize kuharisha,
nsambure uruhome,
abantu bihonyangire.
Nzowugira umusaka,
ntihagire uwuwubagarira canke ngo awurimire,
habe ishamba ry’amatovu n’amahwa ;
ibicu na vyo nzobibuza,
ntibibe bikiharekurira imvura.
Uwo murima w’Umukama, Imana y’ingabo,
ni umuryango wa Israeli ;
ico giterwa yari yitoreye,
ni abantu ba Yuda.
Yari yiteze ubutungane,
None amaraso abarizwa iwabo ;
yari yiteze ukuri,
none birirwa mu marira no mu nduru.
IZABURI 79 (80), 9. 12. 13-14. 15-16. 19-20
Icit : Umuryango wa Israeli ni wo wa murima w’Umukama.
Wa muzabibu wabátura mu Misiri,
ukawubadika mu kwirukana ibihugu ;
amashami yawo agakurira ku kiyaga,
imivyaro yawo ikagarukira ku Rûzi.
Ni kuki warânduye uruzitiro rwawo ?
None abahita bose barawisoromera ;
ingurube zo mw’ishamba zikawutikiza,
na zo inyamaswa zo mu mwonga zikawuvumbura.
Mukama, Mana y’ingabo, n’ugaruke ;
n’urabire mw’ijuru, wihweze ;
n’ugarukire uwo muzabibu
wabaditswe n’ukuboko kwawe kw’ukuryo.
Ntaho tuzosubira kukuvirira,
uzodusubiza amagara, natwe twambaze izina ryawe.
Mukama, Mana y’ingabo, tugarure ;
twerekezeko inyonga zawe,
tuzoca turokoka.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi (4, 6-9)
(Ivyo bibe ari vyo mukora.
Ni ho Imana Nyenamahoro izohorana namwe.)
Ncuti zanje,
Ntihagire ico mwinona, ariko muri vyose, nimusabe Umukama, mumutakambire mu gukenguruka, kugira ngo ivyo mumuzamba bimenyekane mu nyonga z’Imana. Ni ho amahoro y’Imana, yo asiga ubwenge bwose, azobazigamira imishaha n’ivyiyumviro muri Kristu Yezu.
Ahasigaye, benewacu, ikintu mukwiye kwitwararika, ni ico cose kirimwo ukuri, ubutungane, ingingo, ubweranda, urukundo n’iteka, ingeso yose imota ubuntu, eka n’ineza yose abantu bashima bagashimagiza. Ivyo nabigishije n’ivyo nabahaye, ivyo mwanyumviseko n’ivyo mwambonyeko, murabe ari vyo mukora. Ni ho Imana Nyenamahoro izohorana namwe.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Umukama yavuze ati : « Jewe nabatoye mbakura mu bandi,
kugira ngo mugende mwongere mwame icamwa, kandi icamwa gihoraho. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (21, 33-43)
(Imizabibu azoyishinga abandi barimyi)
Muri irya misi,
Yezu yabariye abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu ati : « Nimwumve uyu mugani. Habaye umugabo yari afise itongo rinini, atera imizabibu, arayizitiran shiramwo ubwato bw’ukugana, yubakamwo inzu y’abarinzi ; araheza ayisigarana abarimyi, aca yigra mu mahanga. Hageze gusoroma, atuma abasuku biwe kuri ba barimyi, ngo bamwakire ivyavuye muri ya mizabibu yiwe. Ariko ba barimyi bafata ba basuku, umwe baramukubita, uwundi barica, uwa gatatu bamutera amabuye. Yongera gutuma abandi barusha aba mbere ubwinshi, babagira kwa kundi. Ubwa nyuma, abarungikira umwana wiwe, yibwira ati : ‘Baza gusonera umwana wanje.’ Babonye umwana wiwe, abarimyi babwirana bati : ‘Ng’uyu samuragwa : ingo tumwice, tumutware iragi.’ Baramufata, bamujana inyuma y’umurima, baramwica. None nyenimizabibu niyaza, azogira ate abo barimyi ? »
Bamwishura bati : « Azokwica nabi abo bagome, imizabibu na yo, azoyishinga abandi barimyi, bazohengera yeze, bamuzanire ivyamuwe. »
Yezu rero ababwira ati : « Ntimurasoma mu Bitabu Vyeranda ngo : ‘Ibuye abubatsi bari bataye, ni ryo ryabaye iremezo ry’inzu ; ng’ico igikorwa c’Umukama kandi ni agatangaza mu maso yacu !’ Ni co gituma ndababariye ko bazobaka Ubwami bw’Imana bakabwihera igihugu kizokwamisha uwo murima. »
IDOMINIKA YA 20 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (56, 1. 6-7)
Abana ba kavantara nzobajana ku murambi mweranda wanje
Ng’iri iriyazwe n’Umukama : Kurikiza ukuri, ukore ubutungane, kuko urukiza rwanje ruri hafi y’gushika, kandi ubutungane bwanje nuri hafi y’ukwiserura.
