Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 95)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (63, 16b-17. 19b ; 64, 2b-7)
Hamagara Umukama amanuke aze kudukiza
Mukama, ni Wewe uri Dawe,
umucunguzi wacu, ni ryo zina ryawe kuva na kera hose.
Ewe Mukama, ni iki kigutuma uduhisha inzira zawe,
ugakomantaza imitima yacu ntitukwubahe ?
Garukira abasavyi bawe
N’imiryango y’iragi ryawe.
Icompa ugastura ijuru ukamanuka,
imisozi igahinda agashitsi imbere yawe !
Waramanutse,
imisozi na yo igahinda agashitsi imbere yawe.
Kuva kera hose ntaho abantu bigeze bumva,
ntaho amatwi yigeze yumva,
ntaho amaso yigeze abona
iyindi mana igira ico imariye abayizeye
atari Wewe.
Uhora usanganira abakorana akanyamuneza ivy’ubutungane,
n’abagendera mu nzira zawe bakwibuka.
Ariko waragize ishavu kuko twacumuye,
Tukaguhemukira kuva kera.
Mugabo rero, tuzobona gukira.
Twese twarabaye nk’abahumanye,
Ubutungane bwacu bwose bukamera nk’impuzu yatyoye ;
Twese twarakambiranye nk’ikibabi,
Ibicumuro vyacu bikadutwara nk’umuyaga.
Nta n’umwe yambaza izina ryawe,
Nta waruka akwihekako ;
Kuko waduhishije inyonga zawe,
Ukadutana ibicumuro vyacu.
Ariko noneho, Mukama, uri Dawe ;
turi ibumba, nawe uri umubumvyi ;
twese turi igikorwa iminwe yawe yikoreye.
IZABURI 79 (80), 2ac. 3b. 15-16. 18-19
Icit : Tugarure, Mukama, tugaranzurireko inyonga zawe,
Tuzoca turokoka.
Wewe Mwungere w’Israeli, ntega ugutwi,
Wewe Mwungere utuyobora, niwimenyeshe ;
Vyura ubugabo bwawe,
Uze kuturokora.
Mukama, Mana y’ijuru n’isi, n’ugaruke :
N’urabire mw’ijuru, wihweze :
N’ugarukire uwo muzabibu
Wabaditse n’ukuryo kwawe guhambaye.
Tunga umuntu wishiriye iburyo,
Umwana w’umuntu agukeshako ubukomezi bwiwe ;
Ntaho tuzosubira kukuvirira :
Dusubize amagara, tubone kwambaza izina ryawe!
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (1, 3-9)
Turiteze ukumenyekana kw’Umukama wacu Yezu Kristu
Ncuti zanje,
Turabipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama wacu Yezu Kristu. Simpengeshanya gukengurukira Imana ku bwanyu kubera inema y’Imana mwagabiwe muri Kristu Yezu, kuko muri We mwabaye abatunzi muri vyose, mu matungo yose y’ijambo n’ay’ubumenyi, ku ngero intahe mushingira Kristu ishemeye muri mwebwe.
Ni co gituma ata ngabirano n’imwe mubuze, mu gihe mwiteze ukumenyekana kw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni We kandi azoguma abakomeza gushika ku mpera, kugira ngo ntihagire ico bazobagiriza ku musi w’Umukama wacu Yezu Kristu.
Imana ni Rudatanamundagano, Yo yabahamagariye kwunga ubumwe n’Umwana wayo Yezu Kristu, Umukama wacu.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Twereke, Mukama, ikigongwe cawe,
Uheze udutabaze urukiza rwawe.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nk
uru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (13, 33-37)
Murabe maso kuko mutazi aho nyenurugo azotahukira
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati : « Nimugabe, mube maso, kuko mutazi aho uwo musi uzoshikira. Ni nk’umuntu yamaze urubanza : mu kuva i muhira, agashikiriza vyose abantu biwe, agasiga asinze umwe umwe igikorwa ciwe, uwugarira na we akamwihanikiriza ashimitse ngo abe maso. Murabe maso rero kuko mutazi aho nyenurugo azotahukira, ko ari ku mugoroba canke mu gicugu canke mu nkokó canke mu gitondo. Yohava abashikira giturumbuka agasanga musinziriye. Ivyo ndababariye, ndabibwiye bose : Murabe maso ! »
Idominika ya 34 yo mu mwaka = UMUSI MUKURU WA KRISTU UMWAMI
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeri (34, 11-12. 15-17)
Imana, Umwami n’Umwungere wa Israeli, ni We Mucamanza
Ng’iri iryo Umukama Imana avumereye :
Noneho, jewe ubwanje ndigiriye kurondera intama zanje, ndazibungabunge. Nk’uko umwungere abungabunga ubusho bw’intama ziwe zashwiragiye, ni ko nzobungabunga intama zanje, ndazikure aho hose zashwiragiriye ku musi w’igipfungu. Ni jewe nyene ubwanje nzoragira intama zanje, ni jewe nzozicura : – uko ni ko Umukama Imana avuze.-
Nzorondera iyatakaye, ngarukane iyazimiye ; nzokanda iyakomeretse, mvure iyirwaye ; iyivyibushe igakomera na yo nzoyihozako ijisho, ndayiragire mu butungane.
