Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 16)
Archives de Tag: Yezu
IDOMINIKA YA 15 (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 10-11)
Imvura irarondora isi
Ng’iri iryavuzwe n’Umukama :
Nka kurya imvura n’ikime bigwa biva kw’ijuru ntibisubireyo bitavomeye isi ngo biyirondore, ibiterwa bikamera, umubivyi akaronka imbuto n’imfungurwa, niko n’ijambo rivuye mu kanwa kanje ritangarukako ritagize akamaro, ritaranguye ico nshaka, ridakoze ico naritumye.
IZABURI 64 (65), 10abcd. 10e-11. 12-13. 14
Icit : Imbuto zimwe zigwa mu busize bwinjiye, zirarondoka.
Uragendera isi ukayivubira,
ukongera ukayitungisha cane ;
inzizi z’Imana zuzuye amazi,
ni Wewe utanga amasaka.
Uko niko utunganya isi,
mu kuvubira imigāga yayo, mu kumenagura ibinonko ;
urabicucagira akavura nyako,
ugahezagira n’ibiyimezeko.
Umureko uwusagira ivyiza vyawe,
ku burari bwawe handagaye umugisha :
inyovu zirayagayaga,
imitumba na yo irigina.
Ku mitumba huzuye ubusho,
imibande yuzuye ingano.
Vyose vyigina mu kanyamuneza.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 18-23)
Ibiremwa vyose vyiteze umusi ubuninahazwa bw’abana b’Imana buzohishurwa
Ncuti zanje,
Ku bwanje amagorwa yo ngaha kw’isi ntaho ahuriye n’ubuninahazwa twizigiye. Erega, ibiremwa vyose biriteze umusi ubuninahazwa bw’abana b’Imana buzohishurwa. Niko, isi yarabaye umuja w’ibitagira mvūrá, ariko ntiyavyishakiye, vyagizwe n’uwabiyisutsemwo. Ariko ubu irizigiye kuzokizwa ubwo buja bw’akabi, ishike mu buninahazwa bw’abana b’Imana ata nkomanzi.
Erega turazi neza ko gshika ubu isi yose yiganyira nk’umuvyeyi ari ku mbanyi. Kandi ga, si yo gusa, na twebwe nyene, n’aho tumaze kuronka ingabirano za mbere za Mutima Mweranda, turaciganyira mu mutima, twiteze ko umubiri wacu urokoka.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imbuto ni ijambo ry’Imana, umubivyi na we ni Kristu.
Uwumwemera wese azoramba mu myaka yose.
Alleluya, alleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (13, 1-23)
Igisomwa kigufi : 13, 1-9
Ubwami bw’ijuru busa n’umubivyi
Muri irya misi,
Yezu yavuye mu nzu aja kwicara ku nkombe y’ikiyaga ; abantu benshi bakoranira iruhande yiwe, araheza aja mu bwato, ishengero na ryo riguma ku nkombe. Hanyuma abwira abantu vyyinshi mu migani ati : « Hari umubivyi yitoye aja kubiba. Ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa mu nzira, haza inyoni zirazinobagura. Izindi zigwa mu mabuye hatagira ivu rikwiye, zica zimera ningoga kuko zitarir zashitse mw’ivu ; izuba ngo ryake, rica riraziturira, kuko zitari zifise imizi, zica ziruma. Izindi mbuto zigwa mu mahwa ; ngo zimare gukura, arazizinga. Izindi zigwa mw’ivu ryiza ; zirarondoka, imwe yigira ijana, iyindi mirongo itandatu, iyindi mirongo itatu. Uwufise amatwi niyumve. »
Igisomwa kigufi giherera aha
Abatumwa begereye Yezu baramubaza bati : « Mbe igituma usigura mu migani ni iki ? » Arabasubiza ati : « Mweho mwarahawe kumenya amabanga y’Ubwami bw’ijuru, ariko bo iryo teka ntiibaritewe. Uwuri n’ico afise, bazomwongerereza atunge, na we uwutaco afise, bazomwaka n’utwo yahorana. Nico gituma ndabigisha mu migani, kuko bakanura ntibabone, bakumva ntibategere.
Ijambo Umuhanuzi Izaya yavuze ryabatahiye, ngo : ‘Muzokwumva n’amatwi yanyu ariko ntimuzotegera, muzorabisha amaso yanyu ariko ntaco muzobona ; kuko umutima w’ico gihugu wabaye ibuye : amatwi yabo bakayazibira, kugira ngo ntibaboneshe amaso yabo, ntibumvishe amatwi yabo, ntibategere mu muzirikanyi wabo, ntibahinduke ngo ndabakize.’
