Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 87)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
Idominika ya 11 yo mu mwaka B.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (17, 22-24)
Agati kateretswe n’Imana
Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana : Jewe nzohanyura agashami mu bushorishori bw’isederi, hanyuma ndakiterere jewe nyene ku musozi muremure cane. Ego cane, ku musozi muremure wa Israyeli ni ho nzogatera ; na ko kazoshamika, kame imbuto. Kabe igiti c’isederi ry’akaroruhore, Inyoni n’ibisiga vyose vy’amoko yose bizocarikamwo, mu gitutu c’amashami yaco ni ho bizoruhukira. Maze, ibiti vyose vyo mw’ishamba bizomenya yuko ari jewe Umukama : ndasenyura igiti kirekire, nkavyura icatembagaye : ni je nūmîsha igiti gitotahaye, ngatotahaza icagadutse. Jewe Umukama nararivuze kandi nzorirangura.
IZABURI 91 (92) 2-3, 13-14, 15-16
Icit. : Birabereye, Mukama,
ko twokuririmbira.
Birabereye gukengurukira Umukama, (suite…)
UMUSI MUKURU W’UMUSHAHA MWERANDA WA YEZU
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ozeya (11, 1. 3-4. 8c-9)
Urukundo Umukama afitiye igihugu ciwe
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Igihe Israyeli yari akiri muto, naramukunda, hanyuma mpamagara uwo mwana wanje ngo ave mu Misiri. Jeho naramwigishije gutambuka, ndamufata ukuboko, ariko ntiyabonye ko nariko ndamubungabunga. Naramwiboheyeko ndamubohesha imigozi y”urukundo, naramuteruye nk’uwusimbagiza ikibondo, kandi naramugaburira. (Ariko, baranse kwigarurira kuri jewe ; mbe noba ntegerezwa kubaheba, bagahanwa ?). Umutima uranyanse mu nda, ikigongwe canje cose kiravyutse. (suite…)
UMUSI MUKURU W’ISAKARAMENTU RYERANDA (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (24, 3-8)
Aya ni amaraso y’isezerano Umukama yagiriraniye namwe
Muri irya misi,
Musa avuye ku musozi wa Sinayi, araza amenyesha Abanyisrayeli amajambo yose y’Umukama be n’imigenzo yose bazokurikiza. Ngo bavyumve, bishurira rimwe bati : « Amajambo yose Umukama yavuze, tuzoyakurikiza. » Musa araheza yandika amajambo yose y’Umukama : ngo buce mu gatondo ka kare, yubaka uruhimbi mu mucamo wa nya musozi, ashinga n’inkingi cumi na zibiri za vya bisata cumi na bibiri vya Israyeli. Hanyuma, Musa atora imisore mu Banyisrayeli, ayigisha guhereza Umukama imperezwa n’ugutangako inkuka imbagwa z’udushuri. Araheza Musa afata igice c’amaraso agishira mu mibehe, ikindi gice akimijira uruhimbi. Aca afata igitabu c’Isezerano agisomera Abanyisrayeli, na bo bashira ijwi hejuru bati : « Ivyo vyose Umukama yavuze tuzobikora, kandi tuzogamburuka. » Araheza Musa afata ya maraso ayamijira Abanyisrayeli ati : « Aya ni amaraso y’Isezerano Umukama yagiriraniye namwe, nk’uko ayo majambo abivuga. »
IZABURI 115 (116B), 12-13. 15-16bc. 17-18
Icit. : Nzomuhereza ikalisi y’ubukiriro,
kandi ntabaze izina ryiwe.






