Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 13)
Archives de Tag: Yezu
IDOMINIKA YA 3 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yonasi (3, 1-5. 10)
Abantu b’I Niniva baciye bihanura
Muri irya misi, Umukama yabariye Yonasi ati : « Haguruka, ugende mu gisagara gikuru, ubashikirize ijambo ryanje. » Yonasi arahaguruka aja i Niniva nk’uko Umukama yabivuze. Niniva cari igisagara kinini cane : kugira ngo umuntu akirengane, yakimaramwo imisi itatu agenda. Yonasi arinjira mùmu gisagara, amara umusi wose agitemberamwo. Yasemerera avuga ati : « Hasigaye imisi mirongo ine Niniva kigasenyurwa ! » Abantu bo muri Niniva na bo baca bemera Imana, bashinga itegeko ryo kwisonzesha, bambara amagunira bose, kuva ku bakuru gushika ku bato. Imana ngo ibone ivyo bagize ngo bahebe imigenzo yabo mibi, irisubirako, amahano yari yabaraganiye ntiyayarungika.
IZABURI 24 (25), 4bc-5ab. 6-7bc. 8-9
Icit. : N’undangire inzira yawe, Mukama.
Ntabara, Mukama, undangire inzira y’iwawe,
uranyigisha inzira zawe.
Urantumbereza ukuri, uranyigisha,
ni Wewe Mana izonkiza.
Gira wibuke imbabazi zawe, Mukama,
wibuke n’urukundo rwawe, kuko ari ivya misi yose.
Nk’uko urukundo rwawe rwamaho,
n’ube ari ko unyibuka, Mukama.
Ese ubutungane n’urukundo vy’Umukama !
Umukama yama agarura abazimiye.
Abatobato akabatumbereza ubutungane,
abicisha bugufi akabigisha inzira yiwe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (7, 29-31)
Ivyo kw’isi bihinda bihera, ntitwirengagize Umukama
Ncuti zanje,
ng’ibi ivyo mbabwira : igihe ni kigufi. Hasigaye rero ko abafise umugore bomera nk’abatamufise, ko abari mu marira bomera nk’abatari muri yo, ko abanezerewe bomera nk’abatanezerewe, ko abadandaza bomera nk’abazokwakwa utwabo, ko abakoresha ivy’isi bomera nk’abatabikoresha nka cane. Erega, ivyo kw’isi bihinda bihera.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Ubwami bw’Imana buri hafi ;
igarure kandi mwemere Inkuru Nziza.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 14-20)
Igarure kandi mwemere Inkuru Nziza
Yohani Batista amaze gufatwa, Yezu aza i Bugalile yigisha Inkuru Nziza y’Imana, ati : « Umusi washitse kandi Ubwami bw’Imana buri hafi ; igarure kandi mwemere Inkuru Nziza. »
Umusi umwe, Yezu yajanye inkengera y’ikiyaga c’Ubugalile, abona Simoni na mwenewabo Andreya, batera urusenga mu kiyaga : nka ko rero bari abarovyi. Yezu rero arababarira ati : « Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu. » Buno nyene bata hano insenga, baramukurikira. Ateye imbere gatoyi, abona Y akobo mwene Zebede na Yohani mwenewabo. Na bo nyene bari mu bwato bariko barasana insenga zabo. Buno nyene arabahamagara. Baca basiga se wabo Zebede mu bwato, we n’abamukorera, baramukurikira.
IDOMINIKA YA 2 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (3, 3-10. 19)
Yaga, Mukama, umusavyi wawe ariko arakwumviriza
Muri irya misi,
Samuweli yari aryamye mu ngoro y’Umukama, ahari isandugu ryeranda. Umukama rero aramuhamagara ati : « Samuweli, Samuweli ! » Na we yishura ati : « Ndarengutse. » Aca yiruka kwa Heli ati : « Ndarengutse kuko umpamagaye. » Heli na we ati : « Sinaguhamagaye, subira kuryama. » Aragenda kuryama. Umukama arasubira kumuhamagara ati : « Samuweli, Samuweli ! » Aragenda kwa Heli ati : « Ndarengutse kuko umpamagaye. » Heli na we ati : « Mwananje sinaguhamagaye, niwisubirire kuryama. » Samuweli ntiyari bwamenye Umukama, n’ijambo ry’Umukama ntiryari bwamushikire. Umukama asubira guhamagara Samuweli ubwa gatatu, na we arava hasi, agenda kwa Heli ati : « Ndarengutse kuko umpamagaye. » Heli rero aca arategera ko ari Umukama yahamagaye nya mwana. Ni ko kubarira Samuweli ati : « Genda wiryamire, nihagira uwuguhamagara, uraheza uvuge uti : “Yaga, Mukama, umusavyi wawe ariko arumviriza.” »
Samuweli rero asubira kuryama mu kibanza ciwe. Umukama araza, ahangama aho ; arahamagara nk’ubwa mbere ati : « Samuweli, Samuweli ! » Samuweli na we yishura ati : « Yaga, Mukama, umusavyi wawe ariko arumviriza. »
Samuweli arakura kandi Umukama bari kumwe. Bisubiye, nta jambo na rimwe yigeze ata mu vyo yari yamubwiye vyose.