Amaso yanyu arahiriwe kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva. Kuko ni ukuri ndababariye : abahanuzi n’abantu b’intungane benshi baripfuje kubona ico mubona ariko ntibakibonye, kwumva ico mwumva ariko ntibacumvise.
Mweho rero, umve ico umugani w’umubivyi uvuga. Iyo umuntu yumvise ijambo ry’Ubwami ntaritegere, Umwansi araza agaca arikura mu mutima wiwe : uwo muntu ni we yabibwe ku nzira. Uwabibwe ku mabuye na we, ni uwumva Ijambo agaca aryakirana akanyamuneza ; mugabo nta mizi rifise, rimara akanya gusa : haza amarushwa canke ikindi kiza gihama Ijambo, agaca aheba. Iyabibwe mu mahwa, ni umuntu yumvise ijambo, mugabo ivyiyumviro vy’isi n’itunga bigaca birizinga, ntiryame. Iyabibwe mw’ivu ryiza, ni uwumva Ijambo akaritegera neza ; uwo ni we yama imbuto, imwe ikagira ijana, iyindi mirongo itandatu, iyindi na yo mirongo itatu. »
IDOMINIKA YA 14 YO MU MWAKA A
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (9, 9-10)
Ng’uyo umwami wawe araje iwawe, aje yicishije bugufi
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Tamba utarike, mwigeme wa Siyoni !
Nezerwa uhimbarwe, mwigeme w’I Yeruzalemu !
Ng’uyo umwami wawe araje,
Ni intungane kandi ni intwari,
aje yicishije bugufi agendera ku ndogobwe,
ku ndogobwe ikiri ntoyi
Azokura ibitwazi vyo muri Efraimi,
be n’amafarasi yo muri Yeruzalemu ;
azovunagura umuheto w’indwano,
azokwiza amahoro mu makungu.
Inganji yiwe izova ku kiyaga ishike ku kindi,
Izoshemezwa kuva ku Ruzi gushika ku mpera y’isi.
IZABURI 144 (145), 1-2. 8-9. 10-11. 13cd-14
Icit : Nzohezagira izina ryawe imisi yose,
Mwami wanje, Mana mfise.
Canke : Alleluya.
Hinge nkuninahaze, Mwami wanje, Mana mfise,
Mpezagire izina ryawe imisi yose ntahengeshanya.
Eka nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.
Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, akomeza urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
Agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire !
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
Nibigâne hose ubutwari bwawe !
Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
araramira abashaka kugwa bose,
akagorora abagoramye bose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 9. 11-13)
Mutima wa Kristu ari muri twebwe, kandi azotuzura
Ncuti zanje,
Mweho, ntimukigenzwa n’umubiri, ariko mugenzwa na Mutima, kuko Mutima w’Imana abavyagiyemwo.
Umuntu atagira Mutima wa Kristu, si uw’Imana. Vyongeye, Mutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye, niyaba yarabagerereyemwo, Uwazuye Kristu mu bapfuye azoha ubuzima imibiri yanyu yiziziwe n’urupfu, mu kubagabira Mutima wiwe avyagiye muri mwebwe.
None rero, benewacu, umweranda dufise ntitumufitiye kamere y’umuntu idutegereza kwigenza nk’uko ibishaka. Nimwaba mwigenza nk’uko iyo kamere ibishaka, muzopfa ; ariko Mutima mwaronse niyaba abafasha kwiyonkora ibikorwa vy”umubiri, muzoramba.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Alleluya, alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (11, 25-30)
Ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati : « Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Niko, Dawe, kuko ariko wabishatse.
Dawe yarampaye ibintu vyose, kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi ntawumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.
Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo ndabigisha, kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima ; niho muzoronka akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna. »
UMUSI MUKURU WA ASENSIYO (Umwâka A)
Menya neza:
Aha twanditse ibijanye n’umwaka A vyonyene. Mu mwaka B canke C, ku gisomwa ca kabiri, hariho ibindi bisomwa bashobora gukoresha. Ivyo na vyo muzobisanga mu gihimba canditsemwo umwaka B canke C. Igisomwa ca mbere ntigihinduka ku myaka yose. Umwaka wose ufise Inkuru Nziza yawo.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 1, 1-11
(Abatumwa babona Yezu ariko arurira mw’ijuru)
Mu gitabu ca mbere nanditse, ga Teofilo we, naravuze ivyo Yezu yagize kandi yigishije kuva agitangura gushika umusi yurira mw’ijuru, ahejeje gusigarana amategeko ba batumwa yari yitoreye kubwa Mutima Mweranda.
