Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps du Carême (Page 12)

Archives de Catégorie: Temps du Carême

IDOMINIKA YA 2 YO MU KAREMA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 12, 1-4a

Ihamagarwa rya Ibrahimu, se w’Igihugu c’Imana

Umukama yabwiye Abrami ati : « Va mu gihugu c’amavukiro yawe, uhebe umuryango n’itongo rya so, uheze ugende mu ntara nzokwereka. Nzokugira sekuru w’abantu benshi cane, nzoguhezagira nongere nubahirize izina ryawe kuko rizobera bose isôko ry’umugisha. Nzohezagira abo bose bazoguhezagira, nzocinyiza abazokuvuma. Imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa kubwawe. »
Abrami rero araheza agira nk’uko Umukama yari yabimutegetse, yimukana na Loti. (suite…)

IDOMINIKA YA 1 YO MU KAREMA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko 2, 7-9 ; 3, 1-7

Irema n’igicumuro c’abantu ba mbere

Umukama amaze kurema ibiri kw’isi vyose, araheza ahingura umuntu mw’ibumba, hanyuma ahuhira mu mazuru yiwe impemu z’ubuzima, nya muntu aca aba muzima. Umukama Imana atera umurima ahantu hitwa Edeni, mu buseruko bw’izuba, araheza ahashira umuntu yari yahinguye. Umukama Imana arameza kw’isi ubwoko bwose bw’ibiti biryoheye ijisho kandi bifise ivyamwa biryoshe, hagati na hagati hari igiti c’ubuzima n’igiti kimenyesha iciza n’ikibi.

Inzoka ni yo yarusha ubwenge ibikoko vyose vyo mw’ishamba Umukama Imana yari yaremye. Iraheza ibwira umukenyezi iti : « Nankana Imana yagize ngo ntimuze murye ivyamwa vyamuwe ku biti vyose biri mu murima ? » Nya mukenyezi yishura ati : « Turashobora kurya ivyamwa vy’ibiti biri mu murima, mugabo ivyamwa bizova ku giti kiri hagati na hagati y’umurima, (suite…)

IGIHE C’IKAREMA (umwaka A): UMUSI WA GATATU W’IMINYOTA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yoweli : 2, 12-18

Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa

Jeune-prière-AumôneNg’iri iryavumerewe n’Umukama :
Nimungarukeko n’umutima wanyu wose, mu kwisonzesha, mu marira no mu maganya. Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa vyanyu ; nimugaruke ku Mukama, Imana yanyu, kuko ikundana, ifise imbabazi, izira gushavura, ikanka akabi. Hari uwobimenya ? Kumbure yohindukira, yigaruye, igasiga umugisha aho iciye : mubone ituro n’inturire y’ugushikanira Umukama Imana yanyu.

Nimuvugirize inzamba muri Siyoni, mutangaze ukwisonzesha, (suite…)