Accueil » Posts tagged 'Yozuwe'
Archives de Tag: Yozuwe
IDOMINIKA YA 21 YO MU MWAKA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Yozuwe (24, 1-2a. 15-17. 18b)
Tuzoba inzigamahanga z’Umukama, kuko ariwe Mana yacu
Muri irya misi,
Yozuwe yakoranirije imiryango yose y’Israyeli i Sikemu, ahamagaza abakurambere b’Israyeli, abakuru bayo, abacamanza bayo, be n’ababwiriza bayo ; bararenguka bahagarara imbere y’Imana. Yozuwe araheza abarira ishengero ryose ati : « Nimwabona bibabangamiye gukorera Umukama, uyu musi nimwitorere uwo muzokorera : hitemwo za mana ba sogokuruza bakorera hakurya ya rwa ruzi rwa Efurati, canke imana z’Abemori bene iki gihugu murimwo. Jewe n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Umukama.» Abantu baramwishura bati : « Twopfuma dupfa hako duheba Umukama ngo dukorere izindi mana ! Umukama Imana yacu ni we yadukuye mu gihugu ca Misiri, twe na ba sogokuruza, aho twari twagorewe mu buja ; ni we yakoze ibitangaza imbere yacu, ni we yadukingiye mu nzira yose twazananye no mu mahanga twaciyemwo. Na twebwe nyene, tuzogendanira Umukama, kuko ari we Mana yacu.»
IZABURI 33 (34) 2-3, 16-17, 18-19, 20-21, 22-23
Icit. : Umvirize, murabe,
ingene Umukama ari mwiza.
Nzoninahaza Umukama na ntaryo, (suite…)






