Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 62)
Archives de Catégorie: Dimanches
IDOMINIKA YA 2 YO MU MWAKA (A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 49, 3. 5-6
(Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi)
Umukama yambwiye ati : « Uri umusavyi wanje, Israeli, muri wewe nzoronka ubuninahazwa.»
Ubu hoho Umukama yaravuze, We yandemye mu nda ya mama, ngo ndamubere umusavyi, ndamugarukanire Yakobo, nshwabure Israeli. Ego cane, ndi n’agaciro mu maso y’Umukama, Imana yanje ni Yo magara yanje. Yaravuze iti : « Kuba umusavyi wanje ahagarikira bene Yakobo, agarura bene Israeli barokotse, ivyo ntibikwiye. Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi.
Izaburi 39 (40), 2. 4ab. 7-8a. 8b-9. 10
Icit: Ndi hano, ndaje, Mukama, ndaje gukora ivyo ushaka.
Nari nizigiye Umukama nshimitse,
yaranteze ugutwi.
Araheza antuma nezerwa ndaririmba,
ndaririmbira Imana yacu.
Inkuka n’imperezwa vyari ubusa kuri Wewe,
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose ntiwari ubishimitsemwo,
niho nitora nti : « Ndi hano ndaje. »
Ivyanditswe kuri jewe
bintegereza gukora ivyo ushaka :
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
Kandi ndayashize ku mutima.
Narataziriye inkuru nziza
Ishengero rikoranye.
Raba sinobinuma,
ni ico wiyiziye, Mukama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 1, 1-3
(Tubipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama Yezu Kristu)
Jewe Paulo,
Jewe nahamagariwe kuba umutumwa wa Yezu Kristu nk’uko Imana yabishatse, twe na mwenewacu Sosteni, turandikiye mwebwe Ekleziya y’Imana iri i Korenti, mwebwe mwatagatifujwe ne Kristu Yezu, mwahamagariwe kuba beranda hamwe n’abo bose bambaza iyo bari hose izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, ari We Mukama wabo n’uwacu, tubipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama wacu Yezu Kristu.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Jambo yarigize umuntu, abana natwe.
Abamwakiriye bose yabahaye ububasha
Bwo kuba abana b’Imana.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 1, 29-34
(Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura igicumuro c’isi)
Yohani Batista abona Yezu aje, amwerekeye, aca avuga ati : « Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura igicumuro c’isi. Uwo ni We navuze, aho nagira nti : Mu nyuma zanje, haza kuza umuntu anduta, kuko ntarabaho yariho.
Na jewe sinari ndamuzi ; yamara naje kubatiza mu mazi ngo amenyekane muri Israeli. » Yohani yongera avuga ati : « Nabonye Mutima amanuka ava mw’ijuru nk’inuma, maze ahagarara kuri We.
Nanje nyene sinari ndamuzi ; ariko uwandungitse kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati : ‘Uwo uzobona Mutima yururukiyeko akamuhagararako, ni we abatiza muri Mutima Mweranda.’None naravyiboneye, nico gituma nemeje ko uyo ari We Mwana w’Imana.
IDOMINIKA YA 34 YO MU MWAKA.
UMUSI MUKURU WA KRISTU MWAMI
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli : 5, 1-3
(Basīga Dawudi ngo abe umwami w’Israeli)
LE ROI DAVID ; Salon : Chambre de Louis XIV, Appartement du roi Emplacement : paroi ; (Photo credit: Wikipedia)
Umusi umwe, imiryango yose y’Israeli yaroye i Hebroni kwa Dawudi, imubarira iti : « Raba, twe na wewe dusangiye amaraso ! Na kera nyene, Sauli akiri ku ngoma, ni wewe wajana inteko z’Abanyisraeli ; kandi ni wewe Umukama yabwiye ati : ‘Uzoba umwungere w’Israeli, igihugu canje, kandi uzoba umukuru w’Israeli. » Uko ni ko abashingantahe bose b’Israeli bashengereye umwami i Hebroni ; ni uko rero bagiriranira amasezerano imbere y’Umukama i Hebroni nyene. Baraheza baramusīga amavuta ngo bamwimike ngo abe umwami w’Israeli.
