Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 7)

Archives de Tag: Yezu

Idominika ya 20 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya : 38, 4-6. 8-10
Umuhanuzi azira ico yatumwe

Jérémie, ProphèteMu gihe Yeremiya yari mu mvuto, abashingantahe babwiye umwami bati : « Uyo muntu akwiye gupfa, kuko yavunye inkokora intwaramiheto zasigaye mu gisagara, eka n’igihugu cose, mu kuvuga ben’ayo majambo. Oya namba, uyo muntu ntashakira ineza igihugu, ashaka ko gitikira. » Umwami Sedesiyasi arabishura ati :« Ng’uyo mwamwifatiye, umwami nta bubasha afise kubarusha ! » Baca bafata Yeremiya, bamuta mu kinogo bimvye ku kirimba c’umuganwa Malkiyahu. Bămukororeyeyo bamuboshe. Muri ico kinogo, nta mazi yarimwo, atari ikivurungu c’ivyondo ; Yeremiya agikorokeramwo. Intwazangabo y’ingoro y’umwami, umwe ava muri Etiyopiya yitwa Ebedumeleki, aragenda kubarira umwami, ati : « Mwami wanje nyen’ingoma, ivyo abo bantu bagiriye umuhanuzi Yeremiya ni bibi cane ! » Bamutereye mu kinogo, kandi ari mu kwicwa n’inzara!» Maze, umwami abarira Umunyetiyopiya Ebedumeleki, ati : « Tora hano abagabo batatu, (suite…)

Ku wa 22 Mukakaro:Mariya w’i Magdala Mweranda (Umusi Mukuru)

Menya neza: Guhera muri uwu mwaka, Nyen’Ubweranda Papa Fransisko yashinze ko Umusi twibuka Mariya Madalena Mweranda uzohora uhimbazwa nk’Umusi Mukuru (Fête) aho guhimbazwa nk’uwo twokwibuka (Mémoire obligatoire).

IGISOMWA CA MBERE.

Ivyo dusoma mu gitabu c’Úrurírīmbo rw’Ágakūra (3,1-4a)

Ku buriri bwanje, mw’ijoro, narondeye
Cantique des Cantiquesuwo umutima wanje wakunze.
Namurondeye ariko sinamutoye.
Reka mvyuke, nzunguruke mu gisagara,
mu mabarabara no ku nama,
ndondere uwo umutima wanje wakunze.
Namurondeye ariko sinamutoye.
Abarinzi bazunguruka mu gisagara banshikiriye, nanje nti:
«Mwabonye uwo umutima wanje wakunze?»
Ubwo nyene ndabarenganye
naciye nshikira uwo umutima wanje wakunze.
Namucakiye kandi sinzomurekura
(gushika ndamwinjije mu nzu ya mawe no mu cumba c’uwansamye inda)

Ikindi gisomwa.

Ivyo dusoma mw’ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (2 Korenti 5, 14-17)

14 Urukundo rwa Kristu ruraturaza ishinga, kuko tuzirikana yuko umuntu umwe yapfiriye bose, bigatuma abandi bose bapfa. 15 Kandi yuko yapfiriye bose kugira ngo abazima ntibabe bacigungana ubuzima bwabo, ariko babuture uwabapfiriye akongera akazuka. 16 Ni co gituma kuva ubu ata muntu n’umwe tukimenya mu buryo bw’umubiri. N’aho nyene twamenye Kristu mu buryo bw’umubiri, ubu noneho si ko tukimumenya. 17 Ni uko rero, umuntu wese niyaba ari muri Kristu, ni ikiremwa gishasha, ivya kera vyarashize, ibishasha biri aho.

IZABULI 62 (63), 2-4.5-6.8-9
Icit: Umutima wanje urakunyotewe,
        Mukama, Mana mfise.

Ewe Mana, uri Imana yanje, ndakurondera bugica,
umutima wanje urakunyotewe,
umubiri wanje uraguhurumbira
nk’isi yumye, yagadutse, y’imburamazi.

