Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 51)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 31 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya (1, 14b-2, 2b. 8-10)

Mwarataye inzira, mutako muhubisha benshi

Ng’iri ijambo ry’Umukama Imana y’ingabo :
Jewe ndi Umwami w’abami, izina ryanje ni rurangiranwa mu makungu. None rero basaserdoti, tege amatwi : nimutangamburukira, ngo mwitwararike kuninahaza izina ryanje, – rivumerewe n’Umukama Imana y’ingabo, – nzobavuma, n’imihezagiro yanyu ntibe igifata. Mwarataye inzira nari naberetse, mutako muhubisha benshi kubera inyigisho zanyu, mwarasambuye isezerano rya Levi, – rivumerewe n’Umukama Imana y’ingabo. – Nanje, igihe cose mwanse gukurikiza inyigisho zanje mukagira nkunzi mw’ibanga ryanyu, narabatetereje, ndabagira ubusa, muteterwa n’igihugu cose.

Mbe, twese ntitwamuka ku muvyeyi umwe ? Ntitwaremwe twese n’Imana imwe nsa ? None ni kuki twankana urunuka, tukonona isezerano rya ba sokuru ?

IZABURI 130 (131), 1. 2. 3

Icit : Nzigamira umutima mu mutekano,
         hafi yawe, Mukama.

Mukama, umutima wanje ntiwigeze wivyimbisha,
kandi sinigeze nderembuza amaso ;
sinigeze nirukira ubukuru,
kibure ngo ncambirwe gukora ibitangaro bindengeye.

Oya nyabuna, umutima wanje ntuhugumbwa,
uguma witekaniye wibereye mu gacerere ;
nk’umwana ari mu maboko ya nyina wiwe,
numva urweze muri jewe nk’umwana w’umucuko.

Izigire Umukama, Israeli,
ubu no mu myaka yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika (2, 7b-9. 13)

Ico twashaka kubahebera si Inkuru Nziza y’Imana gusa, ariko kandi ni ubuzima bwacu

Ncuti zanje,
Twamye twitonda hagati yanyu, nka kurya umuvyeyi abungabunga abana biwe akabonsa. Ni ko twabagiriye igishika, bigatuma dushaka kubahebera Inkuru Nziza y’Imana, tukabahebera n’ubuzima bwacu, kuko mwabaye abo dukunda rwose.

Muribuka, bebewacu, ibikorwa n’uburuhe twarimwo : twarabamenyesheje Inkuru Nziza y’Imana turiko turakenura ijoro n’umutaga, kugira ntitugore n’umwe muri mwebwe. Natwe, igituma tudahengeshanya gukengurukira Imana, ni uko, mu kwakira Ijambo ry’Imana mwumvise kuri twebwe, mutaryakiriye nk’ijambo ry’abantu, ariko mwaryakiriye nk’uko riri mu vy’ukuri, nk’ijambo ry’Imana ; kandi iryo jambo ntirybapfuyeko ubusa mwebwe abemera.

 

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

So mufise ni umwe, ni uwo ari mw’ijuru ;
Umuhanyi mufise ni umwe, ni we Kristu.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (23, 1-12)

Ico bavuga si co bakora

Muri irya misi,

Yezu yabariye ishengero n’abigishwa biwe ati : « Abigisha n’Abafarizayo bari mu cicaro ca Moshe : ivyo bababwira vyose rero murabikore, mugireko mubizigame ; yamara ntimubigane mu vyo bakora, kuko ico bavuga si co bakora. Bazigira abantu ku mizigo badashobora, na bo badashaka kuyikozako n’urutoke. Ivyo bakora vyose babikora ngo babonwe ; ni co gituma bambara mu ruhanga ifilakteriya, bakagerekako ubuyonga bw’imitamana yabo. Bakunda kwitangira imbere mu batumire, kwicara ku ntebe z’imbere mu masinagoga, kugirwako bwakeye ku mbuga ahabona, n’uko babita abigisha.

Mweho, ntihagira uwemera ko bamwita Mwigisha, kuko Umwigisha wanyu ari umwe, namwe muvukana mwese. Mweho, hano kw’isi nta wundi mwokwita Dawe, kuko So mufise ari umwe, ni uwo ari mw’ijuru. Ntibabite Muhanyi, kuko Umuhanyi mufise ari umwe, ni we Kristu.

