Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 53)
Archives de Catégorie: Dimanches
IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 9a. 11-13a)
Umukama yiyereka Eliya
Eliya ashitse i Horebi, yinjira mw’isenga ryari aho ararayo. Umukama aramubarira ati : « Sohoka, uje guhagarara kuri urya musozi, imbere y’Umukama ; ni ho Umukama aza guca. »
Hanyuma haza umuyaga w’igihuhusi, urasitura imirambi, n’amabuye arasatagurika ; ariko Umukama ntiyari muri ico gihuhusi. Ico gihuhusi kirangiye, haza ikintu kigigimvya isi, ariko Umukama ntiyari muri ico kintu. Hanyuma yaco, niho haza umuriro, ariko Umukama ntiyari muri uwo muriro. Umuriro uzimye, haza akayaga gakeyi. Eliya ngo akumve, aca yipfuka umutamana wiwe mu maso, arasohoka ahagarara mu rwinjiriro rwa rya senga.
IZABURI 84 (85), 9ab. 10. 11-12. 13-14
Icit : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
uduhe urukiza rwawe !
Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi y’ugukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.
Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.
Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro yiwe amuherekeze.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (9, 1-5)
Nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri
Ncuti zanje,
Ndavuga ukuri muri Kristu, simbesha, kandi ijwi ry’umutima wanje rirabinyemeza muri Mutima Mweranda : numva intuntu nyinshi n’amaganya y’intatezuka mu mushaha wanje. Egome, jewe nyene nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri. Bo ni Abanyisraeli : baragenewe iteka ry’abana bo mu nzu, ubuninahazwa, amasezerano, amategeko, ivy’ugusenga icese, imihango, eka n’abasokuru. Kandi ni bo Kristu yamukako kubw’umubiri, We aganza vyose, Imana nyaguhezagirwa mu myaka yose. Amen.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (14, 22-23)
Mbwira ngusange hiyo ngendera ku mazi
Amaze kugwiza imikate ngo agaburire abantu, buno nyene, Yezu aca ategeka abigishwa biwe ngo baje mu bwato, bamutange ku nkombe yo hakurya, na we asigare arasezera abantu. Ahejeje kubasezera, yidugira ku musozi ahiherereye ngo asenge, bugoroba ari yo akiri wenyene.
Ubwato bwari bumaze gushika mu kiyaga hagati buzungagizwa n’ibisebuzi ; umuyaga waturuka imbere yabo. Buri mu guca, Yezu aza iyo bari, agendera ku mazi, barakangwa, bavuga bati : « Ni umuzimu ! », ubwoba burabatekera, bakoma induru.
Buno nyene, Yezu ababwira ati : « Humure, ni jewe ; ntimugire ubwoba ! » Petero aramwishura ati : « Niyaba ari wewe, mbwira ngusange hiyo ngendera ku mazi. » Yezu ati : « Ingo ! » Petero ava mu bwato, agendera ku mazi aja iyo Yezu ari. Abonye umuyaga uhuhuta cane, agira ubwoba ; ngo yumve atanguye kunyika, avuza induru ati : « Ntabara, Mukama ! »
Buno nyene, Yezu aca aramvura ukuboko, aramufata, amubwira ati : « Muntu utagira ukwemera, icatumye ukeka ni iki ? » Bamaze gushika mu bwato, umuyaga uca urahera. Abari mu bwato baca baramusenga bavuga bati : « Ni ukuri, uri Umwana w’Imana ! »
IDOMINIKA YA 18 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 1-3)
Nimuze mwegere isôko
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Mwebwe mwese munyotewe, nimuze mwegere isôko,
n’aho mutoba mufise amafaranga nimuze.
Gura ingano, mwihereze umuvinyu n’amata,
n’aho ata mafaranga mugira.
Mbe ni kuki mutagaguza amahera mu bintu bitari ibifungurwa,
umushahara wanyu ugaherera mu bitabahaza ?
Ntege amatwi, muzoheza murye ibiryoshe,
muzonezerezwa n’ibisosa.
Ntege abiri, muze iwanje,
nyumvirize, niho umutima wanyu uzokira.
Nzosezerana namwe isezerano ryamaho,
rishimikiye ku ngabirano zemerewe Dawidi.
IZABURI 144 (145), 8-9. 15-16. 17-18
Icit : Uragaranzura ibiganza, Mukama, tugahaga twese.
Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akomeza urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.
Bose bakweza amaso, barakwizigira,
kandi ukabafungurira, aho basonzeye hose ;
uragaranzura ibiganza,
ukamara inzara ibiri n’ubuzima vyose.
Umukama aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose,
ni Urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
ntakumira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 35. 37-39)
Nta kiremwa na kimwe kizoshobora kudukura
Ku rukundo rw’Imana ruri muri Kristu
Ncuti zanje,
Ni nde azodukura ku rukundo rwa Kristu ? Mbe, ni amarushwa canke ni amaganya, ni uruhamo canke ni inzara, ni ukubura ico twambara canke ni amakuba canke ni inkota ? Eka muri ivyo vyose, ntacotubuza gutsinda kubera Uwadukunze.
Egome, ndavyemeye ntakekereza : nta rupfu, nta buzima, nta n’abamarayika canke intwaramiheto zo mw’ijuru, nta n’ibiriho canke ibizoza, nta n’ibifise ububasha canke ibiri mu kirere canke ibiri mu kuzimu, nta n’ikiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rw’Imana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu Umukama wacu.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umuntu ntatungwa n’indya gusa,
ariko aratungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (14, 13-21)
Bose bararya barahaga
Muri irya misi,
Yezu yumvise ko bishe Yohani Batista, aja mu bwato yigira ahantu hiherereye, mu gahinga ka nyaganande ; abantu baba mu bisagara vyegereye ako gahinga ngo bavyumve, bamusangayo. Avuye mu bwato abona ishengero ryinshi cane, bimutera ikigongwe, aca akiza abarwaye babo.
