Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 63)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 28 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami : 5, 14-17

Nahamani yemeza icese Umukama

Elisha refuses the gifts of Naaman

Elisha refuses the gifts of Naaman (Photo credit: Wikipedia)

Nahamani, umukuru w’intwaramiheto z’umwami wa Siriya, aramanuka kwiyoga agashika indwi muri Yordani, nk’uko umuhanuzi Elize yari yabimutegetse. Umubiri wiwe uca usubira gutotahara, umera nk’uw’umwana w’ikibunduguru.
Niho rero yaca agaruka kwa Elize, ari kumwe n’abagendanyi biwe bose, yinjira iwe amubwira ati : « Noneho ndemeye ko ata yindi Mana iriho, atari Imana y’Israeli ! Enda rero, niwakire ishikanwa ry’umusavyi wawe. » Elize amwishura ati : « Nkurahiye ubuzima bw’Umukama nkorera, nt ana kimwe nzokwakira namba. » Nahamani aramwinginga ngo avyakire, ariko uno aguma yanka. Maze Nahamani aramubarira ati : « Ko utavyemeye, ndagusavye unkundire ntware ivu ry’iki gihugu ringana n’iryo amafarasi abiri yoshobora gutwara, kuko kuva ubu ata zindi mana nshaka guhereza amashikanwa atari Umukama Imana y’Israeli. »

Izaburi 97 (98), 1.2-3b.3c-4

Icit : Umukama aramenyesha intara z’amahanga yuko ari We akiza.

Vyinire Umukama akavyino gashasha,
kuko yakoze ivyiza vy’agatangaza ;
urukiza turukesha We,
ruva mu kuryo kwiwe kweranda.

Umukama yaramenyesheje intara z’amahanga
Yuko ari We akiza kandi yuko ari We ntungane.
Yaribitse ingene yakunze n’ingene atazohemukira
Umuryango w’Israeli.

Ba kavantara bose bariboneye
Ingene Imana yacu ikiza.
Wa si iyo uva ukagera, komera amashi Umukama,
samiriza akanyamuneza !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 2, 8-13

Nitubere Kristu inzigamabanga z’imisi yose

Mwananje nkunda cane,
Ibuka Yezu Kristu yamuka ku muryango wa Dawudi : yarazutse mu bapfuye nk’uko Inkuru nziza nahawe ibivuga. Ni We mporwa mu magorwa bandemetse, gushika bambohe nk’inkozi y’ikibi. Ariko Ijambo ry’Imana, ntawushobora kuriboha. Nico gituma vyose ndiko ndabirinda kubw’abatowe, kugira ngo na bo bashikire ubukiriro muri Kristu Yezu hamwe n’ubuninahazwa bwamaho.

Iri jambo ni iry’ukwemera : «Nitwaba twarapfanye na We, tuzorambana na We ; nitwaba twararinze amagorwa hamwe, tuzosangira n’ubwami ; nitwaba twaramwihakanye, na We nyene azotwihakana ;nitwaba twaramuhemukiye, we azoguma ari intahemuka, kuko adashobora kwihakana We nyene. »

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Muri vyose na hose, nimwame mukenguruka, kuko ari co Imana ibashakako muri Kristu Yezu.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 17, 11-19

Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, Atari uyo munyankiko !

Mu gihe Yezu yariko aragenda I Yeruzalemu, yaciye ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yahoo, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure bati : « Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe ! »

Na We ngo ababone, arababwira ati : « Nimugende mwiyereke abasaserdoti. » Na bo bashitse mu nzira, babona bakize. Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza yishongora aninahaza Imana ; ashitse imbere ya Yezu, akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya.

