Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 107)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IDOMINIKA YA 5 YA PASIKA (Umwâka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 6, 1-7

Baratoye abandi indwi buzuye Mutima Mweranda

Muri irya misi, abigishwa bariko baragwira, hanyuma Abagereki bidodombera Abahebereyi, kuko abapfakazi babo batagira ikibaraba. Bamwe Cumi na babiri bakoranya abigishwa bose, bababwira bati : « Ntibibereye yuko tureka kwigisha Ijambo ry’Imana ngo turiko turategura ivyo ku meza. None rero bagenzi, nimwitorere muri mwebwe abantu indwi b’imigenzo myiza, buzuye Mutima Mweranda n’ubwitonzi, tuzobagenere ico gikorwa. Twebwe, tuzoshishikara ivy’ugusenga n’ivy’ukwigisha Ijambo ry’Imana. »

Iyo mpanuro ishika ku nyota abari aho bose ; baca batora Stefano, umuntu yuzuye ukwemera na Mutima Mweranda, na Filipo, Prokori, Nikanori, Timoni, Parmenasi na Nikola, umwigishwa mushasha wo mu gihugu ca Antiyokiya ; babashikiriza abatumwa, abatumwa na bo bamaze gusaba, babagaranzurirako ibiganza.
Ijambo ry’Imana rero rirasagamba, igitigiri c’abigishwa kikongerekana i Yeruzalemu, n’abasaserdoti benshi (b’Abayahudi) barayobokera ukwemera.

IZABURI 32 (33) 1-2. 4-5.18-19

Icit : Mukama, tworose urukundo rwawe,
kuko ari Wewe twama twizigiye.

Canke : Alleluya.

Tere impundu Umukama, mwa bantu b’intungane,
abantu b’intungane barabereye gutera impundu.
Shemeze Umukama mu nanga,
mucurarangire inanga y’imirya cumi.

Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.

Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
ku bizeye urukundo abafitiye,
kugira ngo abasimbishe icobo,
abakize amapfa.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero : 2, 4-9

Mweho muri indanga zitorewe n’Imana,

musangiye ubusaserdoti na Kristu Umwami.

Ncuti zanje,
Nimwiyegereze Umukama, we buye rizima ryashibuwe n’abantu, ariko rigashimwa kandi rigatera igomwe Imana. Namwe rero, nimumere nk’amabuye mazima yo kwubaka ingoro y’umutima ngo mube ubusaserdoti bweranda mu guhereza amashikanwa ashimisha Imana kubwa Yezu Kristu.

Na none, Ibitabu Vyeranda bivuga biti : « Nzoshira muri Siyoni ibuye rigumya imfuruka nitoreye kandi riteye igomwe, uwuzoryishimikiza ntazoteterwa. » Mwebwe rero abemera, iryo teka ni rwanyu ; ivyo abanse kwemera, bo rya buye abubaka bari bataye rigahava rikaba ishimikiro ry’inzu, ni ryo ribabera igishitsi c’ukubatsitaza, igitandara c’ukubatembagaza. Batsitara kuko banse kwemera rya Jambo, na none ico ni co bari bagenewe.

Mweho muri indanga zitorewe n’Imana, musangiye ubusaserdoti na Kristu Umwami, muri igihugu gihunzweko ubweranda, muri icibare Imana yiciriye ngo cerekane ubukomezi bw’Uwabakuye mu mwijima akabashira mu muco w’akatabonetse.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Umukama yavuze ati : « Jewe ndi inzira, Ukuri n’Ubuzima ;
ntawuja kwa Data atanciyeko. »

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 14, 1-12

Jewe ndi Inzira, Ukuri n’Ubuzima
Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Ntimusimbwe n’umutima ! Muremere Imana, munyemere nanje. Mu ngoro ya Data, hari ibibanza vyinshi ; ahandi ho nari kubibabwira, kuko ngiye kubategurira ikibanza, nzoheze ngaruke, mbajane hafi yanje, kugira ngo ah ondi habe ariho muba namwe. Kandi iyo ngira nje murazi inzira irorayo. »

Toma amubwira ati : « Mukama, ntituzi iyo uja, inzira irorayo twoyimenya dute ? » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi Inzira, Ukuri n’Ubuzima ; ntawuja kwa Data atanciyeko. Ko mwamenye, muzomenya na Data. Ubu bwa none, muramuzi kandi mwaramubonye. »

