Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 23)
Archives de Tag: Yezu
IDOMINIKA YA 24 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 32, 7-11. 13-14
(Musa asabira ikigongwe abanyisraeli batagamburukiye Imana)
Musa yari akiri ku musozi wa Sinai. Umukama araheza aramubwira ati : « Hogi, manuka ningoga, kuko igihugu cawe wakuye mu Misri cashaye. Ntibarushe bihagararako, inzira nabategereje gukurikiza bayitaye. Bacurishije mu vyuma ishuri y’inzahabu, none ni yo bapfukamira, ni yo bahereza imperezwa, bavuga ngo : Ehe raba Israeli, Imana yawe yagukuye mu Misri ! » Umukama arongera abwira Musa ati : « Ndabona ko ico gihugu ari intagondwa. Ubu rero ndeka, ishavu ryanje ryisuke, ndabatikize n’agasya k’akarenge. Ariko wewe, nzokugira igihugu kininiya. »
Musa rero aragerageza gucuvya ishavu ry’Imana, avuga ati : « Ni kuki ga Mukama, utaye ishavu ku gihugu cawe wakuye mu Misri ku bubasha bw’ukuboko kwawe n’ibiganza vyawe ? N’usubize agatima kuri Ibrahimu, Izahaki na Israeli, abasuku bawe, wemereye icese ko bazorondoka, bakagwira nk’inyenyeri zo mu kirere ; wongere wibuke igihugu wemeye kuzoshikiriza abuzukuruza babo, kikaba iragi ryabo imyaka yose. »Umukama ngo yumve ayo majambo ya Musa, arahava araturura, igihano yashatse guha igihugu, arakireka.
Izaburi 50 (51), 3-4. 12-13. 17-19
Icit : Niko nzohaguruka nsubire kwa Data.
Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.
Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.
Mukama, mfatanura umunwa,
mbashe gushemeza ubuninahazwa bwawe.
Imperezwa igushika ku nyota ni umutima wigaye ;
umutima wigaye kandi waduhiwe n’ibicumuro nakoze,
ntuzowushiburire kure, Mana yanje.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 1, 12-17
(Ugukengurukira Imana kw’umunyabicumuro yarekuriwe)
Ndakengurukiye rwose uwankomeje, ari we Kristu Yezu Umukama wacu, kuko yanyizigiye akantera iteka ryo kumukorera, n’aho nari nabanje kumutuka, kumuhama n’ukumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe, kuko nabigize ntabizi, ntaremera. None ingabirano y’Umukama wacu yarongerekanye, be n’ukwemera n’urukundo mfise muri Kristu Yezu.
Iri jambo ni iry’ukwemera kandi rirakwiye kwakirwa ata nkomanzi : Kristu Yezu yazanywe kw’isi n’ugukiza abanyabicumuro, nkaba uwa mbere muri bo ; ariko, igituma nagiriwe ikigongwe ni ukugira ngo mbe uwa mbere Yezu Kristu yerekanamwo ubwitonzi bwiwe bw’agahebuza, maze bibere akarorero abazomwemera ngo bashikire ubuzima budahera.
