Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 14)
Archives de Tag: Yezu
1 Munyōnyó : UMUNSI MUKURU W’ABERANDA BOSE
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (7, 2-4. 9-14)
Mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose,
mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose
Jewe Yohani, mbona uwundi mumarayika aduga ava mu buseruko afise ikimenyetso c’Imana Nzima ; arasemerera abamalayika bane bari barungitswe gusivya isi n’ikiyaga, ati : « Imbere y’uko musibanganya isi, ikiyaga n’ibiti, banza murindire, tubanze gushira ikimenyetso ku ruhanga rw’abasavyi b’Imana yacu. » Nca ndamenya igitigiri c’abashizweko ikimenyetso : ibihumbi ijana na mirongo ine na bine mu miryango yose y’abana b’Israeli.
Ivyo biheze, mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye ikanzu zera, bafise n’ibisanda mu minwe. Bahurikira hamwe bati :
« Mana yacu uvyagiye ku ntebe, nawe mwagazi, ganza, sabwa ! »
Abamalayika bose rero bakikije ya ntebe, ba Batama na ba Bazima bane, bakubitira icarimwe ibipfukamiro hasi imbere y’intebe y’Ubwami, barunama ngo basenge Imana, bavuga bati :
« Amen ! Imana yacu n’ishemezwe, ikengurukwe, yubahwe, itsinde, yiganze mu myaka n’imyaka ! Amen ! »
Umwe muri ba Batama ambwira ati : « Abo bantu bambaye ikanzu zera ni bande ? Bavuye hehe ? » Nanje nishura nti : « Muhanyi, ni wewe wobimenya. » Ansubiza ati : « Abo ni abarokotse ya makuba, bamesuye ikanzu zabo bazeresha amaraso ya wa Mwagazi. »
IZABURI 23 (24), 1-2. 3-4. 5-6
Icit : Ng’uwo umuryango w’abarondera inyonga zawe, Mukama.
Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose ;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.
Mbe bane, ni nde azokwirira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda ?
Ni umuntu mweranda, w’iminwe idahumanye,
w’umutima udacambirwa ibintazi.
Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama,
asagirwe n’ubutungane bw’Imana yamukijije.
Ng’uwo umuryango w’abakurondera,
barondera inyonga zawe, Mukama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-3)
Tuzobona Imana nk’uko iri
Bakunzi banje,
Itegereze namwe urwo Data yadukunze : We yadutoye tukitwa abana b’Imana, mbere turi bo vy’ukuri. Ni co gituma isi itatuzi, kuko na We itamumenye. Bakunzi banje : kuva ubu turi abana b’Imana, na co ico tuzoba ntikiramenyekana. Mugabo ico tuzi, ni uko muri ico gihe, aho Yezu azozira, tuzosa na We, kuko tuzomubona nk’uko ari. Na we uwo wese afise ako gatima k’ukumwizigira, ni mweranda nk’uko na We ari mweranda.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (5, 1-12a)
Muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru
Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi ; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo :
« Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Hahiriwe abitonda : kuko bazotorana isi !
Hahiriwe abari mu marira : kuko bazohozwa !
Hahiriwe abashonje n’abanyotewe ubutungane : kuko bazoshira ipfa !
Hahiriwe abanyakigongwe : kuko na bo bazokigirirwa !
Hahiriwe abari n’umutima mwiza : kuko bazobona Imana !
Hahiriwe abaremesha amahoro : kuko bazokwitwa abana b’Imana !
Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabaremera amabi yose kubwanje : muranezerwa muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru ! »
IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Umuhanuzi Izaya (5, 1-7)
(Umurima w’Umukama Nyeningabo ni wa muryango w’Israeli)
Hinge ndongorore agahogo ndirimbire umukunzi wanje
Akaririmbo k’urukundo afitiye umuzabibu wiwe.
Umukunzi wanje yari afise umurima w’imizabibu
Mu kabande kamera cane.
Nya murima arawurima, awukuramwo amabuye,
awuteramwo umivyaro y’ibiti vyizavyiza vy’imizabibu.
Hagati yawo, ahubaka umunara,
iruhande ahimba urugarama.
Yari yiteze gusoroma imiabibu nyayo,
ariko uwo muzabibu wamye ibiturumbwe.
None bantu b’i Yeruzalemu n’abo muri Yuda,
ducire urubanza twe n’uwo murima wanje !
hari ico nari kugirira umurima wanje,
ntawugiriye ?
