Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 107)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
IDOMINIKA YA 5 YO MU KAREMA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeri : 37, 12-14
(Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima)
Ng’iri ijambo ry’Umukama Imana : Ngiye gufurura imva zanyu, ndabakureyo, ndabasubize mu gihugu canyu c’Israeli. Muzoheza mumenye ko arije Mukama. Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima, nongere ndabasubize mu gihugu canyu. Niho muzomenya ko arije Mukama : narabivuze kandi nzobirangura. Ng’iryo iryo Umukama avumereye.
Izaburi 129 (130), 1-2. 3-4b. 4c-6. 7-8
Icit :Urukiza ruva ku Mukama
Benshi bakaba ariho bakirira rwose.
Ndagutakambiye, Mukama, ndi mu nyenga,
Mukama, ndagutabaza, nyumvira :
n’untege amatwi,
igisabisho canje kibashe kugushikira.
Mbega, Mukama, niwaraba akabi kacu,
ni nde azorokoka ?
Ariko ikigongwe kiva iwawe,
nico gituma bakwubaha kandi bakwizera.
Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe, ni ryo nizeye ;
umutima wanje uriteze Umukama,
gusumvya abateramyi biteze umutwenzi.
Israeli na yo niyitege Umukama,
kuko urukiza ruva ku Mukama,
benshi bakaba ariho bakirira rwose ;
ni We azobohora Israeli,
akayikiza ibicumuro vyayo vyose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani : 8, 8-11
(Umutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye ubagerereyemwo)
Ncuti zanje,
Abaguma bagenzwa n’umubiri ntibashobora kunezereza Imana. Mweho rero, ntimukigenzwa n’umubiri, ariko mugenzwa na Mutima, kuko Mutima w’Imana abavyagiyemwo. Umuntu atagira umutima wa Kristu, si uw’Imana. Ariko, Kristu niyaba ari muri mwebwe, n’aho umubiri ukwiye gupfa kubera igicumuro, umutima wo ni muzima kubera ubutungane. Vyongeye, Mutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye niyaba yabagerereyemwo, Uwazuye Kristu mu bapfuye azoha ubuzima imibiri yanyu yiziziwe n’urupfu, mu kubagabira Mutima wiwe avyagiye muri mwebwe.
INKURU NZIZA
Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima ;
uwunyemeye ntazokwigera apfa. »
Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 11, 1-45
Igisomwa kigufi bagisanga inyuma y’iki
(Jewe ndi izuka n’ubuzima)
Muri irya misi,
Hari umurwayi yitwa Lazaro, w’i Betaniya, ku mutumba wabako Mariya na Marita mwenewabo. (Uwo Mariya, ni umwe yasiga Umukama amavuta amoga, akongera agahanaguza imishatsi ibbirenge vyiwe. Uyo Lazaro yari arwaye, ni musazawe). Bashiki ba Lazaro batuma kuri Yezu bati : « Mukama, umwe ukunda ararwaye. » Ngo avyumve, Yezu asubizayo ati : « Iyo ndwara si urujanyi ni uburyo bwo kuninahaza Imana, izotuma Umwana w’Imana aninahazwa. »
Yezu yarakunda Marita na mwenewabo Mariya na Lazaro. Aho yumviye ko Lazaro arwaye, aguma aho yari ari imisi ibiri. Araheza abwira abigishwa biwe ati : « Hogi dusubire mu Buyudeha. »
Abigishwa biwe baramwishura bati : « Mukama, ejo bundi, Abayahudi bashatse kukwicisha amabuye, none usubireyo ! » Yezu arababwira ati : « Ntihari amasaha cumi n’abiri ku musi ? Uwugendagenda ku mutaga ntatsitara, kuko abona umuco wo kw’isi ; ariko uwugenda mw’ijoro, aratsitara kuko ata muco abona. » Avuze artyo, arungikanya ati : « Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye ; ngirango ngende kumukangura. » Abigishwa biwe bati : « Mukama, niyaba asinziriye, azokira. » Yezu we yavuga urupfu, bo yamara bakagira ngo ni akaruhuko k’itiro risanzwe. Yezu noneho arabafoborera ati : « Lazaro yapfuye, kandi ndanezerewe kubwanyu ko atariho nari ndi, kugira ngo mushobore kwemera. Hogi rero tuje kumuraba. » Toma, umwe bita Didimo, ngo avyumve, abwira abandi bigishwa ati : « Hogi tujane, tuje kumgwa inyuma ! »
Yezu ngo ashike i Betaniya, asanga Lazaro amaze imisi ine mu cobo. Betaniya yari hafi ya Yeruzalemu, hari nk’istadi cumi na zitanu. Abayahudi benshi bari baje kugandara kwa Marita na Mariya ngo babahoze kubera urupfu rwa musaza wabo. Aho Marita yumviye ko Yezu ashitse, yaciye aja kumusanganira ; Mariya na we asigara mu nzu yicaye. Marita rero abwira Yezu ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa. Yamara rero n’ubu ndazi ko ico uza gusaba Imana cose ikiguha. » Yezu amubwira ati : « Musazawe azozuka. » Marita aramwishura ati : « Ego ndabizi ko azozuka mw’izuka ry’umusi w’imperuka. » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima ; uwunyemeye n’aho yoba yarapfuye, azoba muzima. Vyongeye, umuntu wese abaho kubwanje akongera akanyemera, ntazokwigera apfa. Uremeye ivyo ? » Amwishura ati : « Ego Mukama, ndemeye ko uri Kristu Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza kw’isi. » Avuze ivyo, aca agenda guhamagara mwanewabo Mariya, amwongorera ati : « Umwigisha yaje, araguhamagaye. » Ngo avyumve, Mariya arahaguruka ningoga, aratebuka kumusanganira. Yezu ntiyari bwashike mu gisagara, yari akiri aho bahwaniye na Marita. Abayahudi bari kumwe na Mariya mu nzu bamuhoza, bamubonye ahagurutse ningoga, agasohoka, baciye bamukurikira, bagira ngo agiye kuririra ku mva.
