Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 65)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 2, 1-5

(Umukama akoraniriza intara zose mu mahoro yamaho y’Ubwami bw’Imana)

Ng’iri ijambo ryahishuriwe Izaya mwene Amosi, ryerekeye intara ya Yuda na Yeruzalemu :
Mu minsi izoza, agatumba kubatsweko ingoro y’Imana
Kazoba kw’isonga ry’imisozi,
gasumbe iyindi mitumba yose.
Intara zose zizokwirukirayo,
abantu isinzi bazohahurira, bavuge bati :
« Nimuze tugende ku murambi w’Umukama,
ingo tugende mu ngoro y’Imana ya Yakobo.
Imana izotwigisha amayira yayo, natwe dukurikire inzira yaduciriye. »
Nkako, Ibwirizwa rizova muri Siyoni,
ijambo ry’Umukama na ryo rituruke i Yeruzalemu.
Izoshinga intahe mu makungu,
ibe umucamanza w’isinzi ry’abantu.
Inkota bazozicuramwo amasuka,
amacumu na yo bayacuremwo imihoro.
Nta gihugu kizoba kikigera inkota ikindi,
kandi ntawuzosubira kwimenyereza kurwana.
Muryango wa Yakobo, nimuze, tugendere mu muco w’Umukama !

Izaburi 121 (122), 1-2. 4-5. 6-7. 8-9

Icit : Ingo, tudugane akanyamuneza mu ngoro y’Imana.

Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira, (suite…)

IHEREZWA RYA BIKIRA MARIYA. Umusi bibuka (Mémoire)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (2,14-17)

Ishongore uhimbarwe, mukobwa wa Siyoni!
Nkako, ehe jewe, nje kugerera iwawe. Ni iriyazwe n’Umukama.
Amakungu menshi azokwifatanya n’Umukama kuri uyo musi,
aheze abe igihugu canje, nanje ngerere iwawe;uzoheza umenye ko ari Umukama Nyeningabo yantumye iwawe. Umukama azokwiganzira Yuda, ibe icibare ciwe mu gihugu ceranda,
kandi azokwongera yitorere Yeruzalemu. Ikiremwa cose nigicereze imbere y’Umukama, kuko arikanguye aho ari mu rusago rwiwe rweranda”.

IZABULI 1 Samuweli 2

Icit: Umutima wanje uraninahaza Imana

Umushaha wanje urahimbawe kubera Umukama,
Ndaneganega ku bw’Umukama,
ndugurura umunwa nkigamba abansi banje,
kuko nezerewe n’urukiza rwawe.

Umuheto w’intwari waravunitse, (suite…)

Idominika ya 33 yo mu mwaka C. Ijambo ry’Imana.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya (3, 19-20a)

Umunsi w’Umukama

Ng’uyu umunsi w’Umukama uraje, waka nk’itanure. Abishima n’inkozi z’ikibi bazoba nk’ibishingwe. Uwo munsi wimirije kuza uzobatongora, -uko ni ko Umukama Nyen’ingabo avumereye- nta n’agashitsi canke agashami uzobasigarana. Ariko, mweho abubaha izina ryanje, izuba ry’ubutungane rizobarasirako, rifise urukiza mu mababa yaryo.

IZABURI 97 (98) 5-6, 7-8, 9

Icit : Umukama azoza gucira isi
         urubanza ruciye ku butungane.

Ririmbira Umukama mu nanga,
maze ijwi rihwanirane n’iry’inzamba ;
vugiriza impundu Umwami ari We Mukama,
urumbete rusekere, imyironge yitabire.

Ikiyaga n’ibirimwo vyose,
isi n’abayibako bose, nibisamirane !
Inzuzi nizikome amashi,
imisozi na yo n’itere impundu ! (suite…)