Accueil » Posts tagged 'Yozefu' (Page 3)
Archives de Tag: Yozefu
UMURYANGO MWERANDA (Idominika ikurikira Noeli).
Menya neza: Iyo habuze umusi w’Imana mu misi umunani ikurikira Noeli, bagira uwo musi mukuru kw’igenekerezo rya 30 Kigarama, kandi, imbere y’Injili, batora igisomwa kimwe gusa muri vya bisomwa bibiri vyabigenewe : mu mwaka « B » no mu mwaka « C », bashobora gusoma ibindi bisomwa imbere y’Inkuru Nziza.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 3, 2-6. 12-14
(Uwubaha Umukama arasonera se na nyina)
Umukama ni We atera iteka Senaka mu bana biwe, ni We yubahiriza umuvyeyi mu bana biwe.
Uwubaha umuvyeyi wiwe aba ariko arishura ibicumuro vyiwe, uwutera iteka nyina wiwe asa n’uwuriko aragwiza itunga. Uwubaha se azohimbarwa na we mu bibondo vyiwe, niyatakambira Umukama azomutega amatwi.
Uwutera iteka se azoramba, uwugamburukira Umukama azoshimisha uwamwibarutse.
Mwananje, urunganira so niyamara gushika mu zabukuru, ntuze umutere amagorwa mu buzima bwiwe. N’aho ubwenge bwiwe bwoyama, uramugirira imbabazi, ntumukengere ngo n’uko uciyumvamwo ingoga. Ineza uzogirira so ntizokwibagirwa, kandi izohanagura ibicumuro vyawe.
Izaburi 127 (128), 1-2. 3. 4-5
Icit : Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama akagendera mu nzira yiwe.
Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama, (suite…)
IDOMINIKA YA 4 Y’UBUSHIKIRO (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 7, 10-14
(Umwigeme azokwibungenga)
Muri irya minsi, Umukama yasubiriye kubwira Akăzi ati : « Saba Umukama Imana yawe akurungikire ikimenyetso kivuye hasi mu kuzimu canke hejuru mu kirere. » Akăzi yishura ati : « Haba namba, sinoshobora kugerageza Umukama. » Niho Izaya yavuga ati : « Tega amatwi, muryango wa Dawudi ! ntimurarambirwa n’ukuruhisha abantu, none mushaka kuruhisha Imana yanje ! Umukama rero we nyene ubwiwe ni we azobihera ikimenyetso : Umwigeme aribungenze azokwibaruka umwana w’umuhungu, amwite Emanueli. »
Izaburi 23 (24), 1-2. 3-4ab. 5-6
Icit : Arakaza Umukama, Umwami w’inganji !
Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose ;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.
Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda ?
Ni umuntu mweranda, w’iminwe idahumanye, (suite…)
« Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu. »
Ndiko nsoma Ijambo ry’Imana ryo kuri uyu musi duhimbaza umuryango mweranda, natangariye ikintu ngira ngo ntigisanzwe. Hari abenshi basoma ivyo bisomwa bakagarukira ku mpanuro zirimwo, umuntu yogira ati zerekeye Morale Familiale, kandi nivyo. Ariko ngira nti hari iyindi ntambwe twotera, tukaraba aho bishingiye cane cane: isôko ry’iyo Morale Familiale, gurtyo ntitugarukire ku vyo dusabwa kugira mu migenderanire yacu, ariko turabe aho bishingiye.
Mu gisomwa ca mbere, Mwene Siraki ati: “Umukama ni We atera iteka Senaka mu bana biwe, ni We yubahiriza umuvyeyi mu bana biwe”. Imigenderanire rero iri hagati y’abagize urugo ikomoka ku Mana. Nkako, Umuryango wa mbere (Adamu, Eva, Kahini, Abeli) wari wahawe umhezagiro n’Imana. Ariko uwo muhezagiro ntiwaragamye. Imana rero ntiyahevye abayo, ni naco gituma yashimye gusesekariza inema zayo ku bayo iciye ku muryango wa Yozefu, Mariya na Yezu. Imana rero ni yo sôko ry’imigenderanire mu rugo. Ni naco gituma bavuze bati: “uwugamburukira Umukama azoshimisha uwamwibarutse”, ariko batagize bati “uwugamburukira uwamwibarutse azoshimisha Umukama”, nk’uko twebwe dukunda kuvyiyumvira. Ishingiro rya vyose rero si muri twebwe, ariko ni mu Mâna.
Ni navyo rero Paulo agarukako mu gisomwa ca kabiri. Imbere y’uko ashikira inyifato ibereye hagati y’umugabo n’umugore, hagati y’abavyeyi n’ibibondo, abanza kwibutsa abo turi aho twishingira inyifato zacu zose: “Mwebwe, ntore z’Imana, mwebwe beranda n’abakunzi bayo… Ijambo ry’Imana niribashike ku nyota…, Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu, mumwihekeko mu gukengurukira Imana Umuvyeyi wacu.” Hari igihe rero dusoma iki gisomwa tugaca twihutira kuraba ivyo umwe wese abwirizwa kugirira uwundi, nako ivyo uwundi abwirizwa kutugirira, tuti : uraba wumva birenge (= wa mugabo we, wa mugore we, mwa bana mwe, mwa bavyeyi mwe) niwe ubarirwa. Ariko ngira ngo twokwitondeye igice ca mbere c’iri jambo kuko atari intangamarara gusa, ariko ari ishingiro riha intumbero inyifato zose ziri hagati y’abantu, hagati y’abagize umuryango.
Turashobora rero gutegera igituma tunahimbaza Umusi Mukuru w’Umuryango kuko atari Umuryango nk’iyindi. Ni Umuryango rero wamye ugendera ku ry’Imana. Ni umuryango wahevye imigambi yawo kugora ngo haje imbere ishaka ry’Imana. Tuvyibuke mw’ibûrwa rya Yezu ribūrirwa Bikira Mariya, ati “Ni bibe nk’uko ubivuze”. Twibuke ibūrwa rishikira Yozefu mu ndoto, yikangura akajana Mariya iwe, naho atari wo lugambi yari afise.Sênāká yamye yumvira Imana, no mu bitoroshe gutegera. Nkako nyene, muri iyi Njili, Yozefu aburirwa n’umumalayika (intumwa y’Îmâna) gatatu kose, kandi mu ndoto.
Ntitunyuranye ibintu rero: Ntidushimisha Imana kubera tubaho neza Morale familiale, ariko tubaho neza Morale familiale kuko dushingira vyose kury’Imana. Iyo migenderanire rero ica irengera iyo mu muryango. Nkako, Imana ikunda abayo bose kandi urwo idukunda rutubera isôko ry’ukuyikunda n’ukuyikundira abayo. Imisi mikuru ya Noheli tunahimbazamwo Umuryango Mweranda iratwereka ko Imana icizigiye Umuntu kuko iza kutugereramwo. Ko rero Imana itwizigira, ikatubera isôko n’akarorero k’urukundo, uwushingira ubuzima bwiwe ku Mana arashobora n’ukugira inyifato ibereye aho aba ari hose. Ntaba agishingira kuri Morale familiale ngo ashimishe Imana, ariko ashingira ku/mu Mâna ngo abane neza, nk’uko Imana ibishaka aho ari hose.