Yezu rero arabaza ati : « Mbega, ntibakize bose uko ari cumi ? None se, ba bandi icenda bari hehe ? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uyo munyankiko! » Araheza amubarira ati : « Va hasi, ugende ; ukwemera kwawe kuragukijije. »

IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Habakuki : 1, 2-3 ; 2, 2-4

(Intungane izotungwa n’ukugumya ibanga)
Mbega Mukama, nzogutabaza gushika ryari utari bunyumvire ? Nzogusaba ngo ukure imidugararo utari bunkize ? Ni kuki ureka ngo mbone amakuba, ukishinga kwirabira ayo ngowe ? Nsigaye mbona abasahura n’abarwana ; hose ni ugutukana, induru ntaho itavuga.

Umukama ahava anyishura ati : « Andika ivyo ubona, ubishire ku dupapuro, babashe kubisoma neza. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze, ntakabuza bizoteba biranguke. Nivyateba, urabirorera ; bitebe bitebuke, bizoza nta gisivya.
Uwufise umutima wagoramye azohagwa, na yo intungane izotungwa n’ukugumya ibanga.»

Izaburi 94 (95), 1-2. 6-7. 8-9
Icit : Ese uyu munsi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama, rivuga riti : ‘Ntimukomantaze imitima yanyu’.
Nimuze dutere impundu Umukama,

tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine

Shike, duce bugufi, dupfukame :
dusenge Umukama yaturemye.
Na none, ni We Mana yacu,
natwe tukaba intara arongoye.

« Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa munsi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,
kandi bari bamaze kubona ibikorwa nakora.»

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 1, 6-8. 13-14

(Ntugire isoni kubw’intahe ushingira Injili y’Umukama)

Mwananje nkunda cane,
Ndaguhaye ngo ukabure ya ngabirano Imana yaguhaye aho nakwubikako ibiganza. Imana ntiyaduhaye umutima upfana isoni n’ubwoba, ariko yaduhaye umutima w’ubutwari, w’urukundo n’ubwitonzi. Ntugire isoni rero kubera intahe woshingira Umukama wacu cabure kubera jewe imbohe yiwe, ariko rinda hamwe nanje ya magorwa ubona kubera Inkuru Nziza uhagarikiwe n’ubukomezi bw’Imana.
Gumya amajambo y’inyigisho nagushikirije, ubigirane ukwemera n’urukundo rwa Kristu Yezu. Iyo mbitso nziza rero, urayizigama, ufashijwe na Mutima Mweranda avyagiye muri twebwe.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose ; iryo ni ryo jambo ry’inkuru nziza mwashikirijwe.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 17, 5-10

(Ubukomezi bw’ukwemera)
Umunsi umwe, abatumwa babwiye Umukama bati : « Twongerereze ukwemera ! »Umukama abishura ati : « Iyo muba mufise ukwemera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwiye iki giti kinini muti : ‘Irandure, uze kwitera mu kiyaga.’coca kibagamburukira.
Muri mwebwe, ni nde yoba afise umusuku atuma kurima canke kuragira, yohengera avuye kurima akamubwira ati : ‘N’uze wicare ku meza ?’ Abura kumubwira riho ati : ‘Ntegurira ivyokurya, ukenyere, ungaburire, gushika mpeze gufungura no kunywa ; hanyuma nawe ubone gufungura n’ukunywa.’ Mbega yokengurukira uwo musuku kuko yakoze ivyo yamutumye ?
Ni uko namwe mumeze : nimwaheza gukora ivyo mwabwirijwe, muravuge muti : ‘Turi abasuku b’imburakimazi, nta kindi twakoze atari ico twabwirizwa gukora. »

IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi 6, 1. 4-7

(Ugire umuziro ugusesagura ivyo Imana yaguhaye)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama Mushobora vyose : Baragowe abo bishinga kwitemberera muri Siyoni n’ukwubaka ku musozi wa Samariya ata nkomanzi. Imyagazi batoranije mu busho, be n’inyana bakuye mu ruhongore, babirya baryamye ku buriri bw’akatabonetse, bagaramye ku bisaswa vyiza vyiza.
Iyo bariko baracuraranga baratarika nka kumwe kwa Dawudi, bagacura n’ivyuma vyo kwumviriza imvyino. Umuvinyu bawumnywera imbere mu bikombe vy’agaciro, bakisiga amavuta amoga neza, yamara ntibababazwe n’uko igihugu c’Israeli catabagaye.
Nico gituma ubu bazobatwara mu mahanga, baje imbere y’abangajwe bava mu gihugu c’amavukiro. Noneho, wa mugwi w’abaryi uzimangane !

