Accueil » Posts tagged 'Yezu' (Page 9)
Archives de Tag: Yezu
Umusi Mukuru wa Asensiyo (Umwâka C)
Mu bihugu basanzwe bahimbaza uwu musi mukuru ku musi wa kane ukurikira idominika ya 6 ya Pasika.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1, 1-11)
Abatumwa babona Yezu ariko arurira mw’ijuru
Mu gitabu ca mbere nanditse, ga Tehofilo we, naravuze ivyo Yezu yagize kandi yigishije kuva agitangura gushika umusi yurira mw’ijuru, ahejeje gusigarana amategeko ba batumwa yari yitoreye ku bwa Mutima Mweranda.
Aho amariye kubabara, abo batumwa ni bo yabonekeye abaha ibimenyetso vyinshi vy’ukubereka ko ari muzima : yamaze imisi mirongo ine ababonekera yongera abayagira ivy’Ubwami bw’Imana. Ngo ahengere bariko barasangira imfungurwa, abategeka kuguma i Yeruzalemu, ngo barorerereho wa muhango Data yari yabahaye. Ababwira ati : «Yohani yabatirisha amazi; mu misi iza kuza, mwebwe muzobatizwa muri Mutima Mweranda.»
Abari bahakoraniye barahava bamubaza bati : «Mbega, Mukama, ubu ni ho ugira ngo ubogore ingoma y’Israyeli?» Abishura ati : «Ivy’ukumenya igihe n’isango Data yigeneye We nyene ubwiwe, si ivyanyu. Mugabo, muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda (suite…)
Dutorwa n’Imana ngo tugire ico twimariye n’ico tumariye abandi. Ntidutinye.
Ijambo ry’Imana twateguriwe kuri uwu musi w’Imana ugira gatanu rituyagira ivy’itorwa n’ihamagarwa ry’abantu batatu : Izaya, Pawulo w’i Tarsi hamwe na Simoni Petero. Hari ico bahwanirako bose : nta n’umwe ahitamwo igihe ahamagarwa, kandi bose baragize ubwoba kuko babona ko batabikwiye na gato. Ariko baragize ubutwari, barishura bati ego n’aho babona ivyo boshobora ataho bihuriye na gato n’ivyo Umukama abasavye. Nk’uko twavyumvise mu Nkuru Nziza, Yezu abwiye Petero ati : Ntutinye. Egome cane bavukanyi, ntawobura gutinya, aravye ubworo bw’umutima wiwe, ubugereranije n’ivyo ahamagariwe.
Hari ibintu bitari bike bitubuza kwishura umuhamagaro w’Umukama :
– Aho hose bimaze kutugora muri kahise, bigatuma twiyumvira ko ataco dushoboye. Mbere ng’aha ni naho duhora dufatira mu kuzirikira abandi muri kahise kabo duti : none ntimwibuka ko ari wa wundi, ari ba bandi kuva na kera (suite…)
IDOMINIKA YA 2 YO MU MWAKA (Umwâka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (62, 1-5)
Urukundo rw’Imana ku gihugu ciwe
Sinzoreka guhayagiza Siyoni,
sinzohengeshanya gushimagiza Yeruzalemu,
gushika ubutungane bwabo butamanzure nk’umutwenzi,
urukiza rwaho ruce ibibatsi nk’urumuri.
Intara zizoheza zibone ubutungane bwawe,
abami bose babone ubuninahazwa bwawe.
Bazogutazira izina rishasha
rivuye mu kanwa k’Umukama.
Mu minwe y’Umukama uzoba urugori rukayangana,
mu kiganza c’lmana uzoca ibibatsi nk’urugori rw’abami.
Ntibazoba bakikwita « Intabwa »,
intara yawe ntizoba icitwa « Akarere »,
bazoguhamagara riho « Kinezero canje »,
intara yawe bayite « Inkundwakazi »
kuko uhimbara Umukama,
intara yawe kandi izoronka umunega.
Nk’uko umusore yabîra umwigeme,
ni ko umuremyi wawe azokwǎbīra ;
nka kurya umukenyezi anezera umugabo wiwe,
ni ko nawe uzonezera Imana.