Aho amariye kubabara, abo batumwa ni bo yabonekeye abaha imenyetso nyinshi z’ukubereka ko ari muzima : yamaze imisi mirong’ine ababonekera yongera abayagira ivy’Ubwami bw’Imana. Ngo ahengere bariko barasangira imfungurwa, abategeka kuguma i Yeruzalemu, ngo barorerereho wa muhango Data yari yabahaye. Ababwira ati : « Yohani yabatirisha amazi ; mu misi iza kuza, mwebwe muzobatizwa muri Mutima Mweranda. »
Abari bahakoraniye barahava bamubaza bati : « Mbega, Mukama, ubu niho ugira ngo ubogore ingoma y’Israeli ? » Abishura ati : « Ivy’ukumenya igihe n’isango Data yigeneye We nyene ubwiwe, si ivyanyu. Mugabo, muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira mu kubururukirako. Muzoca muja kumbera ivyabona i Yeruzalemu no mu Buyudeha bwose no muri Samariya, mugarukire iyo isi igarukira. »
Ngo aheze kuvuga ivyo, babona ariko araduga, hanyuma igicu kirampfuka, ntibaba bakimubona. Bakiri aho bahanze amaso ijuru, Yezu na we ariko araduga, baja babona abantu babiri bambaye ivyambarwa vyera, bababwira bati : « Mbega, bantu b’i Bugalile, igituma muguma muhagaze murangamira hejuru ni iki ? Uyu Yezu mubonye ava hagati yanyu akurira mw’ijuru, uko agiye ni ko azogaruka. »
IZABURI 46 (47), 2-3. 6-7. 8-9
Icit : Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.
Canke : Alleluya.
Ntara zose iyo muva mukagera, nimukome amashi,
muvugirize impundu Imana mu kanyamuneza kamuje.
Kuko ari Yo Mukama, Rudasumbwa, Muterakoba,
Mwami w’agakura aganza isi yose.
Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.
Curarangira Imana yacu, curaranga,
curarangira umwami wacu,curaranga !
Kuko Imana ari Yo mwami w’isi yose :
nimuyiririmbire ururirimbo rw’akayazwe !
Imana yarironkeye ubwami mu mahanga yose,
ngo yongere ivyagire ku ntebe yayo nyeranda.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi : 1, 17-23
(Imana yaramuvyagije iburyo bwayo mw’ijuru)
Ncuti zanje,
Ese Imana y’Umukama wacu Yezu Kristu, ariyo Muvyeyi Nyen’ubuninahazwa, yobaha umutimaw’ubwitonzi n’ubumenyi, ngo uyibahishurire, muyimenye neza !
Ese yomurikira amaso y’imishaha yanyu, kugira ngo murimbure ukwizigira yabahamagariye uko kungana, mwongere murimbure ububasha yakoresheje kuri twebwe, abemera, uko bungana.
Yarabwerekanye muri Kristu, aho yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza iburyo bwayo mw’ijuru, ikamushira hejuru y’abamarayika bose uko bangana, eka mbese imbere y’irindi zina ryose umuntu ashobora kuvuga, ari ubu canke mu myaka izoza.
Ibindi vyose yarabimuhaye ngo abigabe abiganze, imushira hejuru ya vyose, imugira Umutwe w’Ekleziya, ariyo Mubiri wiwe, Musesekara w’uwunengesereza vyose mu buryo bwose.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati :
« Gende, mwigishe abantu bose !
Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira,
gushika ku muhero w’isi. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 28, 16-20
(Naronse ubukuru bwose mw’ijuru no kw’isi)
Muri irya misi,
ba bigishwa cumi n’umwe bagiye i Bugalile, ku musozi Yezu yari yabagenekereje. Bamubonye, baramupfukamira, yamara harimwo abakekereza.
Yezu abegereye, arababarira ati : « Naronse ubukuru bwose mw’ijuru no kw’isi. Gende rero mwigishe abantu bose, mubabatize kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda, mubigishe gukora ivyo nabategetse vyose. Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w’isi. »