Izaburi 145 (146), 7-9a. 9b-10
Icit: Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.
Canke: alleluya.

Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Ni We ahumura impumyi,
ni We agorora abahetamye,
ni We akunda abantu b’intungane,
ni We ahagarikira ba kavantara.
Ni We arwanira abapfakazi n’impfuvyi,

Ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azoora ku ngoma.
Ni We Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 6, 11-16

(Ubuzima bwawe bube mu kwemera Kristu)

Weho rero, muntu w’Imana, rondera ubutungane, ubwitonzi mu vy’Imana, ukwemera, urukundo, ubwiyumanganyi n’ubutekereji. Wame urwana indwano nziza y’ukwemera, ucakire bwa buzima budahera wahamagariwe kandi washingiye intahe ishemeye mu maso y’ivyabona vyinshi.

Ndagusavye imbere y’Imana ibeshaho vyose n’imbere ya Kristu Yezu yashingiye intahe ukuri imbere ya Ponsiyo Pilato : zigama amategeko y’Umukama, gushika aho Umukama wacu Yezu Kristu azoserukira. Igihe kigeze, azomenyeshwa na Segaba wa vyose Nyaguhimbarwa, we Mwami w’abami, Umukama aruta abandi bose, we musa azira urupfu, avyagiye mu muco utegerwa, ata muntu yigeze akubita ijisho kandi ata n’uwuzomubona. Ni We Nyen’icubahiro n’ububasha mu myaka yose. Amen.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
N’aho yari atunze, Yezu Kristu yarigize umukene kubera twebwe, kugira ubukene bwiwe bubatungishe.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 16, 19-31

(Waronse itunga, na we Lazaro amagorwa ; ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara)

Umusi umwe, Yezu yabariye Abafarizayo uyu mugani, ati : « Habaye umuntu w’umutunzi yambara ibisayangana, ivyoroshe, yamana inzimano. Hakaba n’umworo yitwa Lazaro, yama aryamye kw’irembo ry’uno mutunzi, umubiri wiwe ari ibisebe. Yipfuza utuvunguka tw’imikate twokoroka tuva ku meza ya wa mukungu; mbere imbwa na zo zikaza kurigata ibisebe vyiwe. Hanyuma, wa mworo arapfa, abamalayika bamujana mu maboko ya Ibrahimu ; wa mutunzi na we arapfa, arahambwa.

Ari mu kuzimu, ariko arababara cane, ararangamira, abona kure Ibrahimu areze Lazaro. Ashira ijwi hejuru ati: ‘Ibrahimu dawe wacu, ngirira ikigongwe, ndungikira Lazaro, akoze isonga ry’urutoke mu mazi, ahoroshe ururimi rwanje, kuko ndiko ndicwa nabi n’izi mbeya.’
Ibrahimu arishura ati : ‘Mwananje, ibuka ko waronse itunga ukiri kw’isi, na we Lazaro akaronka amagorwa. Ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara. Vyongeye, hagati yawe natwe, hazokwama imanga imanga nini, ibuza ab’ino kuza hiyo, n’ab’iyo kuza ino.’
Wa mutunzi ati : ‘Ndagusavye ho dawe, urungike Lazaro mu muryango wa data, kuko mfise abo tuvukana batanu ; ababwire uko bimeze, ntibazohave bagwa nabo muri aya marushwa.’
Ibrahimu amwishura ati : ‘Barafise Musa n’abahanuzi, nibabumvire.’
Na we ati : ‘Oya nyabuna, Ibrahimu dawe wacu, ariko uwuzutse abashikiriye niho bokwigaya.’
Ibrahimu ati : ‘Nibatumviriza Musa n’abahanuzi, uwapfuye n’iyo yozuka ntibazokwemera.’»