Mariya, ngo ashike aho Yezu ari, amubonye, yikubita hasi ku nyundo ziwe, ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa ! » Yezu abonye Mariya ariragurika, n’Abayahudi bamuherekeje biyuha iryosozi, na we bimwanka mu nda. Araheza ababaza ati : « Mwamuhamvye he ? » Bamubwira bati : « Mukama, ingo wirabire. » Yezu ararira. Abayahudi rero bati : « Ehe ukuntu yamukunda ! » Bamwe muri bo yamara bati : « Uwahumuya uwavutse ari impumyi yananiwe n’ukubuza uwo gupfa ! »
Yezu asubira gusimbwa n’umutima, araheza agenda ku cobo : ryari isenga ryugajwe ibuye. Yezu ati : « Kura ibuye. » Marita na we amubwira ati : « Mukama, aramaze kunuka, kuko ahamaze kane. » Yezu amwishura ati : « Sinakubwiye ko niwemera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana ? » Barakura rero rya buye. Na we araramuye amaso, avuga ati : « Dawe, ndagushimiye ko wanyumviye. Ndazi ko wama unyumvira ; ariko mvuze ntyo kubera ishengero rinkikije, babonereho kwemera ko ariwe wantumye. » Avuze artyo, ashira ijwi hejuru ati : « Lazaro, sohoka ! » Nya muhisi arasohoka uko yagahambiriwe, impuzu ku maguru no ku maboko, mu maso na ho hafutswe n’ikiremo. Yezu rero ababwira ati : « Muhamburure, mumureke agendagende. » Benshi rero mu Bayahudi bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu yakoze, baramwemera.
Igisomwa kigufi :
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 11, 3-7. 17. 20-27. 33b-45
Muri irya misi,
Marita na Mariya, ari bo bashiki ba Lazaro, batuma kuri Yezu bati : « Mukama, umwe ukunda ararwaye. » Ngo avyumve, Yezu ati : « Iyo ndwara si urujanyi, ni uburyo bwo kuninahaza Imana ; izotuma Umwana w’Imana aninahazwa. » Yezu yarakunda Marita na mwenewabo Mariya na Lazaro. Aho yumviye ko Lazaro arwaye, aguma aho yari ari imisi ibiri. Araheza abwira abigishwa biwe ati : « Hogi, dusubire mu Buyudeha. »
Yezu ngo ashike, asanga Lazaro amaze imisi ine mu cobo. Aho Marita yumviye ko Yezu ashitse, yaciye aja kumusanganira ; Mariya na we asigara mu nzu yicaye. Marita rero abwira Yezu ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa. Yamara rero n’ubu ndazi ko ico uza gusaba Imana cose ikiguha.» Yezu amubwira ati : « Musazawe azozuka. » Marita aramwishura ati : « Ego ndabizi ko azozuka mw’izuka ry’umusi w’imperuka. » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima : uwunyemeye n’aho yoba yarapfuye, azoba muzima. Vyongeye, umuntu wese abaho kubwanje akongera akanyemera, ntazokwigera apfa. Uremeye ivyo ? » Amwishura ati : « Ego, Mukama, ndemeye ko uri Kristu Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza kw’isi. »
Na we Yezu bimwanka mu nda. Araheza ababaza ati : « Mwamuhamvye he ? » Bamubwira bati : « Mukama, ingo wirabire. » Yezu ararira. Abayahudi rero bati : « Ehe ukuntu yamukunda ! » BAmwe muri bo yamara bati : « Uwahumuye uwavutse ari impumyi yananiwe n’ukubuza uwo gupfa ! »
Yezu asubira gusimbwa n’umutima, araheza agenda ku cobo : ryari isenga ryugajwe ibuye. Yezu ati : « Kura ibuye. » Marita na we amubwira ati : « Mukama, aramaze kunuka, kuko ahamaze kane. » Yezu amwishura ati : « Sinakubwiye ko niwemera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana ? » Barakura rero rya buye. Na we araramuye amaso, avuga ati : « Dawe, ndagushimiye ko wanyumviye. Ndazi ko wama unyumvira ; ariko mvuze ntyo kubera ishengero rinkikije, babonereho kwemera ko ariwe wantumye. » Avuze artyo, ashira ijwi hejuru ati : « Lazaro, sohoka ! » Nya muhisi arasohoka uko yagahambiriwe, impuzu ku maguru no ku maboko, mu maso na ho hafutswe n’ikiremo. Yezu rero ababwira ati : « Muhamburure, mumureke agendagende. » Benshi rero mu Bayahudi bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu agize, baramwemera.
