Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 85)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
Indwi ya 23 yo mu mwaka : ku wa kane (Années impaires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi (3, 12-17)
Ncuti zanje,
Mwebwe rero, ntore z’Imana, mwebwe beranda n’abakunzi bayo, nimugire umutima w’ikigongwe, ukunda abandi, wicisha bugufi, utekereza, wiyumanganya. Nihaba hari uwufise ico yidogera uwundi, nimwengengane, muheze murekuriranire. Nk’uko Umukama yabarekuriye, namwe abe ari ko murekuriranira. Canecane ikiruta ivyo vyose, amane urukundo, kuko ari rwo rutuma umuntu aba intungane ishitse. Vyongeye, amahoro ya Kristu n’ahangame mu mishaha yanyu, ayo mahoro ni yo mwahamagariwe gusangira mu mubiri umwe ; maze, mwame mukenguruka na ntaryo.
Ijambo rya Kristu niribashike ku nyota ; igishanye mu bwitonzi, muhanurane. Ririmbire Imana n’umushaha wanyu wose, muyikengurukire mu mazaburi, mu ndirimbo no mu mvyino nyeranda. Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu, mumwihekeko mu gukengurukira Imana Umuvyeyi wacu.
IZABURI 150 1-2, 3-4, 4-6
Icit. : Ibiri n’ubuzima bihema vyose,
nibininahaze Umukama !
Nimuninahaze Imana mu ngoro yayo,
nimuyininaharize mw’ijuru riyaga inganji yayo, (suite…)
IDOMINIKA YA 20 YO MU MWAKA (Umwaka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (9, 1-6)
Muntu utagira ubwitonzi uraza iwanje
Bwitonzi yarubatse ingoro,
ayitera inkingi indwi.
Araheza abaga ibimasa, agana umuvinyu,
ategura ameza.
Hanyuma atuma incoreke ziwe,
asemerera ku mataba y’igisagara ati :
« Muntu utagira ubwitonzi, uraza iwanje ! »
Ibiburabwenge na vyo yabibwiye ati :
« Nimuze mwihereze imfungurwa zanje,
munywe inzoga nabaganiye !
Hebe ubuzeze bwanyu, mubone gukira ;
tumbera inzira y’ubwenge ! »
IZABURI 33 (34) 2-3, 10-11, 12-13, 14-15
Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama, (suite…)
IDOMINIKA YA 18 YO MU MWAKA (Umwaka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (16, 2-4. 12-15)
Umukate uvuye mw’ijuru
Muri irya minsi, ishengero ryose rya Bene Israyeli batanguye kwidodombera Musa na Aroni, barababarira bati : « Umukama iyo apfuma atwicira mu gihugu ca Misiri, tuciteretse inkono z’inyama, tukirya ivyokurya tugahaga ; none mwadukuyeyo mutuzana muri aka karere, kugira ngo mwicishe ikigoyi iri shengero ryose ! Maze, Umukama abarira Musa ati : « Raba, ngira ngo ndabakoragurire umukate uvuye mw’ijuru : uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ibikwiranye n’uwo musi, kugira ngo mbagerageze, ndabe yuko bazigama amabwirizwa yanje canke ko bayarenga. Numvise ingene Bene Israyeli bidoga.» Urababwira uti : « Uyu munsi ku mugoroba, butarira murafungura inyama, ejo mu gitondo na ho muzorya umukate muhage. Niho muzomenya ko ari Jewe Umukama, Imana yanyu. » Kuri uwo mugoroba nyene, inkware ziraza zuzura insago zose, mu gitondo c’uwundi musi na ho babona urume rukikije nya nsago. Nya rume rumaze gukama, babona hasi mw’ishamba utuntu dutoduto, twiburungushuye, dusa n’urubura ; Bene Israyeli babibonye barabazanya bati : « Mann hou ? », ni ukuvuga (suite…)