IZABURI 39 (40), 2. 4ab. 7-8a. 8b-9. 10
Icit : Ndi hano, ndaje, Mukama,
ndaje gukora ivyo ushaka.
Nari nizigiye Umukama nshimitse,
yaranteze ugutwi.
Araheza antuma nezerwa ndaririmba,
ndaririmbira Imana yacu.
Inkuka n’imperezwa vyari ubusa kuri Wewe,
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose ntiwari ubishimitsemwo,
niho nitora nti : « Ndi hano ndaje. »
Ivyanditswe kuri jewe
bintegereza gukora ivyo ushaka :
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
Kandi ndayashize ku mutima.
Narataziriye inkuru nziza
Ishengero rikoranye.
Raba sinobinuma,
ni ico wiyiziye, Mukama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (6, 13b-15a. 17-20)
Imibiri yanyu ni ingingo za Kristu
Ncuti zanje,
Umubiri wacu ntiwagiriwe ubuhumbu, yamara ni uw’Umukama, Umukama ni uw’umubiri. Imana na yo yazuye Umukama izotuzura natwe ku bubasha bwayo. Ntimuzi ko imibiri yanyu ari ingingo za Kristu ? Uwifatanije n’Umukama aca asangira umutima na we. Nimuhunge ibiterasoni. Ikindi gicumuro cose umuntu yokora ntigishikira umubiri wiwe ; ariko uwukora ibiterasoni we aba acumuye ku mubiri wiwe. Canke ntimuzi ko umumbiri wanyu ari ingoro ya Mutima Mweranda ari muri mwebwe kandi mwamuhawe n’Imana ? Ntimuzi kandi ko utiganza ? Nka ko, mwaraguzwe igiciro. Nimuninahaze Imana rero mu mubiri wanyu.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Twabonye Mesiya, ari we Kristu ;
Ingingo n’ukuri vyazanywe na we.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1, 35-42)
Abatumiwe na Yezu birirwa iruhande yiwe uyo musi
Yezu amaze kubatizwa, bukeye bwaho, Yohani Batista yari akiri aho, na babiri bo mu bigishwa biwe. Maze yitegereje Yezu yari ahaciye, avuga ati : « ng’uyu Umwagazi w’Imana. » Nya bigishwa babiri bumvise avuze atyo, bakurikira Yezu. Yezu arakebuka, abona bamukurikira, araheza ababwira ati : « Murondera iki ? » Na bo bamubaza bati : « Rabbi, ni ukuvuga Mwigisha, mbega uba hehe ? » Ababwira ati : « Nimuze mwirabire. » Baragenda, babona aho yaba ; birirwa iruhande yiwe uyo musi : hari nko kw’isaha y’icumi. Andreya, mwenewabo na Simoni Petero, yari umwe muri abo bari bumvise ivya Yohani bagakurikira Yezu. Ahura rero ubwa mbere na Simoni mwene nyina, amubwira ati : « Twabonye Mesiya », ni ukuvuga Kristu. Araheza amushikiriza Yezu. Yezu amwitegereje, avuga ati : « Uri Simoni mwene Yohani, uzokwitwa Kefas », ni ukuvuga Rutare.
IBATISIMU Y’UMUKAMA
MENYA NEZA: Umusi bahimbaza Epifaniya y’Umukama nihaba ari itariki 7 canke 8 Nzero, bagira umusi mukuru w’Ibatisimu y’Umukama ku musi wa mbere ukurikira iyo dominika, kandi, batarasoma Inkuru Nziza, batora igisomwa kimwe gusa muri vya bisomwa vyahagenew
Mu mwaka B no mu mwaka C, imbere y’Inkuru Nziza, bashobora gusoma ibindi bisomwa bidasa na bimwe twabona mu mwaka A. Na vyo ng’ibi:
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 1-11)
Nimuze mwegere isôko
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Mwebwe mwese munyotewe, nimuze mwegere isôko,
n’aho mutoba mufise amafaranga nimuze.
Gura ingano, mwihereze umuvinyu n’amata,
n’aho ata mafaranga mugira.
