Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 94)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IGIHE C’IKAREMA: UMUSI WA GATATU W’IMINYOTA

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yoweli (2, 12-18)

Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa

Igarure kandi wemere Inkuru Nziza.

« Igarure kandi wemere Inkuru Nziza ».

Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :
Nimungarukeko n’umutima wanyu wose, mu kwisonzesha, mu marira no mu maganya. Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa vyanyu ; nimugaruke ku Mukama, Imana yanyu, kuko ikundana, ifise imbabazi, izira gushavura, ikanka akabi. Hari uwobimenya ? Kumbure yohindukira, yigaruye, igasiga umugisha aho iciye : mubone ituro n’inturire y’ugushikanira Umukama Imana yanyu.
Nimuvugirize inzamba muri Siyoni, mutangaze ukwisonzesha, muhamagare ikoraniro, mukoranye igihugu, muhamagaze inama, mutororokanye abatama, mukoranye abana batobato, n’abo nyene bakiri kw’ibere ! Umugabo akiri mu nkinga n’asohoke, umugore na we ave mu nkinga ! Abasaserdoti ari bo basuku b’Umukama, nibaririre hagati y’uruhimbi n’intangaro bavuga bati :
« Girira ikigongwe igihugu cawe, Mukama !
Iragi ryawe nturihe abarimaramaza,
ibihugu ngo vyitwengere !
mu bihugu, ni kuki bavuga ngo :
Mbe Imana yabo iri he ? »
Noneho, Umukama yarikabuye, agarukira intara yiwe, agirira ikigongwe igihugu ciwe.

IZABURI 50 (51), 3-4. 5-6a. 12-13. 14-17

Icit : Dushiremwo, Mukama, umushaha mushasha ;
duhe, Mukama, umutima mushasha.

Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.

Ego cane, ikibi nakoze ndakizi,
icaha nakoze kindaza ishinga.
Ni Wewe musa nacumuyeko,
akabi wanka ni ko nakoze.

Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe,
kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.

Ndaba ryiza nka kera, mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkoreko.
Mukama, mfatanura umunwa,
mbashe gushemeza ubuninahazwa bwawe.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (5, 20-6, 2)

Emere babuzurize n’Imana. Ng’iki ca igihe kiroranye rwose.

Ncuti zanje,
Ubu duserukira Kristu, vyongeye Imana Yo nyene, ni Yo ibashikiriza impanuro iciye kuri twebwe. Nico gituma tubasavye kw’izina rya Kristu : emere babuzurize n’Imana. Uwutigeze amenya igicumuro, Imana yamwitiranije n’igicumuro c’abantu kubera twebwe, kugira ngo kubera We, dusangire ubutungane n’Imana.
Kandi, ko dukorana na Yo, turabihanikirije ntimupfishe ubusa inema mwahawe n’Imana. Kuko yavuze iti : « Mu gihe kiroranye narakwumviye, ku musi w’ubukiriro naragufashije. » Ng’iki rero ca gihe kiroranye rwose, ng’uyu wa musi w’ubukiriro.

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Umukama yavuze ati : « Nimwihanure kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (6, 1-6. 16-18)

So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguhera impera

Muri irya misi,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Nimureke kwerekana ubwiza bwanyu mu maso y’abantu, kugirango babashime : ahandi ho, So wanyu wo mw’ijuru nta mpera azobaha.

Niwagira ico uhaye umurushwa, ntukigire ururirimbo, kumwe abibara uko batari Abbé Lambert RIYAZIMANAbaigira mu masinagoga be no mu mayira, ngo abantu babaninahaze ; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwagira ico ufumbatishije umworo, ukubamfu kwawe ntikuze kumenye ico ukuryo kugize, kugira ngo ico utanze kigume mu mabanga ; So wawe abona ikimizwe n’ingoma azokigusubiza.