Namwe, busho bwanje, – uko ni ko Umukama Imana avuze, – menye ko ngiye guca urubanza, nsobanure intama n’izindi, ntandukanye impfizi z’intama n’amasuguru y’impene.
IZABURI 22 (23), 1-2a. 2b-3. 5-6
Icit : Umukama ni We mwungere wanje,
Ntaco nokena.
Umukama ni We mwungere wanje,
Sinzokena ;
ni We amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.
Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana,
aremeshe umutima wanje ubudasiba.
Ni We anyoborera inzira nziza
Kubw’izina ryiwe.
Untegurira ameza
Mu maso y’abansi ;
waransize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.
Eka mbere mu buzima bwanje
Namana impore n’ubuhirwe ;
Inzu yanje ni ingoro y’Umukama
Imisi yose y’ubuzima bwanje.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (15, 20-26. 28)
Azoheza ashikanire ubwami Imana Se, kugira ngo Imana ihangame muri vyose
Ncuti zanje,
Kristu yarazutse mu bapfuye, aba ari we abatangurira. Ko urupfu rwazanywe n’umuntu umwe, n’izuka ry’abapfu riza
nwa n’umuntu umwe. Nk’uko abantu bose bapfa muri Adamu, ni ko abantu bose bazozuka muri Kristu. Mugabo, umwe umwe wese azoronka ikibanza bikwiranye : Kristu azoja imbere abatangurire, hanyuma abazoba bamwemeye bamukurikire igihe azogaruka. Hanyuma vyose bizorangira, aho azoshikiriza Se wiwe ya ngoma yamuha, mugabo abanje gutsinda Inganji zose, Ubukuru n’Ububasha. Kuko birakwiye ko ahangama ku ngoma gushika umusi azoba yatsinze abansi biwe bose. Umwansi yanesheje ubwa nyuma, ni urupfu. Ibintu vyose nivyamara kumwegukira, Umwana w’Imana azoheza yishikane ku wamuhaye inganji y’ibintu vyose, kugira ngo Imana ihangame muri vyose.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Iragahezagirwa ingoma ya sokuru wacu Dawidi,
ari yo ngoma y’ibihe bishasha !
N’ahezagirwe uwuje kw’izina ry’Umukama !
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (25, 31-46)
Azovyagira ku ntebe y’ubuninahazwa bwiwe, aheze abasobanure
Muri irya misi,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Aho Umwana w’Umuntu azogarukira mu buninahazwa bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe bose, azovyagira ku ntebe y’ubuninahazwa bwiwe. Abantu bose bazokoranira imbere yiwe, aheze abasobanure nk’uko umwungere asobanura intama n’amahushi : intama azoziherereza iburyo, na yo amahushi ibubamfu.
Umwami azobarira abari iburyo bwiwe ati : ‘Nimuze, batoni ba Data, muronke ubwami yabateguriye isi itararemwa. Narashonje murangaburira ; naranyotewe murampa utwo nywa ; nari akavantara murantora ; nagenda gusa muranyambika ; nari ndwaye murandaba ; ndi mw’ibohero murandamutsa.’
Aberanda na bo bazomwishura bati : ‘Mukama, twakubonye ryari ushonje tukakugaburira, unyotewe tukaguha ico unywa ? Twakubonye ryari uri akavantara ngo tugutore, ugenda gusa tukakwambika ? Twakubonye ryari urwaye canke uri mu ngoyi tukakuraba ?’
Umwami na we azobishura ati : ‘Ni ukuri ndabibabwiye : ico cose mwagiriye umwe umwe muri abo batobato mu bo tuvukana, ni je mwakigiriye.’
Azobarira abari ibubamfu na bo ati : ‘Nimumvireho mwa bivume mwe, mugende mu muriro udahera wateguriwe Shetani n’abamarayika bayo. Narashonje ntimwangaburira ; naranyotewe munyima utwo nywa ; nari akavantara ntimwantora ; nari gusa ntimwanyambika ; nararwaye, nja mw’ibohero, ntimwandaba.
Na bo bazomwishura bati : ‘Mukama, twakubonye ryari ushonje, unyotewe, uri akavantara, uri gusa, urwaye, uri mw’ibohero, turaheza ntitwagutabara ?’ Azobishura rero ati : ‘Ni ukuri ndabibabwiye : ico cose mwanse kugirira umwe umwe muri abo batobato, ni je mwanse kukigirira.’
Bano rero bazotabwa mu mahano adahera, aberanda na bo binjire mu buzima budahera. »
IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (31, 10-13. 19-20. 30-31)
Umukenyezi yitonda aba ari n’agaciro
Ni nde azoronka umukenyezi atagira akanenge ? Ibimuciye biruta na kure ibiciye intabonwa nziza cane. Umunega wiwe yama amwishimiye, amuzeyeko ivyiza vyinshi. Imisi yose babana, ni we gahimbare kiwe, nta magorwa azomutera. Arajisha, agatāka, eka arabangutse mu bikorwa. Yamana inyuzi mu ntoke, intoke ziwe ziraberereye. Aboro abakiriza yompi, agatabara abakene.