None narakubonye mu ngoro nyeranda,
ni ho nihweza ubukomezi bwawe n’ubuninahazwa bwawe.
Nkako, ubuntu bwawe ni bwiza, bundutira ubuzima,
umunwa wanje uzogushimagiza.

Ni co gituma nzoguhezagira umwanya nkiriho,
nzokiriza ibiganza nambaza izina ryawe.
Umutima wanje uzohozagara nk’umuntu yariye ibinure n’imisokoro,
umunwa wanje uzoguhayagiza wuzuye akanyamuneza.

Nkako, ni wewe untabara,
nkishongora nikinze mu mababa yawe.
Umutima wanje ukwihambiriyeko,
ukuryo kwawe ni kwo kunzigama.

INKURU NZIZA.

Alleluya, Alleluya.
Tubwire, Mariya, ico wabonye mu nzira.
Nabonye uruhafu rwa Kristu Muzima,

Mbona n’ubuninahazwa bw’uwazutse
Alleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu, nk’uko yashikirijwe na Yohani (20,1.11-18)

Marie de Magdala1 Umusi wa mbere w’indwi, Mariya Madalena yagiye ku mva mu gatondo kare, bugihwibiriye, araheza abona ko ibuye barikuye ku mva.

11 Mariya yamara yari ahagaze hanze, hafi y’imva arira. Uko yakarize, arunama mu mva, 12 abona abamarayika babiri, bambaye ivyera, bicaye aho Ikiziga ca Yezu cari, umwe ku mutwe, uwundi mu mirambizo.

13 Bamubwira bati: «Mugore, urizwa n’iki?» Abishura ati: «Kuko batwaye Umukama wanje, none ntazi iyo bamushize.» 14 Avuze ivyo, arahindukira abona Yezu, ariko ntiyamenya ko ari Yezu. 15 Yezu amubwira ati: «Mugore, urizwa n’iki? Urondera nde?» Agira ngo ni uwashinzwe umurima, amwishura ati: «Mugenzi, usangwa ari wewe wamujanye, mbwira aho wamushize, ngende kumujana.» 16 Yezu amusubiza ati: «Mariya!» Uri uwundi arahindukira amubwira mu gihebereyi ati: «Rabuni», ni ukuvuga ngo: Mwigisha. 17 Yezu amubwira ati: «Ntuntevye utyo, kuko ntaraduga kwa Data. Genda riho kuraba benewacu ubabwire ko nduze kwa Dawe ari we So wanyu, ku Mana yanje ari yo Mana yanyu.» 18 Mariya Madalena aragenda rero kubwira abigishwa ati: «Nabonye Umukama», abiganira n’ivyo yamubwiye.

IDOMINIKA YA 15 YO MU MWAKA (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (30, 10-14)

Itegeko ry’Imana ryanditswe mu mushaha w’umuntu

Ijambo ry'ImanaMuri iya misi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisraeli ati : « Umviriza ijwi ry’Umukama Imana yawe, mu kugumya amabwirizwa n’amateka yiwe yanditswe muri iki gitabu c’Amabwirizwa ; n’usubize agatima ku Mukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose. Iri bwirizwa nguhaye uyu musi ntirikurengeye, urashobora kurirangura. Ko ritari mw’ijuru, ntuze urinde kwibaza uti : ‘Ni nde azokwurira mw’ijuru akaja kuritumanurira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza ?’ Ko ritari hakurya y’amazi, ntuze wibaze uti : ‘Ni nde azojabuka kurituzanira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza ?’ Iryo jambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe, kugira ngo urikurikize.»

IZABURI 68 (69), 14. 17. 30-31. 33-34. 36ab.37

Icit : Mwa bantu muciye bugufi, nimurondere Imana ;
         ni ho muzobona ubuzima.

Jeho mboneyeho kugutakambira, Mukama ;
muri iki gihe c’ukunyereka ubuntu bwawe, Mana mfise ;
n’unyishure kubera imbabazi nyinshi umfitiye,
kuko ari Wewe woshobora kunkiza rwose.
Urazirikanye, Mukama, urukundo rwawe ni akaroruhore,
kubw’imbabazi nyinshi umfitiye, n’undabe ryiza !