Filipo amubwira ati : « Mukama, twereke Data, bizoba bibaye ! » Yezu aramwishura ati : « Aho twabaniye, ubwo ga Filipo nturamenya ? Uwumbonye aba abonye Data. Ushobora kuvuga ute, uti : Twereke Data ? Mbega, ntiwemera k ondi muri Data, na We Data akaba muri jewe ? Amajambo ndababwira sindayavuga ndayibwiiye : Data aba muri jewe ni We yirangurira ibikorwa vyiwe. Ni ukuri, nyemera ! Jewe ndi muri Data, na We Data ari muri jewe ; canke, nimupfume muvyemezwe n’ibi bikorwa nyene mubona.
Ni ukuri, ni ukuri, ndabibabwiye : uwunyemera azokora na we nyene ibikorwa nkora ; ndetse azokora n’ibiruta, kuko ngiye kwa Data. »

IDOMINIKA YA 3 YA PASIKA-Umwâka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 2, 14. 22-33

Ntivyari gushoboka yuko urupfu rumutsinda

Ku musi wa Pentekoti, Petero arahaguruka ahagatiwe na bamwe Cumi n’umwe, atereza ijwi ati : « Yemwe Bayahudi namwe mwese muba ngaha i Yeruzalemu, tege amatwi aya majambo kandi muyategere. Yezu w’i Nazareti yaratewe iteka n’Imana imbere yanyu, mu kumuha ububasha bw’ugukora ibitangaro izuba ryaka, nk’uko namwe nyene mwavyiboneye. Mwaramufashe muramwicisha, mumubamba ku musaraba, mumuta mu minwe y’abansi, nk’uko Imana yari yabitegekanije. Noneho Imana yaramusubije ubuzima, imukura mu vyara
Kuko Dawidi yari yarabivuze ati :
‘Nguma nerekeje amaso ku Mukama,
kuko ahangaye iburyo bwanje ngo sintirimuke.
Nico gituma umushaha wanje wuzuye agahimbare,
nayo ururimi rwanje rukivuga amazina ;
vyongeye umubiri wanje uzokwiruhukira mu mwizero
w’uko utazorekera umutima wanje mu kuzimu
kandi utoreka umweranda wawe ngo apfe abore.
Waranyeretse inzira y’ubuzima
Ni Wewe kandi uzompimbara
Umusi nzokubona imbonankubone.’

Benewacu, nkundira ndabibutse ataco ninona ibirora kuri sokuru wacu Dawidi : yarapfuye, arahambwa, mbere n’imva yiwe turazi aho iri. Mugabo, Dawidi yari umuhanuzi kandi yari azi indahiro Imana yari yamurahiye, ko izovyagiza ku ngoma yiwe umwana ava mu nda yiwe. Nico gituma Dawudi yavuga izuka ry’Umukama wacu ko atigeze aguma mu mva z’abapfuye kandi ko umubiri wiwe utigeze ubora.
Uyo Yezu ni we Imana yasubije muzima, twebwe ni co twiboneye. Amaze kuninahazwa n’ukuryo kw’Imana kandi amaze kuronka wa Mutima Mweranda yari yaraturaganiye, yaramuturungikiye nk’uko muvyibonera mukavyiyumvira. »

IZABURI 15 (16), 1. 2a. 5. 7-8. 9-10. 11

Icit : N’undangire, Mukama, inzira y’ubuzima.

Canke : Alleluya.

N’unzigame, Mana yanje, kuko ari Wewe mahungiro yanje.
Nabwiye Umukama nti : « Umukama ni Wewe.
Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,
ni Wewe natoranyeko iragi ryanje. »

Mpezagira Umukama, We muhanuzi wanje,
kandi mw’ijoro hari ico umutima umbarira.
Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya,
kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.

Umutima wanje urahimbarwa kandi umushaha wanje ukanezerwa,
umubiri wanje na wo ukaruhuka, ataco winona ;
na none, ntiworeka ngo mpfe rubi,
ngo uugenzi wawe aherere mu cobo.

