Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 106)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IGIHE CA PASIKA – IGITERAMO CA PASIKA MW’IJORO RYERANDA

Ibisomwa vyagenywe ni icenda : indwi vyo mu Bwuzure bwa kera na bibiri vyo mu Bwuzure bushasha. Babonye bikenewe, bashobora kubigabanya. Ariko ntibafate ibiri munsi ya bitatu vyo mu Bwuzure bwa kera; mugabo, bidashobotse, batora bibiri , dukuyemwo Ibaruwa n’Inkuru Nziza.Ariko, ntibigere bakuramwo igisomwa ca gatatu ku rutonde rwavyo cerekeye Ijabuka ry’Ikiyaga gitukura (Ihūngūka 14, 15-15, 1).

 IGISOMWA CA MBERE

 Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 1, 1-2, 2

Igisomwa kigufi : 1, 1. 26-31a.

Imana yitegereje ivyo yagize vyose, vyari vyiza cane

Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi.

Igisomwa kigufi gihagararira aha

Na yo isi yari ikidengeri atakiriho, umwijima wari upfutse inyenga, umutima w’Imana na wo wareremba ku mazi. Imana iraheza ivuga iti : « Umuco n’ubeho ». Umuco uca urahaba. Imana ibona ko umuco ari mwiza, iraheza itandukanya umuco n’umwijima. Nya muco Imana iwita umutaga, umwijima na wo ijoro. Haba umugoroba, haba n’igitondo ; uba umusi wa mbere.

Imana ivuga iti: « Nihabe ikirêré hagati y’amazi, gitandukanya amazi n’ayandi. » Imana irema ijuru ritandukanya amazi ari munsi y’ijuru n’amazi ari hejuru y’ijuru. Bica biba gutyo. Imana iraheza yita ikirêré ijuru. Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi wa kabiri.

Imana irongera ivuga iti : « Amazi yose ari munsi y’ijuru n’akoranire mu kiyaga kimwe, haheze haboneke isi yumutse. » Bica biba gutyo. Ahǔmūtse Imana ihita isi, aho amazi akoraniye naho ihita ibiyága. Imana ibona ko ari vyiza.

Imana ivuga iti : « Isi niyuzureko ibiméra, ivyatsi bifise imbuto n’ibiti vyama ; na vyo vyame kw’isi ivyamwa birimwo imbuto. » Bica biba gutyo. Isi iraheza iramera ivyatsi vyifitiye imbuto z’ubwoko bwavyo, n’ibiti vy’ivyamwa vy’ubwoko bwavyo birimwo imbuto zavyo. Imana ibona ko ari vyiza. Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi wa gatatu.

Imana ivuga iti : « Nihabe ibimuri hejuru kw’ijuru, bitandukanya umutaga n’ijoro, bitubere ibimenyetso vy’imisi mikuru, vy’imibarwa n’ivy’umwaka ; nibibe ibimuri hejuru kugira ngo biboneshereze isi. » Bica biba gutyo. Imana iraheza irema ibimuri bibiri bukuru bikuru : ikumuri kininiya c’ukwihariza umutaga n’ikimuri co kwihariza ijoro, be n’inyenyeri. Imana iraheza ibishira hejuru kw’ijuru ngo bimurikire isi, bitegeke umutaga n’ijoro, bitandukanye umuco n’umwijima. Imana ibona ko ari vyiza. Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi ugira kane.

Imana ivuga iti : « Amazi n’anyagaremwo isinzi ry’ibikoko bizima, inyoni na zo ziguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru. » Bica biba gutyo. Imana iraheza irema ibiyoka binini vyo mu kiyaga, n’ivyo bintu vyose binyororomba canke binyagara mu mazi, kimwe kimwe ku bwoko bwaco, n’iryo sinzi ryose ry’ibiguruka, kimwe kimwe ku bwoko bwaco. Imana ibona ko ari vyiza. Imana iraheza irabihezagira, ivuga iti : « Nimurondoke, mugwirirane, mwuzure amazi y’ibiyaga ; inyoni na zo zigwire kw’isi. » Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi ugira gatanu.

Hanyuma Imana ivuga iti : « Isi n’ivyare ibikoko bizima, kimwe kimwe ku bwoko bwaco : ibikoko, udukoko dutoduto n’izindi nyamaswa, kimwe kimwe ku bwoko bwaco. » Bica biba gutyo. Imana iraheza irema inyamaswa mu bwoko bwazo, ibindi bikoko mu bwoko bwavyo, n’utundi dukoko two kw’isi mu bwoko bwatwo. Imana ibona ko ari vyiza.

Igisomwa kigufi kibandaniriza aha

Imana iraheza ivuga iti : « Ingo tureme umuntu tumwishushanye, ase natwe ; agabe ifi zo mu kiyaga, ibikoko, inyamaswa zose, be n’ubwoko bwose bunyogomba hasi. » Imana iraheza irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, irema umugabo n’umugore. Imana irabahezagira ibabwira iti : « Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi, muteko muyigabe. Mugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, be n’ibikoko vyose vyagamba kw’isi. » Imana iraheza ivuga iti : « Ndabahaye ibiremwa vyose vyama imbuto bikwiye isi yose, be n’ibiti vyose bifise ivyamwa birimwo imbuto ; bizobabere imfungurwa. Inyamaswa zose be n’inyoni zose zo mu kirere, ivyikwega hasi vyose kandi biri n’ubuzima, ndabagabiye ibimera vyose kandi biri n’itoto ngo bibabere indya. » Bica biba gutyo. Imana ikubitiza ijisho ku vyo yari yagize : vyari vyiza cane.

Igisomwa kigufi giherera aha

Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi ugira gatandatu.
Gutyo rero, ijuru n’isi hamwe n’inteko zavyo, vyari bihejeje guhingurwa. Ku musi ugira indwi, Imana irasozera igikorwa yari yagize ; hanyuma ku musi w’indwi iraruhuka, imaze kurangiza ico gikorwa cose yari yagize.

IZABURI 103 (104), 1-2a. 5-6. 10-12. 13-14. 24. 35c

Icit : Mukama, tuma umuzirikanyi wawe,
         uhindure isi.

Ninahaza Umukama, se mushaha wanje !
Mukama Mana yanje, uri mukuru cane !
Ubukuru n’ubwiza bibarizwa iwawe,
umuco uwikwiza nk’igikwemu.

Isi warayitsindagiye urayigumya
Nta kizoyinyiganza mu myaka yose ;
wari wayorosheje inyenga y’amazi ayikikiza hose,
mu mitumba ni ho amazi avyagira.

Imyonga uyikura ku bucokwe,
ishororonga hagati y’imisozi ;
inyoni z’ijuru zibera hafi yayo,
mu mashami y’ibiti ni ho ziryogorera.

Ivyiza wakoze ni isinzi, Mukama,
kandi wabigiranye ubuhinga ;
isi ihinda itunga ryawe.
Ninahaza Umukama, se mushaha wanje !

IYINDI ZABURI 32 (33), 4-5. 6-7. 12-13. 20. 22

Icit : Isi yose, Mukama, isagiriwe n’urukundo rwawe.

Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.

Umukama yavuze rimwe, ijuru rirahagarara,
impwemu ziwe zirarema inteko z’ijuru ;
akoraniriza hamwe amazi y’ibiyaga
nk’uwuyabuganiriza mu gakunga,
ayabika mu nyenga.

Hahiriwe intara yamwironkeyeko Imana,
hahiriwe intara We nyene yitorereyeko iragi !
umukama ahangama mw’ijuru,
akaraba abana b’abantu bose.

Umutima wacu witeze Umukama,
ni We mahungiro yacu, ni We nkinzo yacu.
Mukama, tworose urukundo rwawe,
kuko ari Wewe twama twizigiye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 22, 1-18

Igisomwa kigufi tugisanga inyuma y’iki

Ishikanwa rya sokuru wacu Ibrahimu

Umusi umwe, Imana ishaka kugeza Ibrahimu, iramwakura iti : « Ibrahimu ! »
Ayishura ati : « Sabwe, Mukama ! »
Imana na Yo iti : « Fata umwana wawe, ca kinege ukunda cane, Izahaki, ugende mu gihugu ca Moriya kumutangako ituro ry’Imana, ku musozi nza kukwereka. »
Ibrahimu avyuka umutwenzi, afata igitwazi, ahitana abasuku babiri n’umuhungu wiwe Izahaki, arasatura inkwi z’ugucanira ituro ry’Imana, aterera mu nzira, aragenda mu gihhugu Imana yari yamubwiye.
Ku musi ugira gatatu, Ibrahimu atereza amaso, abona nya musozi akiri kure. Niko kubwira abikorezi biwe ati : « Nimugume ngaha hamwe n’igitwazi. Jewe n’umuhungu wanje, tugende dushikeyo dusenge, duheze tugaruke kubahitana. » Ibrahimu afata inkwi aziremeka Izahaki, na we afata ifumba y’umuriro n’inkota, barashishikara urugendo rwabo uko ari babiri.
Izahaki bimutera amazinda, abaza se wiwe Ibrahimu ati : « Mbe da ! »
Uwundi ati : « Ni iki ga mwananje ? »
Amubwira ati : « Umucanwa ng’uyo, inkwi ng’izi, ariko umwagazi wo guherezako ituro ry’Imana uri hehe ? »
Ibrahimu amwishura ati : « Imana Yo nyene iraza kwimenyera umwagazi dutangako ituro. »
Baca barabandanya uko ari babiri.

Bamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Ibrahimu yubaka ururhimbi, arundako za nkwi, araheza afata Izahaki umwana wiwe araboha, amutereka ku ruhimbi hejuru y’inkwi. Ibrahimu araramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umwana wiwe.

Umumarayika w’Umukama yamara avugira mu kirere ati : « Ibrahimu ! Ibrahimu ! »
Aramwishura ati : « Sabwe, Muhanyi ! »
Umumarayika na we ati : « Nturoreshe ukuboko ku mwana wawe ! Ntihagire ikibi umugirira ! Ndazi noneho ko wubaha Imana, ntiwanyimye umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende. »
Ibrahimu araramuye amaso, abona impfizi y’intama, amahembe afashwe n’igisaka. Ibrahimu arayifata, ayitangako ituro ry’Imana mu kibanza c’umuhungu wiwe. Aho hantu Ibrahimu ahita « Umukama arabona » ; nico gituma bavuga ubu bati : « Ku musozi ni ho Umukama abonwa. »

Umumarayika atumwe n’Umukama asubira kwakura Ibrahimu ubwa kabiri, ati : « Ndarahiye, kw’izina ry’Umukama, kubera ko wubahutse gukora ivyo, ntiwimane umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende, nzoguhunda imihezagiro, abuzukuru n’abuzukuruza bawe bazogwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru, bazongana n’umusenyi wok u nkombe z’ikiyaga, bazokwirahira abansi babo babigambe. Kw’izina ryabo, imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa, kuko wagamburukiye Imana. »

IGISOMWA KIGUFI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 22, 1-2. 9a. 10-13. 15-18

Umusi umwe, Imana ishaka kugeza Ibrahimu, iramwakura iti : « Ibrahimu ! »
Ayishura ati : « Sabwe, Mukama ! »
Imana na Yo iti : « Fata umwana wawe, ca kinege ukunda cane, Izahaki, ugende mu gihugu ca Moriya kumutangako ituro ry’Imana, ku musozi nza kukwereka. »
Bamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Ibrahimu yubaka ururhimbi, arundako za nkwi, araheza afata Izahaki umwana wiwe araboha, amutereka ku ruhimbi hejuru y’inkwi. Ibrahimu araramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umwana wiwe.
Umumarayika w’Umukama yamara avugira mu kirere ati : « Ibrahimu ! Ibrahimu ! »
Aramwishura ati : « Sabwe, Muhanyi ! »
Umumarayika na we ati : « Nturoreshe ukuboko ku mwana wawe ! Ntihagire ikibi umugirira ! Ndazi noneho ko wubaha Imana, ntiwanyimye umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende. »

Ibrahimu araramuye amaso, abona impfizi y’intama, amahembe afashwe n’igisaka. Ibrahimu arayifata, ayitangako ituro ry’Imana mu kibanza c’umuhungu wiwe.
Umumarayika atumwe n’Umukama asubira kwakura Ibrahimu ubwa kabiri, ati : « Ndarahiye, kw’izina ry’Umukama, kubera ko wubahutse gukora ivyo, ntiwimane umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende, nzoguhunda imihezagiro, abuzukuru n’abuzukuruza bawe bazogwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru, bazongana n’umusenyi wok u nkombe z’ikiyaga, bazokwirahira abansi babo babigambe. Kw’izina ryabo, imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa, kuko wagamburukiye Imana. »

IZABURI 15 (16), 5. 8. 9-10. 11

Icit : N’unzigame Mukama Mana yanje,
         kuko ari Wewe musa nizeye.

Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,
Ni Wewe natoranyeko iragi ryanje ;
Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya
Kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.

Umutima wanje urahimbarwa
Kandi umushaha wanje ukanezerwa,
umubiri wanje nawo ukaruhuka, ataco winona ;
na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,
umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.

Uzondangira inzira y’ubuzima,
imbere yawe agahimbare ni kose ;
ku buryo bwawe, akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

IGISOMWA CA GATATU

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 14, 15-15, 1a

Abanyisraeli baciye mu kiyaga hagati humutse

Umukama abwira Moshe ati : « Ni kuki untakambira gutyo ? Barira Abanyisraeli bakomeze urugendo rwabo. Nawe, fata inkota yawe, uramvure ukuboko, uyerekeze ku kiyaga, ikiyaga naco gicikemwo kubiri, kugira ngo Abanyisraeli bace mu nzira yuutse. Jewe rero, nca nirabuza umutima w’Abanyamisiri, maze na bo bace bakurikirana Abanyisraeli mu kiyaga. Niho nzobona kuninahazwa kubera Faraoni n’ingabo ziwe, kubera imikogote yiwe n’abiwe barwanira ku mafarasi. Abanyamisiri bazoca bamenya k ondi Umukama, aninahazwa kubera Faraoni, imikogote yiwe n’abiwe bagendera ku mafarasi. »
Umumarayika w’Imana yarôngōra inteko z’Israeli, araheza ahindura ikibanza, agenda azimirije. Inkingi y’igicu na yo nyene irahindukira, iva imbere ija inyuma, igumaho ; irahagarara hagati y’ingabo z’Abanyamisiri n’iz’Abanyisraeli. Ico gicu cari umwiza, kikongera kikabonesha ijoro, maze burinda buca izo nteko zitigeze zegerana na gato.

Moshe aramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga ; Umukama arungika mw’ijoro ryose umuyaga mwinshi uvuye mu buseruko, urigizayo ikiyaga, maze harumuka. Amazi yisaturamwo kubiri, Abanyisraeli baca hagati humutse, iburyo n’ibubamfu amazi amera nk’uruhome. Abanyamisiri na bo babiruka inyuma n’amafarasi yose ya Faraoni, imikogote yiwe be n’ingabo ziwe zirwanira ku mafarasi, barabakurikirana n’aho mu kiyaga humutse.
Buri mu guca, Umukama abirabira muri ya nkingi y’umuriro n’igicu, akubitije ijisho kuri za ngabo z’Abanyamisiri, zica ziraburanirwa. Aravunagura imigurudumu y’imikogote bagenderamwo, ntiyaba ikiva hasi. Abanyamisiri baca basemerera bati : « Ingo duhunge, tuve inyuma y’Abanyisraeli, kuko Umukama abarwanira ngo baduhonye ! » Umukama abwira Moshe ati : « Ramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga, amazi yose acuncubukire ku Banyamisiri, ku birwanisho vyabo no ku mafarasi barwanirako. » Moshe araramvura ukuboko, maze aha buriko buraca, ikiyaga gisubira aho cahora. Abanyamisiri, mu guhunga, bahungira iyo ari, Umukama abatsinda hagati mu kiyaga. Ya mazi asubiye mu kibanza cayo, ahura n’izo ngabo be n’imikogote yazo, inteko zose za Faraoni na zo zari zakurikiranye Abanyisraeli mu kiyaga, ziramirwa. Nta n’umwe yarokotse. Ariko Abanyisraeli bo bijabukiye baca ahumutse, hagati y’uruhome rw’amazi iburyo n’urundi ibubamfu.

Uwo musi, ni ho Umukama yakura Israeli mu minwe y’Abanyamisiri, ni ho Israeli yabona imivyimba y’Abanyamisiri ku nkombe y’ikiyaga. Israeli iba icabona c’ububangutsi bw’Umukama yatsinze abanyamisiri. Igihugu gica gitinya Umukama, kirizigira Umukama na Moshe umutoni wiwe. Niho rero Moshe n’Abanyisraeli bashira ijwi hejuru, bakaririmbira Umukama bati :

URURIRIMBO : Ihunguka 15, 1-2. 3-4. 5-6. 17-18.

Icit : Nidushimagize Umukama,
         kuko intsinzi yiwe ari agahebuza !

Ndaririmbira Umukama,
kuko intsinzi yiwe ari agahebuza !
Amafarasi n’abayagenderako
Yarabahonereje mu kiyaga !

Umukama ni We ankomeza, ni We nohayagiza ;
Yankuye ikuzimu, ansubiza ibuntu !
Ni We Mana yanje ntangarira,
Ni We Mana ya data, ndamuhaya.

Umukama ni We ntwari mu rugamba,
We yitaziriye « Uwuriho ».
Ibirwanisho vya Faraoni
Arabikwegakwegera mu kiyaga ;
Intwazangabo ziwe na zo
Zisoma nturi mu Kiyaga Gitukura.

Amazi yo mu nyenga arabarengera,
baribira mw’ibenga.
Ukuboko kwawe kw’iburyo, Mukama,
ni agatangaza katananirwa ;
ukuboko kwawe kw’iburyo, Mukama,
kurajanjagura abansi.

Abo wabohoye uzobajana ngo bagerere
Ku musozi wabemereyeko iragi,
aho wiyubakiye ingoro yawe, Mukama,
muri nya ngoro nyene, Mukama,
witeguriye wewe nyene.
Umukama azohangama imyaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KANE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 54, 5-14

Kubera urukundo rw’intakama agufitiye,
Umukama, Umucunguzi wawe yakugiriye imbabazi.

Umuremyi wawe ni we azoba umunega wawe,
Izina ryiwe ni ‘Umukama Nyen’ingabo’ ;
Umweranda w’Israeli ni we azoba Umucunguzi wawe,
Izina ryiwe ni ‘Imana y’isi yose’.
Ego cane, Umukama yakwakuye,
Nka kurya bibuka umugore w’intabwa yatuntuye ku mutima.
Umukama Imana yawe yavuze ati :
« Mbe hari uwirukana umugeni bubakanye
Akiva mu busore ?
Nari naguhevye akanya gatoyi,
none vyanyanse mu nda, ngiye kukwigarurira
hari igihe nari natwawe n’ishavu,
ndakwinyegeza ;
ariko, kubera urukundo rw’intakama ngufitiye,
nakugiriye imbabazi.»
Uko niko Umukama Umucunguzi wawe avumereye.

