Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 61)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

Idominika ya 3 yo mu mwaka. Umwaka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 8, 23b-9, 3

Mu Bugalile bw’abanyamahanga, igihugu cariboneye umuco w’agatangaza

Kera Imana yaratetereje igihugu ca Zabuloni n’ica Neftali; ariko mu nyuma yarateye iteka inzira ikikuza ikiyaga, hakurya ya Yordani, no mu Bugalile bw’abanyamahanga.
Igihugu cahora mu mukorane cariboneye umuco w’agatangaza, umuco warasiye ku bantu bari muri ico gihugu c’umwijima.

Warongereje akanyamuneza kabo, ubasesekariza agahimbare : none bariko barakwigina, banezerewe nk’abariko barimbura, bishongora nk’abagabura amatungo y’abansi. Nkako (suite…)

Idominika ya 2 yo mu mwaka. Umwaka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 49, 3. 5-6

Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi

Umukama yambwiye ati : « Uri umusavyi wanje, Israeli, muri wewe nzoronka ubuninahazwa.»
Ubu hoho Umukama yaravuze, We yandemye mu nda ya mama, ngo ndamubere umusavyi, ndamugarukanire Yakobo, nshwabure Israeli.

Ego cane, ndi n’agaciro mu maso y’Umukama, Imana yanje, ni Yo magara yanje. Yaravuze iti : « Kuba umusavyi wanje ahagarikira bene Yakobo, agarura bene Israeli barokotse, ivyo ntibikwiye. Ngiye kukugira umuco w’intara zose, urukiza rwanje rushike ku mbibe z’isi.

IZABURI 39 (40), 2. 4AB. 7-8A. 8B-9. 10

Icit : Ndi hano, ndaje, Mukama, ndaje gukora ivyo ushaka.

Nari nizigiye Umukama nshimitse,
yaranteze ugutwi.
Araheza antuma nezerwa ndaririmba,
ndaririmbira Imana yacu. (suite…)

EPIFANIYA Y’UMUKAMA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (60, 1-6)

Ubuninahazwa bw’Umukama bwagusaze wese

Yeruzalemu we, haguruka, tamanzura : umuco wawe waserutse,
ubuninahazwa bw’Umukama bwagusaze.
Nayo umwijima watwikiriye isi,
umuzimiza wazimije igihugu ;
ariko weho Umukama yakugarukiye,
ubuninahazwa bwiwe buhagaze hejuru yawe.
Intara ziza zigana umuco wawe,
abami na bo birukira izuba rirasiye iwawe.
Tereza amaso irya n’ino urabe :
bose bakoranye kandi baje iwawe ; (suite…)