Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 3)
Archives de Tag: Yezu
IDOMINIKA YA 17 YO MU MWAKA (Umwaka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (4, 42-44)
Elize agwiza imikate
Muri irya misi,
Haza umuntu umwe agemurira wa muntu w’Imana yitwa Elize, amugemurira imikate mirongo ibiri n’isaho yuzuye imishi igiheza kugenywa. Maze, Elize aravuga ati : « Nimubihe abo bantu bose babifungure. » Maze, umusuku wiwe aramwishura ati : « None utu noduhereza abantu ijana ? » Na we ati : « Pfa kubaha, babifungure, kuko ari ko Umukama agize, ati : ‘Barafungura banabisigaze’. » Ni uko, abitereka imbere yabo, barafungura barabisigaza, nk’uko Umukama yabivuze.
IZABURI 144 (145) 10-11, 15-16, 17-18
Icit. : Uragaranzura ibiganza, Mukama,
tugahaga twese.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire ! (suite…)
IDOMINIKA YA 15 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (7, 12-15)
Ubutumwa umuhanuzi atumwa n’Imana
Muri irya misi, umuherezankuka w’i Beteli yitwa Amatsiya yabariye umuhanuzi Amosi ati : « Ewe Rumenyi, hogi tuvireho, genda uhungire mu ntara ya Yuda, abe ariho urira utwawe, kandi abe ariho uvugira kw’izina ly’Imana. Ariko ntusubire kuvugira kw’izina ry’Imana ngaha i Beteli, kuko ari mu cibare c’umwami, ariho hari ikigabiro ciwe. » Maze, Amosi yishura Amatsiya ati : « Sinari nsanzwe ndi umuhanuzi, canke uwukurikira umuhanuzi. Nahora ndi umwungere, nkaja nditerera ibiti. Umukama ni we yankuye inyuma y’ibitungwa, ambarira ati : Genda, uzobe umuhanuzi w’igihugu canje Israyeli. »
IZABURI 84 (85) 9ab-10, 11-12, 13-14
Icit. : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
uduhe urukiza rwawe !
Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi yo gukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.
Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane, (suite…)
IDOMINIKA YA 14 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (2, 2-5)
Umuhanuzi hagati y’ahagarariji
Umusi umwe, umutima waranyinjiyemwo, untuma mpaguruka, ndaheza numva Umukama ariko aranyagira, ambwira ati : « Mwana w’umuntu, ndakurungitse mu Banyisrayeli, muri kirya gihugu c’abagome bangararije. Bo na ba sekuru barancumuyeko gushika n’uyu musi. Ba bana b’ibigaba bakaba n’abantu b’intagondwa, ni bo ngutumyeko ngo ubabarire uti : ‘Ng’iri iryo Umukama Imana avumereye…’ Bakumvira canke batakumvira, kuko ari ubwoko bw’abagarariji, bazoheza bamenye ko hari umuhanuzi hagati muri bo. »
IZABURI 122 (123) 1-2a, 2bcd, 3-4
Icit. : Tweza a maso ku Mukama,
gushika azotugirire ikigongwe.
Ndakweza amaso,
Wewe uvyagiye mw’ijuru ; (suite…)






