Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 54)
Archives d’Auteur: Patiri Lambert
IDOMINIKA Y’7 YA PASIKA. Umwaka C
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’abatumwa (7, 55-60)
Ndiko ndabona Umwana w’umuntu ahagaze iburyo bw’Imana
A
ho bamucira urubanza, Sitefano yari yuzuye Mutima Mweranda. Muri ico gihe, yaciye araramura amaso araba mw’ijuru, araheza abona ubuninahazwa bw’Imana, na we Yezu ahagaze iburyo bw’Imana. Ni ko kuvuga ati: «Ubu mbona ijuru ryuguruye, na we Umwana w’umuntu ahagaze iburyo bw’Imana.» Ngo bumve batyo, baca baja mu vyo kugazuka bahogora, bazibira amatwi. Baraheza bamurwako, bamukwegera inyuma y’igisagara, bamwicisha amabuye.
Umusore yitwa Sawuli ni we abamwagiriza bari bashinze imitamana yabo. Mu gihe bariko baramwicisha amabuye, Sitefano yasaba avuga ati: «Mukama Yezu, akira umutima wanje.» Araheza arapfukama, ashira ijwi hejuru ati: «Mukama, ntubahore akabi bangiriye.» Avuze atyo, aracikana.
IZABURI 96 (97) 1. 2b, 6. 7c, 9
Icit: Ni Wewe Mwami wacu,
niwe Rudasumbwa asumba vyose.
Canke : Aleluya.
Umukama ari ku ngoma! Isi n’itarike!
Kandi amazinga menshi n’atarike!
Ingoma yiwe ihagaze ku butungane no ku ngingo. (suite…)
Ku wa 14 Rusāmá: Matiyasi Mweranda, Umutúmwa (Umusi mukuru)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1, 15-17. 20a. 20c-26)
Matiyasi atorerwa kuba icabona c’izuka ry’Umukama
Muri iyo misi, Petero ava hasi hagati ya benewabo bari nk’ijana na mirongo ibiri, ababwira ati : « Benewacu, Ivyanditse vyabuwe na Mutima Mweranda aciye kuri Dawudi, vyerekeye Yuda yarongoye abaje gufata Yezu, vyategerezwa kuranguka, Yuda yari uwo muri twebwe kandi yari yara gize uruhara muri ubu butumwa. Kandi handitswe mu gitabu c’Amazaburi ngo: “Uwundi n’asubire mu gikorwa ciwe”. Birakwiye rero ko muri abo bantu bakurikiye Umukama Yezu igihe cose hamwe natwe, kuva kw’Ibatisimu ya Yohani gushika ku musi yavanwa muri twebwe, umuntu umwe yoba icabona hamwe natwe mu vyerekeye izuka rya Yezu. » Abari bakoraniye aho batora babiri ari bo Yozefu bita Barasaba bari bataziriye Munyakuri, na Matiyasi. Hanyuma rero barasenga bavuga bati : « Mukama, wewe uzi akari mu mitima ya bose, twereke uwo watoye muri abo babiri, kugira ngo asubire mu kibanza c’ubwo busuku n’ubutumwa Yuda yataye, akagenda mu kibanza kimubereye. »
Baraheza batera ubufindo, bufindukura kuri Matiyasi, aca aja yiyongera kuri ba batumwa icumi n’umwe.
IZABURI 112 (113), 1-2. 5-6. 7-8
Icit : Uragashemezwa, Mukama,
Wewe wama ubogora abakene.
Canke : Aleluya.
Bantu b’Umukama, nimuninahaze Umukama,
muninahaze izina ry’Umukama ! (suite…)
Jésus, Bon Pasteur, prend soin de chacun de nous. L’écoute et la méditation de sa Parole nous rend conscients de l’urgence de coopérer à sa mission.
«Mes brebis écoutent ma voix; moi, je les connais»
Aujourd’hui le regard de Jésus sur les hommes est celui du Bon Pasteur qui prend sous sa responsabilité les brebis qui lui ont été confiés et s’occupe de chacune d’entre elles. Entre eux, il y a un lien fort, un instinct de connaissance et loyauté: «Mes brebis écoutent ma voix; moi, je les connais, et elles me suivent» (Jn 10,27). La voix du Bon Pasteur est toujours un appel à Le suivre, à rentrer dans le cercle de son influence.
Le Christ nous a gagnés non seulement par son exemple et par sa doctrine, mais par le prix de son Sang. Il a payé cher pour nous, et pour cela Il ne veut pas qu’aucun des siens se perde. Et en dépit de cela, il faut se rendre à l’évidence qu’il y en a qui accourent à l’appel du Bon Pasteur, et d’autres non. L’annonce de l’Evangile est cause de joie pour les uns et cause de rage pour les autres. Qu’est-ce qu’ils ont les uns que les autres n’ont pas? Saint Augustin, en se penchant sur le mystère profond de l’élection divine, répondait: «Dieu ne te délaisse pas si tu ne Le délaisses pas», Il ne t’abandonne pas si tu ne L’abandonnes pas. Ne jettes pas pour autant la faute sur Dieu, ni sur l’Eglise, ni sur les autres, car ton problème de fidélité n’est pas le leur mais le tien. Dieu ne renie pas sa grâce à personne, et c’est justement cela notre force: nous devons nous accrocher avec force à la grâce de Dieu. Nous n’avons aucun mérite, nous avons simplement été touchés par la grâce.
Nous sommes une vocation. Nous avons une vocation.
La foi nous rentre par l’ouïe, par l’entendement de la parole de Dieu, y le plus grand danger que nous avons est d’être sourds et ne pas entendre l’appel du Bon Pasteur, parce que nous avons (suite…)






