Accueil » Posts tagged 'Umuco' (Page 2)
Archives de Tag: Umuco
Mw’ijoro rya Noeli.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 9, 1-6
(Twaragabiwe umwana w’umuhungu)
Igihugu cahora mu mukorane,
cariboneye umuco w’agatangaza,
umuco warasiye ku bantu bo muri ico gihugu c’umukorane.
Warongereje akanyamuneza kabo,
ubasesekariza agahimbare :
none bariko barakwigina,
banezerewe nk’abariko barimbura,
bishongora nk’abagabura amatungo y’abansi.
Nkako wabaremuruye umuzigo wabasenya ibikanu,
ubuhiri bwabavuna ibitugu wabugize ubunywenywe,
ikiboko c’uwabatwaza umukazo wakivunye
nka wa munsi wirahira abansi kuri Madiyani.
Inkweto z’urugamba n’ivyambarwa vyavumbagajwe mu maraso
Warabituriye umuriro urabitongora.
Nkako, umwana yatuvukiye,
twagabiwe umwana w’umuhungu ;
yavukanye intahe n’inganji,
niho bamutazira ‘Muhanuzi w’agatangaza, Mana y’ingabo,
Muvyeyi yamaho, Mwami w’amahoro’.
Inganji yiwe azoyivyagiza mu mahoro y’akatabonetse
Ku ntebe ya Dawudi n’ingoma yiwe,
ayishinge, ayishigikire mu ngingo n’ubutungane
kuva ubu no mu myaka yose.
Urukundo rutagabanuka rw’Imana Nyen’ingabo
Ruzorangura ivyo vyose kuva ubu no mu myaka yose.
Izaburi 95 (96), 1-2a. 2b-3. 11-12. 13
Icit : Uyu musi Umukiza yatuvukiye ; ni we Kristu, Mukama.
Vyinire Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama,
vyinire Umukama izina ryiwe rihezagirwe.
Uko bukeye uko bwije, nimumenyeshe urukiza rwiwe,
mwiganire abapagani ko ari We aninahaye,
mumenyeshe ibihugu vyose ivyiza vy’agatangaza yakoze.
Ijuru nirihimbarwe, isi nay o itarike,
ikiyaga n’ivyo gitunze bitere akamo,
imirima n’ivyamwa nibihimbarwe !
Ibiti vyo mw’idonzi binezerwe,
n’uko bibonye Umukama ariko araza,
ashogomanga gucira urubanza isi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Tito : 2, 11-14
(Urukundo Imana yadukunze rwibonekeje mu bantu)
Mukunzi wanje,
Urukundo Imana yadukunze, soko ry’ubukiriro bw’abantu bose, rwibonekeje mu bantu. Rutwibutsa guheba akabi kose no guhunga ibihenda amaso vyose, kugira ngo ubuzima bwa hano kw’isi tubukoreshe twigerera, tube intungane twongere tuyoboke Umuremyi. Ivyo vuose tubigire turorereye bwa buhirwe twizigiye na bwa buninahazwa bw’Imana yacu Nzima n’ubw’Umukiza wacu Yezu Kristu, We yatwihebeye ngo adukize akabi kose, artyorore igihugu kimwegukiye, cama citwararika ineza.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Ndabazaniye Inkuru Nziza
Uyu musi Umukiza yatuvukiye,
ni We Kristu Mukama !
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 2, 1-14
(Uyu musi, Umukiza yabavukiye)
Muri irya misi, haje itegeko rya Sezari Ogusto ryategereza abantu b’isi yose kwiyandikisha. Uwatanguye kubaharura ni Kwiriniyo, icariho co mu Busiriya. Bose rero baragenda kwiyandikisha, umuntu wese mu gisagara ciwe. Yozefu na we nyene ava mu gisagara ca Nazareti mu Bugalile, aduga mu Buyudeha, mu gisagara ca Dawudi citwa Betelehemu, kuko yamuka mu gisata no mu muryango wa Dawudi ; agenda kwiyandikisha be na Mariya umukenyezi wiwe, na we yari yibungenze.
Bashitseyo, bihwanirana n’uko ageze kwibaruka. Yibaruka umuhungu, imfura yiwe, amworosa udushambara, amuryamika mu bwato bw’inka, kuko bari babuze indaro mu nzu z’abashitsi.
