Accueil » Posts tagged 'Ukwoza ibirenge'
Archives de Tag: Ukwoza ibirenge
KUWA KANE MWERANDA: Imisa bahezagiriramwo amavuta meranda
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 61, 1-3a. 6a. 8b-9
(Umukama yansize amavuta, kandi yantumye kuburira Inkuru Nziza aboro n’ukuremesha imitima y’abashegeshwe).
Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko Umukama yansize amavuta;
yantumye kuburira Inkuru Nziza aboro,
kwunga imitima yavunitse,
kumenyesha ababoshwe ko babohowe
n’imbohe ko zugururiwe,
no kumenyesha abantu umwaka mwiza w’Umukama
n’umunsi wo kwihora kw’Imana yacu.
Yantumye guhoza abagandaye bose,
ngo nambike urugori abagandaye bo muri Siyoni
mu kibanza c’umunyota,
ngo mbasige amavuta y’agahimbare (suite…)






