Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 119)
Archives d’Auteur: Patiri Lambert
Igiti gitegerezwa kugwa iyo gihengamiye? Amapfungo y’Ikarema y’2017
Abasaserdoti, Abihebey’Imana n’abari muri iyo nzira barangurira ubutumwa bwabo i Roma no mu micungararo yaho baragize Umwiherero w’Ikarema ubategurira guhimbaza Pasika y’2017. Inyigisho yatanzwe na Patiri Yohani-Bosiko Habarugira, Umusaserdoti yegukira Diyoseze ya Ngozi, Umurezi mw’Iseminari Nkuru y’i Burasira akaba ari mu butumwa i Roma muri iyi misi. Mu nyuma y’inyigisho, ukuzirikana inyigisho n’uguhabwa Isakaramentu ry’ikigongwe (ku bavyipfuza), hakurikiye Inkuka y’imisa hamwe n’ugusangira « akajumbu » k’uwo musi.
Ngi’iyi inyigisho yatanze.
Ijambo ry’Imana: 1Petero 1, 3-11 Twagabiwe ibikenewe vyose, none rero turushirizeho umwete
- Igiti kirashobora kugwa aho kidahengamiye ?
Mu bisanzwe igiti kigwa aho gihengamiye. Iyo beneco bashaka ko kigwa ataco gihitanye, babanze kucurira, bakakiboha n’ibiziriko bikomeye cane iyo gihengamiye ahantu habi kandi kiremereye cane, bagaca bahamagara abagabo bokomeye, bakagikwegera ku ruhande bashaka ko kigwirako. Twebwe abantu twese, dusanzwe muri kamere yacu Imana yaturemye itwihengamikirako, ariko twarashoboye kwihengamikira ku ruhande rundi. None, turashaka gusubira aho Imana ishaka, Ekelziya Mawe wacu irabidutumiriye (suite…)
IDOMINIKA YA 2 YO MU KAREMA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 12, 1-4a
Ihamagarwa rya Ibrahimu, se w’Igihugu c’Imana
Umukama yabwiye Abrami ati : « Va mu gihugu c’amavukiro yawe, uhebe umuryango n’itongo rya so, uheze ugende mu ntara nzokwereka. Nzokugira sekuru w’abantu benshi cane, nzoguhezagira nongere nubahirize izina ryawe kuko rizobera bose isôko ry’umugisha. Nzohezagira abo bose bazoguhezagira, nzocinyiza abazokuvuma. Imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa kubwawe. »
Abrami rero araheza agira nk’uko Umukama yari yabimutegetse, yimukana na Loti. (suite…)