Nimwasenga, ntimugire nk’abanyabwishime bakunda gusengera ahabona, mu masinagoga no mu mayirabiri, ngo abantu bababone : ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwashaka gusenga, injira haruguru hiherereye, wugare urugi, uheze usenge So wawe ari ahiherereye : So wawe abona ikitaboneka azobikwishura.

Nimwisonzesha ntimwijirwe nk’uko abanyabwishime babigira, bakinyankabiranya mu maso, kugira ngo abantu babone ko bisonzesheje ; ni ukuri ndabibabwiye, impera yabo baramaze kuyironka. Weho rero, niwisonzesha, inogereze mu mutwe, ariko bimenywe gusa na So wawe ata kimusoba : So wawe abona ibiri mu mpisho azobiguhera impera. »

IDOMINIKA YA 6 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Bene Levi (13, 1-2. 45-46)

Ibwirizwa ryari ryerekeye abanyamibembe

Muri irya misi, Umukama yabariye Musa na Aroni ati : « Umuntu niyagira ku rukoba inkavyi, igitongangira canke ikibibi comenyesha indwara y’imibembe, nibamuzanire umuherezankuka Aroni canke umwe wo muri bene Aroni b’abaherezankuka. Umunyamibembe iyo arwaye iyo ndwara, n’agende yambaye impuzu zitabutse, asambaguye imishatsi yiwe, yipfutse ku munwa, agende arasemerera ati : “Ndahumanye ! Ndahumanye !” Imisi yose akirwaye iyo ndwara, azoba ahumanye ; mbere azoba ari uwahumanye, abe ukwiwe, aze abe hirya y’aho mugandagaje. »

IZABURI 31 (32), 1-2. 5. 11

Icit. : Ni Wewe mahungiro yanje,
         Unsanganize impundu z’uko ndokotse.

Hahiriwe uwarekuriwe igicumuro,
uwakize akabi kiwe ;
hahiriwe urya
Umukama ataco yagiriza.

Navuze nti : « Ngiye gutumbera Umukama,
nirege ibicumuro nakoze. »
Nawe, Mukama,
warandekuriye ikibi nakoze.

Nezerwa, himbarwa n’Umukama,
mwa bantu b’intungane ;
mutambe, mutarike,
mwebwe mufise umutima ugororotse.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (10, 31 – 11, 1)

Nimunyigane nk’uko nanje nigana Kristu

Ncuti zanje,
Iyo murya canke iyo munywa canke iyo mukora ikindi ico ari co cose, nimukore vyose ngo muninahaze Imana. Ntihagire abo mutirimutsa, baba Abayuda, baba Abagereki, yaba Ekleziya y’Imana, nk’uko nanje kunezereza bose muri vyose, ntarondera ikingirira akamaro jenyene, mugabo nkarondera ikigirira akamaro benshi, ngo babone gukira. Nimunyigane nk’uko nanje nigana Kristu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu,
Imana yaramukije igihugu cayo.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 40-45)

Imibembe iranyika, aca arakira

Umusi umwe, umunyamibembe yegereye Yezu aramutakambira, akubita ibipfukamiro hasi, ati : « Mukama, ubishatse wonkiza. » Imbabazi zivyutse, Yezu araramvura ukuboko aramukorako, ati : « Ndabishatse, kira. » Buno nyene, imibembe iranyika, aca arakira. Yezu yamara aca amera nk’uwumuhambarira, aca aramusohora, amubarira ati : « Umenye ntugire uwo ubibwira, genda riho wiyereke umuherezankuka, kandi utange, kuko wakize, ivyo Musa yashinze. Ni co kizobereka ko wakize. » We rero yapfuye gusohoka, aca aja mu vyo kubivugira hejuru n’ugukwiza ivyabaye ; kikaba ari co mbere kibuza Yezu kuba akigira igisagara yinjiramwo icese. Yaguma ahiherereye mu gahinga, kandi bakava irya n’ino bakamusangayo.