Izaburi 121 (122), 1-2. 4-5
Icit : Ingo, tudugane akanyamuneza mu ngoro y’Umukama.
Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira,
bati : « Tuje mu ngoro y’Umukama ! »
Ubu noneho, turiko turashika
Mu birimba vyawe, Yeruzalemu.
Ni ho ibisata vy’Israeli biduga,
ari vyo bisata vy’Umukama.
Ni ho Israeli yashinzwe ibanga
Ry’ugushemeza izina ry’Umukama,
kuko ari ho havyagiye ubutungane,
hakaba inzu ya Dawudi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi : 1, 12-20
(Imana yadushize mu Bwami bw’Umwana wayo ikunda cane)
Ncuti zanje,
Nimukengurukire Imana Data, Yo yaduhaye amagara y’ugusangira mu muco iragi ry’aberanda.
Ni Yo yadukuye mu muzimagiza, idushira mu Bwami bw’Umwana wayo ikunda cane, We twaronsemwo urukiza n’ikigongwe c’ibicumuro.
Ni We gashusho k’Imana itaboneka,
Ni We yaboneye izuba zina kiremwa cose,
Kuko muri We ari ho vyose vyaremewe,
ivy’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka,
yaba Abashingwantebe canke ingabo
canke Inkomezi canke Intwaza z’ijuru :
vyose ni We yabiremye kandi ni We maherezo ya vyose.
Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri We.
Ni We kandi Mutwe w’Umubiri wiwe ari wo Ekleziya.
Ni We vyose vyamukako, ni We mfura y’abapfuye,
Kugira ngo abe uwa mbere muri vyose,
kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose
uvyagira muri Kristu,
igashima ko kubwiwe vyose bisubira kwuzura na Yo,
ari ivyo kw’isi, ari ivyo mw’ijuru,
igihe yazana amahoro kubw’amaraso yasheshe ku musaraba.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Iragahezagirwa ingoma ya sokuru wacu Dawudi,
ari yo ngoma y’ibihe bishasha !
N’ahezagirwe uwuje kw’izina ry’Umukama !
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 23, 35-43
(Umwami yihebeye igihugu ciwe)
Bamaze kubamba Yezu, igihugu cari aho kirorera, abakuru na bo baramutwengera mw’ijigo, bati : « Yakijije abandi, niyikize we nyene, niyaba ari Kristu w’Imana, Intore yayo ! » Abasirikare baramutwenga na bo nyene, baregera ngo bamuhereze isiki, bamubarira bati : « Niwaba uri umwami w’abayahudi, niwikize wewe nyene!» Hejuru yiwe kandi hari urwandiko ngo : « Uyu ni umwami w’Abayahudi. »
Umwe muri nya babisha bari babambanywe na we aramutuka ati : « Mbega, uri Kristu ? Niwikize wewe nyene, udukize natwe ! » Ariko, aramwishura amukankamira, ati : « Ntumenya kwubaha Imana, wewe upfuye rumwe na we ! Tweho tuzize ikiri ukuri, tuzize ico twakoze ; ariko uyu we, nta kibi namba yakoze. » Araheza abarira Yezu ati : « Yezu, uranyibuka aho uzogira mu Bwami bwawe ! » Yezu aramwishura ati : « Ndakubariye ivy’ukuri : uyu munsi tuza kuba turi kumwe mw’Iparadizo ! »
IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya : 3, 19-20a
(Umunsi w’Umukama)
Ng’uyu umunsi w’Umukama uraje, waka nk’itanure. Abishima n’inkozi z’ikibi bazoba nk’ibishingwe. Uwo munsi wimirije kuza uzobatongora, -uko ni ko Umukama Nyen’ingabo avumereye- nta n’agashitsi canke agashami uzobasigarana. Ariko, mweho abubaha izina ryanje, izuba ry’ubutungane rizobarasirako, rifise urukiza mu mababa yaryo.
