Accueil » Posts tagged 'urukundo' (Page 3)
Archives de Tag: urukundo
IDOMINIKA YA 5 YA PASIKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (9, 26-31)
Pawulo aba icabona ca Kristu nk’Abatumwa
Amaze guhinduka, Pawulo agenda i Yeruzalemu ; akama ashaka kumenyana n’abigishwa, mugabo bose bakamutinya kuko batari bwemere ko yabaye umwigishwa. Baranaba araheza amujana kumwereka abatumwa, arababwira ukuntu Sawuli yabonye Umukama mu nzira, n’ukuntu yigishije izina rya Yezu i Damasi, ata makenga. Kuva ico gihe Sawuli yagendana n’abatumwa i Yeruzalemu, yigisha izina rya Yezu ata makenga. Ni ho yaganira n’Abagereki bari i Yeruzalemu abahaririza, mugabo bashaka kumwica. Abagenzi biwe babimenye, bamujana i Sezareya baca bamurungika i Tarsi. Ekleziya yari itekanye hose mu Buyuda, mu Bugalile no muri Samariya, irakura igenzwa n’icubahiro ifitiye Umukama, kandi yari yuzuye uruhoza rwa Mutima Mweranda.
IZABURI 21 (22), 26b-27. 28. 30. 31-32
Icit : Ndagushemeza, Mukama, hagati y’ikoraniro.
Canke : Alleluya.
Nzorangura indagano zanje imbere y’abamwubaha,
aboro bazorya bahage ;
abarondera Umukama bazomuyaga :
« Ganza, sabwa mu myaka yose ! »
Intara zose zizokwikugura Umukama, zimugarukeko,
imiryango yose y’ibihugu izomupfukamira.
Abagaba isi na bo nyene bazomupfukamira,
Imana izopfukamirwa n’abakuru n’abato.
Umuryango wanje uzoyiyagira urwaruka,
uzoyaga ubutungane bwiwe,
ubumenyeshe intara zo hanyuma uti :
« Raba ivyiza Umukama yagize. »
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 18-24)
Nidukundane mu bikorwa no mu kuri
Bane banje,
Ntidukundane mu majambo no ku rurimi, ariko nidukundane mu bikorwa no mu kuri. Ng’iki ikizotumenyesha ko turi ab’ukuri, tukarimbura umutima wacu imbere yayo. Umutima wacu niwatwagiriza ni uko Imana iruta umutima wacu kandi ikamenya vyose. Bakunzi banje, umutima wacu n’utatwagiriza, turizerana umwidegemvyo imbere y’Imana, kandi ico dusaba cose turagihabwa na yo, kuko tuzigama amabwirizwa yayo tugakora ibiyinezereza mu maso yayo. Kandi ng’iri ibwirizwa ryayo : ni uko twokemera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu, kandi tugakundana nk’uko yabiduhayeko ibwirizwa. Uwuzigama amabwirizwa yayo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we ; kandi ikitumenyesha ko iguma muri twebwe ni wa Mutima Imana yaduhaye.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimugume muri jewe,
nk’uko nanje nguma muri mwebwe.
Uwugumye muri jewe ni we yama vyinshi. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (15, 1-8)
Uwuri muri jewe nanje nkaba muri we ni we yama vyinshi
Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Jewe ndi umuzabibu nyawo, na we Data ni nyenumuzabibu. Ishami ryose riri muri jewe ritama, ararica, nayo ishami ryose ryama ararituturira kugira ngo ryame ukuruta. Muramaze gutyororwa kubera ijambo nababwiye. Nimugume muri jewe, nanje nzoguma muri mwebwe. Kurya ishami ritama ritagumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe. Jewe ndi umuzabibu, namwe muri amashami, uwugumye muri jewe, nanje nkamugumamwo, ni we yama vyinshi, kuko tutari kumwe ataco mwokwishoboza. Uwutagumye muri jewe atabwa hanze nk’ishami, akuma ; na yo amashami yumye, barayaca bakayata mu muriro, agasha. Nimwaguma muri jewe na yo amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muzosaba ico mushaka mukironke. Ikininahaza Dawe ni uko mwokwama vyinshi ; ni ho rero muzoba abigishwa banje. »
IDOMINIKA YA 24 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Ubwitonzi (27, 33-28, 9)
Banza urekurire mugenzawe yakugiriye nabi, ni ho uzorekurirwa ibicumuro vyawe
Ayandi mashano abacumuzi bakora, ni inzigo n’ishavu. Uwihora, Umukama na We azomwihora, amubaze ku bicumuro vyose yakoze. Rekurira mugenzawe akabi yakugiriye, kugira ngo nawe niwasaba, uze uronke ikigongwe c’ibicumuro vyawe. Umuntu yama afitiye inzigo mugenziwe, mbe yosaba ate Umukama ngo amukize ? Ku muntu nka we, nta kigongwe agira, none yosaba ate ngo arekurirwe ibicumuro vyiwe ? Ko atibuka ko ari ikiremwa gusa akagira inzigo, ni nde yomugirira imbabazi ku bicumuro vyiwe ?
Urame wibuka amaherezo yawe, uheze wirinde urwanko, uribuka ko uzopfa ukabora, uheze witwararike amategeko y’Imana. Uribuka amabwirizwa y’Umukama, ureke kugirira akajirya mugenzawe. Uribuka isezerano ry’Umushoboravyose, uheze wirengagize igitutsi.