Abigishwa babonye buriko burira, begera Yezu baramubarira bati : « Aha hantu ni mu gahinga kandi burije ; rungika abo bantu baje mu mihana kugura ivyokurya. » Yezu yamara abishura ati : « Ntakibajana, namwe nimubahe ivyo barya. » Na bo bati : « Nta kintu dufise ngaha, ndetse imikate itanu n’ifi zibiri. » Ababwira ati : « Binzanire. »
Ahejeje kubwira ishengero ngo ryicare hasi, yakira ya mikate na za fi zibiri, arangamiye hejuru arabihezagira ; hanyuma amanyura imikate, ayihereza abigishwa biwe, na bo bayihereza ishengero. Bose bararya, barahaga ; begeranije ivyo basigaje, buzuza ibisimbo cumi na bibiri. Igitigiri rero c’abantu bari bariye cari ibihumbi bitanu vy’abagabo, havuyemwo abagore n’abana.
IDOMINIKA YA 24 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Ubwitonzi (27, 33-28, 9)
Banza urekurire mugenzawe yakugiriye nabi, ni ho uzorekurirwa ibicumuro vyawe
Ayandi mashano abacumuzi bakora, ni inzigo n’ishavu. Uwihora, Umukama na We azomwihora, amubaze ku bicumuro vyose yakoze. Rekurira mugenzawe akabi yakugiriye, kugira ngo nawe niwasaba, uze uronke ikigongwe c’ibicumuro vyawe. Umuntu yama afitiye inzigo mugenziwe, mbe yosaba ate Umukama ngo amukize ? Ku muntu nka we, nta kigongwe agira, none yosaba ate ngo arekurirwe ibicumuro vyiwe ? Ko atibuka ko ari ikiremwa gusa akagira inzigo, ni nde yomugirira imbabazi ku bicumuro vyiwe ?
Urame wibuka amaherezo yawe, uheze wirinde urwanko, uribuka ko uzopfa ukabora, uheze witwararike amategeko y’Imana. Uribuka amabwirizwa y’Umukama, ureke kugirira akajirya mugenzawe. Uribuka isezerano ry’Umushoboravyose, uheze wirengagize igitutsi.
IZABURI 102 (103), 1-2. 3-4. 9-10. 11-12
Icit : Umukama ni We Nyenimbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, akaza urukundo.
Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.
Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
Ni We agukiza indwara zose ;
Ni We akugarurira ku cobo,
Ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.
Ishavu ryiwe riririrwa ntirirara,
Umwikomo wiwe umara umwanya urume rumara ;
Uko ducumura, si ko aduhana,
uko tumutuka, si ko adusubiza.
Nk’uko isi ataho ihwaniye n’ijuru,
ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha ;
nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (14, 7-9)
Tubaho canke dupfa, turi ab’Umukama
Ncuti zanje,
Nta n’umwe muri twebwe abaho ngo yigungane ubuzima, kandi nta n’umwe apfa urupfu rwa wenyene. Iyo turiho, ubuzima bwacu ni ubw’Umukama ; nitwapfa na ho, dupfira Umukama. Igituma, ni uko Kristu yapfuye akisubiza muzima, kugira ngo abe Umukama w’abapfuye n’uw’abazima.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Ndabahaye itegeko rishasha :
nimukundane nk’uko nabakunze. »
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (18, 21-35)
Sinkubwiye kumurekurira gushika indwi,
ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi
Muri irya misi,
Petero yegereye Yezu amubaza ati : « Mukama, mugenzanje ancumuyeko, nzomurekurira kangahe : gushika ku ndwi ? » Yezu na we ati : « Sinkubwiye gushika indwi, ariko kugeza kuri mirongo indwi ku ndwi. Ni co gituma Ubwami bw’ijuru busa n’umwami yagomba kwishuza abasuku biwe. Ngo abe agitangura, bamuzanira uwari amuheraniye amatarenta ibihumbi cumi. Nya musuku ngo abure ico yishura, shebuja ategeka ko bamucuruza, we n’umugore n’abana, be n’utwo atunze twose, abe yishuye rero ivyo aheranye. Nya musuku yikubita imbere yiwe, aramutakambira ati : ‘Mukama, ntenyenyera, nzokwishura ivyawe vyose.’ Shebuja rero bimutera ikigongwe, aramurekurira, amuhebera n’umwenda yari amufitiye.
Uno musuku ngo ave hano, ahura n’umwe mu bagenzibe amufitiye amadenariyo ijana. Aca amugwa mu kanigo, aramukamvya ati : ‘Ishura ivyo umperaniye !’ Uno na we aca aramupfukamira, aramutakambira ati : ‘Ntenyenyera, nzokwishura.’ Uwundi na we aranka, mbere aca aja kumushirisha mu ngoyi, umwanya atarishura umwenda yariye.
Bagenzibe ngo babibone, birabababaza cane, baca baja kwiganira shebuja ivyabaye. Na we aca aramuhamagaza, amubwira ati : ‘Wa musuku w’inkozi y’ikibi, umwenda wose wari umfitiye nawukurekuriye kuko wantakambiye : none weho, ntube wagirira imbabazi mugenzawe nk’uko nanje nazikugiriye ?’
N’ishavu n’akantu, shebuja amurekurirako abantu biwe, baramuhuragura, umwanya atarishura umwenda wiwe wose. Uko ni ko na Data ahangamye mw’ijuru azobagira, nimutarekurira abandi bimwe bishemeye.»






