Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 52)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 32 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (6, 12-16)

Abarondera ubwitonzi baraburonka

Ubwitonzi burasayangana kandi ntibutituka. Ababukunda barabutangarira bitabagoye na gato ; ababurondera baraburonka. Ababurondera burabiyegereza, bukaba ari bwo butangura kubiyereka. Uwutanguranwa n’umutwenzi mu kuburondera arahiriwe, kuko azobusanga kw’irembo. Uwubukurikirana ni incabwenge, kandi uwubuteramira ntazoteba gutunganirwa. Bwo nyene bukwira imirambi burondera ababubereye, bukabiyerekana akamwemwe mu mayira kandi bugategera ivyipfuzo vyabo vyose.

IZABURI 62 (63), 2. 3-4. 5-6. 7-8

Icit : Umutima wanje urakunyotewe,
         Mukama, Mana mfise.

Mukama, ni Wewe Mana yanje,
Mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;
umutima wanje urakunyotewe.
Nanje ndakwipfuza,
muri iyi si yase imigaga itagira n’ikinyotera.

Ni ko, narakubonye mu ngoro yawe,
ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe ;
niho urukundo rwawe rwandutira amagara,
ngashobora kugushimagiza!

Ni ko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,
nzokwayira iminwe izina ryawe ;
niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,
nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.

Aho ndyamye, ninaba nibuka izina ryawe,
mara ijoro ryose nkwiyumvira,
kuko waje kuntabara :
nanje nakuvugirije impundu ndi mu mutamana wawe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (4, 13-18)

Igisomwa kigufi : 4, 13-14

Abasinziriye muri Kristu, Imana izobashikana iwayo

Ntidushaka, benewacu, ko muyoberwa ivyerekeye abahisi bacu ; ntimwicwe n’intuntu nk’abandi batagira ukwizigira. Uko twemera ko Yezu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twemera ko abasinziriye muri Kristu, Imana izobashikana iwayo.

Igisomwa kigufi giherera aha

Ng’iki rero ico dushaka kubabwira kw’izina ry’Umukama : twebwe bazima, twebwe tuzoba tukiriho mu gihe c’amaza y’Umukama, ntituzotanga abazoba basinziriye ; kuko ijwi ry’umumarayika mukuru n’inzamba y’Imana bimaze gutanga ikimenyetso, Umukama We nyene azomanuka ava mw’ijuru, abapfuye muri Kristu batange abandi kuzuka ; hanyuma, twebwe bazima, twebwe tuzoba tukiriho, tuzokoranirizwa hamwe na bo, tujanwe mu bicu gusanganira Umukama mu kirere ; hanyuma twamane n’Umukama mu myaka yose. Ni uko rero, nimuhumurizanye muri ayo majambo.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Nimwame mugavye kandi mwiteguye :
kuko mutazi umusi Umwana w’umuntu azozirako.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (25, 1-13)

Ng’uyu umukwe arashitse

Umusi umwe,
Yezu yaciriye abigishwa biwe uyu mugani, ati : « Ubwami bw’ijuru buzogereranywa n’abakobwa cumi bafashe amatara baja gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari ibijuju, abandi batanu incabwenge. Bano batanu rero b’ibijuju bafata amatara ntibatwarana n’amavuta ; bano b’incabwenge mu gufata amatara, batwarana n’amavuta mu ducupa. Umugeni atevye, bose batangura gutura ingiga, hanyuma barasinzira. Mw’ijoro hagati, bumva urwamo ngo : ‘Ng’uyu umugeni arashitse : ingo mumusanganire.’

Ba bigeme bose baravyuka, bacana amatara yabo. Bamwe batanu b’ibijuju babarira bamwe b’incabwenge bati : ‘Nimutugabanirize ku mavuta yanyu, amatara yacu yazimye.’ Na bo barabishura bati : ‘Twohava tubura twese ; nimugende ku badandaza mwigurire.’
Bagiye rero kuyagura, umugeni arashika, abiteguye binjirana na we mu bugeni baca bugara urugi. Hanyuma rero, ba bandi na bo baraza bati : ‘Muhanyi, twugururire.’ Na we arabishura ati : ‘Sindabazi.’
Nimwame maso, kuko mutazi umusi ntimumenye n’isaha. »