Umukuru muri mwebwe n’abe umusuku w’abandi. Uwuzokwishira hejuru bazomuhinyuza, na we uwuzokwicisha bugufi bamuninahaze. »

IDOMINIKA YA 30 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (22, 20-26)

Nimwaba muryagumba umupfakazi canke impfuvyi,
ishavu ryanje nzorisuka kuri mwebwe

Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :

Ntuze urenganye kavantara canke ngo umutwaze umukazo, kuko namwe mwari ba kavantara mu gihugu ca Misiri. Ntukigere uryagumba umupfakazi canke impfuvyi. Niwamurenganya akanyitwarako, nzotega ugutwi igisabisho ciwe. Ishavu ryanje rizoheza ryisuke, ndabahonye n’inkota : abagore banyu na bo bapfakare, abana banyu na bo basigare ku ngoyi.

Niwagurana kavukire amafaranga canke ukayaha umwinazi acumbitse iwawe, ntuze umugire nk’umudandaza kandi ntuze umurondereko inyungu. Niwafatira umuntu umutamana, urawumusubiza buriko buragoroba : ni ko gahuzu afise ko kwifuka, ni ko azoba yiyorosa. Niyantakambira, nzomwumvira, kandi jewe ndi n’imbabazi nyinshi.

IZABURI 17 (18), 2-3a. 3bc-4. 47-51ab

Icit : Ndagukunda, Mukama, Wewe bukomezi bwanje.

Ndagukunda, Mukama, Wewe bukomezi bwanje,
uri Umukiza wanje, wankijije akagobero ;
Umukama ni We gitandara canje, ni We mahungiro yanje,
Imana ni Yo Mukiza wanje, ni Yo mpugirako.

Ni Yo ntwari yanje, ni Yo nkinzo yanje,
ni Yo nzeyeko gutabaruka.
Ndatabaza Umukama akwiye gushemezwa,
nkaba nkize abansi banje.

Imana iragahoraho ! Iyo ntwari yanje iragahezagirwa !
Uwampaye gutsinda arakaninahazwa !
Umukama ntahengeshanya kurokora umwami,
agakunda uwo yitoreye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika (1, 5c-10)

Mwarahevye ibintazi ngo mukorere Imana mwongere murorere Umwana wayo

Ncuti zanje,

Murazi ingene twigenza aho twari iwanyu kugira ngo tubafashe. Namwe mwaciye mutwigana twe n’Umukama, mu kwakira Ijambo, mufise akanyamuneza ka Mutima Mweranda, n’aho hari intambamyi nyinshi. None mwaratevye murabera akarorero abemeye bose bo muri Masedoniya na Akaya. Nka ko nyene, Ijambo ry’Umukama ntiryavuye iwanyu ngo risamiranire muri Masedoniya no muri Akaya gusa, ariko ukwemera Imana kwanyu kwarakwiye mu ntara zose, gushika aho bidakenewe ko twirirwa turavuga. Koko, bose baravuga ikaze mwaduhaye n’ingene mwigaruriye ku Mana mugaheba ibintazi, ngo mukorere Imana nzima kandi nyakuri, mwongere murorere Umwana wayo aho azovira mw’ijuru, umwe yazuye mu bapfuye, Yezu, wa Mukiza adukiza ishavu riduhanamiye.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Umukama yavuze ati : « Uwunkunda azozigama ijambo ryanje,
na Data azomukunda, duheze tuze iwe. »

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (22, 34-40)

Urakunda Umukama Imana yawe,
urakunda kandi mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene

Muri irya misi,
Abafarizayo ngo bumve ko Abasadusayo bajongorotse, barakorana. Araheza umwe muri bo arabaza Yezu ngo amugeze, ati : « Mwigisha, mu mabwirizwa, irisumba ayandi ni irihe ? » Yezu na we amwishura ati : « Urakunda Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose ; ng’iryo ibwirizwa risumba ayandi yose rikongera rikaba irya mbere muri yo. N’irya kabiri rimeze nk’iryo, ngo : Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Ayo mabwirizwa uko ari abiri, ni yo shimikiro ry’ayandi yose, n’inyigisho z’abahanuzi ni yo zishimikiyeko. »

IDOMINIKA YA 29 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (45, 1. 4-6)