IDOMINIKA Y’8 YO MU MWAKA (A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 49, 14-15
(Jewe sinzokwigera ndaguheba)
Siyoni yahora igira iti : « Umukama yarampevye, Umukama yaranyibagiye. » Mbe, hari umuvyeyi yokwibagira umwana ari ku bibero, hari uwokwanka uwo yibarutse ? N’aho hoboneka uwovyubahuka, jewe siinzokwigera ndaguheba.
Izaburi 61 (62), 2-3. 6-7. 8-9ab
Icit : Niwirukire ku Mana, mushaha wanje !
Umushaha wanje uruhuka ushikiriye Imana Yo nsa,
Ni Yo nyene izonkiza ;
Ni Yo kinja ryanje, ni Yo bukiriro bwanje,
Ni Yo nkinzo yanje, eka ntaco ninona.
Niwirukire ku Mana, mushaha wanje,
Ni Yo nzeyeko urukiza ;
Ni Yo kinja ryanje, ni Yo bukiriro bwanje,
Ni Yo nkinzo yanje, eka ntaco ninona.
Ku Mana ni ho bukiriro bwanje n’ubuninahazwa bwanje,
Ku Mana ni ho mirukiro yanje n’amahungiro yanje.
Niwizere Imana, wa ntara, izere udahengeshanya ;
Uyiganyire ayari ku mutima.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 4, 1-5
(Umukama azogaragaza akari mu mishaha)
Ncuti zanje,
Umuntu wese rero n’atubonemwo abasuku ba Kristu n’abashikiriza b’amabanga y’Imana. Nayo ico barondera ku mushikiriza, ni uko umwe wese yosangwa ari intatirimuka. Kubwanje, ivy’ugucirwa urubanza na mwebwe canke n’intahe y’abantu, ndabinezwe buhoro ; mbere na jewe nyene ntarwo nicîra. Niko, ntaco umutima untonganya, ariko si co kingira intungane ; uwuncira urubanza ni Umukama. Ni uko rero, nimureke guca urubanza na rumwe hataragera, igihe Umukama ataraza ; ni We azoboneshereza ivyanyegejwe mu mwijima, kandi azogaragaza akari mu mishaha. Niho rero umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Ijambo ry’Imana ni rizima, ryuzuye ububasha,
Rirasobanura ivyiyumviro n’ivyipfuzo biri mu mitima.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 6, 24-34
(Ntimwitwararike ivy’ejo)
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :«Ntawushobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe uwundi na we akamunebagura. Niho rero mutoshobora gukorera Imana n’ifaranga.
Nico gituma ndababwira nti : Nimureke guhagarikwa umutima n’indya zo kubatunga n’impuzu z’ukwambika umubiri wanyu. None, amagara ntasumba imfungurwa, umubiri na wo ugasumba ivyambarwa ? Rabe inyoni zo mu kirere : ntizibiba, ntizimbura, ntizica ibigega ; ariko So wanyu wo mw’ijuru arazigaburira ! None ntimuziruta na kure ? Aho nyene, ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongerako irindi tambwe ryo kuramba ngo n’uko bimuhagaritse umutima?
Na vyo ivyambarwa, bibahagarikira umutima iki ? Itegereze ukuntu amashurwe yo mw’ishamba akura : ntarima kandi nta mpuzu ajisha ; ariko ndababwiye ko na Salomo, nanzi ngo yari akatabonetse, atigeze yambara nka rimwe muri ayo mashurwe. Ko Imana irinda yambika ivyatsi vyo mw’ishamba vyirirwa uyu munsi ejo bigacanwa, mwebwe yobura kubagirira ibisumba ? Emwe mwa bantu mwemera buhoro !