IDOMINIKA YA 31 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya (1, 14b-2, 2b. 8-10)

Mwarataye inzira, mutako muhubisha benshi

Ng’iri ijambo ry’Umukama Imana y’ingabo :
Jewe ndi Umwami w’abami, izina ryanje ni rurangiranwa mu makungu. None rero basaserdoti, tege amatwi : nimutangamburukira, ngo mwitwararike kuninahaza izina ryanje, – rivumerewe n’Umukama Imana y’ingabo, – nzobavuma, n’imihezagiro yanyu ntibe igifata. Mwarataye inzira nari naberetse, mutako muhubisha benshi kubera inyigisho zanyu, mwarasambuye isezerano rya Levi, – rivumerewe n’Umukama Imana y’ingabo. – Nanje, igihe cose mwanse gukurikiza inyigisho zanje mukagira nkunzi mw’ibanga ryanyu, narabatetereje, ndabagira ubusa, muteterwa n’igihugu cose.

Mbe, twese ntitwamuka ku muvyeyi umwe ? Ntitwaremwe twese n’Imana imwe nsa ? None ni kuki twankana urunuka, tukonona isezerano rya ba sokuru ?

IZABURI 130 (131), 1. 2. 3

Icit : Nzigamira umutima mu mutekano,
         hafi yawe, Mukama.

Mukama, umutima wanje ntiwigeze wivyimbisha,
kandi sinigeze nderembuza amaso ;
sinigeze nirukira ubukuru,
kibure ngo ncambirwe gukora ibitangaro bindengeye.

Oya nyabuna, umutima wanje ntuhugumbwa,
uguma witekaniye wibereye mu gacerere ;
nk’umwana ari mu maboko ya nyina wiwe,
numva urweze muri jewe nk’umwana w’umucuko.

Izigire Umukama, Israeli,
ubu no mu myaka yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika (2, 7b-9. 13)

Ico twashaka kubahebera si Inkuru Nziza y’Imana gusa, ariko kandi ni ubuzima bwacu

Ncuti zanje,
Twamye twitonda hagati yanyu, nka kurya umuvyeyi abungabunga abana biwe akabonsa. Ni ko twabagiriye igishika, bigatuma dushaka kubahebera Inkuru Nziza y’Imana, tukabahebera n’ubuzima bwacu, kuko mwabaye abo dukunda rwose.

Muribuka, bebewacu, ibikorwa n’uburuhe twarimwo : twarabamenyesheje Inkuru Nziza y’Imana turiko turakenura ijoro n’umutaga, kugira ntitugore n’umwe muri mwebwe. Natwe, igituma tudahengeshanya gukengurukira Imana, ni uko, mu kwakira Ijambo ry’Imana mwumvise kuri twebwe, mutaryakiriye nk’ijambo ry’abantu, ariko mwaryakiriye nk’uko riri mu vy’ukuri, nk’ijambo ry’Imana ; kandi iryo jambo ntirybapfuyeko ubusa mwebwe abemera.

 

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

So mufise ni umwe, ni uwo ari mw’ijuru ;
Umuhanyi mufise ni umwe, ni we Kristu.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (23, 1-12)

Ico bavuga si co bakora

Muri irya misi,

Yezu yabariye ishengero n’abigishwa biwe ati : « Abigisha n’Abafarizayo bari mu cicaro ca Moshe : ivyo bababwira vyose rero murabikore, mugireko mubizigame ; yamara ntimubigane mu vyo bakora, kuko ico bavuga si co bakora. Bazigira abantu ku mizigo badashobora, na bo badashaka kuyikozako n’urutoke. Ivyo bakora vyose babikora ngo babonwe ; ni co gituma bambara mu ruhanga ifilakteriya, bakagerekako ubuyonga bw’imitamana yabo. Bakunda kwitangira imbere mu batumire, kwicara ku ntebe z’imbere mu masinagoga, kugirwako bwakeye ku mbuga ahabona, n’uko babita abigisha.

Mweho, ntihagira uwemera ko bamwita Mwigisha, kuko Umwigisha wanyu ari umwe, namwe muvukana mwese. Mweho, hano kw’isi nta wundi mwokwita Dawe, kuko So mufise ari umwe, ni uwo ari mw’ijuru. Ntibabite Muhanyi, kuko Umuhanyi mufise ari umwe, ni we Kristu.

