Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 12)

Archives de Tag: Yezu

IDOMINIKA YA 3 YO MU KAREMA (Umwâka B)

Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya 3 yo mu Karema vyagenewe umwaka A.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (20, 1-17)

Igisomwa kigufi : 20, 1-3. 7-8. 12-17

Ku musozi wa Sinayi, Imana yavumereye aya majambo yose, iti : « Ni jewe Umukama Imana yawe, nagukuye mu ntara ya Misiri, ndakuvana mu buja warimwo. Nta zindi mana uzosenga atari jewe.

Igisomwa kigufi kiba kirahagarariye aha

Mu biremwa vyo mu kirere, ivyo kw’isi n’ivyo mu mazi, ntihagire na kimwe utoramwo ikigereranyo, bisubiye, ntuze usenge ibishusho. Ntuze ubipfukamire, kandi ntuze ubikorere, kuko jewe Umukama Imana yawe, ndi n’ishavu ryinshi ; ikibi cakoze abavyeyi ngihanira abana babo, abuzukuru n’abuzukuruza babo ; ariko nkagirira ikigongwe abankunda, bakazigama amabwirizwa yanje, be n’abana babo, abuzukuru n’abuzukuruza babo.

Igisomwa kigufi kibandaniriza aha

Ntuze urahirire ubusa izina ry’Umukama Imana yawe, kuko uwurahirira ubusa Umukama ntazogenda atamuhanye. Urama wibuka umusi w’Imana uwuhimbaze.

Igisomwa kigufi gisubira kuba kirahagarariye aha

Uzorangura ibikenurwa vyawe mu misi itandatu ; ariko umusi ugira indwi ube umusi w’Umukama Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri uwo musi, yaba wewe ubwawe canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe, canke umusuku wawe canke incoreke yawe canke inka yawe, canke umuvamahanga aba iwawe.

Kukaba nkako, Umukama yaremye isi n’ijuru, ikiyaga n’ibirimwo vyose mu misi itandatu, umusi ugira indwi araheza araruhuka. Ni co gituma uwo musi wo kuruhuka, Umukama yawuhezagiye, akawutera iteka ryinshi.

Igisomwa kigufi kibandaniriza aha

Sonera so na nyoko, kugira ngo uzorambe imyaka kuri iyi si Umukama Imana yawe aguhaye.
Ntugire uwo wica.
Ntuze usambane.
Ntuze wibe.
Ntuze wagirize mugenzawe uvuga ibinyoma.
Ntuzokwipfuze inzu ya mugenzawe.
Ntuzokwipfuze umugore wiwe, umusuku wiwe, incoreke yiwe, inka yiwe kibure indogobwe yiwe ; eka ikintu ciwe cose. »

IZABURI 18 (19), 8. 9. 10. 11

Icit : Mukama, urafise amajambo y’ubuzima budahera.

Amategeko y’Umukama aratunganye,
Ahembura umutima ;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
ni yo bwenge bw’abantu batobato.

Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima ;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.

Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete ;
Umukama ashinga intahe y’ukuri
Intahe yama itunganye.

Isumvya inzahabu gukundwa,
na yo nyene itagira imvange ;
irusha kuryoha
ubuki bw’umutsama.

IGISOMWA CA KABIRI

 Ivyo dusoma mwIbaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (1, 22-25)

Ubwenge bw’abantu n’ubusazi bw’Umusaraba

Ncuti zanje,
Igihe Abayuda basaba ikimenyetso, Abagereki na bo bakarondera ubwenge, tweho turamenyesha Kristu yabambwe ku musaraba : ku Bayuda, uwo musaraba ni ikibatsitaza, ku Bagereki na bo, ni ubujuju ; ariko, ku bahamagawe n’Imana, baba Abayuda canke Abagereki, Kristu ni we bubasha bw’Imana akongera akaba ubwenge bw’Imana.

None rero, ubujuju bw’Imana burusha abantu ubwenge, kandi n’intege nke z’Imana zirusha abantu ubukomezi.

INKURU NZIZA

Kristu, urakaninahazwa,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana Nzima.

Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege.
Uwumwemeye wese arafise ubuzima budahera.

