Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 72)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
Ku wa 22 Mukakaro:Mariya w’i Magdala Mweranda (Umusi Mukuru)
Menya neza: Guhera muri uwu mwaka, Nyen’Ubweranda Papa Fransisko yashinze ko Umusi twibuka Mariya Madalena Mweranda uzohora uhimbazwa nk’Umusi Mukuru (Fête) aho guhimbazwa nk’uwo twokwibuka (Mémoire obligatoire).
IGISOMWA CA MBERE.
Ivyo dusoma mu gitabu c’Úrurírīmbo rw’Ágakūra (3,1-4a)
1 Ku buriri bwanje, mw’ijoro, narondeye
uwo umutima wanje wakunze.
Namurondeye ariko sinamutoye.
2 Reka mvyuke, nzunguruke mu gisagara,
mu mabarabara no ku nama,
ndondere uwo umutima wanje wakunze.
Namurondeye ariko sinamutoye.
3 Abarinzi bazunguruka mu gisagara banshikiriye, nanje nti:
«Mwabonye uwo umutima wanje wakunze?»
4 Ubwo nyene ndabarenganye
naciye nshikira uwo umutima wanje wakunze.
Namucakiye kandi sinzomurekura
(gushika ndamwinjije mu nzu ya mawe no mu cumba c’uwansamye inda)
Ikindi gisomwa.
Ivyo dusoma mw’ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (2 Korenti 5, 14-17)
14 Urukundo rwa Kristu ruraturaza ishinga, kuko tuzirikana yuko umuntu umwe yapfiriye bose, bigatuma abandi bose bapfa. 15 Kandi yuko yapfiriye bose kugira ngo abazima ntibabe bacigungana ubuzima bwabo, ariko babuture uwabapfiriye akongera akazuka. 16 Ni co gituma kuva ubu ata muntu n’umwe tukimenya mu buryo bw’umubiri. N’aho nyene twamenye Kristu mu buryo bw’umubiri, ubu noneho si ko tukimumenya. 17 Ni uko rero, umuntu wese niyaba ari muri Kristu, ni ikiremwa gishasha, ivya kera vyarashize, ibishasha biri aho.
IZABULI 62 (63), 2-4.5-6.8-9
Icit: Umutima wanje urakunyotewe,
Mukama, Mana mfise.
2 Ewe Mana, uri Imana yanje, ndakurondera bugica,
umutima wanje urakunyotewe,
umubiri wanje uraguhurumbira
nk’isi yumye, yagadutse, y’imburamazi.
3 None narakubonye mu ngoro nyeranda,
ni ho nihweza ubukomezi bwawe n’ubuninahazwa bwawe.
4 Nkako, ubuntu bwawe ni bwiza, bundutira ubuzima,
umunwa wanje uzogushimagiza.
5 Ni co gituma nzoguhezagira umwanya nkiriho,
nzokiriza ibiganza nambaza izina ryawe.
6 Umutima wanje uzohozagara nk’umuntu yariye ibinure n’imisokoro,
umunwa wanje uzoguhayagiza wuzuye akanyamuneza.
8 Nkako, ni wewe untabara,
nkishongora nikinze mu mababa yawe.
9 Umutima wanje ukwihambiriyeko,
ukuryo kwawe ni kwo kunzigama.
INKURU NZIZA.
Alleluya, Alleluya.
Tubwire, Mariya, ico wabonye mu nzira.
Nabonye uruhafu rwa Kristu Muzima,
Mbona n’ubuninahazwa bw’uwazutse
Alleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu, nk’uko yashikirijwe na Yohani (20,1.11-18)
1 Umusi wa mbere w’indwi, Mariya Madalena yagiye ku mva mu gatondo kare, bugihwibiriye, araheza abona ko ibuye barikuye ku mva.
11 Mariya yamara yari ahagaze hanze, hafi y’imva arira. Uko yakarize, arunama mu mva, 12 abona abamarayika babiri, bambaye ivyera, bicaye aho Ikiziga ca Yezu cari, umwe ku mutwe, uwundi mu mirambizo.
