Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 66)
Archives de Catégorie: Dimanches
IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 9, 13-19
(Ni Imana itanga ubwenge nya bwenge)
Ni nde yoshobora kumenya imigabo y’Imana ? Ni nde yoshobora gutegera ico Umukama ashaka ? Ivyo abagenewe gupfa bahora biyumvira bigarukira hafi, ivyo bahora bipfuza birahindagurika ; nkako nyene, umubiri wagenewe kubora uraremera umutima, ya nzu y’ibumba ikaremereza ubwenge ivyiyumviro vyinshi. Biratugora gutegera ibiri hano kw’isi, ibiri hafi turiruhisha cane ngo tubibone ; none, ni nde uwoshobora guhishura ibiri mw’ijuru ? Bisubiye kandi, ni nde uwari kumenya ico ushaka, utabanje kumuha ubwenge n’ukumurungikira, uvuye mw’ijuru Umutima wawe Mweranda ? Uko niko inzira z’abantu bo kw’isi zagorowe, uko niko abantu bigishijwe ivyo ushima, ubwenge wabahaye bukabashikiriza urukiza.
Izaburi 89 (90), 3-4. 12-13. 14. 17
Icit: Mukama, wamye uri amahungiro yacu, kuva kera na rindi.
Abantu urabasubiza mw’ibumba, Mukama,
ukababarira uti : « Bana b’abantu, nimusubireyo. »
mu maso yawe imyaka igihumbi imeze nk’umunsi w’ejo wahise,
canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.
Ubajana nk’uko isuri itwara, bagaca bahura n’itiro ;
mu gitondo bakamera nk’ivyatsi bikura,
mu gitondo birakura bigashurika,
ku mugoroba bigatemwa, bikuma.
N’utwigishe guharura iminsi yacu,
kugira ngo dukerebuke mu bwenge.
Ewe Mukama, garuka : uzogeza ryari ?
Niwirimbuze mu vyo ugirira abasavyi bawe.
N’udukwize urukundo rwawe mu gitondo ca kare,
niho twoheza tukamara umunsi wose mu karirimbo
no mu kanyamuneza.
Ubuninahazwa bwawe, Mukama, nibudusagire :
n’udushimangirire ivyo dukora n’amaboko yacu.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Filemo : 9b-10. 12-17
(Uwari umushumba wawe yarabaye mwenewanyu)
Mwananje nkunda cane,
Jewe Paulo, n’aho nabaye umutama nkaba n’ubu ndi imbohe kubera Kristu Yezu, hari ico nshaka kugusaba cerekeye Onezimo, wa mwana wanje nivyariye mu ngoyi. Ni we rero nkurungikiye kandi uwo ameze nk’umushaha wanje. Nari n’iciyumviro c’ukumuzigama hafi yanje ngo ankorere mu kibanza cawe mu ngoyi ndimwo kubera Injili ; ariko, ntavyo nashatse gukora ntakugishije inama, kugira ngo iciza ukora ntikive ku gahato, ariko kive ku gushaka kwawe.
Kumbure icatumye atandukana nawe umwanya mutoyi kwari ukugira ngo umusubizwe imyaka yose, atakiri nk’umushumba, mugabo asumba rwose umushumba, abe mwenewacu mfise ku mutima, nawe urushirizeho kumukunda mu bantu no muri Kristu. Ni uko rero, niwaba wemera ubucuti dufitaniye, n’umwakire nk’uko yoba ari jewe wakiriye.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
(Inyonga zawe nizimurikire umusavyi wawe, unyigishe ivyo ushaka).
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 14, 25-33
(Uguca ubwenge n’ukwiyambura ivy’isi ugakurikira Yezu)
Isinzi ry’abantu ryari rigendaniye Yezu, hanyuma arahindukira ababarira ati : « Umuntu niyaza iwanje ntahebe se na nyina, umugore n’abana, bene nyina na bashikiwe, mbere n’amagara yiwe, ntashobora kumbera umugendanyi. Uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kumbera umugendanyi.
Ni nde muri mwebwe yoshaka kwubaka inzu, ntabanze kwicara ngo arabe ko afise ibiyujuje ? Kugira ngo amaze gutangura ntayite urukankara, bose ngo bamutwenge bati : ‘Uyu muntu yatanguye kwubaka inzu, vyamunaniye kuyuzuza.’
Canke ni uyuhe mwami yoja gutera uwundi, ntabanze kwiyumvira ko abantu biwe ibihumbi cumi boshobora gutsinda uwuje kwivunisha ibihumbi mirongo ibiri ? Atabishoboye, arungika intumwa gusaba itekane wa mwami akiri kure.