Nari niteze ivyamwa vyiza,
none raba haje ibiturumbwe !
Umve rero, murazi
Uko nzogira uwo murima wanje :
nzosambura uruzitiro,
intungwa zize kuharisha,
nsambure uruhome,
abantu bihonyangire.
Nzowugira umusaka,
ntihagire uwuwubagarira canke ngo awurimire,
habe ishamba ry’amatovu n’amahwa ;
ibicu na vyo nzobibuza,
ntibibe bikiharekurira imvura.
Uwo murima w’Umukama, Imana y’ingabo,
ni umuryango wa Israeli ;
ico giterwa yari yitoreye,
ni abantu ba Yuda.
Yari yiteze ubutungane,
None amaraso abarizwa iwabo ;
yari yiteze ukuri,
none birirwa mu marira no mu nduru.
IZABURI 79 (80), 9. 12. 13-14. 15-16. 19-20
Icit : Umuryango wa Israeli ni wo wa murima w’Umukama.
Wa muzabibu wabátura mu Misiri,
ukawubadika mu kwirukana ibihugu ;
amashami yawo agakurira ku kiyaga,
imivyaro yawo ikagarukira ku Rûzi.
Ni kuki warânduye uruzitiro rwawo ?
None abahita bose barawisoromera ;
ingurube zo mw’ishamba zikawutikiza,
na zo inyamaswa zo mu mwonga zikawuvumbura.
Mukama, Mana y’ingabo, n’ugaruke ;
n’urabire mw’ijuru, wihweze ;
n’ugarukire uwo muzabibu
wabaditswe n’ukuboko kwawe kw’ukuryo.
Ntaho tuzosubira kukuvirira,
uzodusubiza amagara, natwe twambaze izina ryawe.
Mukama, Mana y’ingabo, tugarure ;
twerekezeko inyonga zawe,
tuzoca turokoka.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi (4, 6-9)
(Ivyo bibe ari vyo mukora.
Ni ho Imana Nyenamahoro izohorana namwe.)
Ncuti zanje,
Ntihagire ico mwinona, ariko muri vyose, nimusabe Umukama, mumutakambire mu gukenguruka, kugira ngo ivyo mumuzamba bimenyekane mu nyonga z’Imana. Ni ho amahoro y’Imana, yo asiga ubwenge bwose, azobazigamira imishaha n’ivyiyumviro muri Kristu Yezu.
Ahasigaye, benewacu, ikintu mukwiye kwitwararika, ni ico cose kirimwo ukuri, ubutungane, ingingo, ubweranda, urukundo n’iteka, ingeso yose imota ubuntu, eka n’ineza yose abantu bashima bagashimagiza. Ivyo nabigishije n’ivyo nabahaye, ivyo mwanyumviseko n’ivyo mwambonyeko, murabe ari vyo mukora. Ni ho Imana Nyenamahoro izohorana namwe.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Umukama yavuze ati : « Jewe nabatoye mbakura mu bandi,
kugira ngo mugende mwongere mwame icamwa, kandi icamwa gihoraho. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (21, 33-43)
(Imizabibu azoyishinga abandi barimyi)
Muri irya misi,
Yezu yabariye abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu ati : « Nimwumve uyu mugani. Habaye umugabo yari afise itongo rinini, atera imizabibu, arayizitiran shiramwo ubwato bw’ukugana, yubakamwo inzu y’abarinzi ; araheza ayisigarana abarimyi, aca yigra mu mahanga. Hageze gusoroma, atuma abasuku biwe kuri ba barimyi, ngo bamwakire ivyavuye muri ya mizabibu yiwe. Ariko ba barimyi bafata ba basuku, umwe baramukubita, uwundi barica, uwa gatatu bamutera amabuye. Yongera gutuma abandi barusha aba mbere ubwinshi, babagira kwa kundi. Ubwa nyuma, abarungikira umwana wiwe, yibwira ati : ‘Baza gusonera umwana wanje.’ Babonye umwana wiwe, abarimyi babwirana bati : ‘Ng’uyu samuragwa : ingo tumwice, tumutware iragi.’ Baramufata, bamujana inyuma y’umurima, baramwica. None nyenimizabibu niyaza, azogira ate abo barimyi ? »
Bamwishura bati : « Azokwica nabi abo bagome, imizabibu na yo, azoyishinga abandi barimyi, bazohengera yeze, bamuzanire ivyamuwe. »
Yezu rero ababwira ati : « Ntimurasoma mu Bitabu Vyeranda ngo : ‘Ibuye abubatsi bari bataye, ni ryo ryabaye iremezo ry’inzu ; ng’ico igikorwa c’Umukama kandi ni agatangaza mu maso yacu !’ Ni co gituma ndababariye ko bazobaka Ubwami bw’Imana bakabwihera igihugu kizokwamisha uwo murima. »
IDOMINIKA YA 20 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (56, 1. 6-7)
Abana ba kavantara nzobajana ku murambi mweranda wanje
Ng’iri iriyazwe n’Umukama : Kurikiza ukuri, ukore ubutungane, kuko urukiza rwanje ruri hafi y’gushika, kandi ubutungane bwanje nuri hafi y’ukwiserura.
