Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 15)

Archives de Tag: Yezu

IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 9a. 11-13a)

Umukama yiyereka Eliya

Eliya ashitse i Horebi, yinjira mw’isenga ryari aho ararayo. Umukama aramubarira ati : « Sohoka, uje guhagarara kuri urya musozi, imbere y’Umukama ; ni ho Umukama aza guca. »

Hanyuma haza umuyaga w’igihuhusi, urasitura imirambi, n’amabuye arasatagurika ; ariko Umukama ntiyari muri ico gihuhusi. Ico gihuhusi kirangiye, haza ikintu kigigimvya isi, ariko Umukama ntiyari muri ico kintu. Hanyuma yaco, niho haza umuriro, ariko Umukama ntiyari muri uwo muriro. Umuriro uzimye, haza akayaga gakeyi. Eliya ngo akumve, aca yipfuka umutamana wiwe mu maso, arasohoka ahagarara mu rwinjiriro rwa rya senga.

IZABURI 84 (85), 9ab. 10. 11-12. 13-14

Icit : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
         uduhe urukiza rwawe !

Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi y’ugukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.

Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.

Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro yiwe amuherekeze.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (9, 1-5)

Nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri
Ncuti zanje,

Ndavuga ukuri muri Kristu, simbesha, kandi ijwi ry’umutima wanje rirabinyemeza muri Mutima Mweranda : numva intuntu nyinshi n’amaganya y’intatezuka mu mushaha wanje. Egome, jewe nyene nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri. Bo ni Abanyisraeli : baragenewe iteka ry’abana bo mu nzu, ubuninahazwa, amasezerano, amategeko, ivy’ugusenga icese, imihango, eka n’abasokuru. Kandi ni bo Kristu yamukako kubw’umubiri, We aganza vyose, Imana nyaguhezagirwa mu myaka yose. Amen.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (14, 22-23)

Mbwira ngusange hiyo ngendera ku mazi

Amaze kugwiza imikate ngo agaburire abantu, buno nyene, Yezu aca ategeka abigishwa biwe ngo baje mu bwato, bamutange ku nkombe yo hakurya, na we asigare arasezera abantu. Ahejeje kubasezera, yidugira ku musozi ahiherereye ngo asenge, bugoroba ari yo akiri wenyene.

Ubwato bwari bumaze gushika mu kiyaga hagati buzungagizwa n’ibisebuzi ; umuyaga waturuka imbere yabo. Buri mu guca, Yezu aza iyo bari, agendera ku mazi, barakangwa, bavuga bati : « Ni umuzimu ! », ubwoba burabatekera, bakoma induru.

Buno nyene, Yezu ababwira ati : « Humure, ni jewe ; ntimugire ubwoba ! » Petero aramwishura ati : « Niyaba ari wewe, mbwira ngusange hiyo ngendera ku mazi. » Yezu ati : « Ingo ! » Petero ava mu bwato, agendera ku mazi aja iyo Yezu ari. Abonye umuyaga uhuhuta cane, agira ubwoba ; ngo yumve atanguye kunyika, avuza induru ati : « Ntabara, Mukama ! »

Buno nyene, Yezu aca aramvura ukuboko, aramufata, amubwira ati : « Muntu utagira ukwemera, icatumye ukeka ni iki ? » Bamaze gushika mu bwato, umuyaga uca urahera. Abari mu bwato baca baramusenga bavuga bati : « Ni ukuri, uri Umwana w’Imana ! »

IDOMINIKA YA 22 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (20, 7-9)

Ijambo ry’Imana ryanteye iceyi

Ewe Mukama, waranyoheje, nanje ndagukurikira, warandushije ubukomezi, urantsinda. None nsigaye ndi agatwengo ka barundi, bose barantyekeza. Uko mvuze ijambo kwose, ni ko nsemerera nti : « Umuryano, ugusambura ! » Ijambo ry’Imana ryanteye iceyi, rimpa amenyo y’abatwenzi umusi wose. Nabaye ncibwira nti : « Sinkimukubitizako agatima, ntaco nkivuga kw’izina ryiwe » ; nza numva urubeya rwaka mu muri jewe, runyengetera mu musokoro, runshwara umubiri wose, birananira n’ukwiyumanganya ngo ndarurinde.

IZABURI 62 (63), 2. 3-4. 5-6. 8-9

Icit : Umutima wanje urakunyotewe,
         Mukama, Mana mfise.

Mana, ni Wewe Mana yanje,
Mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;
umutima wanje urakunyotewe.
Nanje ndakwipfuza,
muri iyi si yase imigaga itagira n’ikinyotera.

Ni ko, narakubonye mu ngoro yawe,
ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe ;
niho urukundo rwawe rwandutira amagara,
ngashobora kugushimagiza!

Ni ko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,
nzokwayira iminwe izina ryawe ;
niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,
nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.