« Nagize nko muri ca gihe ca Nohe,
hamwe narahira ko isegenya itazosubira gutikiza isi.
N’ubu nyene ndarahiye
Ko ntazosubira kugushavurira no kugutonganya.
Imisozi ishobora guhera,
imitumba igasanzara,
ariko urukundo ngufitiye ntiruzotituka,
isezerano ry’amahoro nasezeranye nawe sinzorihemukira. »
Umukama agufitiye imbabazi yaravyemeje.

« Wewe wagowe menshi, Yeruzalemu,
wewe wazungagijwe n’umuyaga, ukabura ikiguhoza ;
buca nja guhumbira, nshinge umuganda,
nkwubakire inzu y’akaroruhore,
ndayisezere, ndayisharize,
ndayubakire n’urugo ruteye igomwe.
Abana bawe bose bazokwigishwa n’Umukama,
eka bazoronka ubuhirwe bwinshi.
Uzoshinga imizi ku butungane,
wikinge abagucura bufuni na buhoro,
uzoshira ubwoba,
ntibazoba bakiguturubika. »

IZABURI 29 (30), 2-4. 5-6. 11. 12a. 13b

Icit : Ndaguhaya, Mukama,
         Wewe wambogoye.

Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye ;
ntiwampaye amanyo y’abansi.
Mukama, wankuye mu cobo,
unsubiza amagara.

Curarangire Umukama, abamukunda mwese,
mumushimagize mu kwibuka izina ryiwe ryeranda.
Ishavu ryiwe rimara umwanya urume rumara,
urukundo rwiwe rugahoraho ;
ku mugoroba, barabogoza,
mu gitondo bagatārīka.

Mukama, nyumviriza, ungirire ikigongwe !
Mukama, n’uze kundokora !
Wankuye kugandara, unjana kuvyina ;
Mana mfise, nzoguhaya imyaka yose !

IGISOMWA CA GATANU

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 55, 1-11

Nimunyegere ngo mubone gukira,
niho nzosezerana namwe isezerano ryamaho

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Mwebwe mwese munyotewe, nimuze mwegere isôko,n’aho mutoba mufise amafaranga nimuze.
Gura ingano, mwihereze umuvinyu n’amata,
n’aho ata mafaranga mugira.
Mbe ni kuki mutagaguza amahera mu bintu bitari ibifungurwa,
umushahara wanyu ugaherera mu bitabahaza ?
Ntege amatwi, muzoheza murye ibiryoshe,
muzonezerezwa n’ibisosa.
Ntege abiri, muze iwanje,
nyumvirize, niho umutima wanyu uzokira.
Nzosezerana namwe isezerano ryamaho,
rishimikiye ku ngabirano zemerewe Dawidi.
Ehe raba, nakugize icabona mu makungu,
nagutoye ngo ube umukuru n’umutegetsi mu mahanga.
Uzohamagara intara utari uzi,
abantu utari bwabone bace bakwirukira,
kubera Umukama Imana yawe,
kubera Umweranda w’Israeli azoba yaguteye iteka.
Rondera Umukama igihe agishaka kuboneka,
mwambaze igihe akiri hafi.
Umubisha n’ahebe amayira yiwe,
umunyakabi n’ahindure ivyiyumviro vyiwe.
N’agaruke ku Mukama, na We azoheza amugirire ikigongwe ;
n’agaruke ku Mana yacu, na Yo iri n’imbabazi nyinshi.
Umukama yavuze ati :
« Ivyiyumviro vyanje ntibisa n’ivyanyu,
amayira yanje si yo yanyu.
Nk’uko ijuru rirengeye isi,
Niko amayira yanje arengeye ayanyu,
Ivyiyumviro vyanje bigasumba ivyanyu.
Nka kurya imvura n’urume bigwa biva mw’ijuru
Ntibisubireyo bitavomeye isi ngo biyirondore,
Ibiterwa bikamera,
Umubivyi akaronka imbuto n’imfungurwa,
Niko n’ijambo rivuye mu kanwa kanje,
Ritangarukako ritagize akamaro,
Ritaranguye ico nshaka,
ridakoze ico naritumye. »

URURIRIMBO : Izaya 12, 2-3. 4bcd. 5-6

Icit : Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
         akanyamuneza kabasya.

Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje,
ndayizeye, ntaco ngitinya ;
kuko Umukama ari We bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.
Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.

Kurira ubwatsi Umukama, ninahaza izina ryiwe,
niukwize mu makungu yose ibitangaza vyiwe,
ibutsa intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa.

Curarangira Umukama,
kuko yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwe, nezerwe, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu Umweranda w’Israeli.

IGISOMWA CA GATANDATU

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Baruki : 3, 9-15. 32-4, 4

N’ugendere mu muco uhimbaye w’Umukama

Israeli we, umviriza amategeko y’ubuzima, banga amatwi, kugira ngo ushikire ubwitonzi. Israeli, mbega, ni kuki uri mu gihugu c’abansi bawe, ugasazira mu ntara utavukiyemwo, ukihumanya mu kwamana n’abapfu, ugaharurwa mu gitigiri c’abaja mu nyenga ? Ni uko wataye Isôko ry’Ubwitonzi ! Iyo uba warakurikiranye inzira y’Imana, uba wibereye mu mahoro ya misi yose. Menya ahari ubwitonzi, ubukomezi n’ubwenge, kugira ngo umenye kandi ahari ukuramba n’ubuzima, umuco w’amaso be n’amahoro. Ariko rero, ni nde yamenye iyo Ubwitonzi buba, ni nde yashikirijwe amatungo yabwo ?

Uwumenya vyose ni we ategera Ubwitonzi, akabuzirikana n’ubwenge bwiwe ; ni we yaringanije isi imyaka n’imyaka, akayuzuzamwo ubusho bw’ibitungwa. Ni we arungika umuco, na wo ugaca ugenda ; arawuhamagara, na wo ugaca umugamburukira utetemera. Inyenyeri zakaka akanyamuneza mu kurarira ; arazihamagara, na zo zikitaba ngo : « Turarengutse ! », zigaheza zikakakana akanyamuneza kubera Uwaziremye.

Uyo ni We Mana yacu, nta wundi angana na We. Ni We yategereje inzira zose z’ubumenyi, akazimenyesha umusavyi wiwe Yakobo, n’umukunzi wiwe Israeli. Uko ni ko Ubwitonzi bwabonetse kw’isi, bukabana n’abantu. Ni bwo gitabu kirimwo amabwirizwa y’Imana. Itegeko rizokwamaho na ntaryo ; uwuryihambirirako wese azoramba, uwuriheba na we ntazobura gupfa.

Yakobo we, niwigarure uheze ubwakire ; n’ugendere mu muco wabwo ngo ushikire umuco : ntuhebere uwundi ubuninahazwa bwawe, ntuhebere amahanga iteka watewe. Turahiriwe noneho, twebwe Israeli, kuko twahishuriwe ibinezereza Imana.

IZABURI 18 (19), 8. 9. 10. 11

Icit : Mukama, ni Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.

Amategeko y’Umukama aratunganye,
Ahembura umutima ;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
ni yo bwenge bw’abantu batobato.

Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima ;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.

Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete ;
Umukama ashinga intahe y’ukuri
Intahe yama itunganye.

Isumvya inzahabu gukundwa,
na yo nyene itagira imvange ;
irusha kuryoha
ubuki bw’umutsama.

IGISOMWA C’INDWI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeri : 36, 16-17a. 18-28

Nzobasukako amazi y’umusarara kandi nzobaha umutima mushasha

Ng’iri iryo Umukama yambwiye :
« Mwana w’umuntu, igihe baba mu gihugu cabo, ab’umuryango w’Israeli baracononesheje ingeso zabo n’ibikorwa vyabo. Niho rero nabereka ishavu ndabafitiye kubera ko basheshe amaraso mu gihugu no kubera ko bacononye n’ibigirwamana vyabo. Narabasanzaje mu mahanga, nkabashiwiragiza mu bihugu. Narabaciriye urubanza rukwiranye n’ingeso zabo be n’ibikorwa vyabo. Bamaze gushika muri vya bihugu vyaho, baratukisshije izina ryanje ryeranda, bigatuma mbere abantu bavuga bati : “Aba ni abantu b’Umukama, bavuye mu gihugu ciwe.” Ariko, narubahirije rya zina ryanje ryeranda Abanyisraeli batukishije mu mahanga bagiyemwo.
Ni uko rero, barira umuryango w’Israeli uti :
Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana :
Ivyo nza gukora, sinzobikora kubwanyu, muryango w’Israeli, ariko nzobikora kubw’izina ryanje ryeranda mwatukishije mu mahanga mwagiyemwo. Nzokwubahiriza izina ryanje ry’agakura ryatukishijwe mu mahanga, izina ryanje mwatukishije hagati muri yo. Niho ibihugu bizoheza bikamenya Jewe Umukama igihe nzobamenyesha muri mwebwe k ondi mweranda. Nzobakura mu mahanga, muve mu bihugu vyose, ndabakoranirize mu gihugu canyu. Nzobasukako amazi y’umusarara, mutyororwe ; nzobatyorora umwanda wanyu wose, mbakure mu bigirwamana mwari mwemeye vyose. Nzobaha umutima mushasha, mbashiremwo ubwenge bushasha ; nzobakuramwo wa mutima w’agatimatare, mbasubizemwo umutima woroshe. Nzobashiramwo umutima wanje, ndabahe gukurikiza amabwirizwa yanje, kuzigama amategeko yanje n’ukuba intatanamundagano. Muzogerera mu gihugu nagabiye ba sokuru banyu, muzoba igihugu canje, nanje mbe Imana yanyu. »

Iyo batanga ibatisimu :

URURIRIMBO : Izaya 12, 2-3. 4bcd. 5-6

Icit : Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
         akanyamuneza kabasya.

Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje,
ndayizeye, ntaco ngitinya ;
kuko Umukama ari We bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.
Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.

Kurira ubwatsi Umukama, ninahaza izina ryiwe,
ni ukwize mu makungu yose ibitangaza vyiwe,
ibutsa intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa.
Curarangira Umukama,
kuko yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwe, nezerwe, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu Umweranda w’Israeli.

IZABURI 50 (51), 12-13. 14-15. 18-19

Icit : Duhe, Mukama, umutima mushasha.

Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.

Ndaba ryiza nka kera mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkore.
Ababi nzobigisha ivyo ushaka,
abacumuye baheze bakugarukire.

Imperezwa nari kuguhereza ntuzibabaye,
imbagwa nari kuguhako iciru ntiwozishima.
Imperezwa igushika ku nyota ni umutima wigaye ;
umutima wigaye kandi waduhiwe n’ibicumuro nakoze,
ntuzowushiburire kure, Mana yanje.

Iyo badatanga ibatisimu baca batora :

IYINDI ZABURI 41 (42), 3. 5bcd ; 42 (43), 3. 4.

Icit : Kumwe inyemera inyotewe yirukira isôko,
niko umutima wanje uguhurumbira, Mana mfise.

Umutima wanje uranyotewe Imana,
ariyo Mana nzima.
Mbega, nzogenda ryari
Kuyihweza imbonankubone ?

Nzogenda mu ngoro yayo y’agatangaza,
mu ngoro y’Imana yanje,
tugenda turaririmba indirimbo z’agahimbare,
mpagatiwe n’isinzi ry’abantu banezerewe.

Ndungikira umuco wawe be n’ukuri kwawe,
maze bindongore, binjane
ku murwa wawe mweranda,
nshike no ku kirimba cawe.

Nzoheza nshike kw’altari y’Imana,
Kwa Mana nyene ariyo kanyamuneza kanje ;
Nzonezerwa, nkuninahaze, ngucurarangire,
Mukama, Mana mfise.

IBARUWA

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani : 6, 3-11

Kristu yamaze kuzuka mu bapfuye ntagisubira gupfa

Ncuti zanje,
Ntimuzi ko twebwe twahawe Ibatisimu ya Yezu Kristu, twabatijwe twese mu rupfu rwiwe ? Iyo Batisimu rero yaduhamvye hamwe na We. Nk’uko Kristu yazutse mu bapfuye kubera ubuninahazwa bwa Se, niko natwe dutegerezwa kwigenza mu buzima bushasha. None, ko twe na Kristu twacitse umwe kuko twapfuye rumwe, niko tuzoba umwe mw’izuka risa n’iryiwe.

Ntituyoberwe : umuntu wacu wa kera yarabambanywe na We, kugira ngo wa mubiri w’igicumuro ucike ubusa, tureke kuba abaja b’igicumuro. Nkako, uwapfuye aba akize gucumura. Ariko, ko twapfiriye hamwe na Yezu Kristu, twemera ko tuzosangira n’ubuzima, kuko tuzi ko Kristu yamaze kuzuka, atagisubira gupfa, urupfu rutakimushobora.
Urupfu rwiwe rwari urwo kuvavanura n’igicumuro ; na bwo ubuzima bwiwe yabutuye Imana. Namwe rero niko kw’uko : murame mwigenza nk’abavavanuye n’igicumuro, bahereje ubuzima bwabo Imana muri Yezu Kristu.

IZABURI 117 (118), 1-2. 16-17. 22-23

Icit. : Alleluya, alleluya, alleluya !

Shemeza Umukama kuko ari mwiza,
nabwo ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Umuryango w’Israeli n’uvuge uti :
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

Ukuboko kw’Umukama kwarakoze ibitangaza,
ukuboko kwiwe kwaratsinze.
Sinzopfa, nzohoraho,
kandi nzohayagiza ibikorwa vy’Imana.

Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo.
Ivyo bitangaza twabonye
Vyabonetse kubw’Umukama.

INKURU NZIZA

Iyi tubahaye ni iyo basoma mu mwaka A. Iyo mu mwaka B n’iyo mu mwaka C, tuzozandika tuhashitse.

Alleluya, alleluya, alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 28, 1-10

Yezu yazutse kandi yabatanze mu Bugalile

Mu buca bw’umusi wa mbere w’indwi, isabato yaraye ihavuye, Mariya Madalena na Mariya wundi bazindutse kuraba imva.
Buno nyene isi iranyiganyiga cane, Umumarayika w’Umukama yururuka ava mw’ijuru, atembagaza ikibuye, araheza acicarako. Yakirana nk’umuravyo, impuzu ziwe zera nk’urubura. Abarinzi bamubonye, bagwa igihumura, baradegedwa n’ubwoba, bacika ibiyingiyingi.
Umumarayika araheza abwira ba bagore ati : « Mweho ntimutinye, kuko nzi ko murondera Yezu yabambwe. Ntari aha, yazutse nk’uko yari yabivuze. Nimuze murabe aho bari bamushinguye. Kandi ce mubandanya, mubwire abigishwa biwe muti : ‘Yazutse mu bapfuye kandi yabatanze mu Bugalile, niho muzomubonera. »

Baca bakura hasi, bajana ubwoba buvanze n’urweze rwinshi ; biruka gushikiriza inkuru abigishwa. Baza babona Yezu aje kubasanganira, ababwira ati : « Ndabaramukije. » Na bo baramwegera, bamugwa ku birenge, baramusenga. Yezu na We arababarira ati : « Ntimutinye, nimuje kubwira benewacu, baje mu Bugalile, niho bazombonera. »

KUWA GATANU MWERANDA: Ugushemeza ukubabara kw’Umukama.

La Passion de Jésus-Christ

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 52, 13-53, 12

(Ibicumuro vyacu ni vyo vyatumye asogotwa)

Umusuku wanje azotera imbere,
ashimagizwe, abe indanga y’agatangaza !
nk’uko isinzi ry’abantu bǎmubonye bakagwa mu gahundwe,
kuko yari yayoberanye mu maso,
atǎri agisa n’umuntu,
niko azotangaza n’amakungu :
imbere yiwe abami ntibazokura ururimi mu kanwa,
kuko bazoba babonye ibitaraboneka,
bagatamarira ikitari bwavugwe kw’isi.

Ni nde yokwemera ivyo twumvise bavuga ?
Ububasha bw’Umukama ni nde yabuhishuriwe ?
Mu maso y’Imana, uwo musuku yakuze nk’imbuto yanse,
yashinze imizi mw’isi yagadutse ;
nta bwiza, nta marabwa twǎmubonyeko,
nta kintu twǎmusanzeko kidutuma tumutangarira.
Bose bǎramugaya, nta wamuha nirwere,
yaremeye amagorwa,
ameze nk’umunyamibembe bakubita ijisho bagaca bamuhunga ;
twaramumenye, tumufata nk’uwutaco amaze.

Ariko yari amagorwa yacu yikoreye,
yari amaganya yacu amurembeje.
Natwe tukagira ngo ni Imana yamuhanye,
ngo ni Yo yamukubise, yamutetereje ;
ariko ibicumuro vyacu ni vyo vyatumye asogotwa,
akabi kacu ni ko kamuvunaguye.
Igihano caduciriye amahoro ni we caguyeko,
inguma ziwe ni zo zadukijije.

Twese twari twasanzaye nk’intama zitagira umwungere,
umw’umwe wese yaca mu nzira yisangije ;
ariko Umukama yamurunzeko amabi yacu,
ibicumuro vya twese uko tungana.
Baramugiriye nabi,
na we yicisha bugufi, arihorera ;
kurya kw’umwagazi bashoye mw’ibagiro,
kurya kw’intama umengo ni ikiragi imbere y’abayikura ubwoya,
ntiyakûye ururimi mu kanwa.

Baramufashe, bamukwega mu rubanza ;
ni nde ababaye kumuburanira ?
Baramukuye kuri iyi si y’abazima,
baramukubita gushika apfe,
azira ibicumuro vy’igihugu ciwe.
Bamuhamvye hamwe n’inkozi z’ikibi,
uruhafu rwiwe barwimba iruhande y’urw’abakire ;
ariko nt ana rimwe yari bwigere arenganya umuntu,
nta kinyoma cari bwigere kimuva mu kanwa.

Umukama yashatse kumuvunaguza amagorwa.
Ariko niyitanga akabera abandi incungu,
azoramutswa n’abuzukuruza, azoramba :
kubera we, ishaka ry’Umukama rizoranguka.
Ayo magorwa yose yabonye azohinduka akanyamuneza,
azohimbarwa, aronke ivyo yipfuza vyose.

Kubera ko yemeye akababara,
iyo ntungane, uwo musavyi wanje azokiza abantu isinzi,
azokwiremeka ibicumuro vyabo.
Nico gituma nzomugabira amakungu,
azotorana amatungo y’abafise ububasha,
kuko yitanze we nyene atiziganya gushika apfe,
agaharurwa mu banyakabi,
naho kwari ukwiremeka ibicumuro vya benshi,
naho yariko aratakambira imbabazi abanyakabi.

