Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 227)

Archives d’Auteur: Patiri Lambert

IDOMINIKA YA 18 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 1-3)

Nimuze mwegere isôko

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Mwebwe mwese munyotewe, nimuze mwegere isôko,
n’aho mutoba mufise amafaranga nimuze.
Gura ingano, mwihereze umuvinyu n’amata,
n’aho ata mafaranga mugira.
Mbe ni kuki mutagaguza amahera mu bintu bitari ibifungurwa,
umushahara wanyu ugaherera mu bitabahaza ?
Ntege amatwi, muzoheza murye ibiryoshe,
muzonezerezwa n’ibisosa.
Ntege abiri, muze iwanje,
nyumvirize, niho umutima wanyu uzokira.
Nzosezerana namwe isezerano ryamaho,
rishimikiye ku ngabirano zemerewe Dawidi.

IZABURI 144 (145), 8-9. 15-16. 17-18

Icit : Uragaranzura ibiganza, Mukama, tugahaga twese.

Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akomeza urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

Bose bakweza amaso, barakwizigira,
kandi ukabafungurira, aho basonzeye hose ;
uragaranzura ibiganza,
ukamara inzara ibiri n’ubuzima vyose.

Umukama aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose,
ni Urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
ntakumira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 35. 37-39)

Nta kiremwa na kimwe kizoshobora kudukura
Ku rukundo rw’Imana ruri muri Kristu

Ncuti zanje,
Ni nde azodukura ku rukundo rwa Kristu ? Mbe, ni amarushwa canke ni amaganya, ni uruhamo canke ni inzara, ni ukubura ico twambara canke ni amakuba canke ni inkota ? Eka muri ivyo vyose, ntacotubuza gutsinda kubera Uwadukunze.

Egome, ndavyemeye ntakekereza : nta rupfu, nta buzima, nta n’abamarayika canke intwaramiheto zo mw’ijuru, nta n’ibiriho canke ibizoza, nta n’ibifise ububasha canke ibiri mu kirere canke ibiri mu kuzimu, nta n’ikiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rw’Imana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu Umukama wacu.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
ariko aratungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (14, 13-21)

Bose bararya barahaga

Muri irya misi,
Yezu yumvise ko bishe Yohani Batista, aja mu bwato yigira ahantu hiherereye, mu gahinga ka nyaganande ; abantu baba mu bisagara vyegereye ako gahinga ngo bavyumve, bamusangayo. Avuye mu bwato abona ishengero ryinshi cane, bimutera ikigongwe, aca akiza abarwaye babo.

Abigishwa babonye buriko burira, begera Yezu baramubarira bati : « Aha hantu ni mu gahinga kandi burije ; rungika abo bantu baje mu mihana kugura ivyokurya. » Yezu yamara abishura ati : « Ntakibajana, namwe nimubahe ivyo barya. » Na bo bati : « Nta kintu dufise ngaha, ndetse imikate itanu n’ifi zibiri. » Ababwira ati : « Binzanire. »

Ahejeje kubwira ishengero ngo ryicare hasi, yakira ya mikate na za fi zibiri, arangamiye hejuru arabihezagira ; hanyuma amanyura imikate, ayihereza abigishwa biwe, na bo bayihereza ishengero. Bose bararya, barahaga ; begeranije ivyo basigaje, buzuza ibisimbo cumi na bibiri. Igitigiri rero c’abantu bari bariye cari ibihumbi bitanu vy’abagabo, havuyemwo abagore n’abana.

Ku wa 15 Myāndagaro : IYURIZWA MW’IJURU RYA BIKIRA MARIYA

Ku mugoroba urōngôra uwo musi

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’ivy’Ingoma (15, 3-4. 15-16 ; 16, 1-2)

Binjiza isandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye

Dawudi amaze kwimikwa, yakoranije Abanyisraeli bose i Yeruzalemu kugira ngo baje kudugana isandugu ry’Umukama, barishire mu kibanza bariteguriye. Dawudi arakoranya abuzukuruza ba Aroni aribo basaserdoti, be n’abuzukuruza ba Levi. Bashitseyo, Bene Levi barerura iryo sandugu ry’Imana, bashira iminiho yaryo ku bitugu, nk’uko Musa yari yabitegetse, bivuye kw’ijambo ry’Umukama. Maze, dawudu abarira abakuru ba Bene Levi gutora abaririmvyi mu b’iwabo, ngo bazane amakembe, inanga n’ingoma, babivuze baririmbana akanyamuneza. Nuko rero, binjiza iryo sandugu ry’Imana, barishira hagati y’ihema Dawudi yari yararishingiye. Baraheza bahereza imbere y’Imana imbagwa n’inkuka z’ukuzisangirirako. Nuko rero, amaze guhereza iyo mbagwa n’izo nkuka, Dawudi arahezagira ishengero kw’izina ry’Umukama.

IZABURI 131 (132), 9-10. 13-14

Icit : Haguruka, Mukama, uze mu buruhukiro bwawe,
         Wewe ubwawe n”isandugu ry”ububasha bwawe !

Abasaserdoti bawe nibikwize ubutungane,
nayo abantu bawe nibishongorane akanyamuneza !
kubwa Dawudi, umusavyi wawe,
ntiwanke uwo wimitse.

Erega Umukama ni We yitoreye Siyoni,
ni ho yagomba ngo bahamwubakire ingoro :
« Aho ni ho ngiye kuvyagira imyaka yose,
ni ho nzoba kuko nahagomwe.»

