Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 25)

Archives d’Auteur: Patiri Lambert

Mw’ibatisimu ya Yezu muri Yordani, ijuru n’isi bisubira kwunga ubucuti, twese tugasubizwa iteka twari twambuwe n’igicumuro.


Bavukanyi, uyu musi duhimbaje Ibatisimu y’Umukama, Umusi mukuru usozera igihe ca Noheli, ariko ugaca utubera intângo y’ukugenda kuba mu vyo twungutse muri uru rukurikirane rw’imisi mikuru ya Noheli.

1. Amahoro ni ingabirano ya Noheli.

Ingabirano rero ihambaye turonka mu misi mikuru ya Noheli, ni ya mahoro twaririmba tuvuga duti: « Gloria, Imana ininahazwe mw’ijuru, kw’isi naho haze amahoro, ku bantu Imana ikunda bakayikundira ». None iyo ngabirano twarayakiriye? Turemesha ayo mahoro gute mu ngo zacu, mu mibano yacu, ku kazi aho dukorera….? Abarundi bati: « Iyija kurisha ihera ku nama ». Ntihararengerana rero, umwe wese arabe ingingo yigiriye y’ukuremesha amahoro ; ataco ariyemeza naho, ntave ng’aha ataco yibwiye ngo abe umunyamahoro aho abaye, aho akorera,….

Baptême du SgrUyu musi rero, Yezu atugiye imbere, aramanutse muri Yordani, rwa rûzi ba Sêkúru bajabuka ngo bashobore gushika mu gihugu c’isezerano, igihugu c’amata n’ubuki, igihugu c’amahoro, bavuye mu buja mu Misiri, mu gihugu carangwa n’ukubahonyangira agateka, abāhó bacinyiza ab’Imana. None ubwo twesse turiteguriye kujabukana na Musa mushasha, (ashira amakanda yiwe mu makanda ya Yozuwe yajabukanye Yordani igihugu c’Imana) we Ndongozi y’ukwemera kwacu?

Twumvise ko Yezu yaje guhabwa ibatisimu hamwe n’abandi banyakabi bose: mbega nawe yari umunyakabi? Haba namba. Mbere twimvise ko (suite…)

Premier Janvier et Solennité de Marie Mère de Dieu: « Bénédictions et Paix du Ciel sur les hommes à travers la simplicité des événements de Noël ».

IMG_20171231_144240Le premier jour de chaque année est dédié à la solennité de Marie Mère de Dieu. Il est aussi la Journée Mondiale de prière pour la paix et nous sommes habitués à méditer les messages que les Souverains Pontifes adressent aux fidèles catholiques et à toutes les personnes de bonne volonté. Cela ne saurait être séparé de Noël où nous chantons avec les anges, la gloire de Dieu et la paix qui se déverse sur le monde. Oui, l’incarnation signe le temps de la paix, malgré la simplicité des récits de la naissance de Jésus, Prince de la paix. A travers cette simplicité même, descendent sur l’humanité et la création entière les bénédictions de Dieu, les grâces de Dieu, la paix de Dieu.

Toute la narration de la naissance de Jésus dans l’Évangile est pleine de pauvreté et de simplicité. Jésus est né dans une mangeoire pour animaux, il a été couché dans la paille, ces premiers visiteurs ont été de simples bergers des environs… Et pourtant il se dégage de tout cela une atmosphère de paix et de joie profonde, qui rejaillit jusqu’à aujourd’hui dans notre société. Il y a bien un lien entre la pauvreté et la joie, entre la simplicité et la paix. Celui qui cherche à avoir toujours plus et plus ne trouve jamais la vraie joie, car il ne profite jamais vraiment de ce qu’il a, et son cœur se ferme aux autres, de peur qu’ils lui prennent ce qu’il a. Celui qui cherche des explications à tout, qui veut toujours tout contrôler et tout comprendre, ne trouvera pas la paix, car nous n’aurons jamais un contrôle total de ce qui se passe dans notre vie et autour de nous. Pour trouver la paix et la joie, sachons donc vivre dans notre vie cet exemple de pauvreté et de simplicité que Jésus, Marie, Joseph et les bergers nous montrent.

« Que le Seigneur te bénisse et te garde… Que le Seigneur fasse briller sur toi son visage, qu’il se penche vers toi ! Que le Seigneur tourne vers toi son visage, qu’il t’apporte la paix!
» (1ère lecture) C’est de cette manière que les prêtres israélites invoquaient les bénédictions du Seigneur sur le peuple d’Israël. Le Psaume 67, hymne pour les récoltes, (suite…)

Te Deum Laudamus (Mukama ni wewe tuninahaza)

Te Deum bamwe bamwe bita « Ishemezo ry’Abamalayika » ni ururirimbo ruririmbwa, mu gihe abantu bakengurukira Imana, nk’akarorero nk’iyo basozera umwaka. Ico gihe baruririmba mu gisabisho c’Amashemezo y’Ekleziya yo ku mugoroba urongora umusi mukuru wa Bikira Mariya Nyina w’Imana, uhimbazwa kw’igenekerezo rya 1 Nzero buri mwaka, canke kuri uwo musi nyene.

Ariko kandi ruraririmbwa no mu mpera y’igisabisho c’Amashemezo co mu mutwenzi (Office des Lectures) ku misi y’Imana yose (kiretse mw’Ikarema) hamwe no ku misi mikuru. Bararuririmba kandi iyo batoye Umupāpa mushasha, imbere y’ugusozera ikoraniro ry’abari mu matora. Ikindi gihe baririmba Te Deum, ni igihe haba harangiye Inama Nkuru y’Ekleziya (Concile) nk’imwe yabera i Vatikano ubugira kabiri (1962-65)

Urwo ruririmbo rugizwe n’ibice bikuru bikuru bitatu:

  1. Igice ca mbere giherera ku majambo « …hamwe na Mutima we Mushingangingo abushitse ». Ni ininahazwa ry’Ubutatu Bweranda ariko ryerekejwe cane cane kuri Mana Data.
  2. Igice ca kabiri gica gihera kuri « Ewe Yezu Kristu uri Umwami w’Ubuninahazwa » gushika kuri « wacunguje amaraso yawe y’igiciro ntangere »: iki gice gishemeza  Yezu Kristu Umucunguzi.
  3. Igice ca nyuma naco kigizwe n’amajambo ava canke yisunga ibisabisho vyo mu gitabu c’Amazaburi.

Urwo ruririmbo, naho tutazi neza nyene kwandika amajambo arugize, benshi bahuriza ko yoba ari Sipriano Mweranda w’i Kartaje yoba yararwanditse mu kinjana ca 4. Haravugwa kandi ko Ambrosi Mweranda yaruririmvye ahejeje kubatiza Agostino Mweranda, bamwe bagafatira aho mu kurumwitirira.