Mbe ni kuki mutagaguza amahera mu bintu bitari ibifungurwa,
umushahara wanyu ugaherera mu bitabahaza ?
Ntege amatwi, muzoheza murye ibiryoshe,
muzonezerezwa n’ibisosa.
Ntege abiri, muze iwanje,
nyumvirize, niho umutima wanyu uzokira.
Nzosezerana namwe isezerano ryamaho,
rishimikiye ku ngabirano zemerewe Dawidi.
Ehe raba, nakugize icabona mu makungu,
nagutoye ngo ube umukuru n’umutegetsi mu mahanga.
Uzohamagara intara utari uzi,
abantu utari bwabone bace bakwirukira,
kubera Umukama Imana yawe,
kubera Umweranda w’Israeli azoba yaguteye iteka.
Rondera Umukama igihe agishaka kuboneka,
mwambaze igihe akiri hafi.
Umubisha n’ahebe amayira yiwe,
umunyakabi n’ahindure ivyiyumviro vyiwe.
N’agaruke ku Mukama, na We azoheza amugirire ikigongwe ;
n’agaruke ku Mana yacu, na Yo iri n’imbabazi nyinshi.
Umukama yavuze ati :
« Ivyiyumviro vyanje ntibisa n’ivyanyu,
amayira yanje si yo yanyu.
Nk’uko ijuru rirengeye isi,
Niko amayira yanje arengeye ayanyu,
Ivyiyumviro vyanje bigasumba ivyanyu.
Nka kurya imvura n’urume bigwa biva mw’ijuru
Ntibisubireyo bitavomeye isi ngo biyirondore,
Ibiterwa bikamera,
Umubivyi akaronka imbuto n’imfungurwa,
Niko n’ijambo rivuye mu kanwa kanje,
Ritangarukako ritagize akamaro,
Ritaranguye ico nshaka,
ridakoze ico naritumye. »
URURIRIMBO (Izaya 12, 2-3. 4bcd. 5-6)
Icit : Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.
Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje,
ndayizeye, ntaco ngitinya ;
kuko Umukama ari We bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.
Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
Akanyamuneza kabasya.
Kurira ubwatsi Umukama, ninahaza izina ryiwe,
Nimukwize mu makungu yose ibitangaza vyiwe,
Ibutsa intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa.
Curarangira Umukama,
kuko yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwa, nezerwa, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu Umweranda w’Israeli !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Yohani (5, 1-9)
Mutima, amazi n’amaraso
Bakunzi banje,
Uwemera wese yuko Yezu ari Kristu, ni we yavyawe n’Imana ; kandi uwukunda wese uno Muvyeyi aba akunda kandi uwavyawe na We. Ng’iki ikimenyetso c’uko dukunda abana b’Imana : nitwakunda Imana tugakora amabwirizwa yayo. Nkako nyene, ng’uru urukundo rw’Imana : ni ukuzigama amabwirizwa yayo. Na yo amabwirizwa yayo ntaremereye, kuko icavyawe n’Imana cose gitsinda isi. Kandi iyo ntsinzi yatsinze isi, ni ukwemera kwacu.
Ni nde uwutsinda isi, atari uwemera ko Yezu ari we Mwana w’Imana ? Yezu ni we uwaje mu mazi no mu maraso : si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso. Kandi Mutima ni we avyemeza, kuko Mutima ari We Kuri. Nkako, ibivyemeza biri gutatu : Mutima, amazi n’amaraso, kandi ivyo bitatu bihuriza hamwe. Nitwaba twakira ivyo abantu batwemeza, ico Imana itwemeza co kirabiruta na kure. Nkako, ico Imana itwemeza, ni icerekeye Umwana wayo.
INKURU NZIZA
Ntihinduka
Alleluia, alleluia.
Yohani abona Yezu aje amwerekeye, aca avuga ati :
« Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura abantu ibicumuro. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Mariko (1, 7-11)
Uri Umwananje nkunda cane, waranshitse ku nyota
Muri irya misi,
Yohani Batista yariko arigisha mu gahinga avuga ati : « Uwuje mu nyuma zanje arandusha ububasha, mbere sinkwiye n’ugupfundurura utuzana tw’ibirato vyiwe. Jewe nababatije mu mazi gusa, ariko We azobabatiza muri Mutima Mweranda. »
Muri irya misi, Yezu avuye i Nazareti mu Bugalile, abatizwa na Yohani mu ruzi Yordani. Igihe rero akutse ava mu mazi, abona ijuru ririyuguruye, na we Mutima amwururukirako mu gisa n’inuma. Mw’ijuru rero hava ijwi riti : « Uri Umwananje nkunda cane, waranshitse ku nyota. »