Ugushaza kurahenda, ubutore bw’umubiri na bwo ntaco bumaze ; umukenyezi akwiye gushemezwa, ni urya yubaha Umukama. Muramuronsa igice c’ivyo yakoreye ; ibikorwa vyiwe na vyo bimurange mu marembo y’igisagara.
IZABURI 127 (128), 1-2. 3. 4-5
Icit : Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama.
Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama,
akagendera mu nzira yiwe !
Uzotungwa n’ibikorwa vy’amaboko yawe,
uzohirwa, uzonezerwa !
Umugore wawe azoba nk’ingundu y’ibitoke vyama cane,
ari ikare mu nzu yawe ;
abana bawe bazoba nk’amashami akikije ingundu,
bakikije ameza yawe.
Ng’ivyo ivyiza bizogirirwa umuntu yubaha Umukama.
Umukama ari kuri Siyoni n’aguhezagire,
ubone Yeruzalemu iroraniwe
mu misi yose y’ubuzima bwawe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika (5, 1-6)
Umusi w’Umukama ntububire nk’igisuma
Ncuti zanje,
Ivyerekeye igihe n’isango vy’amaza y’Umukama, ntimukeneye ko ndabibandikira. Namwe nyene murazi neza ko umusi w’Umukama uzoza nk’igisuma mw’ijoro. Aho bazoba bavuga bati : « Hari amahoro, nta nkomanzi ! », ni ho ya makuba azobarwako giturumbuka, nka kurya imbanyi ifata umukenyezi yibungenze, kandi ntazobasiga.
Ariko, mweho, benewacu, ntimuri mu muzimagiza ngo uwo musi ububire nk’igisuma ; kuko mwese muri abana b’umuco n’abana b’umutaga : ntimuri ab’ijoro canke ab’umwijima. None rero, ntidusinzire nka ba bandi, ariko nitwame tugavye kandi nitwigerere.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Umukama yavuze ati : « Nimugume muri jewe, nanje nzoguma muri mwebwe ;
uwuguma muri jewe ni we yama vyinshi. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (25, 14-30)
Igisomwa kigufi : 25, 14-15. 19-21
Washirutse ubute mu bitobito ; ingo unezerwe hamwe na shobuja
Muri irya misi,
Yezu yaciriye abigishwa biwe uyu mugani ati : « Ibizoba mu gihe Umwana w’umuntu azozira, ni nk’ivy’umuntu yagira ngo amare urubanza, agahamagara abasuku biwe akabasigarana ibintu vyiwe. Uwa mbere amuha itarenta zitanu, uwa kabiri amuha zibiri, uwa gatatu imwe ; eka umwe umwe wese ico bikwiranye. Aca aragenda.
Igisomwa kigufi kiba kiragarukiye aha
Umwe yaronse zitanu aragenda, aracuruza yunguka izindi zitanu. N’umwe yaronse zibiri agira kuno nyene, yunguka izindi zibiri. Uwari yaronse imwe na we aragenda, yimba ikinogo, azikamwo itarenta ya shebuja.
Igisomwa kigufi kibandaniriza aha
Imisi ihaciye, shebuja wa ba basuku aragaruka, abaza umwe umwe ingene yakoresheje ibintu vyiwe. Noneho, uwari yaronse itarenta zitanu araza, amuhereza izindi zitanu, ati : ‘Muhanyi, wari wansigaranye itarenta zitanu, ng’izi izindi zitanu nungutse.’ Shebuja aramubwira ati : ‘Ni vyiza, uri umusuku w’umutima ; ko washirutse ubute mu bitobito, nzogushinga n’ibiruta ivyo : ingo, unezerwe hamwe na shobuja.’
Igisomwa kigufi giherera aha
Umwe yaronse itarenta zibiri na we araza ati : ‘Muhanyi, wari wansigaranye itarenta zibiri, ng’izi izindi zibiri nungutse.’ Shebuja aramubarira ati : ‘Ni vyiza, uri umusuku w’umutima ; ko washirutse ubute mu bitobito, nzogushinga n’ibiruta ivyo : ingo, unezerwe hamwe na shobuja.’ Umwe yaronse itarenta imwe na we araza ati : ‘Muhanyi, ndazi ko uhambara, ugesa ivyo utabivye, wimbura ivyo utarimye. Nagize ubwoba, mpisha itarenta yawe mu kuzimu : ng’ibi ivyawe.’ Shebuja aramwishura ati : ‘Musuku mubi, wa kinebwe we, wari uzi ko ngesa ivyo ntabivye, nkimbura ivyo ntarimye. Uba washiriye ivyanje abadandaza, ngo ngarutse ndonke ivyanje, ndonkane n’inyungu. Nimumwake itarenta yari yaronse, muyihe uwufise cumi.
Uwutunze bazomwongerereza atunge ibiruta ; na we uwutaco afise, bazomwaka n’ico yagira ngo arafise. Nayo iyo mburakimazi, nimumute hanze mu mwijima, ni ho amarira abarizwa, ni ho bakomaniriza amenyo. »