IDOMINIKA YA 5 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Yobi (7, 1-4. 6-7)

Igihe c’umuntu ari mu marushwa

Muri irya misi, Yobi yaravuze aya majambo ati :
« Mbega umuntu akiri kw’isi ntaba ari mu ntambara,
imisi yiwe na yo si nk’iy’umucangero ?
Nk’uko umushumba yipfuza igitutu,
umucangero na we akarereka impembo yiwe,
ni ko nagabiwe amezi y’amarushwa
nkamara amajoro y’umuruho. »
Iyo ndyamye, ndibwira nti :
« Buca ryari ngo mvyuke ? »
Ndara ndagaragurika
bukarinda buca.
Imisi yanje irihuta kuruta ico umujishi w’impuzu ajisha,
ishira ata mwizero.
Ibuka, se Mukama, ko ubuzima bwanje ari umuyaga gusa,
ijisho ryanje ntirigisubira kubona ivyiza ukundi gusha.

IZABURI 146 (147), 1-2. 3-4. 5-6

Icit. : Shemeza Umukama,
ni We akiza imitima ituntuye !

canke : Alleluia.

Shemeza Umukama,
birahimbaye kumuririmbira.
Vyinira Imana yacu,
biraryoshe kuyishimagiza.

Ni we akiza imitima ituntuye,
agakanda inguma zabo ;
ni We aharura igitigiri c’inyenyeri
imwe imwe akayita izina ryayo.

Umukama Mushoboravyose ni agahambaye,
ubwenge bwiwe ntibugira ingero.
Umukama ahagarikira abatobato,
inkozi z’ikibi na zo akazicinyiriza hasi.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (9, 16-19. 22-23)

Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza

Ncuti zanje,
Ukumenyesha Inkuru Nziza si co kininahaza ; ni igikorwa ntegerezwa, kimfatira hose. Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza ! Iyo mba ari je ubwanje nihaye ico gikorwa, nokuyemwo impembo. Ko ata mpembo mfise ni uko ari ibanga nashinzwe. None rero, impembo yanje ni iyihe ? Ni uko mu kwigisha mpeza nkigisha Inkuru Nziza ata co naka, kugira ngo ndeke gukoresha ivyo noshobora gukura kuri iyo Nkuru Nziza nyene. Egome, n’aho ndi uwidegemvya kuri bose, narigize umushumba wa bose, kugira ngo ndushirizeho kuronka benshi. Mu badakomeye, nabaye nk’uwudakomeye, kugira ngo ngarure abadakomeye ; kuri bose nigize vyose, kugira ngo mbashe gukiza bamwebamwe uko nshobora kwose. Ivyo vyose ndabikora ku bw’Inkuru Nziza, kugira ngo ntorane mu vyiza vyayo.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Kristu yarafashe ubumuga bwacu,
arigerekako indwara zacu.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 29-39)

Yarakiza abarwaye benshi bababaye kwinshi

Bavuye mw’isinagoga, Yezu ari kumwe na Yakobo na Yohani, barora kwa Simoni na Andreya. Inabukwe wa Simoni yari ku musego, arwaye inyonko. Buno nyene, baca baramuvugira. Na we aramwegera aramufata ukuboko aramuvyura. Nya nyonko ica irakira, mbere aja mu vyo kubazimana. Ku mugoroba, izuba rirenze, bamuzanira abarwaye bose n’abasazwa n’amashetani. Igisagara cose cari gikoraniye imbere y’inzu. Akiza abarwaye benshi bababaye kwinshi ; amashetani menshi na yo akayirukana, kandi ntiyayareka ngo avuge, kuko yari amuzi. Bukeye, Yezu ahengera umutwenzi utarakika, aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga ahantu hiherereye, aba ari ho asengera. Simoni n’abo bari kumwe bamuja mu nyuma. Bamushikiriye bati : « Bose bariko barakurondera. » Na we ati : « Hogi tuje ahandi mu bindi bigwati, ndahigishe na ho, kuko ari co canzanye. » Aragenda rero yigisha mu masinagoga yo mu Bugalile bwose kandi yirukana amashetani.