Izaburi 30 (31), 2. 6. 12-13. 15-16. 17. 25

Icit : Dawe, ndaguhereje umutima wanje.

Mukama, ni Wewe mahungiro yanje :
urankiza kubera ubutungane bwawe.
Mu minwe yawe, niho nshize umutima wanje ;
ni Wewe Mucunguzi wanje, Mukama.

Nacitse nk’agahabwa kubera abampama,
abagenzi bandǎba bagatinya ;
bambonye mu nzira,
bagata bagahunga.
Nsigaye ncuzwa nk’uwapfuye,
ndi ikintu c’igihûmé.

Nanje nizeye Wewe, Mukama,
naravuze nti : « Ni Wewe Mana mfise !
iminsi yanje iri mu kuboko kwawe,
n’unkize ukuboko kw’abansi bampama. »

inyonga zawe nizimurikire umusavyi wawe,
unkize kubera urukundo rwawe !
Mwese, abizigiye Umukama,
nimuhumure, musubize umutima mu nda.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi : 4, 14-16 ; 5, 7-9

(Yaragamburutse kandi yarabereye abamugamburukira bose isôko ry’ubukiriro)

Ncuti zanje,
Ko dufise Umusaserdoti mukuru amaze kwinjira mw’ijuru, ariwe Yezu Mwana w’Imana, ntidutezure kw’ibanga twemeye. Erega, ntidufise Umusaserdoti mukuru adashobora kutubabarira kubera intege nke zacu, na we nyene yarageragijwe nkatwe muri vyose ndetse igicumuro. Nitwegere rero ya ntebe y’inema ataco twinona, kugira ngo turonke ikigongwe n’inema zidufasha mu gihe gikwiye.

Kristu, mu gihe yari akiri kw’isi, amaze guhereza ibisabisho n’amarira menshi ataka atakambira Uwashobora kumukiza urupfu, yarumviwe kubera ubweranda bwiwe. Vyongeye, n’aho yari umwana w’Imana, kubera ayo makuba, yamenyeyeho kugamburuka. Amaze gushika mu bigero, yarabereye abamwumvira bose isôko ry’ubukiriro budahera.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Kubwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi
Gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba.
Nico catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
ikamugabira Izina rirengeye amazina yose.

Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwanditswe na Yohani : 18, 1-19, 42

Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Sedroni

(S)Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Sedroni ;
hari umurima, aba ariho yinjira n’abigishwa biwe.
Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,
kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.
Yuda rero azanye igico n’abarinzi
Barungitswe n’abakuru b’abasaserdoti be n’Abafarizayo,
arashika n’amatara n’ibimuri n’intwaro.

Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose ;
arabasanganira, ababwira ati :

(Y) « Murondera nde ? »
(S) Bamwishura bati :
(Ab) « Yezu w’i Nazareti. »
(S) Ababwira ati :
(Y) « Ni Jewe »
(S) Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.

Aho Yezu ababwiriye rero ati : ‘Ni Jewe’,
Basogeza baja inyuma bagwa hasi.
Yezu asubira kubabaza ati :

(Y) « Murondera nde ? »
(S) Bishura bati :
(Ab) « Yezu w’i Nazareti. »
(S) Yezu abishura ati :
(Y) « Nababwiye ko ari Jewe.
Usangwa ari Je murondera, reke abo bigire. »

(S) Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo :
‘Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye’.

Simoni Petero yari afise inkota ;
arayisokorora, ayikubita umusuku w’umusaserdoti mukuru,
amuca ugutwi kw’iburyo.
Uwo musuku yitwa Markusi.

Yezu yamara abwira Petero ati :
(Y) « Subiza inkota mu rwubati.
Bite ! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye ! »

(S) Ca gico rero, intwaza n’abarinzi b’Abayahudi
Bafata Yezu baramuboha.

Yezu kwa Anna na Kayifa

Babanza kumujana kwa Anna,
ari we sebukwe wa Kayifa,
yari umusaserdoti mukuru uyo mwaka.
Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayahudi ati :
Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye igihugu’.

Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakwirikira Yezu.
Uyo mwigishwa umusaserdoti mukuru yari amuzi,
yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umusaserdoti mukuru,
Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.
Wa mwigishwa umusaserdoti mukuru yari azi, arasohoka,
avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.
Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti :

(Ab) « Aho uri aho,
weho nturoi mu bigishwa b’uyo muntu ? »

(S) Ayishura ati :
(Ab) « Sindi muri bo. »
(S) Abasuku n’abarinzi bari bacanye umuriro, kuko hari imbeho,
bari aho bota.
Petero na we yari kumwe na bo yota.
Umusaserdoti mukuru arabaza Yezu
Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.
Yezu amwishura ati :

(Y) « Nǐgishije abantu icese ;
nǎmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,
aho Abayahudi bakoraniye ;
ntaco navugiye mu mpisho.
Umbariza iki ?
Baza abavyumvise ; ico navuze bo barakizi. »

(S) Ngo avuge iryo,
umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati :

(Ab) « Uko niko wishura umusaserdoti mukuru ! »
(S) Yezu amwishura ati :

(Y) « Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri ;
na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki ? »

(S) Anna amurungika uko yakaboshwe
Ku musaserdoti mukuru Kayifa.
Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.
Bamubwira bati :

(Ab) « Weho ntiwoba uri uwo mu bigishwa biwe ? »
(S) Arabihakana ati :
(Ab) « Sindi muri bo. »
(S) Umwe mu basuku b’umusaserdoti mukuru,

Incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,
Amubwira ati :
(Ab) « Sinakubonye muri kumwe mw’itongo ? »
(S) Petero yamara asubira kubihakana,
ubwo nyene inkoko irabika.

Yezu kwa Pilato

Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.
Hari mu gitondo.
Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,
ngo bashobore kurya Pasika.
Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati :

(Ab) « Uyo muntu mumurega iki ? »
(S) Baramwishura bati :
(Ab) « Iyo ataba yari inkozi y’ikibi,
ntitwari kumukuzanira. »
(S) Pilato ababwira ati :
(Ab) « Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,
mukwirikize itegeko ryanyu. »
(S) Abayahudi baramwishura bati :
(Ab) « Ntitwarekuriwe kugira uwo twica. »
(S) Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze
Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.
Pilato rero asubira mw’iburaniro,
atumako Yezu, amubwira ati :

(Ab) « Uri umwami w’Abayahudi ? »
(S) Yezu aramwishura ati :

(Y) « Ivyo ni wewe uvyivugiye,
canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga ? »

(S) Pilato amwishura ati :
(Ab) « Mbega jewe ndi Umuyahudi ?
Abo mu gihugu cawe n’abakuru b’abasaserdoti ni bo bakunzaniye.
Wakoze iki ?»

(S) Yezu asubiza ati :
(Y) « Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.
Iyo Ubwami bwanje buba ari uubwo kuri iyi si,
Abantu banje bari kundwanira,
Singwe mu minwe y’Abayahudi ;
Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha kw’isi. »

(S) Pilato amubwira ati :
(Ab) « None ga, uri umwami ? »

(S) Yezu aramwishura ati :
(Y) « Uvuze ko, ndi Umwami,
kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi :
ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri ;
uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje. »

(S) Pilato aramubwira ati :
(Ab) « Ukuri ni iki ? »

(S) Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayahudi,
araheza arababwira ati :

(Ab) « Ntaco namusanzeko comwica.
Ariko ni akamenyero
Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.
None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayahudi ? »
(S) Biha induru rero bati :

(Ab) « Ntumuduhe, duhe Baraba ! »
(S) Uwo Baraba yari umwambuzi.

Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.
Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,
barumwambika ku mutwe,
bongera bamwambika umutamana utukura.
Baramwegera bavuga bati :

(Ab) « Mwaramutse, ga mwami w’Abayahudi ! »
Bongera baramukubita amakofe.
Pilato aragaruka, abwira Abayahudi ati :
(Ab) « Ehe ndamubazaniye,
mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica. »

(S) Yezu arasohoka rero uko yakambaye
Rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura ;
araheza Pilato ababwira ati :
(Ab) « Ng’uyo wa muntu ! »
(S) Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati :

(Ab) « Ku musaraba ! Ku musaraba ! »
(S) Pilato ababwira ati :
(Ab) « Ng’uyo nimumwibambire mwebwe nyene,
jewe ntaco namusanzeko gikwiye guhanwa. »

(S) Abayahudi baramwishura bati :

(Ab) « Turi n’itegeko,
kandi tutikwirikije ni uwo gupfa,
kuko yigize Umwana w’Imana. »
(S) Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.
Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati :
(Ab) « Uva he ? »

(S) Yezu yamara ntiyamwishura namba.
Pilato rero niko kumubwira ati :

(Ab) « Ntunyishura jewe !
Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura
N’ubwo kukubamba ? »

(S) Yezu aramwishura ati :
(Y) « Nta bubasha wari umfiseko,
iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.
Nico gituma uwakumpaye
Yakoze igicumuro kiruta icawe. »

(S) Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura ;
Abayahudi yamara baja mu vyo kuyogora bati :

(Ab) « Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari ;
kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari. »
(S) Pilato ngo avyumve, asohora Yezu,
amwicarika ku ntebe y’imanza,
ahitwa Lithostrotos-mu gihebreyi : Gabatha.-
Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,
ahashira isaha ya gatandatu.
Pilato abwira Abayahudi ati :
(Ab) « Ng’uyo umwami wanyu ! »

(S) Bo bavuza induru bati :
(Ab) « N’apfe ! N’apfe ! Mubambe ! »

(S) Pilato ababwira ati :
(Ab) « Mbame umwami wanyu ! »

(S) Abakuru b’abasaserdoti basubizayo bati :
(Ab) « Atari Sezari, nta wundi mwami dufise. »
(S) Araheza aramubaha ngo bamubambe.