Ubukuru bwose buri mu minwe y’Imana

Ng’iri ijambo Umukama yashikirije umwami Sirusi, yari yitoreye, akamufata ukuboko kw’ukuryo, ngo agende guhonya intara, anyage abami bo kw’isi, asambure amarembo y’ibisagara, inzugi ntizibe zicugarwa.
« Naguhamagaye izina kubera umusavyi wanje Yakobo,
kubera Israeli nitoreye,
ndagutera iteka n’aho utari unzi.
Ni jewe Mukama kandi nta wundi,
nta yindi Mana iriho atari jewe.
N’aho utari unzi, narakurungitse mu rugamba,
kugira ngo kuva mu buseruko gushika mu burengero,
bamenye ko vyose ari ubusa, ndetse jewe. »

IZABURI 95 (96), 1. 3. 4-5. 7-8. 9-10a

Icit : Hereza Umukama ikaze n’iteka.

Vyinire Umukama akavyino gashasha,
nawe si iyo uva ukagera, vyinira Umukama.
Mwiganire abapagani ko ari We aninahaye,
Mumenyeshe ibihugu vyose ivyiza vy’agatangaza yakoze.

Na none, Umukama ni kamiranzovu, akwiye kuninahazwa,
ariganje ntabangabanganwa n’ivyitwa imana iyo biva bikagera ;
ivyiyita imana vyose vyo mu ntara ni ubusa,
Umukama ni We yaremye amajuru.

Hereze Umukama, mwa miryango y’intara,
hereze Umukama ikaze n’iteka,
hereze Umukama ikaze rikwiye izina ryiwe,
mumushikanire, mushike imbere yiwe.

Senge Umukama arangwa n’ubweranda ;
nawe wa si, hinda agashitsi mu nyonga ziwe.
Cire agace abapagani muti : « Umukama ari ku ngoma,
ni We aca urubanza akurikije ubutungane. »

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika (1, 1-5b)

Ntiduhengeshanya kwibuka ukwemera, urukundo n’ukwizigira mufise

Twebwe Paulo, Silvano na Timote, turandikiye Ekleziya y’Abanyatesalonika ishimikiye ku Mana Data no ku Mukama Yezu Kristu, tubipfurije inema n’amahoro.
Twama dukengurukira Imana kubera mwese uko mungana, uko tubibutse mu bisabisho vyacu : ntiduhengeshanya kwibuka, imbere y’Imana Dawe wa twese, umwete mufise mu kwemera, uburuhe bw’ibikorwa murinda kubera urukundo, ukudatirigana kwanyu mu kwizigira, ivyo vyose tukamenya ko bikomoka ku Mukama wacu Yezu Kristu.
Erega, benewacu bakunzi b’Imana, turazi yuko muharurwa mu bo yitoreye. Inkuru Nziza twabigishije ntiyagarukiye ku majambo gusa, ariko yarngukiye mu bukomezi, muri Mutima Mweranda no mu mwizero utagira amazinda n’intete.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Murasayangana nk’amatara kw’isi,
kuko mutwara Ijambo ry’ubuzima.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (22, 15-21)

Nimuhe Sezari ivya Sezari, ivy’Imana na vyo nimubihe Imana

Umusi umwe,
Abafarizayo bagiye kuja inama y’ingene bofatira Yezu ku majambo yiwe. Ni ko rero kurungika abigishwa babo n’abantu ba Herodi ngo bamubaze bati : « Mwigisha, turazi neza ko uri imvugakuri kandi wigisha inzira ishikana ku Mana udacishije iruhande, kandi nturinda kuraba umuntu uwo ari we, abantu bose ubafata kumwe. Tubwire rero ico wiyumvira kuri ibi : Ubwo, uguha ikori Sezari canke kurimwima, igishemeye ni ikihe ? »

Yezu na we yabona ububi bwabo, abishura ati : « Mwebwe ba berahino, ni kuki muntega imitego ? Nyereke ifaranga ritangwako ikori. » Baraheza bamuzanira idenariyo. Na we ababaza ati : « Iyi shusho iriko, ni iya nde ? Iki candiko co, ni ica nde ? » Bati : « Ni ivya Sezari. » Araheza ababwira ati : « Nimuhe rero Sezari ivya Sezari, ivy’Imana na vyo nimubihe Imana. »