IZABURI 102 (103), 1-2. 3-4. 9-10. 11-12
Icit : Umukama ni We Nyenimbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akaza urukundo.
Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.
Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
Ni We agukiza indwara zose ;
Ni We akugarurira ku cobo,
Ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.
Ishavu ryiwe riririrwa ntirirara,
Umwikomo wiwe umara umwanya urume rumara ;
Uko ducumura, si ko aduhana,
uko tumutuka, si ko adusubiza.
Nk’uko isi ataho ihwaniye n’ijuru,
ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha ;
nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (14, 7-9)
Tubaho canke dupfa, turi ab’Umukama
Ncuti zanje,
Nta n’umwe muri twebwe abaho ngo yigungane ubuzima, kandi nta n’umwe apfa urupfu rwa wenyene. Iyo turiho, ubuzima bwacu ni ubw’Umukama ; nitwapfa na ho, dupfira Umukama. Igituma, ni uko Kristu yapfuye akisubiza muzima, kugira ngo abe Umukama w’abapfuye n’uw’abazima.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Ndabahaye itegeko rishasha :
nimukundane nk’uko nabakunze. »
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (18, 21-35)
Sinkubwiye kumurekurira gushika indwi,
ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi
Muri irya misi,
Petero yegereye Yezu amubaza ati : « Mukama, mugenzanje ancumuyeko, nzomurekurira kangahe : gushika ku ndwi ? » Yezu na we ati : « Sinkubwiye gushika indwi, ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi. Ni co gituma Ubwami bw’ijuru busa n’umwami yagomba kwishuza abasuku biwe. Ngo abe agitangura, bamuzanira uwari amuheraniye amatarenta ibihumbi cumi. Nya musuku ngo abure ico yishura, shebuja ategeka ko bamucuruza, we n’umugore n’abana, be n’utwo atunze twose, abe yishuye rero ivyo aheranye. Nya musuku yikubita imbere yiwe, aramutakambira ati : ‘Mukama, ntenyenyera, nzokwishura ivyawe vyose.’ Shebuja rero bimutera ikigongwe, aramurekurira, amuhebera n’umwenda yari amufitiye.
Uno musuku ngo ave hano, ahura n’umwe mu bagenzibe amufitiye amadenariyo ijana. Aca amugwa mu kanigo, aramukamvya ati : ‘Ishura ivyo umperaniye !’ Uno na we aca aramupfukamira, aramutakambira ati : ‘Ntenyenyera, nzokwishura.’ Uwundi na we aranka, mbere aca aja kumushirisha mu ngoyi, umwanya atarishura umwenda yariye.
Bagenzibe ngo babibone, birabababaza cane, baca baja kwiganira shebuja ivyabaye. Na we aca aramuhamagaza, amubwira ati : ‘Wa musuku w’inkozi y’ikibi, umwenda wose wari umfitiye nawukurekuriye kuko wantakambiye : none weho, ntube wagirira imbabazi mugenzawe nk’uko nanje nazikugiriye ?’
N’ishavu n’akantu, shebuja amurekurirako abantu biwe, baramuhuragura, umwanya atarishura umwenda wiwe wose. Uko ni ko na Data ahangamye mw’ijuru azobagira, nimutarekurira abandi bimwe bishemeye.»
IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeri (33, 7-9)
N’utakebura umuyobe, nzokubaza amaraso yiwe
Ng’iri iriyazwe n’Umukama : « Nawe, mwana w’umuntu, nakugize umurinzi w’umuryango w’Israeli. Niwumva ijambo rivuye mu kanwa kanje, uraheza ubaburire kw’izina ryanje. Ninabwira umuyobe nti : ‘Wa muyobe, buca upfa’, ntumukebure ngo ahebe ingeso mbi ziwe, uyo muyobe azopfa kubera ibicumuro vyiwe, ariko nawe nzokubaza amaraso yiwe. Yamara niwakebura umuyobe ngo ahebe imigenzo mibi yiwe, hanyuma akanka kwihanura, uyo azopfa kubera ibicumuro vyiwe, ariko wewe ntaco uzobazwa. »
IZABURI 94 (95), 1-2. 6-7. 8-9
Icit : Ese uyu musi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama,
rivuga riti : « Ntimukomantaze imitima yanyu. »
Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine !
Shike, duce bugufi, dupfukame :
dusenge Umukama yaturemye.
Na none, ni We Mana yacu,
Natwe tukaba intara arongoye.
« Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa musi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,
kandi bari bamaze kubona ibikorwa nakora. »
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (13, 8-10)
Urukundo ni rwo bwirizwa rishitse
Ncuti zanje,
Ntihagire uwo mugirira umwenda n’umwe, ndetse uw’urukundo mufitaniye. Uwukunda abandi aba aranguye amabwirizwa. Na none, iri bwirizwa ngo : « Ntuzosambane, ntuzokwice, ntuzokwipfuze nabi », n’ayandi mabwirizwa yose, akoraniye muri iri jambo ngo : « Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. » Urukundo ntirugirira nabi umugenzi : ni co gituma urukundo ari rwo bwirizwa rishitse.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,
ikongera ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (18, 15-20)
Mugenzawe agukundiye, uzoba umurokoye
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati : « Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe n’umwe ; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu. Akaramuka atabumviye na ho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango, uramuraba nk’umupagani canke umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye : ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. Ndabibabwiye kandi : abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose, Dawe wo mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye kw’izina ryanje, mba ndi hagati yabo. »