N’abana b’akavantara bêmeye gukurikira Umukama ngo bamukorere, bagakunda izina ryiwe, bakamubera abasavyi, ntibakengera umusi w’isabato, kandi bakagumya inanga ry’isezerano ryanje, abo nzobajana iwanje ku murambi mweranda. Nzobanezereza mu ngoro yanje nyeranda, inkuka zabo n’imbagwa zabo nzozakiriza yompi kuri altari yanje, kuko ingoro yanje izokwitwa « Ingoro abantu bose basengeramwo. »
IZABURI 66 (67), 2-3.5.6-8
Icit : Intara nizimenye yuko uri Imana, nizivyemere zose hamwe
Canke: Alleluya
Imana n’itugirire imbabazi, n’iduhezagire!
Inyonga zawe nizituboneshereze,
inzira yawe na yo n’imenyekane kw’isi,
intara zose nizimenye ko uri Umukiza.
Intara nizivyine zihimbarwe,
kuko uca urubanza rutunganye kw’isi;
uratwara ibihugu mu butungane,
ukayobora neza intara zo kw’isi yose.
Intara nizemere yuko uri Imana,
nizivyemere zose hamwe!
Imana n’ihezagirwe yongere isengwe
Kuva iyo isi iva ikagera.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (11, 13-15. 29-32)
Imana iratanga ikongera ikitorera
Ncuti zanje,
ndabibabariye mwebwe, mwa banyamahanga : ndi umutumwa ku banyamahanga, ndatera iteka ibanga nashinzwe ; ivyo vyose ndabigira ngo kumbure ab’iwacu bavyure umwikomo, mbone gukiza bamwe muri bo. None, ko aho bigirijweyo ariho isi yaciye isubira kwuzura n’Imana, umusi bazogarukira ho hazoba iki ? Nta kindi atari izuka mu bapfuye !
Na none, Imana iratanga ikongera ikitorera, ntisubiza inka mw’igabiro. Nk’uko na mwebwe kera mwari mwaragambarariye Imana, none ubu mwagiriwe ikigongwe kubera ubugambarazi bwabo, niko na bo nyene ubu bagambarariye Imana kubera ikigongwe mwagiriwe, kugirango na bo nyene ubu bakigiriwe. Imana yarugaranye abantu bose mu bugambarazi, kugira ngo ishobore kubagirira ikigongwe bose.
IKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Yezu yariko arigisha Inkuru Nziza y’Ubwami,
kandi agakiza n’ubumuga n’indwara zose z’igihugu.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (15, 21-28)
Ewe wa mukenyezi, ukwemera kwawe ni kunini
Umusi umwe,
Yezu yari agiye amarora i Tiri na Sidoni. Hanyuma haza umukenyezi w’i Kanahani avuye muri ico gihugu, ashira ijwi hejuru avuga ati : « Ngirira ikigongwe, Mukama, Mwana wa Dawidi, akigeme kanje shetani yakishe. » Yezu ntihagira ico amwishura. Abigishwa biwe bamwegereye baramusaba bati : « Mwirukane adukure induru inyuma. » Yezu asubizayo ati : « Nta bandi banzanye atari intama z’Israeli zatakaye. » Nya mukenyezi amwegereye, aramupfukamira, avuga ati : « Ntabara se Mukama. » Yezu aramwishura ati : « Ntibikwiye ko umukate w’abana wohabwa utubunda. » Nya mukenyezi asubizayo ati : « Ni ivy’ukuri, Mukama ; ariko, utubunda turarya utuvunguka dukorotse tuva ku meza ya ba shebuja. » Yezu amwishura ati : « Ewe wa mukenyezi, ukwemera kwawe ni kunini ! Nibikubere rero nk’uko wipfuza. » Kuri iyo saha nyene, wa mwigeme wiwe aca arakira.
IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Habakuki : 1, 2-3 ; 2, 2-4
(Intungane izotungwa n’ukugumya ibanga)
Mbega Mukama, nzogutabaza gushika ryari utari bunyumvire ? Nzogusaba ngo ukure imidugararo utari bunkize ? Ni kuki ureka ngo mbone amakuba, ukishinga kwirabira ayo ngowe ? Nsigaye mbona abasahura n’abarwana ; hose ni ugutukana, induru ntaho itavuga.
Umukama ahava anyishura ati : « Andika ivyo ubona, ubishire ku dupapuro, babashe kubisoma neza. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze, ntakabuza bizoteba biranguke. Nivyateba, urabirorera ; bitebe bitebuke, bizoza nta gisivya.
Uwufise umutima wagoramye azohagwa, na yo intungane izotungwa n’ukugumya ibanga.»
Izaburi 94 (95), 1-2. 6-7. 8-9
Icit : Ese uyu munsi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama, rivuga riti : ‘Ntimukomantaze imitima yanyu’.
Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine
Shike, duce bugufi, dupfukame :
dusenge Umukama yaturemye.
Na none, ni We Mana yacu,
natwe tukaba intara arongoye.
« Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa munsi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,
kandi bari bamaze kubona ibikorwa nakora.»
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 1, 6-8. 13-14
(Ntugire isoni kubw’intahe ushingira Injili y’Umukama)
Mwananje nkunda cane,
Ndaguhaye ngo ukabure ya ngabirano Imana yaguhaye aho nakwubikako ibiganza. Imana ntiyaduhaye umutima upfana isoni n’ubwoba, ariko yaduhaye umutima w’ubutwari, w’urukundo n’ubwitonzi. Ntugire isoni rero kubera intahe woshingira Umukama wacu cabure kubera jewe imbohe yiwe, ariko rinda hamwe nanje ya magorwa ubona kubera Inkuru Nziza uhagarikiwe n’ubukomezi bw’Imana.
Gumya amajambo y’inyigisho nagushikirije, ubigirane ukwemera n’urukundo rwa Kristu Yezu. Iyo mbitso nziza rero, urayizigama, ufashijwe na Mutima Mweranda avyagiye muri twebwe.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose ; iryo ni ryo jambo ry’inkuru nziza mwashikirijwe.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 17, 5-10
(Ubukomezi bw’ukwemera)
Umunsi umwe, abatumwa babwiye Umukama bati : « Twongerereze ukwemera ! »Umukama abishura ati : « Iyo muba mufise ukwemera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwiye iki giti kinini muti : ‘Irandure, uze kwitera mu kiyaga.’coca kibagamburukira.
Muri mwebwe, ni nde yoba afise umusuku atuma kurima canke kuragira, yohengera avuye kurima akamubwira ati : ‘N’uze wicare ku meza ?’ Abura kumubwira riho ati : ‘Ntegurira ivyokurya, ukenyere, ungaburire, gushika mpeze gufungura no kunywa ; hanyuma nawe ubone gufungura n’ukunywa.’ Mbega yokengurukira uwo musuku kuko yakoze ivyo yamutumye ?
Ni uko namwe mumeze : nimwaheza gukora ivyo mwabwirijwe, muravuge muti : ‘Turi abasuku b’imburakimazi, nta kindi twakoze atari ico twabwirizwa gukora. »