Izaburi 97 (98), 5-6. 7-8. 9
Icit : Umukama azoza gucira isi urubanza ruciye ku butungane.
Ririmbira Umukama mu nanga
maze ijwi rihwanirane n’iry’inzamba ;
vugiriza impundu Umwami ari We Mukama,
urumbete rusekere, imyironge yitabire.
Ikiyaga n’ibirimwo vyose,
isi n’abayibako bose, nibisamirane !
Inzuzi nizikome amashi,
imisozi na yo n’itere impundu !
Nimuvugirize impundu Umukama ariko araza
ngo acire isi urubanza !
N’acire isi uruciye ku butungane,
intara azicire urudaciye ku karenganyo !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika : 3, 7-12
(Nihagira umuntu yanka gukora, n’areke no kurya)
Ncuti zanje,
Murazi neza ingene mwotwigana, kuko tutareze amaboko iwanyu,kandi atawe twaririye ivya gusa, ariko twama dukora ijoro n’umutaga, ata gikenurwa, ata buruhe twibanga, kugira ngo ntihagire uwo tugora muri mwebwe. Si uko tutari kubishobora, ariko twashatse kubabera akarorero ngo mutwigane. Na kare, aho twari tukiri iwanyu, ng’ibi ivyo twabategereza : nihagira umuntu yanka gukora, n’areke no kurya.
None twumvise yuko bamwe muri mwebwe bibera ngaho ataco bakora, ariko bishinga kurya ivy’abandi. Abantu ben’abo, turabategetse kandi turabahanuye mu Mukama Yezu Kristu : nibakore mu mutekano, babone kurya ivyo bakoreye.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Murame muraramuye umutwe, kuko ubukiriro bwanyu bwegereje.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 21, 5-19
(Murinze rugabo, ni ho muzokiza imitima yanyu)
Umunsi umwe, abantu bamwe bariko baravuga ingene igisengero gisharijwe n’amabuye meza be n’amaturo y’abemera, hanyuma Yezu avuga ati : « Hazoza iminsi, ivyo muriko muratangarira bizosanzara : nta buye na rimwe rizosigara ku rindi. » Na bo baramubaza bati : « Mwigisha, none ivyo bintu vyose bizoshika ryari, kandi ikimenyetso c’uko ivyo biri hafi y’ugushika ni ikihe ? »
Yezu avuga ati : « Muraba maso, ntihagire uwuzobahuvya ! Hazoza benshi biyitirira izina ryanje, bababwira ngo : Ni jewe, kandi ngo : Igihe cashitse ! Ntimubaje mu nyuma. Nimwumva ngo indwano n’umudurumbanyo birateye, ntimugire ubwoba ; ivyo ntivyobura kubanza gushika, ariko umuhero ntuzoba uragera. »
Araheza ababwira ati : « Intara izotera iyindi, ubwami butere ubundi ; irya n’ino isi izonyiganyiga cane, akaranda n’amapfa bitere ; hazoba ibintu biteye ubwoba n’ibimenyetso kw’ijuru. Yamara ivyo vyose bitarashika, bazobafata, babahame, babakubitire mu masinagoga no mw’ibohero, babashengeze ku bami no ku vyegera vya Sezari, muhorwa izina ryanje.
None rero nimubizirikane neza : ntimuzorinda kwiyumvira ivyo muri bubishure. Jewe nyene nzobihera imvugo n’ingingo, abansi banyu bose batazoronka aho bazica ngo babahinyuze.
Mu bazobashengeza harimwo abavyeyi banyu nyene n’abo muvukana, incuti n’abagenzi ; bazobicamwo bamwe bamwe. Muzokwankwa na bose kubw’izina ryanje. Ariko, haba n’agashatsi na kamwe kazobava ku mutwe ngo kazimirire. Murinze rugabo, ni ho muzokiza imitima yanyu.