Yezu ku gasozi ka Kalvariyo

Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,
agana ahantu hitwa Kalvariyo, -mu gihebreyi : Golgotha.-
Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,
umwe ku ruhande uwundi ku rundi,
Yezu na we hagati.

Pilato kandi arandikisha urwandiko,
araheza arumanika hejuru ku musaraba.
Amajambo yarwo yari aya :

‘Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayahudi’.

Abayahudi benshi barasoma urwo rwandiko,
kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara
kandi rwari rwanditswe mu gihebreyi, mu kilatini no mu kigreki.
Abakuru b’abasaserdoti n’Abayahudi babwira rero Pilato bati :

(Ab) « Ntiwandike ngo : Umwami w’Abayahudi, andika uti :
Uyo muntu yavuze ati : Ndi umwami w’Abayahudi. »
(S) Pilato arabishura ati :
(Ab) « Ico nanditse canditswe. »

(S) Abasirikare bamaze kumubamba,
bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,
umwe w’umwe umwe muri bo.
Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro ;
yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.
Bavuga rero bati :

(Ab) « Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka. »
(S) Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo :
‘Baragabanganye ivyambarwa vyanje,
na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo’.
Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.

Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,
na nyinabo, Mariya muka Kleofasi,
na Mariya Madalena.
Yezu ngo abone nyina wiwe
Iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,
abarira nyina wiwe rero ati :

(Y) « Wa mukenyezi we, ng’uyo umwana wawe. »
(S) Abwira wa mwigishwa na we ati :
(Y) « Ng’uyo nyoko wawe. »

(S) Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.

Ivyo biheze,
Kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,
Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,
Yezu avuga ati :

(Y) « Ndanyotewe. »
(S) Aho hari agakono kuzuye isiki.
Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,
Baramuhereza ngo anunuze.
Yezu amaze kunywa nya siki, ati :

(Y) « Vyose birarangiye. »
(S) Araheza ajondamika umutwe, aracikana.

Aha barapfukama, bakavuga agasabisho gatoyi banumye

Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,
– nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye, –
Abayahudi rero basaba Pilato
Ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze babakureho
Boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’isabato.
Abasirikare rero baraza bavuna amaguru
Y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri
Muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.
Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,
ntibamuvuna amaguru,
ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu,
haca hisuka amaraso n’amazi.
Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,
Kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,
Kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe mwemere.
Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko itahe :
‘Nta gufa ryiwe bazovuna’ ;
ahandi na ho ngo :
‘Bazokwihweza uwo basogose’.

Itongo bahamvyemwo Yezu

Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimati, umwigishwa wa Yezu,
ariko mu mpisho kuko yatinya Abayahudi,
asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.
Nikodemu na we araza,
umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na Yezu mw’ijoro ;
azana ikivange c’imira na aloes c’ingero nk’ijana.
Bafata ikiziga ca Yezu,
bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,
nk’uko Abayahudi babigenza mu guhamba.
Aho bari bahamvye Yezu hari umurima ;
muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,
ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.
Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayahudi,
uruhafu na rwo rwari hafi,
haba ariho bahamba Yezu.

INDWI NYERANDA : IDOMINIKA Y’IBISANDASANDA N’IY’UKUBABARA KW’UMUKAMA

Aha tuhasanga ibisomwa vyo mu mwaka A vyonyene. Ivyo mu yindi myaka tuzobishirako nitwatangura kwandika Ijambo ry’Imana riyerekeye.

UKWINJIRA KW’UMUKAMA I YERUZALEMU (Umwaka A)
INKURU NZIZA

(Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama)

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 21, 1-11

Iminsi mikeyi imbere y’uko umusi mukuru wa Pasika ushika, Yezu n’abigishwa biwe begera Yeruzalemu, bashika i Betaniya, amarora ku musozi wa Oliveti, Yezu arungika abigishwa babiri, ababwira ati : « Nimugende mu mihana imbere yanyu, muca muhasanga indogobwe iziritse hamwe n’umwana wayo. Muziziture, muheze muzinzanire. Nihagira ico bababwira, mubasubize muti : Umukama ni we azishaka, aca azibarungikira adatevye. »

Biba gurtyo nyene, ngo ivyavuzwe n’umuhanuzi biseruke ngo : « Barira Abanyayeruzalemu uti : Ng’uyu umwami wanyu aje iwanyu, arangwa n’ubutekereji, yicaye ku ndogobwe no ku mukurira w’igitwazi. » Abigishwa baragenda rero, bagira ico Yezu yababwirije. Bazana ya ndogobwe n’umwana wayo, bayirenzako ibikwemu vyabo Yezu na we ayicarako. Hanyuma abantu benshi barashikuka, basasa impuzu mu nzira, abandi na bo baca amashami y’ibiti, bayakwiragiza mu nzira. Ishengero ryari imbere n’inyuma yiwe ryaza rirahogora riti :

« Hozana mwana wa Dawidi !
Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama !
Hozana no mw’ijuru ry’intashikirwa ! »
Yinjiye i Yeruzalemu, igisagara cose kirumirwa ; bavuga ngo : « Mbega, uyo ni nde ? » Ishengero rigasubiza riti : « Ni Yezu, Umuhanuzi ava i Nazareti, mu Bugalile. »

IMISA Y’UKUBABARA KW’UMUKAMA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya 50, 4-7

(Abancira amate mu maso sinayabahishije, ariko ndazi ko ntazoteterwa)

Umukama Imana yanje yarampaye ururimi rw’umwigishwa, kugira ngo nshobore kuremesha uwaruhijwe. Uko bukeye niko ankebura, kugira ngo ndamutege ugutwi nk’uwigishwa. Umukama yarazibuye amatwi yanje, nanje sinamwankiye, sinamuzibukiriye. Narateze ibitugu abankubita, abanshikura ubwanwa ndabatega imisaya, abankubita be n’abancira amate sinabahishije amaso. Umukama Imana yanje arantabara, nico gituma ivyo bitutsi ataco bingira ; nico gituma mu maso nahakomeje hakadadarara nk’ibuye, ndazi ko ntazoteterwa.

Izaburi 21 (22), 8-9. 17-18a. 19-20. 23-24

Icit : Mana yanje, Mana yanje,
       Wampebeshejwe n’iki ?

Abambona bose barantwenga,
Barampfunira, bakazunguza umutwe,
bati : « Hamwe yizera Imana, n’imukize !
ugasangwa ari yo mugenzi afise, nimurekure !»

Ibipfizi indiri birankikiza,
ibinyamaswa amahanga vyo mw’ishamba bikanca iruhande ;
vyamboshe amaguru n’amaboko :
noshobora n’uguharura amagufa yanje yose.

Baragabangana ivyambarwa vyanje,
bagapfindanira ku mutamana wanje.
Ariko Weho, Mukama, ntunje kure,
Wewe nzeyeko amagara, tebuka untabare.

Nzoheza nirahire izina ryawe mu muvukano,
nkuyage hagati y’ishengero.
Mwebwe mwubaha Imana, nimuyihaye,
muyishemeze mwese uko mungana !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi : 2, 6-11

(Yarigize ubusa, nico catumye Imana imushira hejuru ya vyose)

Umukama Yezu,
Naho yamanye akamere k’Imana,
Ntiyigeze yishira hejuru ngo n’uko angana n’Imana ;
Ariko yigize ubusa mu gusangira akamere k’abasuku,
Mu kwigira umuntu asa n’abandi ;
Yigenjeje nk’umuntu asanzwe,
Arushirizaho mbere kwicisha bugufi,
Aragamburuka gushika yemere urupfu
Kandi urupfu rwo ku musaraba.
Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
Ikamugabira Izina rirengeye amazina yose,
Kugira ngo kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro
Mw’ijuru, kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga,
Kandi ururimi rwose ruyage ko Yezu Kristu ari Umukama,
Ngo Imana Se ininahazwe.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

Kubwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi
Gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba.
Nico catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
ikamugabira izina rirengeye amazina yose.

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.


Mu kubabara kw’Umukama kwanditswe na Matayo, barashobora kubisoma ari batatu : Umusomyi (S), Abantu (Ab) na Yezu (Y), Umusomyi agasoma inyigano, Abantu bagasoma amajambo yavuzwe n’abantu nyene, Umusaserdoti canke (Y) agasoma amajambo yavuzwe n’Umukama.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwanditswe na Matayo : 26, 14-27, 66

Igisomwa kigufi : 27, 11-54

Yuda agura Yezu

(S) Umwe muri bamwe cumi na babiri yitwa Yuda Iskariyoti aja ku bakuru b’abasaserdoti, ababarira ati:
(Ab) « Mugomba kumpa iki kugira ngo ndamubahe ? »
(S) Bamuharurira amafeza mirongo itatu. Kuva ubwo, yama ahiga uburyo bwo kumubaha.

Abigishwa bategura Pasika

(S) Ku musi wa mbere wa Azima, abigishwa begera Yezu bati :
(Ab) « Ugomba ngo dutegurire Pasika hehe ? »
(S) Yezu arabishura ati :
(Y) « Nimugende mu gisagara kwa ntuze, mumubarire muti : Umukama atumyeko ngo : Umusi wanje washitse, ngomba kurira Pasika iwawe hamwe n’abigishwa banje. »

(S) Abigishwa bagira nk’uko Yezu yabategereje, bategura Pasika.