Umwami yamaho, Imana idapfa, itaboneka, imwe rudende, n’iterwe iteka ry’ugusengwa yongere ininahazwe mu myaka yose. Amen.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu, ikongera ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 15, 1-32
(igisomwa kigufi : 15, 1-10)
Akanyamuneza k’ukuronka ikigongwe c’Imana
Abatozakori n’abanyakabi bahora baza bose aho Yezu ari ngo bamwumvirize. Abafarizayo rero n’Abanditsi baja mu vy’ukwidodomba, bati : « Uyu muntu yakiriza yompi abanyakabi akongera agasangira na bo ! » Yezu na we abacira uyu mugani, ati : « Muri mwebwe uwogira intungwa ijana agaheza agatakaza imwe, ntiyorekera mu gahinga zimwe mirongo icenda n’icenda zasigara, ajaka kurondera imwe yatakara gushika ayitore ? Ayitoye, araheza akayiterera ku bitugu yigina, yashika imuhira agahamagara abagenzi n’ababanyi, ati : ‘Nimuze tunezerwe, natoye ya ntungwa yanje yari yatakaye’ ! Nanje ndababariye : umunsi umunyakabi yigaye, no mw’ijuru hazoba akanyamuneza karuta agaterwa n’aberanda mirongo cenda n’icenda ata kabi biyagiriza. Canke, none umugore yoba afise amafranga cumi, atakaje rimwe, yoreka kumurika agakubura mu nzu hose, akarondera ashimitse gushika aritore ? Amaze kuritora na ho, aca ahamagara abagenzi n’ababanyi, ati : ‘Nimuze tunezerwe, natoye rya faranga nari nataye.’ Nanje ndabibabariye : uko ni ko abamalayika b’Imana bazonezerwa n’umunyakabi umwe yigaye. »
Igisomwa kigufi giherera aha
Français : Le retour du fils prodigue, Jacopo Bassano, huile sur toile, 100 x 122,6 cm, musée des beaux-arts de Libourne, France. (Photo credit: Wikipedia)
Yezu yongera ababwira ati : « Habaye umuntu yari afise abahungu babiri. Umuhungu mutoyi abarira se ati : ‘Dawe, ntabaza itoranwa ryanje.’ Se rero arabatoranya. Iminsi mikeyi iheze, wa muhungu mutoyi akoranya ivyiwe vyose, yigira mu ntara ya kure, asesagura itunga ryiwe, acika igihumbu.
Vyose bimaze kumuherako, hatera ikigoyi muri ico gihugu, buca buramukubira. Avaho rero agenda gushumbira umuntu wo muri ico gihugu, na we amurungika mw’itongo ryiwe ngo amuragirire ingurube. Yahora ashaka kwihembuza ibishishwa bagaburira ingurube, yamara ntiyabona uwubimuha.
Niho rero yiyumvira ati : ‘Abashumba ba dawe barya uko bashaka, bangana iki ! Nanje hano ndiko ndicwa n’inzara ! Mve hasi, ngende kwa dawe, mpeze ndamubarire nti : Dawe, naracumuye ku Wo mw’ijuru nongera ndagucumurako; ntibinkwiye rero ko nitwa umwana wawe, ntabara unshire mu bashumba bawe.’ Arahaguruka rero, agaruka kwa se.
Akiri kure, se aramubona, ikigumbagumba kiramuniga, ariruka amugwa ku bitugu bararamukanya. Araheza wa muhungu abarira se ati : ‘Dawe, naracumuye ku Wo mw’ijuru nongera ngucumurako, singikwiye kwitwa umwana wawe.’
Se wiwe yamara abarira abasuku biwe ati : ‘Nimunzanire ivyambarwa vyiza mubimwambike, mugireko mumwambike impeta ku rutoke n’ibirato ku maguru. Murabe kandi ikimasa kinuze, mukibage, tugire umunsi mukuru w’akanyamuneza ; kuko uyu muhungu wanje yari yapfuye, none yazutse ; yari yazimiye, none yazimurutse.’ Ni uko rero baja mu vyo kugira umunsi mukuru.
Ariko rero umwana wiwe w’imfura yari mu murima. Ngo aze gutahuka, yegereye inzu, yumva inanga n’indirimbo bissekera. Ahamagara rero umusuku, amubaza ivyo ari vyo. Wa musuku amwishura ati : ‘Ni umwe murumunawe yagarutse, mbere so yabaze ikimasa kinuze kuko yasubiriye kumubona akidundega.’
Biraheza rero bimutera ishavu, aranka kwinjira. Se rero arasohoka, aja mu vyo kumuhoyahoya. Na we yishura se ati : ‘Iyi myaka maze ngukorera, ntaho nigeze nkugambararira, yamara ntaho wampaye na rimwe n’agahene ngo ngirire umunsi mukuru abagenzi banje ; none uyu muhungu yamariye ivyiwe mu bishushungwe, aragarutse umubagira ikimasa kinuze !’
