Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 70)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (9, 13-19)

Ni Imana itanga ubwenge nya bwenge

sagesseNi nde yoshobora kumenya imigabo y’Imana ? Ni nde yoshobora gutegera ico Umukama ashaka ? Ivyo abagenewe gupfa bahora biyumvira bigarukira hafi, ivyo bahora bipfuza birahindagurika ; nkako nyene, umubiri wagenewe kubora uraremera umutima, ya nzu y’ibumba ikaremereza ubwenge ivyiyumviro vyinshi. Biratugora gutegera ibiri hano kw’isi, ibiri hafi turiruhisha cane ngo tubibone ; none, ni nde uwoshobora guhishura ibiri mw’ijuru ?

Bisubiye kandi, ni nde uwari kumenya ico ushaka, utabanje kumuha ubwenge n’ukumurungikira, uvuye mw’ijuru Umutima wawe Mweranda ? Uko niko inzira z’abantu bo kw’isi zagorowe, uko niko abantu bigishijwe ivyo ushima, ubwenge wabahaye bukabashikiriza urukiza.

IZABURI 89 (90) 3-4, 12-13, 14. 17

Icit : Mukama, wamye uri amahungiro yacu, kuva kera na rindi.

Abantu urabasubiza mw’ibumba, Mukama,
ukababarira uti : « Bana b’abantu, nimusubireyo. »
mu maso yawe imyaka igihumbi imeze nk’umunsi w’ejo wahise,
canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.

Ubajana nk’uko isuri itwara, bagaca bahura n’itiro ;
mu gitondo bakamera nk’ivyatsi bikura,
mu gitondo birakura bigashurika,
ku mugoroba bigatemwa, bikuma.

N’utwigishe guharura iminsi yacu,
kugira ngo dukerebuke mu bwenge.
Ewe Mukama, garuka : uzogeza ryari ?
Niwirimbuze mu vyo ugirira abasavyi bawe.

N’udukwize urukundo rwawe mu gitondo ca kare,
niho twoheza tukamara umunsi wose mu karirimbo
no mu kanyamuneza.
Ubuninahazwa bwawe, Mukama, nibudusagire :
n’udushimangirire ivyo dukora n’amaboko yacu.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Filemo (9b-10. 12-17)

Uwari umushumba wawe yarabaye mwenewanyu

Mwananje nkunda cane,
Jewe Paulo, n’aho nabaye umutama nkaba n’ubu ndi imbohe kubera Kristu Yezu, hari ico nshaka kugusaba cerekeye Onezimo, wa mwana wanje nivyariye mu ngoyi. Ni we rero nkurungikiye kandi uwo ameze nk’umushaha wanje.

Nari n’iciyumviro c’ukumuzigama hafi yanje ngo ankorere mu kibanza cawe mu ngoyi ndimwo kubera Injili ; ariko, ntavyo nashatse gukora ntakugishije inama, kugira ngo iciza ukora ntikive ku gahato, ariko kive ku gushaka kwawe.

Kumbure icatumye atandukana nawe umwanya mutoyi kwari ukugira ngo umusubizwe imyaka yose, atakiri nk’umushumba, mugabo asumba rwose umushumba, abe mwenewacu mfise ku mutima, nawe urushirizeho kumukunda mu bantu no muri Kristu. Ni uko rero, niwaba wemera ubucuti dufitaniye, n’umwakire nk’uko yoba ari jewe wakiriye.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Inyonga zawe nizimurikire umusavyi wawe,
unyigishe ivyo ushaka.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (14, 25-33)

Uguca ubwenge n’ukwiyambura ivy’isi ugakurikira Yezu

suivrejesusIsinzi ry’abantu ryari rigendaniye Yezu, hanyuma arahindukira ababarira ati : « Umuntu niyaza iwanje ntahebe se na nyina, umugore n’abana, bene nyina na bashikiwe, mbere n’amagara yiwe, ntashobora kumbera umugendanyi. Uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kumbera umugendanyi.

Ni nde muri mwebwe yoshaka kwubaka inzu, ntabanze kwicara ngo arabe ko afise ibiyujuje ? Kugira ngo amaze gutangura ntayite urukankara, bose ngo bamutwenge bati : ‘Uyu muntu yatanguye kwubaka inzu, vyamunaniye kuyuzuza.’ adashobora guheba ivyo atunze vyose, ntashobora kumbera umugendanyi. »

 

Indwi ya 22 yo mu mwaka. Ku wa 5. (Années paires).

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (4, 1-5)

Ncuti zanje,
Umuntu wese rero n’atubonemwo abasuku ba Kristu n’abashikiriza b’amabanga y’Imana. Nayo ico barondera ku mushikriza, ni uko umwe wese yosangwa ari intatirimuka. Ku bwanje, ivy’ugucirwa urubanza na mwebwe canke n’intahe y’abantu, ndabinezewe buhoro ; mbere na jewe nyene nta rwo nicira. Ni ko, nta co umutima untonganya, ariko si co kingira intungane ; uwuncira urubanza ni Umukama. Ni uko rero, nimureke guca urubanza na rumwe hataragera, igihe Umukama ataraza ; ni we azoboneshereza ivyanyegejwe mu mwijima, kandi azogaragaza inama zose zo mu mishaha. Niho rero umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye

IZABURI 36 (37) 3-4, 5-6, 27-28, 39-40ac

Icit.: Amahoro y’aberanda ava ku Mukama.