Yezu ababarira yuko umwe muri bo azomugura

Ngo buze kugoroba, aja gufungura, be n’abigishwa biwe uko bari cumi na babiri. Bariko barafungura arababarira ati :
(Y) « Ni ivy’ukuri ndababariye, umwe wo muri mwebwe aza kungura. »
(S) Biraheza bibatera umwikomo mwinshi, batangura kumubaza umwe umwe ngo :
(Ab) « Mbega, Mukama, ni jewe ? »
(S) Na we arabishura ati :
(Y) « Uwo twasangiye ku nkoko imwe, ni we aza kungura. Umwana w’umuntu we arigiriye, nk’uko vyanditswe kuri we ; yamara aragowe uyo muntu aza kugura Umwana w’umuntu ! Iyo apfuma areka kuvuka, niho vyari kumubera vyo ! »

(S) Yuda nyen’ukumugura aramubaza ati :
(Ab) « Mbega, Muhanyi, ni jewe ? »
(S) Aramwishura ati :
(Y) « Urabvuze »

Yezu agira Ukaristiya

(S) Bariko barafungura, Yezu afata umukate, arawuhezagira yongera arawumanyura, awuhereza abigishwa biwe, ati :
(Y) « Nimwakire murye : iki ni umubiri wanje. »
(S) Afashe ikalisi, arakenguruka, arabaha ati :
(Y) « Nimunywe mwese : iki ni amaraso yanje, amaraso y’Isezerano rishasha, aza guseseka kugira ngo benshi bakire ibicumuro. Ariko ndababariye, singisubira kunywa iki kinyobwa c’umuzabibu, gushika umusi nzosubira kukinywa hamwe namwe mu Bwami bwa Data. »

Yezu abwira Petero yuko aza kumwihakana

(S) Bamaze gukenguruka, bagenda ku musozi wa Oliveti. Araheza Yezu arababarira ati :

(Y) « Muri iri joro nyene, mwese muza gutsitara kubera izina ryanje, kuko handitswe ngo : ‘Nzokubita umwungere, ubushio busanzare.’ Yamara maze kuzuka, nzobatanga i Bugalile. »
(S) Petero aramwishura ati :
(Ab) « N’aho bose boguheba, jeho nzokugwa inyuma. »
(S) Yezu aramubarira ati :
(Y) « Ni ukuri, muri iri joro nyene, inkoko itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu. »
(S) Petero ati :
(Ab) « N’aho bonyica hamwe nawe, sinoguhakana. »
(S) N’abigishwa bose bavuga bartyo.

Yezu asengana amaganya menshi i Getsemani

(S) Yezu ajanye n’abigishwa biwe mw’itongo ryitwa Getsemani, araheza ababarira ati :
(Y) « Nimwicare hano, nigire harya imbere guenga »
(S) Ajana Petero na bene Zebede babiri, araheza atangura kuganya n’ugutinya, ati :
(Y) « Numva ndi n’amaganya menshi nk’uwushaka gupfa. Nimugume ngaha duteramane. »
(S) Yigiye imbere, yubika amaso hasi asenga ati :
(Y) « Dawe, nivyaba bishoboka, nkurako aya magorwa ; yamara ntibibe nk’uko nshaka, ni bibe nk’uko wewe ubishaka. »
(S) Agarutse aho abigishwa bari basigaye, asanga barasinziriye. Abwira Petero ati :
(Y) « Ntushobora kumara n’isaha n’imwe uteramye hamwe nanje ! Nimube maso kandi musabe, mwoye gutsindwa n’inyosha mbi : kuko umutima ufise ingoga, mugabo umubiri wo ni ntamagara. »
(S) Araheza asubira gusenga ubwa kabiri, avuga ati :
(Y) « Dawe, aya magorwa niyaba atari bumveko ntabashije kuyarinda, ni bibe nk’uko ubishaka. »
(S) Ngo agaruke iyo bari, yongera gusanga basinziriye, amaso yabo yari yaremerewe n’itiro. Arabareka, asubira gusenga ubwa gatatu nka kwa kundi nyene. Hanyuma agarutse agarutse kandi iyo abigishwa biwe bari, ababwira ati :
(Y) « Ubu nimwisinzirire muruhuke ; isaha y’uko Umwana w’umuntu atabwa mu minwe y’abayobe iriko irashika. Nimuve hasi tugende, uwuza kungura ng’uyo araje, ntakiri kure. »

Yezu afatwa

(S) Akiriko aravuga ayo majambo, Yuda umwe wo muri bamwe cumi na babiri arashika, ari kumwe n’abandi benshi bazanye inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abasaserdoti be n’abashingantahe b’igihugu. Nyen’ukumugura yari yabagenkereje ati :
(Ab) « Uwo nza kuramutsa azoba ari we, muraca mumufata. »
(S) Buno nyene, Yuda yegera Yezu ati :
(Ab) « Mwaramutse, ga Muhanyi ! »
(S) Aramusoma. Yezu amwishura ati :
(Y) « Mugenzi, uzanywe n’iki ? »

(S) Abandi baca begera Yezu, bamuta mu minwe. Muri ico gihe, umwe wo mu bari kumwe na Yezu asokorora inkota, agetura ugutwi kw’umusuku w’umusaserdoti mukuru. Yezu aca aramubarira ati :

(Y) « Subiza inkota yawe mu rwubati, kuko abishinga inkota bazokwicwa n’inkota nyene. Ntuzi ko nari gushobora gusaba Data akandungikira ubwo nyene Abamarayika ibihumbi n’ibihumbi b’ukuntabara ? None, ivyanditswe vyoheza bikaranguka bite ? »
(S) Hanyuma araba ba bantu, ati :
(Y) « Muje nk’abahiga igisuma, muzanye inkota n’amahiri ngo mumfate ! Ariko mbona ntasiba kwigishiriza mu gisengero, yamara ntimwamfashe. »
(S) Ivyo vyose vyabaye ngo ivyavuzwe n’abahanuzi bitahe. Hanyuma abigishwa baramuta bose barahunga.

Urubanza kwa Kayifa

Bano rero bari bafashe Yezu, baca bamujana kwa Kayifa, umusaserdoti mukuru, niho abigisha n’abashingantahe bari bakoraniye. Petero yari yamukurikiye, yamara agendera kure, gushika ku kirimba c’umusaserdoti mukuru, ashika imbere aja mu basuku araba amaherezo. Abakuru b’abasaserdoti n’abari mu nama nkuru bose baja kurondera abagirizi babeshera Yezu ngo babone kumwica. Barazana isinzi ry’ababeshi, mugabo nta n’umwe yaronse ico amwagiriza. Hararuha haza ababeshi babiri bati :

(Ab) « Yagize ngo yoshobora gusambura ingoro y’Imana, agaheza agasubira kuyubaka mu misi itatu. »
(S) Araheza umusaserdoti mukuru ava hasi, ati :
(Ab) « Ntaco wishuye ? Ivyo bakwagiriza ni ibiki ? »
(S) Yezu na we arinumira. Umusaserdoti mukuru aramubwira ati :
(Ab) « Ndakurahiye kw’izina ry’Imana nzima, tubarire ko uri Kristu, Umwana w’Imana. »
(S) Yezu na we ati :
(Y) « Ni wewe ubivuze. Kandi ndakubariye, ni ivy’ukuri, kuva uyu munsi, muza kubona Umwana w’umuntu yicaye iburyo bw’Umushobora vyose ; muzobona kandi agaruka ku bicu vy’ijuru. »
(S) Araheza umusaserdoti mukuru atabura ivyambarwa vyiwe, ati :
(Ab) « Aratutse Imana ! Abagirizi turacabaronderera iki ? Muravyiyumviye noneho ! None kubwanyu, bite ? »
(S) Na bo bati :
(Ab) « Ni uw’ugupfa. »
(S) Baraheza baucira amate mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi bamukubita amakofe mu kumurtyekeza bati :
(Ab) « N’udupfindurire noneho, Kristu ! Uwagukubise ni nde ? »

Petero yihakana Yezu gatatu

(S) Muri ico gihe, Petero yari yicaye hanze mu rugo. Umusukukazi aramwegera, ati :
(Ab) « Nawe nyene wari kumwe na Yezu w’I Bugalile ? »
(S) Petero arahakana mu maso ya bose, ati :
(Ab) « Sinzi n’ico uvuga. »
(S) N’uwuwndi musukukazi amubone aja kw’irembo, abwira abari aho ati :
(Ab) « N’uwu yari kumwe na Yezu w’i Nazareti. »
(S) Arahakana agerekako n’indahiro ati :
(Ab) « Uyu muntu sindamuzi. »
(S) Hanyuma abari aho bamujako :
(Ab) « Ni ivy’ukuri, uri uwo muri bo ; n’ivuga ryawe riraguhinyuza. »
(S) Na we aca aja mu vyo guhakana rwose, arahira ko atazi uyo muntu. Buno nyene inkoko ica irabika. Petero aca yibika ijambo Yezu yari yamubariye ati : Inkoko iza kubika umaze kunyihakana gatatu. Aca rero arasohoka agenda arazimagirika, yiyuha iryosozi.