Se araheza aramwishura ati : ‘Wewe mwananje, wangumye iruhande, ivyo mfise vyose ni ivyawe. Nawe nu, ntitwari kureka kunezerwa tubonye murumunawe yari yapfuye none yazutse, yari yazimiye none yazimurutse. »
Ku wa 14 NYAKANGA : ININAHAZWA RY’UMUSARABA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Iharūra : 21, 4b-9
(Musa acurisha inzoka y’icuma uwukomowe ayiravye yaca akira)
Français : Charles Le Brun, Le serpent d’Airain, 1650, Bristol, Art Gallery (Photo credit: Wikipedia)
Mu gihe Abanyisraeli bagandera mu gahinga, barabuze umutima barihebura. Bidogera Imana na Musa bati : «Mwadukuye mu Misiri ngo dupfire muri aka gahinga katagira umukate n’amazi. Twatewe iseseme n’aka gaheza !» Umukama rero atuma inzoka zikaze kubakomora, benshi muri bo barapfa. Baraza kubarira Musa bati : « Twaracumuye ku Mukama no kuri wewe. Dusabire, Umukama adukize izo nzoka. » Musa arabatakambira (ku Mukama). Umukama na We abarira Musa ati : « Curisha inzoka isa na zo, uheze uyimanike ku giti. Uwuzokomorwa wese akayiraba azoca akira.» Musa aca acurisha inzoka y’icuma ayimanika ku giti ; uwumaze gukomorwa ayiravye yaca akira.
Izaburi 77 (78), 1-2. 34-35. 36-37. 38
Icit : Ntimwibagire na rimwe ivyiza vy’agatangaza Umukama yabagiriye
Ewe gihugu canje, umvira amateka nashinze,
tega ugutwi ijambo mvuze,
nciye imigani,
nibukiriza ibanga ryo hambere.
Mu gihe yabageseza, bagira barondere Imana,
bagira bagaruke, iyo si bayiyegereze,
baribuka ko ari yo nkinzo yabo,
Umukama wabo ahangamye mw’ijuru.
Yamara kari akarimi keza,
baramubesha :
ntibari bamufiseko umushaha,
ntibemera n’insezerano ziwe.
Ariko We yamana imbabazi,
aho kubageseza yazimanganije akabi kabo ;
ah’ukugira uko ishavu rigize,
yama aricuvya kandi ntarambirwe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi : 2, 6-11
(Yaricishije bugufi ; ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose)
Umukama Yezu,
yamanye akamere k’Imana,
Ntiyigeze yishira hejuru ngo n’uko angana n’Imana ;
Ariko yigize ubusa mu gusangira akamere k’abasuku,
Mu kwigira umuntu asa n’abandi ;
Yigenjeje nk’umuntu asanzwe,
Arushirizaho mbere kwicisha bugufi,
Aragamburuka gushika yemere urupfu
Kandi urupfu rwo ku musaraba.
Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
Ikamugabira Izina rirengeye amazina yose,
Kugira ngo kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro
Mw’ijuru, kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga,
Kandi ururimi rwose ruyage ko Yezu Kristu ari Umukama,
Ngo Imana Se ininahazwe.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Turagusenga, Kristu, turaguhezagira, kuko wacunguje isi umusaraba wawe.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Yohani : 3, 13-17
(Umwana w’umuntu abwirizwa kuninahazwa ku musaraba)
Muri irya minsi, Yezu yabariye Nikodemu ati : « Nta n’umwe yuriye mw’ijuru atari uwamanutse ava mw’ijuru, Umwana w’umuntu. Nk’uko Musa yamanitse inzoka mu gahinga, ni ko n’Umawana w’umuntu abwirizwa kumanikwa, ngo uwumwemeye wese aronke ubuzima budahera.
Nkako nyene, Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. Erega, Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, ariko yamurungitse ngo akize isi. »
IDOMINIKA YA 15 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko 30, 10-14
Itegeko ry’Imana ryanditswe mu mushaha w’umuntu
Muri iya minsi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisraeli ati : « Umviriza ijwi ry’Umukama Imana yawe, mu kugumya amabwirizwa n’amateka yiwe yanditswe muri iki gitabu c’Amabwirizwa ; n’usubize agatima ku Mukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose. Iri bwirizwa nguhaye uyu musi ntirikurengeye, urashobora kurirangura. Ko ritari mw’ijuru, ntuze urinde kwibaza uti : ‘Ni nde azokwurira mw’ijuru akaja kuritumanurira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza ?’ Ko ritari hakurya y’amazi, ntuze wibaze uti : ‘Ni nde azojabuka kurituzanira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza ?’ Iryo jambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe, kugira ngo urikurikize.»
