Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 4)
Archives de Tag: Yezu
6 MYANDAGARO : UKWIHINDURA KW’UMUKAMA
Menya neza:
Uwu mwaka, uwu musi mukuru uhwaniranye n’umusi w’Imana wa 18 wo mu mwaka A.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (7, 9-10. 13-14)
Impuzu yiwe yarêra nk’urubura
Ndashishikara ndaraba : mbona bateguye intebe, Umutama ayivyagirako. Impuzu yiwe yarera nk’urubura, umushatsi wiwe urtyoroye nk’ubwoya bw’intama itagira inenge. Intebe yiwe yaca ibibatsi nk’umuriro kandi ifise imizingo y’ibishirira. Uruzi rw’umuriro rwadudubiriza imbere yiwe. Abamukorera bari injojo n’injojo, na ho imbere yiwe hari hahagaze amajana n’amajana. Bariko baraca imanza ibitabu vyuguruye.
Mu vyo neretswe mw’ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo mw’ijuru. Araheza aregera wa Mutama, baramumushikiriza. Aca ahabwa inganji, icubahiro n’ubwami, kugirango amoko yose, intara zose n’indimi zose zimusenge. Ingoma yiwe ni ingoma izokwamaho, ubwami bwiwe ni ubwami butazotituka.
IZABURI 96 (97), 1-2. 5-6. 9
Icit : Umukama ari ku ngoma, ni We Rudasumbwa asumba vyose.
Umukama ari ku ngoma ! Isi n’itarike !
Kandi amazinga menshi n’atarike ! (suite…)
IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA- Umwâka A (Yezu, Umwungere mwiza)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (2, 14a. 36-41)
(Imana yamugize Umukama, imugira Kristu)
Ku musi wa Pentekoti, Petero arahaguruka ahagatiwe na bamwe Cumi n’umwe, atareza ijwi ati : « Banyisraeli mwese uko mungana, bimenye kandi si ivy’imbeshere, uyo Yezu mwabamvye, Imana yamugize Umukama, imugira Kristu. »
Abantu bari aho bumvise ayo majambo, umutima urabatonganya. Niko kwegera Petero n’abandi batumwa, bati : « Mbega, benewacu, none tugire dute ? » Petero na we arishura ati : « Nimwisubireko, vyongeye umwe wese muri mwebwe n’abatizwe kw’izina rya Yezu Kristu, ngo abashe kuronka ikigongwe c’ibbicumuro vyiwe ; niho rero muzoronka ingabirano za Mutima Mweranda. Bisubiye, abahawe wa muhango, (suite…)
Ku wa 19 Ntwarante: Yozefu Mweranda, Umukunzi wa Bikira Mariya.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli (7, 4-5a. 12-14a. 16)
Umukama Imana azomuha ingoma ya se wiwe Dawudi
Muri iryo joro nyene, ijambo ry’Umukama rishikirizwa Natani, riti : « Genda ubwire umusavyi wanje Dawudi uti : Niwamara kumara urw’abagabo, ukaja gusanga ba sogokuru bawe bahise, nzobungabunga akaryango k’uruvyaro rwawe, nongere nkomeze ingoma yarwo. Uwuzoba yamuka kuri wewe, ni we azokwubakira izina ryanje ingoro, nanje ndamukomereze imisi yose intebe y’ubwami bwiwe. Nzomubera se, na we ambere ikibondo. Umuryango wawe n’ubwami bwawe bizoramba mu maso yanje na ntaryo ; intebe yawe izohangama gushika no ku nyoni y’ici. »
Izaburi 88 (89), 2-3. 4-5. 27. 29
Icit : Umuryango wiwe uzokwamaho imyaka yose.
Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya,
inzaruka zose nzozimenyesha ko uzira guhemuka.
Erega navuze nti : « Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava ;
mw’ijuru niho washinze ingingo yawe izira guhemuka. »
« Twagize ubumwe twe n’uwo nitoreye, (suite…)