Hafi yaho, hari abungere, barara barakuranwa kurarira amasho yabo. Umumalayika w’Umukama arababonekera, umuco w’Umukama urabakikiza ; bagira ubwoba bwinshi.
Nya mumalayika arababwira ati : « Subize umutima mu nda, ndabazaniye inkuru nziza, iza kunezereza igihugu cose. Uyu musi, mu gisagara ca Dawudi, Umukiza yabavukiye : ni We Kristu Mukama. Ikiza kumubamenyesha ni iki : muza gusanga akayoya karyamye mu bwato bw’inka, koroshwe udushambara. »
Buno nyene, abandi bamalayika bavuye mw’ijuru baja hamwe n’uwambere, bashimagiza Imana, bavuga bati : « Imana ininahazwe mw’ijuru, kw’isi na ho hayagwe amahoro ku bakunzi bayo. »
IDOMINIKA YA 5 YO MU MWAKA (A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 58, 7-10
(Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umtwenzi)
Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :
« Sangira ivyokurya vyawe n’uwushonje, abagowe babuze aho baba ubinjize mu nzu yawe, niwabona uwuri gusa umwambike, ntiwirengagize umuntu nkawe.
Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umutwenzi, igikomere cawe kigakira ningoga, ubutungane bwawe bukakuja imbere, na bwo ubuninahazwa bw’Umukama bugushorere. Niho uzohamagara Umukama akakwitaba, ukamuborogera akakwitaba ati : “Ndi hano.”
Níwakūrá iwawe umuzigo uguturubika be n’amajambo y’ububisha, niwaha uwushonje ico nawe wipfuza, niwamara inyota ivyipfuzo vy’umurushwa, umuco wawe uzoseruka mu mwijima, umukorane wawe wakake nk’izuba ryo ku mutaga. »
Izaburi 111 (112), 4-5. 6-7. 8a. 9
Icit: Mu mwijima, ni Wewe muco w’abantu b’intungane.
Canke: Alleluya.
Mu mwijima, umuco uzoboneshereza umuntu mweranda,
agira impuhwe, ubushikirane n”ubutungane.
Aratabara abarushwa, akagurana bitavuye imutwe,
azira kugunga mu vyo adandaza.
Ntaho azokwigera anyiganga,
bazokwama bamwibuka imyaka n’imyaka.
Ntatinya kumenya ibimubangamira,
umutima wiwe urakomeye, wizigira Imana nsa.
Umutima wiwe ni intwari, uzira ubwoba ;
n’abansi nyene ntabibanga
ingene atabara aboro ntawovyīgāna,
ubutungane bwiwe buzorama imyaka n’imyaka,
ububasha bwiwe ni rurangiranwa.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 2, 1-5
(Narabamenyesheje amabanga ya Yezu Kristu yabambwe ku musaraba)
Nanje mu kuza iwanyu, benewacu, sinaje kubamenyesha ingingo y’Imana mu mvugo zihinguye no mu bwenge buhejeje. Nta kindi nashatse kumenya muri mwebwe, atari Yezu Kristu, kandi Yezu Kristu yabambwe ku musaraba. Jewe nyene nashitse iwanyu mfise intege nke, ndi n’ubwoba n’agashitsi kenshi, kandi imvugo yanje n’inyigisho yanje ntivyari bihagaze ku majambo atomoye y’ubwenge, ariko ico vyerekana ni Mutima n’ubukomezi bwiwe, kugira ngo ukwemera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ariko gushimikire ku bukomezi bw’Imana.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira azoronka umuco w’ubuzima. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njiri Nyeranda yanditswe na Matayo : 5, 13-16
(Ni mwebwe muco w’isi)
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :
« Ni mwebwe munyu w’isi. None, umunyu utagisosa, icowusubiza ako kanovera cova hehe ? Ntaco uba ukimaze, usigaye ari uwo gushiburira hanze, abantu bakikandagirira.
Ni mwebwe muco w’isi. Ntawushobora guhisha igisagara cubatswe mw’itāba ry’umusozi. Kandi ntawudomeka itara ngo aryubikeko umubehe ; arishira nyabuna ahakirurutse, niho riheza rikaboneshereza abari mu nzu bose. Uko ni ko umuco wanyu wokwibonekeza mu maso y’abantu, maze babonye ibikorwa vyanyu vyiza, bakaninahaza So wanyu ahangamye mw’ijuru. »






