Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 67)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

Idominika ya 30 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (35, 15b-17. 20-22a)

(Imana ntiyirengagiza igisabisho c’umukene)

Umukama ni umucamanza atagira nkunzi.
Ntatoranya, arumviriza riho uwugowe amwambaza. Ntakengera igisabisho c’impfuvyi, n’iminiho y’umupfakazi. Uwukorera Imana n’umutima wiwe wose, Imana iramwakiriza yompi, igisabisho ciwe kigashika mw’ijuru.
Igisabisho c’umworo kiramena ibicu ; ntashobora guhozwa igihe atararonka ico asaba.
Azohozako gushika Uwo mw’ijuru amurabe ryiza, aburanire intungane, azicire urutunganye.

IZABURI 33 (34) 2-3, 17-18, 19. 23

Icit : Umurushwa aratabaza Umukama, akamwumvira.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve, bahimbarwe. (suite…)

Ku wa 18 Gitugutu : Luka Mweranda, Umwanditsi w’Inkuru Nziza. Umusi Mukuru.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (4, 9-17)

st-lucMwananje,
Bandanya uze unsange ino udatevye.  Nkako Demasi yarampevye kubera urukundo rw’iyi si kandi yigiriye i Tesalonika, Keresenti na we yagiye mu Bugalati, Tito muri Dalumatiya. Luka ni we gusa twasigaranye. Fata Mariko umunzanire kuko angirira akamaro mu bikorwa vyanje. Ariko Tikiko namurungitse muri Efezi. Mu kuza, uranzanira umutamana nasize i Trowasi kwa Karipo be na vya bitabu, canecane vya bipapuro. Alesandro wa mucuzi yangiriye nabi cane, Umukama azomwishura ibikwiranye n’ivyo yakoze. Na wewe nyene umuce kure, kuko yarwanije cane amajambo yacu.
Aho natangura kuja kwiburanira, nta n’umwe yamfashije ariko bose barampevye; icompa ntibabihorwe! Umukama ni we yampagarikiye arandemesha, kugira ngo ijambo ryiwe rimenyeshwe nanje (suite…)

Idominika ya 29 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (17, 8-13)

(Igisabisho gihozako ca Moshe kiratsinda abansi)

priere-de-moiseMu gihe abanyisraeli bari mu gahinga, Abameleki baraja kubatera i Refidimu. Moshe rero abarira Yoshuwa ati : « Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki ; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana. »
Yoshuwa agira nk’uko Moshe yamubariye nyene, aja kurwanya Abamaleki ; Moshe na Aroni na Huri baraduga, baja ku mpinga y’uwo musozi. Maze, Moshe iyo amanitse amaboko, Abanyisraeli ni bo batera baja imbere ; ayamanuye na ho, Abamaleki bakaba ari bo batera baja imbere.
Maze, amaboko ya Moshe arateba araruha ; bafata ibuye, bararimufatira aryicarako ; Aroni na Huri bagumya amaboko yiwe, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi : amaboko yiwe (suite…)