IZABURI 95 (96) 1-2a, 2b-3, 7-8a, 9a.10ac
Icit. : Nimugende mumenyeshe isi yose
ivyiza vy’agatangaza Imana yakoze !
Vyinira Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama,
vyinira Umukama, izina ryiwe rihezagirwe.
Uko bukeye uko bwije, nimumenyeshe urukiza rwiwe,
mwiganire abapagani ko ari we aninahaye,
mumenyeshe ibihugu vyose ivyiza vy’agatangaza yakoze.
Hereze Umukama, mwa miryango y’intara,
hereze Umukama ikaze n’iteka,
hereze Umukama ikaze rikwiye izina ryiwe.
Senga Umukama arangwa n’ubweranda :
nawe, wa si, hinda agashitsi mu nyonga ziwe,
cire agace abapagani muti : « Umukama ari ku ngoma ! »
ni we aca urubanza akurikije ubutungane.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (12, 4-11)
Mutima ni we agaba ingabirano ziwe
Ncuti zanje,
Hariho ubwoko bwinshi bw’ingabirano, mugabo Mutima akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’imyuga, mugabo Umukama akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’ibikorwa, mugabo Imana Yo itunganya vyose muri bose ni imwe nsa. Umwe wese ahabwa na Mutima ingabirano, kugira ngo igirire akamaro bose. Umwe ahabwa na Mutima ingabirano y’ukwigisha ubwitonzi bw’Imana, uwundi iy’ukwigisha ubumenyi bw’Imana ku bw’uyo Mutima nyene, uwundi ingabirano y’ukwemera muri uyo Mutima nyene, uwundi iy’ugukiza muri uyo Mutima nyene, uwundi iy’ugukora ibitangaro, uwundi iy’uguhanura kw’izina ry’Imana uwundi iy’ugutahuza ibivuye kuri Mutima, uwundi iy’ukuvuga indimi, uwundi iy’ukuzisobanura. Ariko, ivyo vyose bigirwa na Mutima umwe rudende agabira umwe wese nk’uko abishaka.
INKURU NZIZA
Aleluya, alleluya.
Imana yaduhamagaye kubera inkuru nziza, kugira ngo tubashe gushikira
ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (2, 1-11)
Ikimenyetso ca mbere ca Yezu i Kana
Umusi umwe, habaye ubugeni i Kana mu Bugalile na we nyina wa Yezu ni ho yari ari. Yezu na we nyene yari yatumiwe muri ubwo bugeni, hamwe n’abigishwa biwe. Umuvinyu ngo uze guhera, nyina wa Yezu aramubarira ati : « Erega, nta muvinyu bagifise. » Yezu na we amwishura ati : « Mbega Mupfasoni, twe nawe tubisinzikayeko iki ? Igihe canje ntikiragera. » Araheza nyina wiwe abwira abasuku ati : « Ico aza kubabwira cose, muragikora. »
Hakaba hari haterekanze intango zitandatu zabajwe mu mabuye Abayuda biyuhagiriramwo : imw’imwe yuzuzwa n’impange zibiri canke zitatu. Yezu abarira ba basuku ati : « Nimwuzuze amazi izo ntango. » Barazuzuza no hejuru. Araheza Yezu ababarira ati « Nimudahe rero mushire umuteretsi. » Baramushira. Nya muteretsi ngo yumvirize nya mazi yahindutse umuvinyu, ahamagara nyenukurongora kuko atari azi iyo nya muvinyu uvuye, — vyari bizwi na nya basuku bene kuvoma, — aramubarira ati : « Abandi bahora babanza gutereka umuvinyu uryoshe, bamara guhimba bakawuhiriza uwutanganya n’uwa mbere kuryoha, yamara weho wabanje kwirengagiza uwuryoshe, none uwuzanye ubu. »
Ico ni co kimenyetso Yezu yatanguriyeko, agikorera i Kana mu Bugalile. Ukwo ni ko Yezu yerekanye ubuninahazwa bwiwe, abigishwa biwe baca baramwemera.