Uzondangira inzira y’ubuzima,
imbere yawe agahimbare ni kose ;
iburyo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero : 1, 17-21

Mwaracunguwe n’amaraso y’igiciro ntangere ya Kristu, wa Mwagazi utagira agahonzi n’inenge.

Ncuti zanje,
Nimwaba muhamagara Data, We atagira nkunzi mu gucira urubanza umuntu wese ku co yakoze, nimwame mwiyubara mu migenzo yanyu mugihe mutarashikira mu ntara yanyu. Murazi neza ko mutacunguwe n’itunga rishira nk’ifaranga canke inzahabu ngo muve mu migenzo y’imburakimazi mwarazwe n’Abasokuru ; mwacunguwe nyabuna n’amaraso y’igiciro ntangere ya Kristu, wa Mwagazi utagira agahonzi n’inenge, wagenywe isi itararemwa, none werekanywe mu misi y’imperuka kubwanyu. Kubwiwe, muremera Imana yamuzuye mu bapfuye, ikongera ikamuha ubuninahazwa ; mbere ukwemera kwanyu gushimikiye ku Mana, ni Yo mizero yanyu.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Mukama Yezu, n’utwumvishe ivyanditswe mu Bitabu Vyeranda !
Umutima wacu wuzure urukundo, niwatuganiriza.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Luka : 24, 13-35

Bamenye Umukama aho yamanyura umukate

Ku musi ugira gatatu kuva aho Yezu apfiriye, abigishwa babiri baja mu gisagara citwa Emausi : kuva i Yeruzalemu, ni urugendo rw’isaha zibiri ; bagenda baraganira ivyari vyabaye vyose. Barabiganira kandi bakabiharira ; Yezu na We arabegera ngo bafatanye akayira ; ariko amaso yabo ntiyashobora kumumenya. Arababaza ati : « Ivyo mugenda muratoshanya ni ibiki ? » Barahagarara bijiriwe.

Umwe muri bo yitwa Kleofasi, aramwishura ati : « Ni wewe musa uciye i Yeruzalemu utazi ivyabaye muri iyi misi ? » Na We ati : « Vy’ibiki ? » Bati : « Ivya Yezu w’i Nazareti : yari umuhanuzi w’agakura mu mvugo no mu ngiro, imbere y’Imana n’imbere y’abantu : abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe bacu baramuguze, bamucira urwo gupfa, bagirako bamubamba ku musaraba ; ariko tweho twari twizigiye ko ari We yari gucungura Israeli ! None bukeye gatatu ivyo bintu vyabaye ! Hari abagore bamwe mu bacu bahoze ku ruhafu kare baje kudutera ubwoba : ntibabonye ikiziga ciwe, yamara baje kutubwira ko babonye abamarayika bababariye ko ari muzima.
Yezu rero arababwira ati : « Mwa biburabwenge mwe, nta mutima mugira ngo mwemere ivyo abahanuzi bavuze ! None, ntikwari ko ngo Kristu arinde ayo magorwa yose, kugira ngo ashikire ubuninahazwa bwiwe ? » Ahera rero kuri Moshe, ahetura abahanuzi bose, abasigurira ivyanditswe mu Bitabu bimwerekeye. Begereje umuhana bajamwo, Yezu amera nk’uwubandanya. Ariko baramwinginga bashimitse bati : « Ingo tugumane aha, burije n’izuba ryarenze. » Araheza arabakurikira.

Avyagiye ku meza hamwe na bo, yakira umukate, arawuhezagira, arawumanyura, arawubahereza. Amaso yabo aca arakanura, baramumenya, yamara buno nyene acacaranyika. Baraheza baravugana bati : « Erega niho umutima wacu wari wuzuye urweze aho twafatanya akayira atubwira ivyanditswe mu Bitabu Bitagatifu ! » , Muri ino saha nyene, barahaguruka, basubira i Yeruzalemu, basanga bamwe cumi n’umwe bakoranye n’abandi bagenzi babo bari kumwe. Bariko baravuga ngo : « Ni ivy’ukuri, Umukama yazutse, yabonekeye Simoni. » Na bo babiganira ivyo babonye mu nzira n’ingene bamumenye aho yamanyura umukate.