13 Bamubwira bati: «Mugore, urizwa n’iki?» Abishura ati: «Kuko batwaye Umukama wanje, none ntazi iyo bamushize.» 14 Avuze ivyo, arahindukira abona Yezu, ariko ntiyamenya ko ari Yezu. 15 Yezu amubwira ati: «Mugore, urizwa n’iki? Urondera nde?» Agira ngo ni uwashinzwe umurima, amwishura ati: «Mugenzi, usangwa ari wewe wamujanye, mbwira aho wamushize, ngende kumujana.» 16 Yezu amusubiza ati: «Mariya!» Uri uwundi arahindukira amubwira mu gihebereyi ati: «Rabuni», ni ukuvuga ngo: Mwigisha. 17 Yezu amubwira ati: «Ntuntevye utyo, kuko ntaraduga kwa Data. Genda riho kuraba benewacu ubabwire ko nduze kwa Dawe ari we So wanyu, ku Mana yanje ari yo Mana yanyu.» 18 Mariya Madalena aragenda rero kubwira abigishwa ati: «Nabonye Umukama», abiganira n’ivyo yamubwiye.
IDOMINIKA YA 17 YO MU MWAKA (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 18, 20-32
(Ibrahimu aserukira abanyasodoma ku Mana)
Abo bagabo batatu barahaguruka, baragenda, bafata inzira ija i Sodoma, Ibrahimu arabaherekeza. Umukama avuga ati : « Induru y’abidogera Sodoma na Gomora yakoze kw’ijuru ; ibicumuro vyabo vyerenze ihaniro. Ndamanutse nje kuraba ko ivyo babitwarira ari ivy’ukuri. Ni vyaba atari vyo, na ho nyene ndabimenye. » Nya bantu bava hano baja i Sodoma, Ibrahimu na we yari agihagaze imbere y’Umukama. Araheza amubaza ati : « Mbega, ugomba kujaniranya intungane n’umubisha ? Kumbure mu gisagara harimwo intungane zishika mirongo itanu. Na bo urabatikiza ? » Mbe uhasanze nk’abo mirongo itanu, igisagara cose ntiwokigirira ikigongwe kubera bo ? Eka data, ntiwogira gurtyo ! Intungane ntiyorabwa nk’umucumuzi : ntirikabe ! Nyen’intahe kw’isi yose, ni we atokurikiza ubutungane ? »
Umukama aramwishura ati : « Nsanze abantu b’intungane mirongo itanu mu bantu ba Sodoma, noca ngirira ikigongwe igisagara cose kubera abo. » Ibrahimu ntiyashirwa, asubizayo ati : « Ariko ndubahuka, jewe mvugisha Umukama, kandi ndi ivu, ndi umunyota. » Ati : « Kumbure muri abo mirongo itanu (suite…)
Idominika ya 16 yo mu mwaka (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 18, 1-10a
(Ibrahimu aramutswa n’Imana)
Umunsi umwe, Umukama yabonekeye Ibrahimu ku giti ca Mambre, imbere y’inzu, mu gihe c’amashoka. Ibrahimu araramuye amaso, abona abantu batatu bahagaze hafi yiwe. Ngo ababone aca ava hasi, ariruka kubasanganira, akubita ibipfukamiro hasi, ati : « Mukama, ni naba ndabikwiye, nturengane umusavyi wawe. Rindira bazane amazi, mwoze ibirenge, muruhukire munsi y’iki giti. Hinge nje kurondera ivyokurya muhereze umutima, mubonereho kubandanya urugendo rwanyu, ko mwaciye iruhande y’umusavyi wanyu !» Na bo bati : « Genda, ugire nk’uko ubivuze.»
Ibrahimu ariruka n’imuhira, abwira Sara ati : « Rondera ningoga ivyibo bitatu vy’ifu, ucumbe imikate.» Ibrahimu arabandanya no mu busho bwiwe, afata inyana nyayo kandi inuze, (suite…)