Kristu, urakaninahazwa,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana Nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (2, 13-25)

Sambure iki gisengero, nanje nze ndagihagarike mu misi itatu

Pasika y’Abayuda yari yegereje, Yezu rero aduga i Yeruzalemu. Araheza asanga mu gisengero ababunza inka, intama n’inuma, n’abavunja amafaranga bicaye. Araheza azingazinga imigozi, ayigira nk’ikibŏko, arabahinda bose abakura mu gisengero, be n’intama n’ibimasa, amafaranga y’abavunja arayasanzaza, ameza yabo arayacuranguza. Ababunga inuma na bo ababwira ati : « Kura ivyo ngaha, ingoro ya Data ntimuyigire inzu y’akaguriro ! »

Abigishwa biwe rero bibuka ko handitswe ngo : « Ukwitwararika ingoro yawe kurambakuye. »
Abayuda rero baramwishura bati : « Ko ubigenjeje gurtyo, ikimenyetso utweretse ni ikihe ? » Yezu abishura ati : « Sambure iki gisengero, nanje nze ndagihagarike mu minsi itatu. » Abayuda rero baramwishura bati : « Iki gisengero bakimazeko imyaka mirongo ine n’itandatu bacubaka, nawe ngo wogihagarika mu minsi itatu ! »

We yamara yavuga igisengero c’umubiri wiwe. Aho rero amariye kuzuka ava mu bapfuye, abigishwa biwe bibuka ko yari yabivuze ; barahava bemera Ivyanditswe, bemera n’ijambo Yezu yari yavuze.

Igihe Yezu yari i Yeruzalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi babonye ibimenyetso yagira, baremera izina ryiwe. Yezu we yamara ntiyabibashimira kuko yari abazi bose kandi atari akeneye uwumumenyesha ibiri mu muntu ; na none yari azi akari mu mutima wa muntu.

IDOMINIKA YA 2 YO MU KAREMA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (22, 1-2. 9a. 10-13. 15-19)

Ishikanwa rya sokuru wacu Ibrahimu

Umusi umwe, Imana ishaka kugeza Ibrahimu, iramwakura iti : « Ibrahimu ! »
Ayishura ati : « Sabwe, Mukama ! »
Imana na Yo iti : « Fata umwana wawe, ca kinege ukunda cane, Izahaki, ugende mu gihugu ca Moriya kumutangako ituro ry’Imana, ku musozi nza kukwereka. »

Sacrifice_theme_imageBamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Ibrahimu yubaka ururhimbi, arundako za nkwi, araheza afata Izahaki umwana wiwe araboha, amutereka ku ruhimbi hejuru y’inkwi. Ibrahimu araramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umwana wiwe.

Umumarayika w’Umukama yamara avugira mu kirere ati : « Ibrahimu ! Ibrahimu ! »
Aramwishura ati : « Sabwe, Muhanyi ! »
Umumarayika na we ati : « Nturoreshe ukuboko ku mwana wawe ! Ntihagire ikibi umugirira ! Ndazi noneho ko wubaha Imana, ntiwanyimye umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende. »
Ibrahimu araramuye amaso, abona impfizi y’intama, amahembe afashwe n’igisaka. Ibrahimu arayifata, ayitangako ituro ry’Imana mu kibanza c’umuhungu wiwe.

Umumarayika atumwe n’Umukama asubira kwakura Ibrahimu ubwa kabiri, ati : « Ndarahiye, kw’izina ry’Umukama, kubera ko wubahutse gukora ivyo, ntiwimane umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende, nzoguhunda imihezagiro, abuzukuru n’abuzukuruza bawe bazogwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru, bazongana n’umusenyi wok u nkombe z’ikiyaga, bazokwirahira abansi babo babigambe. Kw’izina ryabo, imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa, kuko wagamburukiye Imana. »

IZABURI 115 (116), 10. 15. 16-17. 18-19

Icit : Nzokwama ngendera imbere y’Umukama,

         kuri iyi si y’abazima.

Nari nizeye Umukama, aho navuga nti :
« Ndagowe cane ! »
Urupfu rw’abamwishimira
Umukama ntaruraba ryiza.

Ewe Mukama,
jewe ndi umusuku wawe,
umwana w’incoreke yawe :
warankuye mu mvuto.

Nzogushikanira igiturire co kugukengurukira,
kandi ntabaze izina ryawe, Mukama ;
ivyo nemereye Umukama nzobikora vyose,
mu maso y’abiwe bose bakoranye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 31b-34)

Imana ntiyimanye Umwana wayo

Ncuti zanje,
Ko Imana isanzwe iturwanira, ni nde yoturwanya? Ko itimanye umwana wayo bwite, ariko ko yamuduhebeye twese, icoyitesha noneho kutugabira ibisigaye vyose kuri uno Mwana, ni iki? Ni nde azokwagiriza abatowe n’Imana? Mbega, Imana si Yo ibagira intungane? Ni nde azobacira urwo gutsindwa? Mbega, ni Yezu Kristu, kandi ari We yapfuye agaheza akazuka, akaba kandi ari We yicaye iburyo bw’Imana akatwambariza?

INKURU NZIZA

Kristu urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.