Umukuru muri mwebwe n’abe umusuku w’abandi. Uwuzokwishira hejuru bazomuhinyuza, na we uwuzokwicisha bugufi bamuninahaze. »

IDOMINIKA YA 30 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (22, 20-26)

Nimwaba muryagumba umupfakazi canke impfuvyi,
ishavu ryanje nzorisuka kuri mwebwe

Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :

Ntuze urenganye kavantara canke ngo umutwaze umukazo, kuko namwe mwari ba kavantara mu gihugu ca Misiri. Ntukigere uryagumba umupfakazi canke impfuvyi. Niwamurenganya akanyitwarako, nzotega ugutwi igisabisho ciwe. Ishavu ryanje rizoheza ryisuke, ndabahonye n’inkota : abagore banyu na bo bapfakare, abana banyu na bo basigare ku ngoyi.

Niwagurana kavukire amafaranga canke ukayaha umwinazi acumbitse iwawe, ntuze umugire nk’umudandaza kandi ntuze umurondereko inyungu. Niwafatira umuntu umutamana, urawumusubiza buriko buragoroba : ni ko gahuzu afise ko kwifuka, ni ko azoba yiyorosa. Niyantakambira, nzomwumvira, kandi jewe ndi n’imbabazi nyinshi.

IZABURI 17 (18), 2-3a. 3bc-4. 47-51ab

Icit : Ndagukunda, Mukama, Wewe bukomezi bwanje.

Ndagukunda, Mukama, Wewe bukomezi bwanje,
uri Umukiza wanje, wankijije akagobero ;
Umukama ni We gitandara canje, ni We mahungiro yanje,
Imana ni Yo Mukiza wanje, ni Yo mpugirako.

Ni Yo ntwari yanje, ni Yo nkinzo yanje,
ni Yo nzeyeko gutabaruka.
Ndatabaza Umukama akwiye gushemezwa,
nkaba nkize abansi banje.

Imana iragahoraho ! Iyo ntwari yanje iragahezagirwa !
Uwampaye gutsinda arakaninahazwa !
Umukama ntahengeshanya kurokora umwami,
agakunda uwo yitoreye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika (1, 5c-10)

Mwarahevye ibintazi ngo mukorere Imana mwongere murorere Umwana wayo

Ncuti zanje,

Murazi ingene twigenza aho twari iwanyu kugira ngo tubafashe. Namwe mwaciye mutwigana twe n’Umukama, mu kwakira Ijambo, mufise akanyamuneza ka Mutima Mweranda, n’aho hari intambamyi nyinshi. None mwaratevye murabera akarorero abemeye bose bo muri Masedoniya na Akaya. Nka ko nyene, Ijambo ry’Umukama ntiryavuye iwanyu ngo risamiranire muri Masedoniya no muri Akaya gusa, ariko ukwemera Imana kwanyu kwarakwiye mu ntara zose, gushika aho bidakenewe ko twirirwa turavuga. Koko, bose baravuga ikaze mwaduhaye n’ingene mwigaruriye ku Mana mugaheba ibintazi, ngo mukorere Imana nzima kandi nyakuri, mwongere murorere Umwana wayo aho azovira mw’ijuru, umwe yazuye mu bapfuye, Yezu, wa Mukiza adukiza ishavu riduhanamiye.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Umukama yavuze ati : « Uwunkunda azozigama ijambo ryanje,
na Data azomukunda, duheze tuze iwe. »

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (22, 34-40)

Urakunda Umukama Imana yawe,
urakunda kandi mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene

Muri irya misi,
Abafarizayo ngo bumve ko Abasadusayo bajongorotse, barakorana. Araheza umwe muri bo arabaza Yezu ngo amugeze, ati : « Mwigisha, mu mabwirizwa, irisumba ayandi ni irihe ? » Yezu na we amwishura ati : « Urakunda Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose ; ng’iryo ibwirizwa risumba ayandi yose rikongera rikaba irya mbere muri yo. N’irya kabiri rimeze nk’iryo, ngo : Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Ayo mabwirizwa uko ari abiri, ni yo shimikiro ry’ayandi yose, n’inyigisho z’abahanuzi ni yo zishimikiyeko. »