Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 112)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IDOMINIKA YA 2 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 49, 3. 5-6

(Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi)

Umukama yambwiye ati : « Uri umusavyi wanje, Israeli, muri wewe nzoronka ubuninahazwa.»
Ubu hoho Umukama yaravuze, We yandemye mu nda ya mama, ngo ndamubere umusavyi, ndamugarukanire Yakobo, nshwabure Israeli. Ego cane, ndi n’agaciro mu maso y’Umukama, Imana yanje ni Yo magara yanje. Yaravuze iti : « Kuba umusavyi wanje ahagarikira bene Yakobo, agarura bene Israeli barokotse, ivyo ntibikwiye. Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi.

Izaburi 39 (40), 2. 4ab. 7-8a. 8b-9. 10

Icit: Ndi hano, ndaje, Mukama, ndaje gukora ivyo ushaka.

Nari nizigiye Umukama nshimitse,
yaranteze ugutwi.
Araheza antuma nezerwa ndaririmba,
ndaririmbira Imana yacu.

Inkuka n’imperezwa vyari ubusa kuri Wewe,
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose ntiwari ubishimitsemwo,
niho nitora nti : « Ndi hano ndaje. »

Ivyanditswe kuri jewe
bintegereza gukora ivyo ushaka :
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
Kandi ndayashize ku mutima.

Narataziriye inkuru nziza
Ishengero rikoranye.
Raba sinobinuma,
ni ico wiyiziye, Mukama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 1, 1-3

(Tubipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama Yezu Kristu)

Jewe Paulo,
Jewe nahamagariwe kuba umutumwa wa Yezu Kristu nk’uko Imana yabishatse, twe na mwenewacu Sosteni, turandikiye mwebwe Ekleziya y’Imana iri i Korenti, mwebwe mwatagatifujwe ne Kristu Yezu, mwahamagariwe kuba beranda hamwe n’abo bose bambaza iyo bari hose izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, ari We Mukama wabo n’uwacu, tubipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama wacu Yezu Kristu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Jambo yarigize umuntu, abana natwe.
Abamwakiriye bose yabahaye ububasha
Bwo kuba abana b’Imana.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 1, 29-34

(Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura igicumuro c’isi)

Yohani Batista abona Yezu aje, amwerekeye, aca avuga ati : « Ng’uyu Umwagazi w’Imana, ng’uyu uwukura igicumuro c’isi. Uwo ni We navuze, aho nagira nti : Mu nyuma zanje, haza kuza umuntu anduta, kuko ntarabaho yariho.
Na jewe sinari ndamuzi ; yamara naje kubatiza mu mazi ngo amenyekane muri Israeli. » Yohani yongera avuga ati : « Nabonye Mutima amanuka ava mw’ijuru nk’inuma, maze ahagarara kuri We.
Nanje nyene sinari ndamuzi ; ariko uwandungitse kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati : ‘Uwo uzobona Mutima yururukiyeko akamuhagararako, ni we abatiza muri Mutima Mweranda.’None naravyiboneye, nico gituma nemeje ko uyo ari We Mwana w’Imana.

IBATISIMU Y’UMUKAMA

(Idominika ikurikira Epifaniya)
Umusi bahibaza Epifaniya y’Umukama ni haba ari kw’igenekerezo ry’indwi canke iry’umunani Nzero, bagira umusi mukuru w’ibatisimu y’Umukama ku musi wa mbere ukurikira iyo dominika, kandi, batarasoma Injili, batora igisomwa kimwe gusa muri vya bisomwa vyahagenewe.
Mu mwaka B no mu mwaka C, bashobora gusoma ibindi bisomwa batarasoma Injili, nk’uko vyanditswe. Kandi iyo bahejeje guhimbaza uwo musi mukuru, inyuma y’igisabisho co kuja kuryama, igihe ca Noeli kiba kirangiye.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 42, 1-4. 6-7

(Ng’uwo umusavyi wanje mfise ku mutima)