IGENEKEREZO RYA 1 RUSAMA : YOZEFU MWERANDA, UMUKOZI

 

(Mu Burundi, ni Umusi Mukuru cane)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 1, 1. 26-2, 3

Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi. Imana iraheza ivuga iti : « Ingo tureme umuntu tumwishushanye, ase natwe ; agabe ifi zo mu kiyaga, ibikoko, inyamaswa zose, be n’ubwoko bwose bunyogomba hasi. » Imana iraheza irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, irema umugabo n’umugore. Imana irabahezagira ibabwira iti : « Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi, muteko muyigabe. Mugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, be n’ibikoko vyose vyagamba kw’isi. » Imana iraheza ivuga iti : « Ndabahaye ibiremwa vyose vyama imbuto bikwiye isi yose, be n’ibiti vyose bifise ivyamwa birimwo imbuto ; bizobabere imfungurwa. Inyamaswa zose be n’inyoni zose zo mu kirere, ivyikwega hasi vyose kandi biri n’ubuzima, ndabagabiye ibimera vyose kandi biri n’itoto ngo bibabere indya. » Bica biba gutyo. Imana ikubitiza ijisho ku vyo yari yagize : vyari vyiza cane. Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi ugira gatandatu.

Gurtyo rero, ijuru n’isi hamwe n’inteko zavyo, vyari bihejeje guhingurwa. Ku musi ugira indwi, Imana irasozera igikorwa yari yagize ; hanyuma ku musi w’indwi iraruhuka, imaze kurangiza ico gikorwa cose yari yagize. Ng’ayo amamuko y’ijuru n’isi igihe vyaremwa.

IZABURI 89 (90), 2. 3-4. 12-13. 14. 16b

Icit : N’udushimangirire, Mukama,
         ivyo dukora n’amaboko yacu.

Imisozi itarabaho,
utararema isi n’ibihugu,
Weho wamye uri Imana
Kuva kera na rindi.

Abantu urabasubiza mw’ibumba,
urababarira uti : « Bana b’abantu, nimusubireyo ! »
Mu maso yawe, imyaka igihumbi imeze nk’umusi w’ejo wahise,
canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.

N’utwigishe guharūra imisi yacu,
kugira ngo dukerebuke mu bwenge
Ewe Mukama, garuka uzogeza ryari ?
Niwirimbuze mu vyo ugirira umusavyi wawe.

N’udukwize urukudo rwawe mu gitondo ca kare,
niho twoheza tukamara umusi wose mu karirimbo no mu kanyamuneza.
Igikorwa cawe niciserure ku basavyi bawe,
be n’agahimbare kawe ku bana bawe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi : 3, 14-15. 17. 23-24

Ncuti zanje,
Ico mwokwitwararika imbere ya vyose, ni uko mwokwamana urukundo, kuko ari rwo rutuma umuntu aba intungane ishitse. Vyomngeye, amahoro ya Kristu n’ahangame mu mishaha yanyu, ayo mahoro ni yo mwahamagariwe gusangira mu Mubiri umwe, maze, mwame mukenguruka na ntaryo.
Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu, mumwihekeko mu gukengurukira Imana, Umuvyeyi wacu. Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye ku mutima nk’abakorera Umukama, ntimube nk’abakorera abantu : murazi neza ko Umukama ari We azobaronsa impera mu kubagira ba Samuragwa biwe. Umukama Yezu ni We mukorera.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Umukama n’ashimagizwe imisi n’iyindi,
We Mana Mukiza wacu, yiremetseko ibituremereye.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 13, 54-58

Muri irya misi, Yezu yagarutse mu ntara iwabo, arigishiriza mw’isinagoga ryabo.
Abantu baratamarirwa bavuga bati : « Mbega ubwo bwenge n’ivyo bitangaro biva hehe ? None, urya si wa muhungu w’umubaji ? Nyina ntiyitwa Mariya, benewabo si Yakobo, Simoni na Yuda, bashikibe bose ntitubana ? None, ivyo bintu vyose abikura hehe ? » Bibatera umutima mubi.
Yamara Yezu We ababwira ati : « Umuhanuzi ntiyigera aninahazwa mu gihugu yavukiyemwo no mu muryango iwabo. » Nta bitangaro vyinshi rero yahagiriye kubera ubugaba bwabo.