Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps du Carême (Page 13)
Archives de Catégorie: Temps du Carême
IDOMINIKA YA 4 YO MU KAREMA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu ca mbere ca Samuweli (16, 1b. 6-7. 10-13a)
Dawidi asigwa amavuta ngo abe umwami w’Abanyisraeli
Muri irya misi, Umukama yabwiye Samuweli ati : « Niwuzuze agakerenke kawe amavuta, uheze uve hasi ugende, ndakurungitse kwa Yese w’i Betelehemu : mu bahungu biwe ni ho natoye umwami. »
Babaye bagishika, Samuweli akubita ijisho Eliyabi, umwe mu bahungu ba Yese, aca yibwira ati : « Nta gukeka, uyo ni we Umukama yatoye ! » Ariko Umukama aca abwira Samuweli ati : « Ntumushime igihagararo canke uburebure, uwo si we natoye. Ivyiyumviro vy’Imana ntibisa n’ivy’abantu : abantu baraba ibiboneka, na Yo Imana ikaraba umutima. »
Hanyuma Yese acisha imbere ya Samuweli abahungu biwe indwi, (suite…)
IDOMINIKA YA 3 YO MU KAREMA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 17, 3-7
(N’uduhe amazi yo kunywa)
Muri irya misi,
Abanyisraeli bari bavuye mu Misiri iyo bari bagorewe, bagenda mu ntara Imana yari yabemereye, barongowe na Musa. Bashitse mu nzira, basanga nta mazi yo kunywa ariho, baja mu vyo kwidodombera Musa bamubwira bati : « Mbe wadukuriye iki mu gihugu ca Misiri ? Watuzanye aha ngo utwicishe inyota, twebwe, abana n’ibitungwa vyacu ? »
Musa na we atakambira Umukama ati : « Aba bantu bashaka kunyicisha amabuye, ndabagire nte ? » Umukama yishura Moshe ati : « Genda imbere y’ishengero, uri kumwe n’abashingantahe bakeyi b’Abanyisraeli, witwaze ya nkoni wakubitisha ikiyaga. Nanje nzoba ndi kumwe nawe, kuri kirya gitandara c’ibuye, ku murambi wa Horebi. Urakubita ico gitandara, amazi azoca acuncubuka, abantu baronke ico banywa. » (suite…)
IDOMINIKA YA 2 YO MU KAREMA (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 12, 1-4a
Ihamagarwa rya Ibrahimu, se w’Igihugu c’Imana
Umukama yabwiye Abrami ati : « Va mu gihugu c’amavukiro yawe, uhebe umuryango n’itongo rya so, uheze ugende mu ntara nzokwereka. Nzokugira sekuru w’abantu benshi cane, nzoguhezagira nongere nubahirize izina ryawe kuko rizobera bose isôko ry’umugisha. Nzohezagira abo bose bazoguhezagira, nzocinyiza abazokuvuma. Imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa kubwawe. »
Abrami rero araheza agira nk’uko Umukama yari yabimutegetse, yimukana na Loti. (suite…)






