Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 8)

Archives de Tag: Yezu

29 RUHESHI UMUSI MUKURU W’ABATUMWA PETERO NA PAULO BERANDA

Ku mugoroba urongora uwo musi mukuru

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 3, 1-10

Ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu, va hasi utambuke

Umusi umwe, Petero na Yohani baraduze mw’isengero mu gihe c’ugusenga kw’isaha y’icenda. Ikimuga cavutse gicumbagira bari bazanye ku muryango w’isengero witwa “Mwiza” nk’uko bahora babigira kugira ngo gisege abinjira, kibonye Petero na Yohani binjiye mw’isengero, kirabatega iminwe ngo barabe ico bogitabaza.
Petero na Yohani bati : “N’utwihweze!”
We rero yabahanga amaso ategereje ico bomuha.
Petero yongera kumubarira ati : “Nta nzahabu n’ifeza mfise, ariko ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu Kristu w’i Nazareti, va hasi utambuke.” Amufashe ukuboko kw’iburyo, aramuhagurutsa ; buno nyene imitsi n’ibirenge vya nya kimuga bica birakomera biba inaga. Atangura n’ukugenda, atambuka neza mbere barinjirana mw’isengero, agenda aratamba (suite…)

KU WA 24 RUHESHI : IVUKA RYA YOHANI BATISTA

KU MUGOROBA URONGORA UYO MUNSI MUKURU

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (1, 4-10)

 Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi

N'aie pas peurMu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati : “Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”Nanje ngira nti : “None ga Mukama Mana, ko ntazi kuvuga, nkiri umwana!”
Umukama asubizayo ati : “Nturuhe uvuga ngo uri umwana, genda ariho ku bo nkurungitseko, ubabwire ivyo ngutumye vyose. Ntubatinye, turi kumwe, ndaguhagarikiye ; ng’iryo ijambo ry’Umukama.”

N’uko rero ankora ku munwa, ati : “Aho rero ngushizemwo amajambo yanje. Menya ko uyu munsi ngushinze ibihugu n’intara z’abami, ngo urandure, usenyure, usambure, uheze wubake kandi uteragire.”

IZABURI 70 (71) 1-2, 3-4b, 5-6ab, 15ab

Icit : Warantoye urantonesha ntaranavuka!

Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera nteterwa ; (suite…)

IDOMINIKA YA 10 YO MU MWAKA (Umwâka C)

Iri jambo ry’Imana risomwa mu ma Ekleziya basanzwe bahimbaza Umusi Mukuru w’Umushasha Mweranda wa Yezu, ku musi wa 5 ukurikira Umusi Mukuru w’Isakaramentu Ryeranda.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (17, 17-24)

Umwana wawe yasubiye kuba muzima

Veuve de Sarepta et ElieMuri irya misi, hari umwana w’umupfakazi yafashwe n’indwara iraheza iramurabika, aca aracikana. Wa mugore abwira Eliya ati : « Dupfa iki ga muntu w’Imana, waje ngaha kwibukiriza ivyaha vyanje n’ukunyicira umwana ? Eliya na we ati : « Mpereza uwo mwana. » Aramumukura ku bibero, amutwara mu buraro bwiwe, aramuryamika ku buriri bwiwe. Hanyuma aratakambira Umukama ati : « Mukama Mana yanje, mbe uyu mupfakazi yanyihereye indaro, nawe umuhora iki ? Umwana wiwe umumwakiye iki ? » Hanyuma yubarara gatatu kuri nya mwana, atakambira Umukama ati : « Mukama Mana yanje ndagusavye, uyu mwana asubire kuba muzima. » Umukama araheza yumvira Eliya, wa mwana asubira guhema, araba muzima. Eliya aramufata amukura muri bwa buraro, amushira nyina, amubwira ati : « Ng’uyu umwana wawe yasubiye kuba muzima. Wa mugore ati : « Ubu rero, ndemeye ko uri umuntu w’Imana, kandi ijambo ry’Imana uvuga ni iry’ukuri. »

IZABURI 29 (30) 2.4, 5-6. 11.12a. 13b

Icit. : Ndaguhaya, Mukama,
         iko wambogoye.

Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye,
ntiwampaye amenyo y’abansi.
Mukama, wankuye ku cobo,
unsubiza amagara.

Curarangire Umukama abamukunda mwese,
mumushimagize mu kwibuka izina ryiwe ryeranda.
Ishavu ryiwe rimara umwanya urume rumara,
urukundo rwiwe rugahoraho ;
ku mugoroba baraboroga,
mu gitondo bagatarika.

Mukama, nyumviriza, ungirire ikigongwe,
Mukama, n’uze kundokora !
Wankuye kugandara, unjana kuvyina :
Mukama Mana yanje, nzoguhaya imisi yose !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (1, 11-19)

Inkuru nziza Pawulo yigishije ni Inkuru nziza y’Umukama

Ncuti zanje,
Ku vyerekeye Inkuru nziza nabigishije, ndabamenyesha ko iyo Nkuru nziza irengeye abantu, kuko nanje ntayihaye canke ntayigishijwe n’umuntu, ariko ari Yezu Kristu yayimpishuriye. Mwarumvise imigenzo nari mfise kera nkiri mw’idini y’Abayuda, ingene nahîga Ekleziya y’Imana nkayitikiza bimwe birenze urugero, mwarumvise kandi ko mu bwoko bwacu narushije benshi mu bo twarukanye gutera imbere mw’idini y’Abayuda, kuko nabarusha ubwira bw’ukurwanira iragi ry’abasokuru. Ariko, Uwanyisobanuriye nkiri mu nda ya mama akanyihamagarira ku buntu bwiwe, aho ashimiye kumenyesha Umwana wiwe ngo ndamurange mu banyamahanga, buno nyene sinagishije inama umubiri n’amaraso, kandi sinaduze i Yeruzalemu kuraba abantanze kuba abatumwa, ariko nagiye muri Arabiya, hanyuma nsubira i Damasi. Maze, imyaka itatu ishize, nduga i Yeruzalemu kwibonanira na Kefasi, tumarana imisi cumi n’itanu ; mu bandi batumwa, nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwenewabo n’Umukama.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu,
Imana yaramukije igihugu cayo.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (7, 11-17)

Kristu, ni we nyen’ubuzima

NaimUmusi umwe, Yezu yari aroye mu gisagara citwa Nayini, agendaniwe n’abigishwa biwe be n’ishengero ryinshi. Ngo atere kw’irembo rya nya gisagara, ahwana n’abajanye umupfu ; na we agasangwa yari umwana w’ikinege, kandi nyina yari yarapfakaye. Nya mupfakazi yari aherekejwe n’abantu benshi bo muri kino gisagara. Umukama ngo amubone, amutera imbabazi, amubwira ati : « Ihorere ! ». Araheza yegera inderuzo arayikorako, abari bamuteruye barahagarara. Avuga rero ati : « Wa musore we, ndabigutegetse, vyuka ! » Uno yari yapfuye aca aravyuka aricara, aca atangura kuvuga. Yezu rero amushikiriza nyina wiwe. Bose bagwa mu gahundwe bashemeza Imana, bati : Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu, Imana yaramukije igihugu cayo. » Iyo nkuru ikwira Ubuyuda bwose n’ibihugu bibangikanye.