Nkako, waje kuntabara :
nanje nakuvugirije impundu ndi mu mutamana wawe!
Umutima wanje wose uraguhurumbira,
ukuryo kwawe ni kwo kunshigikiye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (12, 1-2)

Nimuhereze Imana imibiri yanyu nk’ishikanwa rizima

Ncuti zanje,
Ndabahanuye kubw’ikigongwe c’Imana ngo muiyhereze imibiri yanyu nk’ishikanwa rizima, ryeranda, riyishika ku nyota ; uko ni ko musenga Imana mu kuri. Kandi nimureke kwigana imigenzo y’iyi si, arikonimwisubireko mu gutahuza ibintu, mubonereho kwiyubura no gutegera ico Imana ishaka, iciza, igishemeye be n’igitunganye cose.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Ese Imana y’Umukama wacu Yezu Kristu
Yomurikira amaso y’imishaha yacu,
kugira ngo turimbure ukwizigira yaduhamagariye uko kungana.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (16, 21-27)

Uwushaka kungendanira niyihebe

Petero yari yabwiye Yezu ati : « Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima. » Kuva ico gihe rero, Yezu atangura gusobanurira abigishwa biwe ko abwirizwa kuja i Yeruzalemu, akahababarira menshi, ababazwa n’abashingantahe n’abakuru b’abasaserdoti n’abigisha, akicwa, hanyuma ku musi ugira gatatu akazuka. Petero rero amwihereranije, aja mu vyo kumutonganya ati : « Ntirikabe, Mukama, ivyo ntibizogushikira n’intete. » Yezu ahindukiye, abwira Petero ati : « Vaho, igira inyuma, wa shetani we ! Uriko urantsitaza. Ivyiyumviro vyawe, si ivy’Imana, ni ivy’abantu. »
Hanyuma Yezu abwira abigishwa biwe ati : « Uwushaka kungendanira niyihebe, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. Na none, uwugomba kurokora ubuzima bwiwe, azobubura, na we uwuzobuheba kubwanje, azoburonka. Mbega, umuntu vyomumarira iki gutunga ivy’isi vyose, aroshe ubuzima bwiwe ? Ubona umuntu yotanga ibingana iki ngo abucungure ? Aho rero Umwana w’umuntu azoza mu buninahazwa bwa Se akikijwe n’abamarayika biwe, ni ho azohemba umuntu wese ku bikorwa vyiwe. »

IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (22, 19-23)

Nzogushinga imfunguruzo z’inzu ya Dawidi

Ng’iri ijambo Umukama yashikirije Sobina, umukuru w’igisengero : « Ndagukuye mu gikorwa cawe, ndagukuye mu kibanza cawe. Uyu musi nyene, ndahamagara umusuku wanje Eliyakimi mwene Hilikiyasi. Ndamwambika umutamana wawe, ndamukenyeze umukanda wawe, ndamuhe ubukuru bwawe, aheze abe umuvyeyi w’abantu bose b’i Yeruzalemu n’abo mu muryango wa Yuda. Urufunguruzo rw’inzu ya Dawidi ndarushize ku bitugu vyiwe ; niyugurura, ntawuzokwugara, niyugara, ntawuzoshobora kwugurura. Ndamushinze ahantu hakomeye cane nk’umusumari, azobera umuryango wa se ingoma y’ubuninahazwa. »

IZABURI 137 (138), 1-2a. 2b-3. 6. 8bc

Icit : Urukundo rwawe, Mukama, rwamaho imyaka yose ;
         ntuhebe rero ivyiza wama utugirira.

Ngira ngukengurukire n’umutima wanje wose
amajambo yanje yashitse mu nyumviro zawe ;
ngira nkuririmbire imbere y’Abamarayika,
nunamire ingoro yawe nyeranda.

Ndagukengurukiye kubera urukundo rwawe n’ukuri kwawe,
ivyo waturaganiye birarengeye ivyavuzwe kuri Wewe ;
aho nagutabaza, waranyumviye,
ngo ngire ubwoba, urabunkiza, ungira umutinyutsi.

Ego niko, kuva mw’ijuru Umukama abona abicisha bugufi,
Ariko abanyabwishime bo abamenyera kure.
Urukundo rwawe, Mukama, rwamaho imyaka yose ;
Ntuhebe rero ivyiza wama utugirira.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (11, 33-36)

Vyose biva kuri We, vyose bibeshwaho na We kandi vyose birora kuri We

Ese ingene itunga, ubwitonzi n’ubumenyi bw’Imana ari agatangaza ! Ese ingene ingingo zayo atawushobora kuzitohoza n’ingene inzira zayo atawushobora kuzitegera ! Ni nde yoba yaramenye iciyumviro c’Um’kama ? Canke ni nde yamubereye umuhanuzi ? Canke ni nde yoba yaramwitanze akamugabira ngo na We aze amusubize ? Vyose biva kuri We, vyose bibeshwaho na We kandi vyose birora kuri We : n’aninahazwe mu myaka yose ! Amen.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje ;
n’ingabo za Shetani ntizizoyisenyura.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (16, 13-20)

Uri Petero, ndaguhaye imfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru

Muri irya misi,
Yezu yari ashitse mu ntara ya Sezareya ya Filipo ; araheza abaza abigishwa biwe ati : « Mwumva Umwana w’umuntu bamuvugako iki ? »
Bamwishura bati : « Bamwe bagira ngo ni Yohani Batista, abandi Eliya, abandi ngo ni Yeremiya, abandi na bo ngo ni umuhanuzi mu bandi. » Yezu asubizayo ati : « Mweho mwiyumvira ko ndi nde? »
Simoni Petero yishura ati : « Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima. »
Yezu na we ati : « Urahiriwe, Simoni mwene Yona, kuko atari wewe uvyibwiye, ubimenyeshejwe na Data ari mw’ijuru. Nanje, ndabikubariye, uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje ; n’ingabo za Shetani ntizizoyisenyura. Nzoguha imfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru : ico uzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico uzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. »

Agirako yihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire uwo babwira ko ari We Kristu.