Yuda yihebura

Bukeye mu gatondo, abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu baja inama bose ngo bice Yezu. Bajana Yezu bamuboshe, bamuhereza Pilato icegera ca Sezari. Yuda yari yamuguze, ngo abone bagiye kumwica, arigaya, agarukanira abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu ya mafeza mirongo itatu, ababarira ati :
(Ab) « Nacumuye, jewe naguze amaraso y’umweranda. »
(S) Na bo bati :
(Ab) « Bidutwaye iki ? Biragusha. »
(S) Yuda rero aterera nya mafeza mirongo mu gisengero, arigira aja kwiyahura. Abakuru b’abasaserdoti barakira ya mafaranga, bati :
(Ab) « Ntawuyashira mw’ishinguriro ry’amaturo, kuko yaguze amaraso. »
(S) Niko kuja inama rero ngo bayagure umurima w’umubumvyi ngo baze bawuhambemwo abantu b’akavantara, batagira aho batabwa. Nico gituma uwo murima bawise Haceldama, ni ukuvuga umurima w’amaraso ; n’ubu niko ucitwa. Iryo umuhanuzi Yeremiya yari yaravuze rirataha ngo : ‘Bafashe ya mafeza mirongo itatu, ikiguzi c’uwaguzwe n’abana b’Israeli ; hanyuma bayagura umurima w’umubumvyi, nk’uko Umukama yabitegetse.’

(Igisomwa kigufi gitangurira aha)

Urubanza kwa Pilato

Yezu rero ahagarara imbere ya ca cegera ca Sezari, ico cegera kiramubaza giti :
(Ab) « Uri umwami w’Abayahudi ? »
(S) Yezu arishura ati :
(Y) « Ni wewe ubivuze. »
(S) Abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe babandanya kumurega, na we ntiyagira ico abishura. Pilato rero aramubwira ati :
(Ab) « Wewe ntiwumva ivyo bakwagiriza vyose ? »
(S) Yezu arinumira ; biranatangaza cane ca cegera ca Sezari. Ico cegera ca Sezari cahora gihengera ku musi mukuru wa Pasika kikabohora umuntu umwe mu baboshwe, uwo igihugu gisavye. Muri ico gihe, mu baboshwe harimwo inkozi y’ikibi yitwa Baraba. Pilato rero ahengera abantu bakoranye, ababwira ati :
(Ab) « Uwo mushaka ni nde : Baraba canke Yezu yitwa Kristu ? »
(S) Pilato yari azi ko Yezu yazize inzigo y’Abayahudi. Hano yicaye mw’iciro ry’imanza, umugore wiwe amutumako ati :
(Ab) « Ntihagire ico mupfa n’uwo muntu mweranda ; naraye ndose ibintu vyinshi bimwerekeye. »
(S) Abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe bosha igihugu ngo gisabe Baraba, Yezu na we yicwe. Icegera ca Sezari na co kibabwira giti :
(Ab) « Muri abo babiri, uwo mushaka ko ndabarekurira ni nde ? »
(S) Na bo barasemerera bati :
(Ab) « Baraba. »
(S) Pilato asubizayo ati :
(Ab) « Na we Yezu yitwa Kristu nza kumugira nte ? »
(S) Bose bishurira rimwe bati :
(Ab) « N’abambwe ! »
(S) Pilato abishura ati :
(Ab ) « Ikibi yakoze ni igiki ? »
(S) Na bo barushirizaho gukoma induru bati :
(Ab) « N’abambwe ! »
(S) Pilato abonye bibaye ivy’ubusa, ariko umugumuko uguma wongerekana, yakira amazi, akarabira imbere y’ishengero, avuga ati :
(Ab) « Amaraso y’uyu muntu atagira icaha ntangweko, muravyifashe ! »
(S) Igihugu cose cishurira rimwe giti :
(Ab) « Amaraso yiwe arakaduhama twebwe n’abana bacu ! »
(S) Araheza Pilato abarekurira Baraba ; Yezu na we ahejeje kumukubitisha, aramubaha ngo bamubambe.

Yezu akubitwa

Abasirikare b’ico cegera bafata Yezu, bamujana mu kirimba, bahamagara umugwi wose w’abasirikare ; baraheza bamwambura ivyambarwa vyiwe, bamutererako ikindi gikwemu gitukura, bajisha urugori rw’amahwa barumwambika ku mutwe, bongera bamufumbatisha ikibingobingo mu kuboko kw’iburyo, bakaza barapfukama imbere yiwe bamutwenga, bavuga bati :

(Ab) « Turakuramukije, mwami w’Abayahudi ! »
(S) Baza baramucirako amate, bagafata nya mubingobingo, bawumukubita ku mutwe. Abasirikare rero bahejeje kumutetagiza, bamwambura ca gikwemu gitukura, baramusubiza ivyambarwa vyiwe, bamujana kumubamba.

Yezu abambwa ku musaraba

Bashitse mu nzira, bahura n’umuntu w’Umunyasireni yitwa Simoni, baramugobera ngo atware umusaraba wa Yezu. Bashitse ku musozi witwa Golgota, ni ukuvuga umusozi w’agahanga, bamuhereza umuvinyu uvanze n’umururazi ngo anywe ; ngo awumvirize, aca arawureka. Bahejeje kumubamba, bagabangana ivyambarwa vyiwe, babipfindanirako ; baca baricara baramurinda. Hejuru y’umutwe wiwe, ku musaraba, hari handitswe ico azize ngo : ‘Uyu ni Yezu, umwami w’Abayahudi’. Baraheza bamubambana n’ibisuma bibiri, kimwe iburyo, ikindi ibubamfu.

Abahita na bo baramutuka, banega umutwe, bati :
(Ab) « Wewe usambura ingoro y’Imana, hanyuma ukayubaka mu misi itatu, niwikize ga natwe turabe ; niwaba uri Mwene Mana, niwikure ku musaraba ! »
(S) Abakuru b’abasaserdoti n’abigisha n’abashingantahe na bo nyene baramutwenga, bati :
(Ab) « Yakijije abandi, none na we biranse ko yikiza ; niyaba ari umwami w’Israeli, n’ave ku musaraba tumwemere ! Yizigiye Imana, none n’imukize, niyaba imukunda, kuko yagize ngo ndi Umwana w’Imana. »

(S) Na vya bisuma vyari bibambwe hamwe na we bimutuka gurtyo nyene.

Yezu apfa ku musaraba

Kuva kw’isaha ya gatandatu gushika kw’isaha y’icenda, umukorane ukwira isi yose. Kw’isaha y’icenda, Yezu ashira ijwi hejuru, avuga ati :

(Y) « Eli, Eli, lamma sabachtani »,
(S) ni ukuvuga ngo :
(Y) « Mana yanje, Mana yanje, wampebeshejwe n’iki ? »
(S) Bamwe mu bari bahagaze aho ngo bavyumve, bavugana bati :
(Ab) « Wa wundi ariko aratabaza Eliya ! »
(S) Umwe muri bo yiruka gukoza ipampa mw’isiki, arishira kw’isunwa ry’umubingobingo, aramuhereza ngo anunuze. Abandi na bo bati :
(Ab) « Reka, tugube ko Eliya aza kumutabara ! »
(S) Yezu yongera aratura akamo, aca aracikana.

****Aha barapfukama bakavuga agasabisho gatoyi banumye****

Buno nyene, impuzu yari mu gisengero yicamwo kubiri kuva ruguru gushika epfo ; isi iranyiganyiga, ibitandara vy’amabuye birasatagurika. Imva ziriyugurura n’imibiri myinshi y’aberanda irazuka ; Yezu amaze kuzuka, nya beranda bavuye mu mva, baja mu gisagara babonekera abantu benshi.

Umutware w’abasirikare n’abandi bari kumwe barinda Yezu, babonye ingene isi inyiganyize n’ivyo vyose vyari bibaye, baca bagira ubwoba bwinshi, bavuga bati :
(Ab) « Ni ivy’ukuri, uyu yari Umwana w’Imana ! »

(Igisomwa kigufi giherera aha)

Hari n’abagore benshi bari bahagaze kure baraba, bari bakwirikiye Yezu kuva i Bugalile, bamufasha ; muri bo, hari Mariya Magdalena, na Mariya nyina wa Yakobo na Yozefu, be na nyina wa bene Zebede.

Yezu ahambwa

Ku mugoroba, haza umuntu atunze aturuka i Arimati, akitwa Yozefu, na we nyene yari umwigishwa wa Yezu. Aja kwa Pilato kumusaba ikiziga ca Yezu. Pilato atumako ngo bakimuhe. Yozefu yakira ca kiziga ca Yezu, agipfukisha impuzu yera, agishira mu ruhafu rushasha yari yiyimbishirije mu gitandara c’ibuye, araheza ahindika ku muryango ikibuye amahanga, arigira. Mariya Magdalena n’uwundi mugore Mariya, niho bari bicaye, berekeye ku ruhafu. Bukeye, umusi wo kwitegura uheze, abakuru b’abasaserdoti n’abafarizayo baja kwa Pilato baramubwira bati :

(Ab) « Muhanyi, twibutse ko wa muhumvyi akiri muzima yavuze ngo : ‘Iminsi itatu iheze, nzozuka.’ Tegeka rero barinde uruhafu gushika ku munsi ugira gatatu, abigishwa biwe ntibahave baza kumwiba, hanyuma ngo babwire igihugu ko yazutse mu bapfuye : ico kinyoma cohava gisumba ica mbere. »

(S) Pilato arabishura ati :
(Ab) « Namwe ntimubuze abarinda : gende murinde, murabizi. »
(S) Baragenda barihweza uruhafu, bashira ikimenyetso kw’ibuye, be n’abarinzi.