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abakorenti (15, 54b-57)

Imana yaduhaye intsinzi kubwa Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Ku munsi w’imperuka, igishobora gutituka muri twebwe kizohinduka ikidatituka, icagenewe gupfa kizogabana ukuramba imyaka yose. Ni ho rya jambo ryanditswe mu Bitabu Vyeranda rizotaha ngo :
« Urupfu rwamizwe n’intsinzi.
Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe ?
Wa rupfu we, umugera wawe wuzuye ubumara uri hehe ?»
Umugera w’urupfu ni igicumuro, igicumuro gikomezwa n’ibwirizwa. None rero, nidukengurukire Imana, Yo iduha intsinzi kubwa Yezu Kristu Umukama wacu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Hahiriwe abumviriza Ijambo ry’Imana, kandi bakarirangura.
Alleluia, alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)

Umunsi umwe,
Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri nya shengero, atereza akamo hejuru ati : « Irahiriwe imbanyi y’uwakwibungenze, eka arahiriwe n’amabere wonse !» Yezu aramwishura ati : « Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura ! »

IDOMINIKA YA 24 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu Gitabu c’Ubwitonzi (27, 33-28, 9)
Banza urekurire mugenzawe yakugiriye nabi, ni ho uzorekurirwa ibicumuro vyawe

Ayandi mashano abacumuzi bakora, ni inzigo n’ishavu. Uwihora, Umukama na We azomwihora, amubaze ku bicumuro vyose yakoze. Rekurira mugenzawe akabi yakugiriye, kugira ngo nawe niwasaba, uze uronke ikigongwe c’ibicumuro vyawe. Umuntu yama afitiye inzigo mugenziwe, mbe yosaba ate Umukama ngo amukize ? Ku muntu nka we, nta kigongwe agira, none yosaba ate ngo arekurirwe ibicumuro vyiwe ? Ko atibuka ko ari ikiremwa gusa akagira inzigo, ni nde yomugirira imbabazi ku bicumuro vyiwe ?

Urame wibuka amaherezo yawe, uheze wirinde urwanko, uribuka ko uzopfa ukabora, uheze witwararike amategeko y’Imana. Uribuka amabwirizwa y’Umukama, ureke kugirira akajirya mugenzawe. Uribuka isezerano ry’Umushoboravyose, uheze wirengagize igitutsi.

IZABURI 102 (103), 1-2. 3-4. 9-10. 11-12

Icit : Umukama ni We Nyenimbabazi n’ikigongwe,
         ntakaza ishavu, akaza urukundo.

Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
Ni We agukiza indwara zose ;
Ni We akugarurira ku cobo,
Ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Ishavu ryiwe riririrwa ntirirara,
Umwikomo wiwe umara umwanya urume rumara ;
Uko ducumura, si ko aduhana,
uko tumutuka, si ko adusubiza.

Nk’uko isi ataho ihwaniye n’ijuru,
ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha ;
nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (14, 7-9)

Tubaho canke dupfa, turi ab’Umukama

Ncuti zanje,
Nta n’umwe muri twebwe abaho ngo yigungane ubuzima, kandi nta n’umwe apfa urupfu rwa wenyene. Iyo turiho, ubuzima bwacu ni ubw’Umukama ; nitwapfa na ho, dupfira Umukama. Igituma, ni uko Kristu yapfuye akisubiza muzima, kugira ngo abe Umukama w’abapfuye n’uw’abazima.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Umukama yavuze ati : « Ndabahaye itegeko rishasha :
nimukundane nk’uko nabakunze. »

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (18, 21-35)

Sinkubwiye kumurekurira gushika indwi,
ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi

Muri irya misi,
Petero yegereye Yezu amubaza ati : « Mukama, mugenzanje ancumuyeko, nzomurekurira kangahe : gushika ku ndwi ? » Yezu na we ati : « Sinkubwiye gushika indwi, ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi. Ni co gituma Ubwami bw’ijuru busa n’umwami yagomba kwishuza abasuku biwe. Ngo abe agitangura, bamuzanira uwari amuheraniye amatarenta ibihumbi cumi. Nya musuku ngo abure ico yishura, shebuja ategeka ko bamucuruza, we n’umugore n’abana, be n’utwo atunze twose, abe yishuye rero ivyo aheranye. Nya musuku yikubita imbere yiwe, aramutakambira ati : ‘Mukama, ntenyenyera, nzokwishura ivyawe vyose.’ Shebuja rero bimutera ikigongwe, aramurekurira, amuhebera n’umwenda yari amufitiye.

Uno musuku ngo ave hano, ahura n’umwe mu bagenzibe amufitiye amadenariyo ijana. Aca amugwa mu kanigo, aramukamvya ati : ‘Ishura ivyo umperaniye !’ Uno na we aca aramupfukamira, aramutakambira ati : ‘Ntenyenyera, nzokwishura.’ Uwundi na we aranka, mbere aca aja kumushirisha mu ngoyi, umwanya atarishura umwenda yariye.

Bagenzibe ngo babibone, birabababaza cane, baca baja kwiganira shebuja ivyabaye. Na we aca aramuhamagaza, amubwira ati : ‘Wa musuku w’inkozi y’ikibi, umwenda wose wari umfitiye nawukurekuriye kuko wantakambiye : none weho, ntube wagirira imbabazi mugenzawe nk’uko nanje nazikugiriye ?’
N’ishavu n’akantu, shebuja amurekurirako abantu biwe, baramuhuragura, umwanya atarishura umwenda wiwe wose. Uko ni ko na Data ahangamye mw’ijuru azobagira, nimutarekurira abandi bimwe bishemeye.»