IZABURI 68 (69), 14. 17. 30-31. 33-34. 36ab.37
Icit : Mwa bantu muciye bugufi, nimurondere Imana ; ni ho muzobona ubuzima.
Jeho mboneyeho kugutakambira, Mukama /muri iki gihe c’ukunyereka ubuntu bwawe, Mana mfise /n’unyishure kubera imbabazi nyinshi umfitiye,/kuko ari Wewe woshobora kunkiza rwose./
Urazirikanye, Mukama, urukundo rwawe ni akaroruhore,/kubw’imbabazi nyinshi umfitiye, n’undabe ryiza !/Jeho ndi umurushwa, ndababaye ;/rukiza rwawe nirumvyure, Mana mfise./
Nzoheza ninahaze izina ry’Imana,/nzorivyinira, nzorikengurukira./Abantu baciye bugufi barabibonye barahimbarwa :/« Eka namwe muhurumbira Imana,/nimusubize umutima hamwe !»/
Na none, Umukama yumvira abicisha bugufi,/ntarenzako amaso abiwe ari imbohe./Imana izobogora Siyoni/Kandi izokwubaka ibisagara vya Yuda,/kugira ngo abasavyi bayo bahatorane,/kandi abakunda izina ryayo bahagerere.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi : 1, 15-20
Kubwiwe no muri We, ni ho vyose vyaremewe
Kristu ni We gashusho k’Imana itaboneka, ni We yaboneye izuba zina kiremwa cose, kuko muri We ariho vyose vyaremewe, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, yaba Abashingantahe canke Ingabo canke Inkomezi canke Intwaza z’Ijuru, Vyose ni We yabiremye kandi ni We maherezo ya vyose. Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri We. Ni We kandi umutwe w’umubiri wiwe ari wo Ekleziya. Ni We vyose vyamukako, ni We mfura y’abapfuye, Kugira ngo abe uwa mbere muri vyose, Kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose Uvyagira muri Kristu, Igashima ko ku bwiwe vyose bisubira kwuzura na Yo, ari ivyo kw’isi ari ivyo mw’ijuru, Igihe yazana amahoro kubw’amaraso yasheshe ku musaraba.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Amajambo yawe, Mukama, araduha umutima n’ubuzima ; urafise amajambo y’ubuzima budahera.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka 10, 25-37
Ibwirizwa ry’urukundo
Umusi umwe, Umwigisha yari aho ava hasi ngo ageze Yezu, ati : « Mbega, Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera ?»Yezu na we aramwishura ati : « None, mu mabwirizwa handitswe iki ? Uhora usomamwo ibiki ? » Uno na we amwishura ati : « Urakunda Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’amagara yawe yose, n’ubwenge bwawe bwose ; urakunda kandi mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.» Yezu na we ati : « Wishuye neza ; genda, ugire gurtyo nyene, uzohoraho.»
Ariko, wa Mwigisha arondera ingene yokwikurayo, abaza Yezu ati : « Mbega, mugenzanje ni nde ?» Yezu amusubiza ati :
The Good Samaritan by Aimé Morot (1880) shows the Good Samaritan taking the injured man to the inn. (Photo credit: Wikipedia)
«Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko ; arahava agwa mu bisuma, bihejeje kumwambura, biramukubita, birigira, bimusiga ari intere. Hanyuma rero, umusaserdoti amanukana nya nzira ; ngo amubone, aca iruhande arigira. Hanyuma na ho, harenguka umulevita ; ngo amubone, aca iruhande ararengana.
Umunyasamariya na we yari yimariyeurubanza ; aramurengukako, ngo amubone amutera ikigongwe ; aramwegera, apfuka inguma ziwe, azisukako amavuta n’umuvinyu, araheza amushira ku gitwazi ciwe, aja kumwakira indaro, aramubungabunga. Ngo buce, yakira idenariyo zibiri, azihereza nyen’indaro, amugira ati : ‘ Murwaze neza ; ibindi vyose uzomutangira, nzobigusubiza ngarutse.’
None ku bwawe, muri abo bantu batatu, ni nde yagiriye ubugenzi wa muntu yagwa mu bisuma ?» Wa Mwigisha yishura ati : « Ni uwo yamugiriye imbabazi.» Yezu na We ati : « Genda nawe rero, ugire gurtyo. »