Muri ca gicu gica ibikeke
rya Data rirumvikana, riti :
« Uyu ni Umwananje nkunda cane :
nimumutege amatwi. »

Kristu urakaninahazwa,
Wewe Jambo ryamaho ry’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Mariko (9, 2-10)

Uyu ni Umwana wanje nkunda cane

Umusi umwe,
Yezu atora Petero, Yakobo na Yohani, abajana bonyene ahiherereye ku musozi muremure. Araheza arihindura babona : impuzu ziwe zirakayangana nk’umwerasi wahejeje, bimwe ata mumeshi kw’isi yoshobora kweresha impuzu ukuraho.

Hanyuma, Eliya na Musa barababonekera, baganira na Yezu. Buno rero Petero abwira Yezu ati : « Muhanyi, birahimbaye ko tuba aha : ingo, tugire insago zitatu, rumwe rw’iwawe, urundi rwa Moshe n’urundi rwa Eliya. » Ntiyari azi ico yariko aravuga kuko bari bacitse ivutu.

Haza igicu kirabatwikira, muri nya gicu kandi hava ijwi riti : « Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, nimumwumve ! » Buno nyene, baravye irya n’ino, nta wundi n’umwe babona hamwe na bo, atari Yezu musa.
Bariko baramanuka nya musozi, Yezu arababuza kugira uwo babwira ico bari babonye, Umwana w’umuntu atamaze kwizura mu bapfuye. Na bo bakora uko ababwirije ; ariko babazanya bonyene ivyo ari vyo ‘ukuzuka ava mu bapfuye’.

IDOMINIKA YA 6 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Bene Levi (13, 1-2. 45-46)

Ibwirizwa ryari ryerekeye abanyamibembe

Muri irya misi, Umukama yabariye Musa na Aroni ati : « Umuntu niyagira ku rukoba inkavyi, igitongangira canke ikibibi comenyesha indwara y’imibembe, nibamuzanire umuherezankuka Aroni canke umwe wo muri bene Aroni b’abaherezankuka. Umunyamibembe iyo arwaye iyo ndwara, n’agende yambaye impuzu zitabutse, asambaguye imishatsi yiwe, yipfutse ku munwa, agende arasemerera ati : “Ndahumanye ! Ndahumanye !” Imisi yose akirwaye iyo ndwara, azoba ahumanye ; mbere azoba ari uwahumanye, abe ukwiwe, aze abe hirya y’aho mugandagaje. »

IZABURI 31 (32), 1-2. 5. 11

Icit. : Ni Wewe mahungiro yanje,
         Unsanganize impundu z’uko ndokotse.

Hahiriwe uwarekuriwe igicumuro,
uwakize akabi kiwe ;
hahiriwe urya
Umukama ataco yagiriza.

Navuze nti : « Ngiye gutumbera Umukama,
nirege ibicumuro nakoze. »
Nawe, Mukama,
warandekuriye ikibi nakoze.

Nezerwa, himbarwa n’Umukama,
mwa bantu b’intungane ;
mutambe, mutarike,
mwebwe mufise umutima ugororotse.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (10, 31 – 11, 1)

Nimunyigane nk’uko nanje nigana Kristu

Ncuti zanje,
Iyo murya canke iyo munywa canke iyo mukora ikindi ico ari co cose, nimukore vyose ngo muninahaze Imana. Ntihagire abo mutirimutsa, baba Abayuda, baba Abagereki, yaba Ekleziya y’Imana, nk’uko nanje kunezereza bose muri vyose, ntarondera ikingirira akamaro jenyene, mugabo nkarondera ikigirira akamaro benshi, ngo babone gukira. Nimunyigane nk’uko nanje nigana Kristu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu,
Imana yaramukije igihugu cayo.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 40-45)

Imibembe iranyika, aca arakira

Umusi umwe, umunyamibembe yegereye Yezu aramutakambira, akubita ibipfukamiro hasi, ati : « Mukama, ubishatse wonkiza. » Imbabazi zivyutse, Yezu araramvura ukuboko aramukorako, ati : « Ndabishatse, kira. » Buno nyene, imibembe iranyika, aca arakira. Yezu yamara aca amera nk’uwumuhambarira, aca aramusohora, amubarira ati : « Umenye ntugire uwo ubibwira, genda riho wiyereke umuherezankuka, kandi utange, kuko wakize, ivyo Musa yashinze. Ni co kizobereka ko wakize. » We rero yapfuye gusohoka, aca aja mu vyo kubivugira hejuru n’ugukwiza ivyabaye ; kikaba ari co mbere kibuza Yezu kuba akigira igisagara yinjiramwo icese. Yaguma ahiherereye mu gahinga, kandi bakava irya n’ino bakamusangayo.