Ng’iri irivumerewe n’Umukama :
Ng’uwo umusavyi wanje nama mpagarikiye,
ng’uwo uwo nitorereye kandi mfise ku mutima.
Naramuhaye umutima wanje,
ngo aheze azanire intara ubutungane.
Ntayogora, ntavuza urwamo
Ntagenda ariyamiriza mu mayira.
Ntahohosha umubingo wavunitse,
ntazimya urumuri rukiyengera
azoshikiriza amateka nk’uko yabitumwe.
Ntazotirigana kandi ntazocika intege,
gushika ashinge amateka mu bihugu,
abari mu mazinga na bo barorere inyigisho yiwe.
Jewe Mukama, narakwihamagariye mu butungane,
ndagufata ukuboko, ndakwiremera,
narakugenye ngo unyuzurize n’igihugu canje,
ubere umuco amakungu ;
uhumure impumyi, ubohore imbohe
ukure mu mvuto abahora mu mwijima.

Izaburi 28 (29), 1-2. 3-4. 3b. 9c. 10

Icit : Imana izohezagira intara yayo, iyigabire amahoro.

Hereze Umukama, bana b’Imana,
hereze Umukama ikaze n’iteka,
hereze Umukama ikaze rikwiye izina ryiwe,
hereze Umukama mu ngoro yiwe nyeranda.

Akamo k’Umukama kasiriye ku mazi,
Umukama yasiriye ku mazi nyamwinshi ;
ijwi ry’Umukama rirakomeye,
ijwi ry’Umukama rirarenga.

Imana Nyen’inganji irasiranye ;
mu ngoro yayo hose havugwa ngo : ‘N’iganze’
Umukama yaravyagiye ngo arekure isegenya,
Umukama aravyagiye, arahangamye mu myaka yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 10, 34-38

(Imana yamuvyagijemwo Mutima Mweranda)

Amaze gushika kwa Korneliyo, Petero asama ijambo ati : « Ni ivy’ukuri, ubu ndategereye ko Imana itagira nkunzi ; mu bihugu vyose, ishima uwuyubaha kandi agakora ibitunganye.
Yarungikiye Abanyisraeli Yezu Kristu, ngo abamenyeshe ijambo ry’amahoro : ni We Mukama wa bose. Murazi neza ivyabaye mu Buyudeha bwose, kuva ca gihe Yohani yigisha ibatisimu, aho Yezu w’i Nazareti atanguriye kwigisha mu Bugalile. Murazi ingene Imana yamwatiye ikamuvyagizamwo Mutima Mweranda n’inganji. Aho aciye hose, yagenda aragira neza, akabohora abari mu ngoyi za shetani ; kanatsinda yari ahagarikiwe n’Imana.»

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Ijuru ririyugurura kandi ijwi rya Data rirumvikana,
riti : « Uyu ni Umwananje nkunda cane, anshika ku nyota. »
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 3, 13-17

(Amaze kubatizwa, Yezu yabonye Mutima Mweranda amwururukirako)

Muri irya misi, Yezu yavuye mu Bugalile aja ku ruzi Yordani ngo abatizwe na Yohani. Yamara Yohani aramwankira, ati : « Ni jewe nari kubatizwa nawe, none uje iwanje ? » Yezu na we aramwishura ati : « Pfa kundeka muri uyu mwanya ; na none birabereye ko turangura vyose mu ngingo. » Ni uko rero Yohani aramubatiza.

Yezu amaze kubatizwa, arava mu mazi ; niho ijuru ryiyugurura, akabona Mutima w’Imana yururuka mu gisa n’inuma, amuzako. Ijwi rica ryasirana mw’ijuru, rivuga riti : « Uyu ni Umwananje nkunda cane, muri We nahasanze ibinezera vyose. »

EPIFANIYA Y’UMUKAMA

 IGISOMWA CA MBERE

ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 60, 1-6

(Ubuninahazwa bw’Umukama bwagusaze wese)

Yeruzalemu we, haguruka, tamanzura : umuco wawe waserutse,
ubuninahazwa bw’Umukama bwagusaze.
Nayo umwijima watwikiriye isi,
umuzimiza wajimije igihugu ;
ariko weho Umukama yakugarukiye,
ubuninahazwa bwiwe buhagaze hejuru yawe.
Intara ziza zigana umuco wawe,
abami na bo birukira izuba rirasiye iwawe.
Tereza amaso irya n’ino urabe :
bose bakoranye kandi baje iwawe ;
abahungu bawe baje bava kure,
abigeme bawe na bo baje bareruwe.
Niwabibona uzoheza unezerwe,
agahimbare kakwuzure,
kuko ivyiza biva hakurya y’ibiyaga bizosesekara iwawe,
amatungo y’ibihugu azotaha iwawe.
Isinzi ry’ingamiya n’ibitwazi vya Madiyani na Efu
Bizokubita iwawe hazime.
Abo muri Seba bose bazoba bazanye inzahabu n’isenga
Baninahaza Umukama.