Izigire Umukama wongere ukore ivyiza,
ibere kw’isi ata nkomakomyi ;
nezerwa n’Umukama,
azoheza aguhe ico wipfuza.

Hereza vyose Umukama,
umwizigire azovyimenyera ;
azokwerekana ubutungane bwawe nk’iriserutse,
ivy’ukwiye avyerekane kurya kw’umurango utangaye.

N’ureke ikibi, ukore ineza,
niho uzoronka uburagamo bwa misi yose ;
kuko Umukama akunda ubutungane,
ntahemukira abamukunda.

Amahoro y’aberanda ava ku Mukama,
ni We mirukiro yabo mu makuba ;
Umukama arabafasha akabarokora,
bahungiye kuri We arabakiza.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Jewe ndi Inzira ,Ukuri n’Ubuzima.
Nta wuja kwa Data atanciyeko.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (5, 33-39)

Jeune-prière-AumôneMuri irya misi, Abafarizayo n’abanditsi babwiye Yezu bati : « Ko none, abigishwa ba Yohani n’ab’Abafarizayo bisonzesha kenshi bagasenga cane, ab’iwawe na bo bakarya bagahimba ! » Yezu arabishura ati : « None mwebwe mushaka ko abagenzi b’umukwe bisonzesha bakiri kumwe na we ? Hazoza imisi yindi… kandi nibabaka umukwe, bazoheza bisonzeshe muri nya misi. »

Yongera arabacira uyu mugani ati: « Nta wutora ikiremo kivuye ku mpuzu nshasha ngo agiterere ku yishize. Kwoba ari ugutabura impuzu nshasha nyene, ya yindi na yo nshasha ntiruhe iberana na ca gitambara gishize.

Kandi nta wusuka igisama c’imvinyu mu mibindi ishaje : ahandi ho, igisama kirayisavya, imvinyu igaseseka, nayo ya mibindi ikaba igiye ityo. Imvinyu y’igisama ibuganizwa mu mibindi mishasha. Vyongeye kandi, nta wanyoye imvinyu imaze gusha, yoshobora kuyinywa amake. Imaze gusha niho iryoha : ni ko babivuga. »

Indwi ya 22 yo mu mwaka. Ku wa 4 (Année paires)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (3, 18-23)

Ncuti zanje,
Ntihagire n’umwe yihenda ; muri mwebwe, nihagira mwe yiyumvira ko ari umunyabwenge ku vy’iyi si, niyigire ikijuju ngo abone guhinduka umunyabwenge w’ukuri ; kuko ubwenge bw’iyi si ari ubusazi mu maso y’Imana. Na none handitswe ngo : « Umukama ategera abanyabwenge mu bubangutsi bwabo », kandi ngo : « Umukama arazi ivyiyumviro vy’abanyabwenge, arazi ko ata co bimaze. »

Ni uko rero, ntihagire n’umwe yihayagiza mu bantu ; kuko vyose ari ivyanyu, ari Pawulo canke Apolo canke Kefasi, ari isi canke ubuzima canke urupfu, ari ivy’ubu canke ibizoza, vyose ni ivyanyu ; namwe muri aba Kristu, Kristu na we ni uw’Imana

IZABURI 23 (24) 1-2, 3-4b, 5-6

Icit. : Isi ni iy’Imana, kumwe n’ibiri kuri yo vyose.

Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose ;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.

Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda ?
Ni urya muntu w’iminwe idahumanye, w’umushaha udatyoye,
w’umutima udacambirwa ibintazi w’abapagani.

Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama,
asagirwe n’ubutungane bw’lmana yamukijije :
ng’uwo umuryango w’abamurondera,
barondera inyonga zawe, Mukama.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Kuva ubu, nzobita abakunzi banje ;
ivyo nahawe na Data vyose narabibamenyesheje. »
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (5, 1-11)

pecheUmusi umwe, Yezu yari akikijwe n’ishengero ribandana ago ryumvirize Ijambo ry’Imana. Na we rero akaba ahagaze ku nkombe y’ikiyagaca Genezareti. Abona rero ubwato bubiri buri ku nkombe y’ikiyaga, abarovyi na bo bari babuvuyemwo ngo boze insenga zabo. Yurira rero muri bumwe, bukaba na bwo ni ubwa Simoni. Yezu aramwinginga ngo asoze gatoyi bave ku nkombe. Yezu yicara muri nya bwato, atangura kwigisha rya shengero.

Ngo aheze abwira Simoni ati : « Igiza rero ahari amazi menshi, uheze urekurireyo urusenga urobe.» Simoni amusubiza ati : « Muhanyi, twaraye turaroba ijoro ryose, turaheza nta co twafata ; mugabo ko ubivuze, ndaterera urusenga. » Ngo abigire, bafata ifi isinzi, n’urusenga wabo rutangura gusambuka. Bākura rero bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze kubafasha. Na bo baraza, buzuza ya mato yompi, mbere ashaka n’ukwibira.

Simoni ngo abibone, akubita ibipfukamiro hasi imbere ya Yezu, ati : « Mukama, n’unje kure kuko ndi umunyakabi ! » Erega ubwoba bwari bwamutekeye, n’abo bari kumwe nyene, kubera izo fi bari barovye. Eka na bene Zebede, bagenzi ba Simoni, Yakobo na Yohani, bari babufise. Ariko Yezu yabwiye Simoni ati : « Gumya umutima ; kuva ubu uzohora uroba abantu. » Ngo bagarukane ubwato ku nkombe, baca basigaho vyose, baramukurikira.