Jeho ndi umurushwa, ndababaye ;
urukiza rwawe nirumvyure, Mana mfise.
Nzoheza ninahaze izina ry’Imana,
nzorivyinira, nzorikengurukira.

Abantu baciye bugufi barabibonye barahimbarwa :
« Eka namwe muhurumbira Imana,
nimusubize umutima hamwe !»
na none, Umukama yumvira abicisha bugufi,
ntarenzako amaso abiwe ari imbohe.

Imana izobogora Siyoni
Kandi izokwubaka ibisagara vya Yuda,
kugira ngo abasavyi bayo bahatorane,
kandi abakunda izina ryayo bahagerere.

Canke : IZABURI 18 (19), 8. 9. 10. 11

Icit : Amabwirizwa y’Umukama ni akezamutima.

Amategeko y’Umukama aratunganye,
ahembura umutima ;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
niyo bwenge bw’abantu batobato.

Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima ;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.

Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete ;
Umukama ashinga intahe y’ukuri,
intahe yama itunganye.

Isumvya izahabu gukundwa,
na yo nyene itagira imvange ;
irusha kuryoha
ubuki n’umutsama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi (1, 15-20)

Ku bwiwe no muri We, ni ho vyose vyaremewe

Kristu ni We gashusho k’Imana itaboneka,
ni We yaboneye izuba zina kiremwa cose,
kuko muri We ariho vyose vyaremewe,ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka,
yaba Abashingantahe canke Ingabo
canke Inkomezi canke Intwaza z’Ijuru,

Vyose ni We yabiremye kandi ni We maherezo ya vyose.
Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri We.
Ni We kandi umutwe w’umubiri wiwe ari wo Ekleziya.
Ni We vyose vyamukako, ni We mfura y’abapfuye
Kugira ngo abe uwa mbere muri vyose,
Kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose
Uvyagira muri Kristu,
Igashima ko ku bwiwe vyose bisubira kwuzura na Yo,
ari ivyo kw’isi ari ivyo mw’ijuru,
Igihe yazana amahoro kubw’amaraso yasheshe ku musaraba.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Amajambo yawe, Mukama, araduha umutima n’ubuzima ;
urafise amajambo y’ubuzima budahera.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (10, 25-37)

Ibwirizwa ry’urukundo

Qui est mon prochainUmusi umwe, Umwigisha yari aho ava hasi ngo ageze Yezu, ati : « Mbega, Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera ?» Yezu na we aramwishura ati : « None, mu mabwirizwa handitswe iki ? Uhora usomamwo ibiki ? » Uno na we amwishura ati : « Urakunda Umuka

ma Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’amagara yawe yose, n’ubwenge bwawe bwose ; urakunda kandi mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.»Yezu na we ati : « Wishuye neza ; genda, ugire gurtyo nyene, uzohoraho.»

Ariko, wa Mwigisha arondera ingene yokwikurayo, abaza Yezu ati : « Mbega, mugenzanje ni nde ?»

Yezu amusubiza ati : « Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko ; arahava agwa mu bisuma, bihejeje kumwambura, biramukubita, birigira, bimusiga ari intere. Hanyuma rero, umusaserdoti amanukana nya nzira ; ngo amubone, aca iruhande arigira. Hanyuma na ho, harenguka umulevita ; ngo amubone, aca iruhande ararengana. Umunyasamariya na we yari yimariye urubanza ; aramurengukako, ngo amubone amutera ikigongwe ; aramwegera, apfuka inguma ziwe, azisukako amavuta n’umuvinyu, araheza amushira ku gitwazi ciwe, aja kumwakira indaro, aramubungabunga. Ngo buce, yakira idenariyo zibiri, azihereza nyen’indaro, amugira ati : ‘ Murwaze neza ; ibindi vyose uzomutangira, nzobigusubiza ngarutse.’ None ku bwawe, muri abo bantu batatu, ni nde yagiriye ubugenzi wa muntu yagwa mu bisuma ?»
Wa Mwigisha yishura ati : « Ni uwo yamugiriye imbabazi.» Yezu na We ati : « Genda nawe rero, ugire gurtyo.»