Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 71)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
Ku wa 10 Myandagaro: Lawurenti Mweranda, Umudiyakoni yapfiriye Umukama. (Umusi Mukuru)
Ivyo dusoma mw’Ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti ( 2 Kor 9, 6-10)
Ncuti zanje,
Bitegere namwe, uwubiba bike azokwimbura bike, uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Umwe wese natange ico yiyumviriye mu mutima, ntabitangane amarira canke agahato, kuko Imana ikunda utangana akamwemwe. Erega Imana ishobora kubahunda ivyiza vyinshi, mukamana imisi yose muri vyose ivyo mukeneye vyose, maze mugasagarara mu bikorwa vyiza vyose, nk’uko vyanditse ngo: «Yatanze atitangiriye itama, aha aboro, ubutungane bwiwe bwamaho imyaka yose.» Uwutabaza umubivyi imbuto n’umukate wo gufungura azobatabaza namwe imbuto agireko ayisesekaze, kandi azogwiza ivyavuye ku butungane bwanyu.
IZABULI : Ubuhirwe bw’intungane 111 (112)
Icitabirizo: Harahiriwe umuntu yubaha Umukama
Hahiriwe umuntu yubaha Umukama, (suite…)
Idominika ya 19 yo mu mwaka (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 18, 6-9
Imana izanwa n’ugukiza igihugu cayo
Iryo joro ryari ryaburiwe basokuruza,
niko kugumya umutima kuko bari bazi indagano bemerewe
niho igihugu cawe citega ko intungane zorokoka,
abansi bagatikira.
Mu gihe wanena abansi bacu,
niho natwe wadutera iteka mu kutwitorera.
Nico gituma abana b’intungane bagiye ahiherereye
Bakaguhereza inkuka,
bakarahirira icarimwe bivuye inyuma
ko aberanda bazosangira akabisi n’agahiye ;
muri kino kiringo nyene,
batera indirimbo z’abasokuru.
Izaburi 32 (33), 1.12, 18-19, 20.22
Icit : Hahiriwe intara Umukama yironkeyeko iragi.
Tera impundu Umukama, mwa bantu b’intungane : (suite…)
Idominika ya 18 yo mu mwaka (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : Qo 1, 2 ; 2, 21-23
Umwitwarariko w’amaronko ntaco umarira umutima
Koheleti yavuze ati: Vyose ni ivy’ubusa, ntaco bimaze ! Umuntu yakoranye ubwitonzi n’ubukerebutsi kandi agatunganirwa, araheza akabisangira n’uwutabikoreye : n’ivyo ni ubusa kandi ni akamaramaza. None ivyo yakoze vyose, uwo mwitwarariko w’imyaka yose wamumariye iki ? Iminsi yose y’amakuba, umwina w’amaronko, ukurara kw’ijoro, n’ivyo vyose ntco bimaze.
Izaburi 89 (90), 3-4, 5-6, 12-13, 14.17
Icit : Mukama, wamye uri amahungiro yacu kuva kera na rindi.
Abantu urabasubiza mw’ibumba, Mukama,
ukababarira uti : « Bana b’abantu, nimusubireyo.»
Mu maso yawe imyaka igihumbi imeze nk’umunsi w’ejo wahise, (suite…)






