Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 8)
Archives de Tag: Yezu
29 RUHESHI UMUSI MUKURU W’ABATUMWA PETERO NA PAULO BERANDA
Ku mugoroba urongora uwo musi mukuru
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 3, 1-10
Ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu, va hasi utambuke
Umusi umwe, Petero na Yohani baraduze mw’isengero mu gihe c’ugusenga kw’isaha y’icenda. Ikimuga cavutse gicumbagira bari bazanye ku muryango w’isengero witwa “Mwiza” nk’uko bahora babigira kugira ngo gisege abinjira, kibonye Petero na Yohani binjiye mw’isengero, kirabatega iminwe ngo barabe ico bogitabaza.
Petero na Yohani bati : “N’utwihweze!”
We rero yabahanga amaso ategereje ico bomuha.
Petero yongera kumubarira ati : “Nta nzahabu n’ifeza mfise, ariko ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu Kristu w’i Nazareti, va hasi utambuke.” Amufashe ukuboko kw’iburyo, aramuhagurutsa ; buno nyene imitsi n’ibirenge vya nya kimuga bica birakomera biba inaga. Atangura n’ukugenda, atambuka neza mbere barinjirana mw’isengero, agenda aratamba (suite…)
KU WA 24 RUHESHI : IVUKA RYA YOHANI BATISTA
KU MUGOROBA URONGORA UYO MUNSI MUKURU
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (1, 4-10)
Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi
Mu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati : “Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”Nanje ngira nti : “None ga Mukama Mana, ko ntazi kuvuga, nkiri umwana!”
Umukama asubizayo ati : “Nturuhe uvuga ngo uri umwana, genda ariho ku bo nkurungitseko, ubabwire ivyo ngutumye vyose. Ntubatinye, turi kumwe, ndaguhagarikiye ; ng’iryo ijambo ry’Umukama.”
N’uko rero ankora ku munwa, ati : “Aho rero ngushizemwo amajambo yanje. Menya ko uyu munsi ngushinze ibihugu n’intara z’abami, ngo urandure, usenyure, usambure, uheze wubake kandi uteragire.”
IZABURI 70 (71) 1-2, 3-4b, 5-6ab, 15ab
Icit : Warantoye urantonesha ntaranavuka!
Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera nteterwa ; (suite…)