Izaburi 71 (72), 1-2. 7-8. 10-11. 12-13

Icit : Ibihugu vyose bizokuyoboka, Mukama !

Mukama, shikiriza umwami intahe,
ronsa ubutungane umwana w’umwami ;
maze, acire urutunganye abana biwe,
ashingire ingingo abatobato bawe.

Niho rero ubutungane buzokwiserura,
amahoro na yo akamaho imyaka yose ;
azotwara intara kuva ku kiyaga gushika ku kindi,
akure ku ruzi ashikane ku mpera y’isi.

Abami b’i Tarsi n’abo mu mazinga bazomuha ingorore,
abami b’i Saba na Seba bazomutura ishikanwa ;
abami bose bazokubita ibipfukamiro imbere yiwe,
n’ibihugu vyose bizomuyoboka.

Ni we azokiza umukene amutabaza,
agakiza umuntu atagira uwiwe ;
ni we azobabara umugorwa n’umukene,
akamukiriza amagara.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi : 3, 2-3a. 5-6

(N’abapagani bemerwe gutorana hamwe natwe iragi ry’Umukama)

Ncuti zanje,
Ngira ngo mwarumvise ingene Imana yanteye iteka kubera mwebwe, ikampishurira rya Banga rya Kristu ritamenyeshejwe aba kera, nk’uko ubu ryahishuriwe abatumwa n’abahanuzi biwe beranda muri Mutima. Ubu n’abapagani baremerewe gutorana hamwe natwe iragi ry’Umukama, ubu turi ingingo z’umubiri umwe, dusangiye umuhango umwe muri Kristu Yezu, kubera Inkuru Nziza dusangiye.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Twabonye inyenyeri yiwe iserutse,
duca turaza, tuzanye n’amashikanwa,
ngo dusenge Umukama.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 2, 1-12

(Tuvuye mu Buseruko ngo tuze gusenga Umwami yavutse)

Aho Yezu yavukira i Betelehemu mu Buyudeha ku ngoma y’umwami Herodi, Abamajusi bashitse i Yeruzalemu bavuye mu buseruko bw’izuba, bavuga bati : « Umwami w’Abayahudi aherutse kuvuka ari hehe ? Twabonye inyenyeri yiwe iserutse, duca tuza kumusenga. »

Umwami Herodi avyumvise bimutera akoba, we n’ab’i Yeruzalemu bose. Akoranya rero abakuru mu basaserdoti n’abigisha bose, ababaza iyo Kristu azovukira. Na bo bamwishura bati : « Ni i Betelehemu mu Buyudeha, kuko ariho umuhanuzi yavuze aho yandika ati : Ewe Betelehemu ya Yuda, nturi muto mu miryango ya Bene Yuda, kuko umwami azorongora igihugu canje Israeli azova iwawe. »

Araheza Herodi yihereranya bano Bamajusi, baramufoborera neza ikiringo c’aho iyo nyenyeri yababonekera ; arabagenekereza Betelehemu, ababwira ati : « Gende, mubaririkize neza ivy’uyo mwana ; muramutse mumubonye, muntumeko, nanje ngende kumusenga. »

Bahejeje gukebukana n’umwami, barijura. Ya nyenyeri bari babonye mu buseruko ibatanga imbere iragenda ; ishitse hejuru y’aho nya mwana yari ari, irahagarara. Ngo babone nya nyenyeri, barahimbarwa cane. Binjiye mu nzu, bahasanga nya mwana na Mariya nyina wiwe, barapfukama, baramusenga. Baraheza bafundurura ibikemanyi vyabo, bamushikanira inzahabu, isenga n’imira.
Ivyo biheze, baburirwa mu ndoto ngo ntibasubire guca kwa Herodi, baca bajana iyindi nzira, bitahira iwabo.