N’abana b’akavantara bêmeye gukurikira Umukama ngo bamukorere, bagakunda izina ryiwe, bakamubera abasavyi, ntibakengera umusi w’isabato, kandi bakagumya inanga ry’isezerano ryanje, abo nzobajana iwanje ku murambi mweranda. Nzobanezereza mu ngoro yanje nyeranda, inkuka zabo n’imbagwa zabo nzozakiriza yompi kuri altari yanje, kuko ingoro yanje izokwitwa « Ingoro abantu bose basengeramwo. »
IZABURI 66 (67), 2-3.5.6-8
Icit : Intara nizimenye yuko uri Imana, nizivyemere zose hamwe
Canke: Alleluya
Imana n’itugirire imbabazi, n’iduhezagire!
Inyonga zawe nizituboneshereze,
inzira yawe na yo n’imenyekane kw’isi,
intara zose nizimenye ko uri Umukiza.
Intara nizivyine zihimbarwe,
kuko uca urubanza rutunganye kw’isi;
uratwara ibihugu mu butungane,
ukayobora neza intara zo kw’isi yose.
Intara nizemere yuko uri Imana,
nizivyemere zose hamwe!
Imana n’ihezagirwe yongere isengwe
Kuva iyo isi iva ikagera.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (11, 13-15. 29-32)
Imana iratanga ikongera ikitorera
Ncuti zanje,
ndabibabariye mwebwe, mwa banyamahanga : ndi umutumwa ku banyamahanga, ndatera iteka ibanga nashinzwe ; ivyo vyose ndabigira ngo kumbure ab’iwacu bavyure umwikomo, mbone gukiza bamwe muri bo. None, ko aho bigirijweyo ariho isi yaciye isubira kwuzura n’Imana, umusi bazogarukira ho hazoba iki ? Nta kindi atari izuka mu bapfuye !
Na none, Imana iratanga ikongera ikitorera, ntisubiza inka mw’igabiro. Nk’uko na mwebwe kera mwari mwaragambarariye Imana, none ubu mwagiriwe ikigongwe kubera ubugambarazi bwabo, niko na bo nyene ubu bagambarariye Imana kubera ikigongwe mwagiriwe, kugirango na bo nyene ubu bakigiriwe. Imana yarugaranye abantu bose mu bugambarazi, kugira ngo ishobore kubagirira ikigongwe bose.
IKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Yezu yariko arigisha Inkuru Nziza y’Ubwami,
kandi agakiza n’ubumuga n’indwara zose z’igihugu.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (15, 21-28)
Ewe wa mukenyezi, ukwemera kwawe ni kunini
Umusi umwe,
Yezu yari agiye amarora i Tiri na Sidoni. Hanyuma haza umukenyezi w’i Kanahani avuye muri ico gihugu, ashira ijwi hejuru avuga ati : « Ngirira ikigongwe, Mukama, Mwana wa Dawidi, akigeme kanje shetani yakishe. » Yezu ntihagira ico amwishura. Abigishwa biwe bamwegereye baramusaba bati : « Mwirukane adukure induru inyuma. » Yezu asubizayo ati : « Nta bandi banzanye atari intama z’Israeli zatakaye. » Nya mukenyezi amwegereye, aramupfukamira, avuga ati : « Ntabara se Mukama. » Yezu aramwishura ati : « Ntibikwiye ko umukate w’abana wohabwa utubunda. » Nya mukenyezi asubizayo ati : « Ni ivy’ukuri, Mukama ; ariko, utubunda turarya utuvunguka dukorotse tuva ku meza ya ba shebuja. » Yezu amwishura ati : « Ewe wa mukenyezi, ukwemera kwawe ni kunini ! Nibikubere rero nk’uko wipfuza. » Kuri iyo saha nyene, wa mwigeme wiwe aca arakira.