Niko, uwo wese muri mwebwe adashobora guheba ivyo atunze vyose, ntashobora kumbera umugendanyi. »
IDOMINIKA YA 22 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 3, 19-21. 30-31
Ishimagizwa ry’ugucisha make
Mwananje, rangurana ubwitonzi ivyo ukora vyose, ni ho bazogukunda kurusha amasabo meza. Uko ubukuru bwawe bungana, niko utegerezwa kwicisha bugufi : ni ho uzoshimwa mu nyonga z’Umukama. Nkako, inganji y’Umukama ni agaheta, ariko abifata ruto ni bo bamuninahaza. Uwishima abura uko yogira, kuko inyanduruko y’akabi imubamwo. Umwitonzi we yama yibuka mu muzirikanyi wiwe amajambo y’ubwitonzi ; ico incabwenge ishaka, ni ukugira amatwi akunda kwumviriza.
Izaburi 67 (68), 4-5ac. 6-7b. 10-11
Icit : Kubw’imbabazi zawe, Mukama, warateguriye urugo umworo.
Aberanda baravugiriza impundu Imana,
baratamba, baratarika.
Nimuririmbire Imana, mucurarangire izina ryayo,
muyivyinire, muyiyereke.
Imana ihangamye mu ngoro yayo nyeranda,
ni Yo se w’impfuvyi ikaba n’umuburanyi w’abapfakazi ;
Imana irubakira inyakamwe,
imbohe na yo irayugururira umuryângo w’ubuhirwe.
Watanze, Mukama, akavura kanywesha,
uremesha abawe bajonjogoye ;
umuryāngo wawe uraheza uronka urugo,
rurya nyene, Mukama, wari wateguriye umworo
kubw’imbabazi zawe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi : 12, 18-19. 22-24a
Umusozi wa Siyoni ni igisagara c’Imana Nzima
Ncuti zanje,
Igihe mwegera Imana, ntimwegereye ikintu kiboneka, nka wa muriro waka, vya bicu vyirabura, wa muzimagiza, vya bihuhusi vy’umuyaga, rwa rwamo rw’inzamba na rya jwi ry’amajambo ryatumye abaryumvise bitakambira ngo ntihagire irindi jambo babwirwa. Ariko mwegereye umusozi wa Siyoni n’igisagara c’Imana Nzima, mwegereye Yeruzalemu yo mw’ijuru n’isinzi ry’abamarayika, ikoraniro rihambaye n’ishengero ry’abantu b’imfura banditswe mw’ijuru, mwegereye Imana Mucamanza wa bose n’imitima y’aberanda babushitse, mwegereye na Yezu We Mushikiriza w’Isezerano rishasha.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 14, 1. 7-14
Niwaba ushaka ikibanza ca mbere mu butumire bw’Imana, urabanza wishire mu kibanza giciye bugufi
Umunsi umwe, hari ku munsi w’isabato, Yezu yinjiye mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarizayo ngo bamuzimane, bano nabo bakamurereka. Abonye ingene abari batumiwe batanguranwa ibibanza biri imbere, Yezu araheza ababarira ati : « Niwaramuka utumiwe mu bugeni, ntuze ugende kwicara mu kibanza kiri imbere, kuko kumbure mu batumire hoba hari uwukuruta ; nyen’ukubatumira mwe na we yohava aza kubabwira ati : ‘Mucungurire ikibanza’; nawe rero ugateterwa mu gusubira mu kibanza kiri inyuma. Uramutse watumiwe rero, uriyicarira riho mu kibanza kiri inyuma, kugira ngo nyene gutumira niyaza, akubwire ati : ‘Erega, mukunzi, igira imbere.’ Ni ho rero uzoba uronse iteka mu batumire bandi bose. Nkako, umuntu wese yininahaza bazomusubiza hasi, na we uwifata ruto bazomushimagiza.»
Yezu yongera kubarira uwamutumiye ati : « Ukaramuka ufungurira abandi, ntuhamagare abagenzi bawe, benewanyu, uncuti n’ababanyi batunze, kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura ; yamara niwagira inzimano, uratumira aboro, ibimuga, abacumbagira n’impfuvyi ; ni ho uzoba uhiriwe, kuko batagira ico bokwishura : uzokwishurwa umunsi intungane zizozuka. »
IDOMINIKA YA 15 YO MU MWAKA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko 30, 10-14
Itegeko ry’Imana ryanditswe mu mushaha w’umuntu
Muri iya minsi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisraeli ati : « Umviriza ijwi ry’Umukama Imana yawe, mu kugumya amabwirizwa n’amateka yiwe yanditswe muri iki gitabu c’Amabwirizwa ; n’usubize agatima ku Mukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose. Iri bwirizwa nguhaye uyu musi ntirikurengeye, urashobora kurirangura. Ko ritari mw’ijuru, ntuze urinde kwibaza uti : ‘Ni nde azokwurira mw’ijuru akaja kuritumanurira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza ?’ Ko ritari hakurya y’amazi, ntuze wibaze uti : ‘Ni nde azojabuka kurituzanira, tukaryumva, tukaboneraho kurikurikiza ?’ Iryo jambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe, kugira ngo urikurikize.»