Nimureke rero gusimbwa n’umutima mugira muti : Mbega tuza kurya iki ? Tuza kunywa iki ? Tuza kwambara iki ? Abapagani ni bo bakurikirana mwen’ivyo ; ariko So wanyu wo mw’ijuru arazi ko mukeneye ivyo vyose. Nimutangure rero murondere Ubwami bw’Imana n’ubutungane bwayo, na vyo ibindi izobibagerekerako. Ntimwitwararike ivy’ejo : ejo hazokwimenya. Umunsi wose ugorwa n’ivyawo. »
IDOMINIKA Y’7 YO MU MWAKA (A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Bene Levi : 19, 1-2. 17-18
(Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene)
Umukama yabwiye Moshe ati : « Bwira Abanyisraeli bose uti : Nimube beranda, kuko jewe, Umukama Imana yanyu, ndi mweranda. Ntuzokwanke mwenewanyu. Utegerezwa gukebura kavukire, niho utazokwikwegerako igicumuro ciwe. Ntuzokwihore kandi ntuze ugirire inzigo abo musangiye igihugu. Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Ni Je Mukama ! »
Izaburi 102 (103), 1-2. 3-4. 8. 10. 12-13
Icit : Umukama ni We Nyen’imbabazi n’ikigongwe.
Himbaza Umukama se mushaha wanje,
Maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
Himbaza Umukama se mushaha wanje,
Maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.
Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
Ni We agukiza indwara zose ;
Ni We akugarurira ku cobo,
Ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.
Umukama ni We Nyen’imbabazi n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
Uko ducumura, siko aduhana,
Uko tumutuka, siko adusubiza.
Nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
Niko adushira kure y’akabi kacu ;
Nk’uko umuvyeyi akunda abana biwe,
Niko Umukama akunda abamwubaha.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 3, 16-23
(Vyose ni ivyanyu, namwe muri aba Kristu, Kristu na We ni uw’Imana)
Ncuti zanje,
Mbega, ntimuzi yuko muri ingoro y’Imana kandi ko Mutima w’Imana aba muri mwebwe ? Nihagira uwusambura ingoro y’Imana, Imana izomusambura, kuko ingoro y’Imana ari nyeranda, kandi iyo ngoro ni mwebwe.
Ntihagire n’umwe yihenda : muri mwebwe, nihagira umwe yiyumvira ko ari umunyabwenge ku vy’iyi si, niyigire ikijuju ngo abone guhinduka umunyabwenge w’ukuri ; kuko ubwenge bw’iyi si ari ubusazi mu maso y’Imana. Na none handitswe ngo : Umukama ategera abanyabwenge mu bubangutsi bwabo, kandi ngo : Umukama arazi ivyiyumviro vy’abanyabwenge, arazi ko ataco bimaze.
Ni uko rero, ntihagire n’umwe yihayagiza mu bantu ; kuko vyose ari ivyanyu, ari Paulo canke Apolo canke Kefas, ari isi canke ubuzima canke urupfu, ari ivy’ubu canke ibizoza ; vyose ni ivyanyu, namwe muri aba Kristu, Kristu na We ni uw’Imana.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Uwuzigama ijambo rya Kristu, muri we urukundo rw’Imana niho ruba rurangukiye.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 38-48
(Nimukunde abansi banyu)
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :
« Mwarumvise ivyavuzwe ngo : Ijisho ki rindi, iryinyo ku rindi. Eka jeho ndababwiye kudahangana n’umuhambazi ; nihagira uwugukubita kw’itama ry’iburyo, muhereze n’irindi. Uwushaka kukwitwarira ngo agutware ikanzu, muhebane n’igikwemu. Umuntu niyakugobera ngo mujane inzira y’intambwe igihumbi, mukwirikire mugire ibihumbi bibiri. Uwugusavye n’umuhe, uwukuguranye ntumwinyungushure.
Mwarumvise ivyavuzwe ngo : Uzokunda umugenzi wawe, wanke umwansi wawe. Jeho rero ndababwiye nti : Kunda abansi banyu, kandi musabire ababahama, ngo mwerekane ko muri abana ba So wanyu wo mw’ijuru aha izuba ababi n’abeza, agaha imvura intungane n’indyarya.
Kuko mukunze ababakunda gusa, impera yanyu izoba iyihe ? Abatozakori bo ntibabigira ? Kandi muramukanije na benewanyu gusa, mwoba mugize iki c’akatabonetse ? Abapagani bo ntibabigira ? Mweho rero, nimube beranda nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari mweranda. »