IZABURI 68 (69), 14. 17. 30-31. 33-34. 36ab.37
Icit : Mwa bantu muciye bugufi, nimurondere Imana ; ni ho muzobona ubuzima.
Jeho mboneyeho kugutakambira, Mukama /muri iki gihe c’ukunyereka ubuntu bwawe, Mana mfise /n’unyishure kubera imbabazi nyinshi umfitiye,/kuko ari Wewe woshobora kunkiza rwose./
Urazirikanye, Mukama, urukundo rwawe ni akaroruhore,/kubw’imbabazi nyinshi umfitiye, n’undabe ryiza !/Jeho ndi umurushwa, ndababaye ;/rukiza rwawe nirumvyure, Mana mfise./
Nzoheza ninahaze izina ry’Imana,/nzorivyinira, nzorikengurukira./Abantu baciye bugufi barabibonye barahimbarwa :/« Eka namwe muhurumbira Imana,/nimusubize umutima hamwe !»/
Na none, Umukama yumvira abicisha bugufi,/ntarenzako amaso abiwe ari imbohe./Imana izobogora Siyoni/Kandi izokwubaka ibisagara vya Yuda,/kugira ngo abasavyi bayo bahatorane,/kandi abakunda izina ryayo bahagerere.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi : 1, 15-20
Kubwiwe no muri We, ni ho vyose vyaremewe
Kristu ni We gashusho k’Imana itaboneka, ni We yaboneye izuba zina kiremwa cose, kuko muri We ariho vyose vyaremewe, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka, yaba Abashingantahe canke Ingabo canke Inkomezi canke Intwaza z’Ijuru, Vyose ni We yabiremye kandi ni We maherezo ya vyose. Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri We. Ni We kandi umutwe w’umubiri wiwe ari wo Ekleziya. Ni We vyose vyamukako, ni We mfura y’abapfuye, Kugira ngo abe uwa mbere muri vyose, Kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose Uvyagira muri Kristu, Igashima ko ku bwiwe vyose bisubira kwuzura na Yo, ari ivyo kw’isi ari ivyo mw’ijuru, Igihe yazana amahoro kubw’amaraso yasheshe ku musaraba.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Amajambo yawe, Mukama, araduha umutima n’ubuzima ; urafise amajambo y’ubuzima budahera.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka 10, 25-37
Ibwirizwa ry’urukundo
Umusi umwe, Umwigisha yari aho ava hasi ngo ageze Yezu, ati : « Mbega, Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera ?»Yezu na we aramwishura ati : « None, mu mabwirizwa handitswe iki ? Uhora usomamwo ibiki ? » Uno na we amwishura ati : « Urakunda Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’amagara yawe yose, n’ubwenge bwawe bwose ; urakunda kandi mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.» Yezu na we ati : « Wishuye neza ; genda, ugire gurtyo nyene, uzohoraho.»
Ariko, wa Mwigisha arondera ingene yokwikurayo, abaza Yezu ati : « Mbega, mugenzanje ni nde ?» Yezu amusubiza ati :
The Good Samaritan by Aimé Morot (1880) shows the Good Samaritan taking the injured man to the inn. (Photo credit: Wikipedia)
«Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko ; arahava agwa mu bisuma, bihejeje kumwambura, biramukubita, birigira, bimusiga ari intere. Hanyuma rero, umusaserdoti amanukana nya nzira ; ngo amubone, aca iruhande arigira. Hanyuma na ho, harenguka umulevita ; ngo amubone, aca iruhande ararengana.
Umunyasamariya na we yari yimariyeurubanza ; aramurengukako, ngo amubone amutera ikigongwe ; aramwegera, apfuka inguma ziwe, azisukako amavuta n’umuvinyu, araheza amushira ku gitwazi ciwe, aja kumwakira indaro, aramubungabunga. Ngo buce, yakira idenariyo zibiri, azihereza nyen’indaro, amugira ati : ‘ Murwaze neza ; ibindi vyose uzomutangira, nzobigusubiza ngarutse.’
None ku bwawe, muri abo bantu batatu, ni nde yagiriye ubugenzi wa muntu yagwa mu bisuma ?» Wa Mwigisha yishura ati : « Ni uwo yamugiriye imbabazi.» Yezu na We ati : « Genda nawe rero, ugire gurtyo. »
